ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 11 ibibazo 1-4
  • Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Nuyobore Intambuko Zawe Wishimikije Ingingo Ngenderwako z’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ingingo Ngenderwako z’Imana Zirashobora Kukugirira Akamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Twungukira gute ku mategeko y’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nureke amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana bimenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 11 ibibazo 1-4

ICIGWA CA 11

Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

1. Kubera iki dukeneye ubuyobozi?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishirwa mu ngiro: Inabibondo arambika umwana umukaba wo mu muduga wo kumukingira; sebibondo n’umuhungu wiwe barambara inkofero zikomeye bari ku makinga; umugore yibungenze n’umukozi, umwe wese ariyubara

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gute gutuma dufata ingingo zo kwirinda amasanganya?—ZABURI 36:9.

Umuremyi wacu araturusha ubukerebutsi. Kubera ko ari Dawe wa twese adukunda, aratwitwararika. Vyongeye, ntiyaturemye ngo twiyobore. (Yeremiya 10:23) Ku bw’ivyo, nka kurya nyene umwana mutoyi akenera ubuyobozi ahabwa n’abavyeyi biwe, twese turakeneye ubuyobozi buva ku Mana. (Yesaya 48:17, 18) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirimwo ubuyobozi, ubwo na bwo bukaba ari ingabirano iva ku Mana.—Soma 2 Timoteyo 3:16.

Amategeko ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe biratwigisha uburyo bwiza kuruta bwo kubaho ubu, n’ukuntu twoshobora kuzoronka ivyiza vyamaho. Kubera ko Imana ari yo yaturemye, birabereye ko twemera ubuyobozi iduha.—Soma Zaburi 19:7, 11; Ivyahishuwe 4:11.

2. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni iki?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni ibintu vy’ukuri vy’ishimikiro Bibiliya yigisha. Ariko amategeko aratandukanye n’ingingo ngenderwako kuko yoyo ushobora gusanga akora gusa ku bintu kandondwa. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Tubwirizwa rero gukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo tumenye ingene ingingo ngenderwako kanaka ikora mu gihe ibintu biba vyifashe ukunaka. (Imigani 2:10-12) Nk’akarorero, Bibiliya yigisha ko ubuzima ari ingabirano iva ku Mana. Iyo ngingo ngenderwako y’ishimikiro irashobora kutuyobora ku kazi, i muhira be n’igihe dufashe urugendo. Iratuma dufata ingingo zo kwirinda amasanganya.—Soma Ivyakozwe 17:28.

3. Ni ingingo ngenderwako zibiri izihe zihambaye kuruta izindi?

Yezu yaravuze ingingo ngenderwako zibiri zihambaye kuruta izindi. Iya mbere irahishura ikintu nyamukuru catumye twebwe abantu turemwa, na co kikaba ari kugira tumenye Imana, tuyikunde kandi tuyikorere tudahemuka. Mu ngingo zose dufata turakwiye kubanza kuzirikana kuri iyo ngingo ngenderwako. (Imigani 3:6) Abagumiza iyo ngingo ngenderwako ku muzirikanyi baragiranira ubucuti bwiza n’Imana, bakagira agahimbare nyakuri, kandi bazoronka ubuzima budahera.—Soma Matayo 22:36-38.

Ingingo ngenderwako igira kabiri ituma tugiranira ubucuti burangwa amahoro n’abandi. (1 Abakorinto 13:4-7) Gukurikiza iyo ngingo ngenderwako igira kabiri bisobanura gufata abantu nk’uko Imana ibafata.—Soma Matayo 7:12; 22:39, 40.

4. Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Urugo ruhimbawe

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirigisha ukuntu abagize imiryango bokwunga ubumwe mu rukundo. (Abakolosayi 3:12-14) N’ikindi kandi, Ijambo ry’Imana rirakingira abagize imiryango mu kubigisha iyindi ngingo ngenderwako bokwisunga, na yo ikaba ari iy’uko ababiranye bakwiye kubana akaramata.—Soma Itanguriro 2:24.

Dushize mu ngiro inyigisho zo muri Bibiliya turashobora kumererwa neza mu mutima no ku mubiri. Nk’akarorero, abakoresha bakunda gukoresha abakozi babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zidusaba kuba inzirabugunge n’abanyamwete. (Imigani 10:4, 26; Abaheburayo 13:18) N’ikindi kandi, Ijambo ry’Imana riratwigisha kubumbwa n’ibintu vya nkenerwa gusa no kubona ko ubucuti dufitaniye n’Imana bufise agaciro kuruta ibintu vy’umubiri.—Soma Matayo 6:24, 25, 33; 1 Timoteyo 6:8-10.

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birashobora gukingira amagara yacu. (Imigani 14:30; 22:24, 25) Nk’akarorero, gukurikiza itegeko ry’Imana ribuza kuborerwa biratuma tudahitanwa n’indwara canke amasanganya biterwa n’akaborerwe. (Imigani 23:20) Yehova aratwemerera kunywa inzoga ariko ntiturenze urugero. (Zaburi 104:15; 1 Abakorinto 6:10) Turungukira ku ngingo ngenderwako z’Imana kuko zitatwigisha gusa kwiyubara mu vyo dukora, ariko no mu vyo twiyumvira. (Zaburi 119:97-100) Ariko ntiwumve, abakirisu b’ukuri ntibubaha ingingo ngenderwako z’Imana kugira gusa bazungukireko. Bazubaha kugira batere iteka Yehova.—Soma Matayo 5:14-16.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 12 n’ica 13 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika