Ingingo Ngenderwako z’Imana Zirashobora Kukugirira Akamaro
NTA gukeka urazi yuko ibikoko bigenza itima. Amamashini menshi yagenewe gukurikiza uburyo bayashingiye gukora. Mugabo, abantu bo vy’ukuri baremewe kuyoborwa n’ingingo ngenderwako. Ivyo wovyemezwa n’iki? Urabona, Yehova, we ingingo ngenderwako zose zigororotse zakomotseko, igihe yarema abantu ba mbere yamenyesheje ati: “Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe.” Umuremyi ni impwemu, ntafise umubiri w’inyama n’amaraso nk’uyu dufise. Kubera ico, turi mw’“ishusho” ryiwe mu buryo bw’uko dushobora kwigana kamera ziwe, tukagaragaza izo kamere nziza ku rugero runaka. Abantu barafise ububasha bwo kuyobora ubuzima bwabo bakurikije ingingo ngenderwako, ni ukuvuga ko bakurikiza ico bibaza yuko ari yo mategeko ngenderwako agenga ibikorwa vyiza. Yehova yarandikishije mw’Ijambo ryiwe ingingo ngenderwako nyinshi nk’izo.—Itanguriro 1:26; Yohana 4:24; 17:17.
Umuntu yoshobora kuvuga ati: ‘Mugabo, Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako amajana n’amajana. Sinorota ndazimenya zose.’ Ivyo ni ivy’ukuri. Naho ari ukwo, rimbura ibi: Naho ingingo ngenderwako z’Imana zose ari ngirakamaro, zimwezimwe usanga ziremereye kuruta izindi. Ivyo urashobora kubibona muri Matayo 22:37-39, aho Yezu yerekanye yuko mu mabwirizwa yo mu Vyagezwe vya Musa be n’ingingo ngenderwako bijana, zimwezimwe zari zihambaye kuruta izindi.
Ingingo ngenderwako ziremereye kuruta ni izihe? Ingingo ngenderwako nyamukuru za Bibiliya, ni zirya zigira ico zikoze ku bucuti dufitaniye na Yehova ubwabwo. Izo ngingo tuzishize ku mutima, Umuremyi araheza akaba we muntu nyamukuru ayobora indangamerekero yacu yo mu vy’inyifato runtu. Vyongeye, hariho ingingo ngenderwako zigira ico zikora ku bucuti tugiranira n’abandi bantu. Kuzishira mu ngiro bizodufasha kunanira ingeso y’ukwikwegerako.
Nimuze duhere kuri kumwe mu kuri kwo muri Bibiliya guhambaye kuruta. Ukwo kuri ni ukuhe, kandi kugira ico gukoze kuri twebwe gute?
‘Musumba Vyose Aganza Isi Yose’
Ivyanditswe Vyeranda biratomora yuko Yehova ari we Muremyi wacu Ahambaye, Imana Musumbavyose. Nta wokwigera ashobora kwigereranya na we canke kumusubirira. Ukwo ni ukuri nyamukuru kwanditse muri Bibiliya.—Itanguriro 17:1; Umusiguzi 12:1.
Umwe mu banditsi b’igitabu ca Zaburi yavuze ku vyerekeye Yehova ati: “[N]i wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.” Umwami Dawidi wa kera yavuze ati: “Ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose.” Wa muhanuzi azwi cane Yeremiya na we yahumekewe kwandika ati: “Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’uhambaye, kand’izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ububasha bgawe.”—Zaburi 83:18; 1 Ngoma 29:11; Yeremiya 10:6.
Ivyo bintu vy’ukuri vyerekeye Imana dukwiye kubikurikiza gute mu buzima bwa misi yose?
Turatomokewe ku wukwiye kugira ikibanza nyamukuru mu buzima bwacu. Na we ni Umuremyi wacu akaba na we Mutanzi w’Ubuzima. Ntivyoba bibereye none turwanije impengamiro iyo ari yo yose yo kwiyerekana, akaba ari impengamiro ishobora kuba ikomeye muri bamwe kuruta abandi? Ingingo nyobozi twogenderako iranga ubukerebutsi ni iyi: “Nimukore vyose ngo muninahaze Imana.” (1 Abakorenti 10:31, UB) Umuhanuzi Daniyeli yaratanze akarorero keza muri ivyo.
Inkuru ya kahise itubwira yuko Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni igihe kimwe yateshejwe umutwe n’indoto, maze asaba uwomumenyesha ico zisobanura. Naho abandi bantu bose vyari vyabataye ku w’amazi, Daniyeli yarabwiye atihenda uwo mwami ico yashaka kumenya. Daniyeli yoba yaravyiyitiriye? Ekaye, ahubwo yaraninahaje “Imana [yo mw’ijuru] ihishura amabanga.” Daniyeli yabandanije agira ati: “Iryo banga sinarimenyeshejwe n’uko mfise ubgenge kuruta umuntu wese mu bakiriho.” Daniyeli yari umuntu agendera ingingo. Ntibitangaje kuba mu gitabu ca Daniyeli adondorwa incuro zitatu ko ari umuntu “w’umukundwa cane” mu nyonga z’Imana.—Daniyeli 2:28, 30; 9:23; 10:11, 19.
Uzohakura ivyiza niwigana Daniyeli. Ikintu nyamukuru kiri mu gukurikiza akarorero ka Daniyeli, ni ikidutuma dukora ikintu. Ni nde akwiye kuninahazwa ku bw’ibikorwa vyawe? Uko ivyawe vyoba vyishe kwose, urafise ububangukirwe bwo gukora wisunga iyi ngingo ngenderwako ihambaye cane kandi ngirakamaro: Yehova ni we Mukama Segaba. Niwabigira, bizotuma uba “umukundwa cane” mu nyonga ziwe.
Nimuze ubu na ho turimbure ingingo ngenderwako z’ishimikiro zibiri zishobora kutuyobora mu biraba ubucuti abantu bagiriranira. Kubera ivyo kwikwegerako vyimonogoje, uwo muce w’ubuzima ntiworoshe na gato gukurikiza.
“Mwicishije Bugufi”
Abantu bishira imbere, ni gake bashira akanyota. Benshi baguma bashaka ubuzima burushirije kuba bwiza kandi bakabugomba ubwo nyene. Kuri bo, kwifata ruto bigaragaza ubugoyagoye. Babona ko kwihangana ari ikintu gikwiye kugaragazwa n’abandi gusa. Nta co batokora kugira ngo babe barurangiranwa. Woba wibaza ko ata kundi ari ngombwa ko nawe wigenze nk’uko bigenza?
Abasavyi b’Imana bama bahura n’inyifato nk’iyo imisi yose, mugabo ntikwiye kubandukira. Abakirisu bahumuye baremera ingingo ngenderwako igira iti: “uwishimagiza [s]i we yemerwa, ariko hemerwa uw’Umwami wacu ashimagiza.”—2 Ab’i Korinto 10:18.
Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako iri mu B’i Filipi 2:3, 4 bizofasha. Ico canditswe kikuremesha kutagira ico ukora ‘ku bwo gukēbana canke kwifata uko utari, ariko ukicisha bugufi, ukabona yuko abandi bakuruta.’ Gutyo uzoba ‘utariko wiyumvira ivyawe gusa, ariko uriko wiyumvira n’ivy’abandi.’
Umuntu atifata ukwo atari kandi atiha agaciro karengeye, ni Gideyoni, umucamanza wo mu Baheburayo ba kera. Ntiyarondeye kuba indongozi ya Isirayeli. Ariko rero, igihe yagenwa ngo arangure iryo banga, Gideyoni yashize imbere ivy’uko ataco yari ashoboye. Yasiguye ati: “Inzu yacu [ni] iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’ umuhererezi kwa data.”—Abacamanza 6:12-16.
Bitayeko, Yehova amaze guha intsinzi Gideyoni, abagabo b’Abefurayimu baramusomborokeje. Gideyoni yavyifashemwo gute? Intsinzi yari yaronse yoba yatumye yumva ko yari arushirije kuba uwuhambaye? Ekaye. Yaririnze akaga mu kubishurana ubugwaneza ati: “Har’ico nashoboye gukora gihwanye n’ico mwakoze?” Gideyoni yaricisha bugufi.—Abacamanza 8:1-3.
Ego ni ko, ibintu vyashikiye Gideyoni bimaze igihe kirekire cane bibaye. Yamara rero, kurimbura iyo nkuru ni ngirakamaro cane. Urashobora kubona yuko Gideyoni yari afise agatima gatandukanye cane n’akeze muri iki gihe, kandi ko kubaho akisunga vyamugiriye akamaro.
Agatima ko kwikwegerako keze muri iki gihe, karashobora kugoramika uburyo tubona agaciro dufise. Ingingo ngenderwako za Bibiliya zirakosora iyo mpengamiro mbi, zikatwigisha agaciro dufise koko mu vy’ubucuti dufitaniye n’Umuremyi be n’abandi.
Mu gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, turatsinda agatima keze muri iki gihe. Ntituba tukiganzwa n’inyiyumvo zacu canke na kameremere kacu. Uko turushiriza kwiga ivyerekeye ingingo ngenderwako z’ivy’ukugororoka, ni ko turushiriza kumenya ingene twozisunga. Emwe, kuza turamenya ingingo ngenderwako zashinzwe n’Imana igihe dusoma Bibiliya si ivy’impfagusa.—Raba uruzitiro.
Yehova yaremye abantu basumba ibikoko, vyo ahanini bigenza itima. Gukurikiza ivyo Imana igomba bisaba gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zashinzwe n’Imana. Gutyo turashobora gutuma indangamerekero yacu iguma ikora neza, akaba ari yo izotuyobora gushika mw’isi nshasha izoba yateguwe n’Imana. Bibiliya iraduha imvo yo kwitega ubu bwa vuba isi nshasha, iyo “ukugororoka kuzobamwo.”—2 Petero 3:13.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]
Ingingo Ngenderwako Zimwezimwe zo Muri Bibiliya Zodufasha
Mu muryango:
“Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.”—1 Ab’i Korinto 10:24.
“Urukundo . . . ntirurondera ivyarwo.”—1 Ab’i Korinto 13:4, 5.
“Namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda.”—Abanyefeso 5:33.
“Bagore, mugamburukire abagabo banyu.”—Ab’i Kolosayi 3:18.
“Wumvire so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.”—Imigani 23:22.
Kw’ishure, ku kazi no mu bucuruzi:
“Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho . . . Umunyakibi aca ingero y’ibihendo.”—Imigani 11:1, 18.
“Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko.”—Abanyefeso 4:28.
“Umuntu wese ni yanka gukora ntākarye.”—2 Ab’i Tesalonike 3:10.
“Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye ku mutima, nk’abakorera [Yehova].”—Ab’i Kolosayi 3:23.
“Tugomba [“kwigenza mu buryo butarimwo ubugunge,” NW] muri vyose.”—Abaheburayo 13:18.
Mu kuntu tubona ivy’ubutunzi:
“Uwihutira kuba umutunzi ntazobura guhanwa.”—Imigani 28:20.
“Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera.”—Umusiguzi 5:10.
Kwishira heza:
“Kwironderera icubahiro s’icubahiro.”—Imigani 25:27.
“Wopfuma ushimwa n’uwundi, hak’ ushimwa n’akanwa kawe.”—Imigani 27:2.
“Ndabgira umuntu wese muri mwebwe, . . . yoye kwifata ukw atari.”—Abaroma 12:3.
“Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye kand’ ata co amaze, arībesha.”—Ab’i Galatiya 6:3.
[Ifoto ku rup. 5]
Daniyeli ivyo yakoze yavyitiriye Imana bikwiriye
[Ifoto ku rup. 7]
Gukorana n’abandi twisunze ingingo ngenderwako z’Imana biraterera ku bucuti bwiza no ku gahimbare
[Abo dukesha ifoto ku rup. 7]
U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./Robert Bridges