ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/3 rup. 28
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Muzoba “ubwami bw’abaherezi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ugukebwa coba ari ikimenyetso c’ubugabo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/3 rup. 28

Ibibazo vy’abasomyi

Ni ibiki vyabaye igihe hashika ikintu kivugwa muri Kuvayo 4:24-26, kandi ni ubuzima bwa nde bwari mu kaga?

Musa yariko aja mu Misiri ari kumwe n’umukenyezi wiwe Zipora be n’abahungu biwe Gerushomu na Eliyezeri, igihe haba ikintu gikurikira: “[B]akiri mu rugendo, [b]ari ku ndaro, Uhoraho amusangaho, ashaka kumwica. Maze Zipora yābīra ibuye ry’isare, akeba umutwe w’ico umwana wiwe yambariye, aterera [“ku birenge vyiwe”, NW], ati N’ukuri umbereye umugabo avisha amaraso. Nuk’Uhoraho aramureka; maze Zipora aramubgira, at’Umbereye umugabo avisha amaraso! Gukeba abana ni kwo nkwitiye ntyo” (Kuvayo 4:20, 24-26). Naho nyene ico gisomwa kidatomoye neza, gutyo bikaba bidashoboka ko tumenya ata gukeka insobanuro yaco, Ivyanditswe biratanga umuco kuri iyo mirongo.

Iyo nkuru ntivuga mu buryo budomako uwo ubuzima bwiwe bwari mu kaga. Ariko rero, ni ivyumvikana ko dushobora gushika ku ciyumviro c’uko atari ubuzima bwa Musa bwari mu kaga, kubera ko yari aherutse gushingwa n’Imana ibanga ryo gukura Abisirayeli mu Misiri (Kuvayo 3:10). Bisa n’uko bitoba vyumvikana ko umumarayika w’Imana ageramira ubuzima bwa Musa mu gihe Musa ariko agenda gushitsa iryo banga. Ni co gituma bushobora kuba bwari ubuzima bw’umwe mu bahungu biwe. Icagezwe Aburahamu yahawe imbere y’aho ku bijanye n’ugukebwa cavuga giti: “Ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje” (Itanguriro 17:14). Biboneka yuko Musa yari yafashe minenegwe ivyo gukeba umuhungu wiwe, ari na co gituma umumarayika wa Yehova yageramiye ubuzima bw’uwo muhungu.

Igihe Zipora yakeba agashato ko ku mutwe w’igitsina c’umuhungu wiwe arondera gushira ibintu mu buryo, ako gashato kakoze ku birenge vya nde? Kakoze ku birenge vy’umumarayika wa Yehova uwari afise ububasha bwo kwica uwo muhungu atari bwakebwe. Rero, ni ivyumvikana ko Zipora yagatereye ku birenge vy’uwo mumarayika, akakamushikiriza kugira ngo kabe ikimenyamenya c’uko yari yashikije iryo sezerano.

Imvugo ya Zipora igira ngo “Umbereye umugabo avisha amaraso”, ni imvugo itamenyerewe. Iyo mvugo yerekana iki ku bimwerekeye? Mu gushitsa ibisabwa n’isezerano ryerekeye ugukebwa, Zipora yari yemeye icese kugiranira na Yehova ubucuti bushingiye kuri iryo sezerano. Isezerano ry’Ivyagezwe Yehova yagiranye n’Abisirayeli mu nyuma, ryerekanye ko mu bucuti bushingiye kw’isezerano Yehova ashobora gufatwa ko ari umunega abandi na bo bagafatwa ko ari umukenyezi (Yeremiya 31:32). Ku bw’ivyo, mu kwita Yehova (abicishije kuri uwo mumarayika yamuserukiye) “umugabo avisha amaraso”, bisa n’uko Zipora yariko yemera icese ko ubwiwe agamburuka ibisabwa muri iryo sezerano. Ni nk’aho muri iryo sezerano ryerekeye ugukebwa yari yemeye ikibanza c’ukuba umukenyezi, Yehova Imana na we akaba umunega. Ukwo biri kwose, kubera ico gikorwa gihambaye yakoze cerekana ko agamburuka ivyo Imana isaba, ubuzima bw’umuhungu wiwe ntibwari bukiri mu kaga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika