ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr20 Ruheshi rup. 1-8
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2020
  • Udutwe
  • 1-7 RUHESHI
  • 8-14 RUHESHI
  • 15-21 RUHESHI
  • 22-28 RUHESHI
  • 29 RUHESHI–5 MUKAKARO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2020
mwbr20 Ruheshi rup. 1-8

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

1-7 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 44-45

“Yozefu ababarira benewabo”

(Itanguriro 44:1, 2)

w15 1/5 14-15

“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”

Umutego wa Yozefu wagira ufate. Yaciye atuma umuntu ngo abakurikire, abafate, abagirize ko bivye ico gikombe. Igihe basanga nya gikombe mw’isaho rya Benyamini, bose baciye basubizwa inyuma kwa Yozefu. Yozefu yari aronse akaryo ko kumenya neza ingene bakuruwe bameze vy’ukuri. Yuda ni we yababereye umuvugizi, arabasabira ikigongwe, aremera mbere ko bose uko ari 11 boba abashumba mu Misiri. Yozefu yaciye avuga ko Benyamini ari we wenyene ategerezwa gusigara mu Misiri ngo abe umushumba, abo bandi bose bagataha.​—Itanguriro 44:2-17.

Yuda yaciye yishurana ikibabarwe cinshi ati: “[Ni] we wenyene asigaye kuri nyina, kandi se wiwe aramukunda cane.” Ayo majambo ategerezwa kuba yarakoze ku mutima Yozefu kuko yari imfura ya Rasheli umugore Yakobo yakunda cane, uwapfuye ariko yibaruka Benyamini. Cokimwe na se wiwe, Yozefu ategerezwa kuba yaribuka cane nyina Rasheli. Ivyo bishobora kuba vyaratuma Yozefu yiyumvamwo cane mwene nyina Benyamini.​—Itanguriro 35:18-20; 44:20.

Yuda yaciye atakambira Yozefu ngo ntagire Benyamini umushumba. Yaremeye no kuba umushumba mu gishingo ciwe. Mu kurangiza, yavuze aya majambo akora ku mutima agira ati: “Mbega noshobora nte kuduga kwa dawe uwo muhungu atari kumwe nanje? Kuko nohava nitegereza ivyago bizoshikira dawe.” (Itanguriro 44:18-34) Emwe, ico cari ikimenyamenya c’uko uwo mugabo yari yarahindutse! Uretse ko yigaye, yarerekanye mu buryo bukora ku mutima ko afise impuhwe, ikibabarwe n’ukwihebera abandi.

Yozefu vyaciye bimwanka mu nda. Ntiyari agishobora kwihangana. Yaciye asohora abasuku biwe bose, araturikisha ararira gushika aho ijwi rigera ku kirimba kwa Farawo. Vyakabaye kera, yaridondoye avuga ati: “Ndi Yozefu mwene wanyu.” Bene wabo baciye bajumararirwa! Yozefu yarabaguye mu nda, arabereka ko abahariye ivyo bamukoreye vyose. (Itanguriro 45:1-15) Yarerekanye ko yigana Yehova, we ababarira cane. (Zaburi 86:5) Twoba natwe tubabarira abandi?

(Itanguriro 44:33, 34)

(Itanguriro 45:4, 5)

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Itanguriro 44:13)

it-1 606

Gutantamura impuzu

Ni ikimenyetso co guserura intuntu cari kimenyerewe mu Bayuda no mu bandi banyabuseruko, umuntu akaba yakigira canecane igihe yumvise ko incuti ya hafi yapfuye. Akenshi batabura igice gitoyi c’imbere ku buryo igikiriza kiboneka. Ntivyari ngombwa rero ko bayitabura yose ku buryo umuntu atosubira kuyambara.

Ahantu ha mbere ico kintu kivugwa muri Bibiliya ni ku vyerekeye Rubeni imfura ya Yakobo. Igihe yagaruka agasanga Yozefu atakiri muri ca kinogo, yaciye atantamura impuzu ziwe avuga ati: “Umwana nta wuhari! None ga yemwe nja hehe koko?” Kubera ko Rubeni yari imfura, ni we ahanini yari kubazwa mutoyi wiwe. Igihe se wiwe Yakobo yumva ko ngo Yozefu yari yapfuye, na we nyene yaratantamuye impuzu ziwe yambara n’igunira kubera intuntu (It 37:29, 30, 34). N’igihe benewabo na Yozefu baja mu Misiri, baragaragaje umubabaro wabo mu gutantamura impuzu zabo igihe Benyamini yagirizwa ubusuma.​—It 44:13.

(Itanguriro 45:5-8)

w04 15/8 15 ing. 15

Turankwa duhorwa ubusa

15 Ni igiki codufasha kutagirira umujinya abatwanka baduhora ubusa? Niwibuke yuko abansi bacu nyamukuru ari Shetani n’amadayimoni (Abanyefeso 6:12). Naho abantu bamwebamwe baduhama babizi kandi bakabigira nkana, benshi mu barwanya abasavyi b’Imana babigira babitumwe n’ukutamenya canke bakoreshejwe n’abandi (Daniyeli 6:4-16; 1 Timoteyo 1:12, 13). Yehova yipfuza yuko “abantu b’uburyo bwose” baronka akaryo ko “[gukizwa] bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4). Kukaba nkako, bamwebamwe mu bahoze baturwanya, ubu ni abavukanyi bacu bakirisu bitumwe n’uko bihweje ingendo yacu izira umugayo (1 Petero 2:12). Ikindi kandi, turashobora gukura icigwa mu karorero ka Yozefu wa muhungu wa Yakobo. Naho Yozefu yagiriwe nabi cane biturutse kuri bene se, ntiyababikiye inzika. Kubera iki? Kubera yatahura yuko ukuboko kwa Yehova kwari muri ivyo bintu, kukayobora ibintu kugira ngo gushitse umugambi wiwe (Itanguriro 45:4-8). Muri ubwo buryo nyene, Yehova arashobora gutuma imibabaro iyo ari yo yose dutezwa ku karenganyo ivamwo ukuninahazwa kw’izina ryiwe.​—1 Petero 4:16.

Igisomwa ca Bibiliya

(Itanguriro 45:1-15)

8-14 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 46-47

“Inzara turabaza”

(Itanguriro 47:13)

w87 1/5 15 ing. 2

Kuzigama ubuzima mu gihe c’ikigoyi

2 Imyaka indwi y’umusesekara yararangiye, ikigoyi gica kiratangura nk’uko Yehova yari yarabivuze, atari mu Misiri gusa ahubwo “kw’isi yose.” Igihe abantu bari bishwe n’ikigoyi mu Misiri batakambira Farawo ngo abahe umukate, yababwiye ati: “Nimugende kuri Yozefu. Ico ababwira cose mugikore.” Yozefu yaragurishije intete ku Banyamisiri gushika amahera abaheranye. Mu nyuma yaremeye ko baza barazigura ibitungwa vyabo. Amaherezo abantu baragiye kwa Yozefu bavuga bati: “Twe n’amatongo yacu nutugure umukate, maze twe n’amatongo yacu ducike abashumba ba Farawo.” Yozefu rero yaciye agurira Farawo amatongo yose y’Abanyamisiri.​—Itanguriro 41:53-57; 47:13-20.

(Itanguriro 47:16)

(Itanguriro 47:19, 20)

(Itanguriro 47:23-25)

kr 234-235 ing. 11-12

Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba

11 Ibifungurwa vyinshi. Isi irishwe n’ikigoyi co mu vy’impwemu. Bibiliya yatanze iyi mburi igira iti: “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova.’” (Am. 8:11) Abenegihugu b’Ubwami bw’Imana boba na bo nyene bishwe n’ikigoyi? Ehe itandukaniro Yehova yavuze ko ryobaye hagati y’abasavyi biwe n’abansi biwe: “Raba! Abasavyi banje bazorya, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inzara. Raba! Abasavyi banje bazonywa, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inyota. Raba! Abasavyi banje bazonezerwa, mugabo mwebwe muzokwicwa n’ibimaramare.” (Yes. 65:13) Woba umaze kwibonera iranguka ry’ayo majambo?

12 Imfungurwa zo mu vy’impwemu ziguma zisukira zituzako nk’uruzi ruguma rwaguka kandi rwimbika. Ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, ibintu vyo kwumviriza be n’amavidewo, tudasize inyuma amakoraniro yacu, amahwaniro yacu, be n’ibisohorwa kuri wa muhora wacu, ivyo vyose ni imipfunda myinshi y’imfungurwa zo mu vy’impwemu iguma yisukira muri iyi si yishwe n’inzara yo mu vy’impwemu. (Ezk. 47:1-12; Yow. 3:18) Ntuhimbarwa none no kwibonera mu buzima bwawe bwa misi yose iranguka ry’iyo mihango Yehova yatanze y’uko hobonetse ibifungurwa vyinshi? Woba witwararika gufungurira ku meza ya Yehova udahorereza?

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Itanguriro 46:4)

it-1 227 ing. 16

Inyifato be n’ibimenyetso vy’umubiri

Gushira ikiganza ku maso y’uwupfuye. Igihe Yehova yabwira Yakobo ngo “Yozefu azoshira ikiganza ciwe ku maso yawe” (It 46:4), yashaka kwerekana ko Yozefu yokwugaye amaso ya Yakobo apfuye, ico kikaba cari igikorwa c’umuhungu w’imfura. Biboneka rero ko Yehova yari yeretse Yakobo yuko uburenganzira bwo kuba imfura bwokwegukiye Yozefu.​—1Ng 5:2.

(Itanguriro 46:26, 27)

nwtsty amakuru adufasha kwiga Ivk 7:14

Abantu mirongo irindwi na batanu: Igihe Sitefano yavuga ko abo mu muryango wa Yakobo bose bagiye mu Misiri ari 75, biboneka ko atariko asubiramwo umurongo kanaka wo mu Vyanditswe vy’igiheburaho. Ico gitigiri ntikiboneka mu gisomwa c’Abamasoreti c’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Mw’Itanguriro 46:26 hagira hati: “Abantu bose ba Yakobo binjiye mu Misiri bari abakomotse kuri we, uretse abagore ba bene Yakobo. Bose bari mirongo itandatu na batandatu.” Umurongo wa 27 ubandanya uti: “Abantu bose b’inzu ya Yakobo binjiye mu Misiri bari mirongo irindwi.” Urabona ko abantu baharuwe mu buryo bubiri butandukanye: Mu gitigiri ca mbere biboneka ko haharuwe gusa abakomoka kuri Yakobo, mu ca kabiri na ho abagiye mu Misiri bose. Igitigiri c’abakomotse kuri Yakobo kiravugwa kandi muri Kv 1:5 no mu Gus 10:22, yuko ari “mirongo irindwi.” Biboneka ko Sitefano atanga igitigiri ca gatatu kirimwo n’abandi bo mu muryango wa Yakobo. Hari abavuga yuko muri ico gitigiri harimwo abuzukuru n’abuzukuruza ba Yozefu bakomoka ku bahungu biwe Manase na Efurayimu, nk’uko biboneka mw’⁠Itanguriro 46:20 muri ya Bibiliya yitwa Septante. Abandi na bo bavuga yuko muri ico gitigiri harimwo abakazana ba Yakobo, bikaba bivugwa neza mw’⁠Itanguriro 46:26 ko bataharuwe. Igitigiri “mirongo indwi na batanu” rero gishobora kuba ari ikirimwo bose hamwe. Ariko rero, gishobora kuba gishingiye ku makopi y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yakoreshwa mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Abahinga baramaze imyaka bemera ko ico gitigiri ari co cari mw’⁠Itanguriro 46:27 no muri Kv 1:5 muri ya Bibiliya y’Ikigiriki yitwa Septante. Vyongeye, mu kinjana ca 20 harubuwe udupande tubiri twa wa muzingo wo ku Kiyaga c’umunyu twanditseko Kv 1:5 mu giheburayo, na two nyene tukaba twariko ca gitigiri “mirongo irindwi na batanu.” Igitigiri Sitefano yavuze rero gishobora kuba cisunze kimwe muri ivyo bisomwa vya kera. Igitigiri c’ukuri caba ikihe, ico Sitefano yatanze cerekana gusa ubundi buryo bwo guharura abakomotse kuri Yakobo bose.

Igisomwa ca Bibiliya

(Itanguriro 47:1-17)

15-21 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 48-50

“Abageze mu zabukuru barafise vyinshi twobigirako”

(Itanguriro 48:21, 22)

it-1 1228 ing. 8

Yakobo

Gatoyi imbere yuko Yakobo apfa yarahezagiye abuzukuru biwe, ni ukuvuga abahungu ba Yozefu, kandi ayobowe n’Imana yashize Efurayimu imbere ya mukuruwe Manase. Yozefu na we, uworonse imigabane ibiri yegukira imfura, Yakobo yamubwiye ati: “Nguhaye igihimba kimwe c’igihugu kuruta bene wanyu, ico nakuye mu kuboko kw’Abamori nkoresheje inkota yanje n’umuheto wanje.” (It 48:1-22; 1Ng 5:1) Kubera ko Yakobo yari yaraguze itongo ryari hafi ya Shekemu ariguze na bene Hamori (It 33:19, 20), ivyo yasezeraniye Yozefu bigaragaza ukwizera yari afise yuko abamukomokako bokwigaruriye igihugu ca Kanani, ivyo akaba yabivuze mu buryo bw’ubuhanuzi nk’aho yamaze kucigarurira akoresheje inkota yiwe n’umuheto wiwe. Imigabane ibiri Yozefu yoronse muri ico gihugu yegukiye umuryango wa Efurayimu n’uwa Manase.

(Itanguriro 49:1)

it-1 623 ing. 1

Imisi ya nyuma

Ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro. Igihe Yakobo yabwira abahungu biwe ngo “nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira mu kiringo ca nyuma c’imisi” canke “mu misi izoza” (Bibiliya Yera), yashaka kuvuga ikiringo co muri kazoza, igihe ivyo yavuze vyobaye bitanguye kuranguka. (It 49:1) Imyaka irenga 200 imbere y’aho, Yehova yari yarabwiye sekuru wa Yakobo ari we Aburamu (Aburahamu) yuko uruvyaro rwiwe rwotejwe amarushwa imyaka 400. (It 15:13) “Ikiringo ca nyuma c’imisi” Yakobo yavuze rero, cotanguye ya myaka 400 yo gutezwa amarushwa irangiye. (Ushaka amakuru y’ido n’ido kw’Itanguriro 49, raba ibiganiro vyo muri Étude perspicace bivuga abahungu ba Yakobo hisunzwe amazina yabo.) Mu nyuma ubwo buhanuzi bwohavuye bwerekeza no ku bagize “Isirayeli y’Imana.”​—Gl 6:16; Rm 9:6.

(Itanguriro 50:24, 25)

w07 1/6 28 ing. 10

Abageze mu zabukuru ni umuhezagiro ku bakiri bato

10 Abageze mu zabukuru barashobora kandi kugira akosho keza ku bo basangiye ukwizera. Yozefu umuhungu wa Yakobo, igihe yari ageze mu zabukuru yarakoze igikorwa kiranga ukwizera gisanzwe, yamara cagize ikintu kinini gikoze ku basenga b’ukuri amamiliyoni babayeho inyuma yiwe. Yari afise imyaka 110 igihe “[yatanga] itegeko ku vyerekeye amagufa yiwe”, iryasaba ko Abisirayeli bogenda bayajanye baramutse bavuye mu Misiri (Abaheburayo 11:22; Itanguriro 50:25). Iryo tegeko ryaratumye Abisirayeli barushiriza kugira icizigiro mu myaka myinshi bamaze bacurwa bufuni na buhoro inyuma y’aho Yozefu apfiriye, rirabakura amazinda yuko borokowe bakava mu buja barimwo.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Itanguriro 49:19)

w04 1/6 15 ing. 4-5

Abaninahaza Imana barahezagirwa

4 Imbere y’uko abo mu muryango w’Abisirayeli ukomoka kuri Gadi binjira mu Gihugu c’Isezerano, basavye yuko bokwemererwa kuja kuba mu gihugu c’amaragiriro co mu Buseruko bwa Yorodani (Guharūra 32:1-5). Kuba muri ico gihugu vyari gusobanura guhangana n’ingorane zikomakomeye. Imiryango yo mu Buseruko yokingiwe n’Ikiyaya ca Yorodani, kikaba cari intambamyi yari ihasanzwe yashobora kuzibira igitero ca gisirikare (Yosuwa 3:13-17). Ariko rero, ku vyerekeye intara zo mu Buseruko bwa Yorodani, igitabu kimwe (The Historical Geography of the Holy Land) c’uwitwa George Adam Smith, kivuga giti: “[Izo ntara] zose ziragenda zigashika iyo n’iyo ziramvuye kw’itaba ryo muri Arabiya, ata na kimwe gisa n’ikizitangira. Ivyo vyatumye mu myaka n’iyindi abantu b’abimukira b’abashonji baza barinjira muri izo ntara, bamwebamwe muri abo bakahashwara ku mwaka ku mwaka barondera amaragiriro.”

5 Umuryango wa Gadi wohanganye gute n’uwo mukazo udahera? Ibinjana nka bingahe imbere y’aho, mu buhanuzi sekuruza wabo Yakobo yatangaje ari ku mpfiro, yavuze ati: “Gadi, igitero kizomutera, ariko na we azogihindukirana, agice ibitsi” (Itanguriro 49:19). Umuntu agisoma ayo majambo, yohava abona ko umenga aravuna umutima. Ariko mu vy’ukuri, yategeka Abagadi kwivuna umwansi. Yakobo yarabakuye amazinda yuko baramutse babigize, bene kubatera bosubiye inyuma bimwe vy’akamaramaza, Abagadi babaciye ibitsi canke babateye babaturutse inyuma.

(Itanguriro 49:27)

it-1 299 ing. 7

Benyamini

Ubushobozi bwo kurwana abakomoka kuri Benyamini bari bafise, turabubonera mu buhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro ku vyerekeye Benyamini ati: “Benyamini azoguma atabagura nk’ibingira. Mu gitondo azorya igikoko cafashwe, ku mugoroba na ho agabure isahu.” (It 49:27) Abarwanyi bo mu muryango wa Benyamini bari bazwi cane kubera ubuhinga bwo gutera amabuye, bakaba bateresha ukuryo canke ukubamfu, bakagema gushika no ku “bwaguke bw’agashatsi.” (Abc 20:16; 1Ng 12:2) Umucamanza Ehudi, umugabo yakoresha ibamfu akaba ari na we yishe wa mwami w’umubisha Eguloni, yari Umubenyamini. (Abc 3:15-21) Vyongeye, “mu gitondo” c’ubwami bwa Isirayeli canke mu ntango zabwo, umuryango wa Benyamini naho ari wo “muryango mutoyi hanyuma y’iyindi mu miryango” ni wo wavuyemwo umwami wa mbere wa Isirayeli ari we Sauli mwene Kishi, uwabaye umurwanyi akomeye yarwanije Abafilisitiya. (1Sm 9:15-17, 21) Eka no “ku mugoroba” canke mu gice ca nyuma c’ubwami bwa Isirayeli, umuryango wa Benyamini waratanze Umwamikazi Esiteri be n’Umushikiranganji wa mbere Morudekayi, barafasha kugira Abisirayeli ntibaherengetezwe n’inganji y’Ubuperesi.​—Est 2:5-7.

Igisomwa ca Bibiliya

(Itanguriro 49:8-26)

22-28 RUHESHI

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 1-3

“Nzocika ico nzocika”

(Kuvayo 3:13)

w13 15/3 25 ing. 4

Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye

4 Soma Kuvayo 3:10-15. Igihe Musa yari afise imyaka 80, Imana yaramuhaye itegeko rikomeye iti: “Ukure mu Misiri abantu banje, bene Isirayeli.” Musa abigiranye icubahiro, yaciye abaza ikibazo cari gifise insobanuro ikomeye. Ni nk’aho Musa yabajije ati: ‘Izina ryawe ni irihe?’ None ko izina ry’Imana ryari rizwi kuva kera, ico kibazo Musa yabajije cari gifise intumbero iyihe? Biboneka ko yipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye nyene iryo zina, ivyo bikaba vyojijuye abantu b’Imana yuko yobarokoye vy’ukuri. Ico kintu cari kiraje ishinga Musa cari gifise ishingiro, kuko Abisirayeli bari bamaze igihe ari abashumba. Bari gushobora kwibaza nimba Imana ya ba sekuruza babo yoshoboye kubarokora. Nkako, Abisirayeli bamwebamwe mbere bari baratanguye gusenga imana zo mu Misiri!​—Ezk. 20:7, 8.

(Kuvayo 3:14)

kr 43, uruzitiro

INSOBANURO Y’IZINA RY’IMANA

IZINA Yehova riva mu rivuga ry’igiheburayo risobanura ngo “gucika ukuntu.” Abahinga bamwebamwe babona ko iryo rivuga riri mu mero yo gutuma ikintu kimera ukuntu. Ku bw’ivyo, vyiyumvirwa ko izina ry’Imana risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Iyo nsobanuro irahuye neza n’uruhara Yehova afise rwo kuba Umuremyi. Yaratumye ijuru n’isi n’ibiremwa bifise ubwenge bibaho, kandi arabandanya gutuma ivyo agomba be n’umugambi wiwe biranguka.

None dukwiye gutahura gute inyishu Yehova yahaye Musa ku kibazo yamubajije kiri muri Kuvayo 3:13, 14? Musa yabajije Yehova ati: “Dufate ko ubu nshitse kuri bene Isirayeli, nkababwira nti: ‘Imana ya ba sogokuruza banyu yabantumyeko,’ na bo bakambwira bati: ‘Izina ryayo ni nde?’ Nobabwira iki?” Yehova yishuye ati: “Nzocika ico nzocika.”

Urabona ko Musa atariko asaba Yehova guhishura izina ryiwe. Musa n’Abisirayeli bari basanzwe bazi neza izina ry’Imana. Musa yashaka ko Yehova ahishura ikintu gikomeza ukwizera ku bijanye n’ukuntu ameze, ikintu coshobora kandi kugaragarira mu nsobanuro y’izina ryiwe. Ku bw’ivyo, mu kwishura ngo: “Nzocika ico nzocika,” Yehova yariko arahishura umuce uteye akamwemwe w’ukuntu ameze: Uko ibintu vyifashe kwose, aracika igikenewe cose kugira ashitse umugambi wiwe. Nk’akarorero, kuri Musa n’Abisirayeli, Yehova yaracitse Umurokozi, Umutanzi w’amategeko, Uwubaronsa ivyo bakeneye, n’ibindi. Rero, Yehova ubwiwe arahitamwo gucika igikenewe cose kugira ashitse ivyo asezeranira abasavyi biwe. Ariko rero, naho izina Yehova ririmwo ico ciyumviro, ntirigarukira ku co ubwiwe ahitamwo gucika. Ririmwo n’ivyo atuma ivyaremwe vyiwe biba kugira ashitse umugambi wiwe.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 2:10)

g04 8/4 6 ing. 4

Musa yoba ari umuntu yabayeho canke ni umugani?

Vyoba vyumvikana none ko umuganwakazi w’Umunyamisiri yokwemera gutwara umwana nk’uyo akamugira uwiwe? Ego, kubera ko idini ry’Abanyamisiri ryigisha ko gukora ineza ari igisabwa kugira umuntu azoje mw’ijuru. Ku bijanye n’umwana w’umurerano, umuhinga mu vy’ubucukuzi yitwa Joyce Tyldesley yavuze ati: “Abagore b’Abanyamisiri barangana n’abagabo b’Abanyamisiri. Bari bafise uburenganzira bumwe imbere y’amategeko no mu vy’ubutunzi, n’imiburiburi mu nyandiko, kandi . . . abagore bari bemerewe kugira abana b’abarerano.” Icandikano ca kera kijanye n’abana b’abarerano kiravuga ivyerekeye umugore w’Umunyamisiri yemerewe ko abashumba biwe bacika abana biwe. Ku bijanye no kuba nyina wa Musa yarahawe akazi ko kumwonsa, inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya ivuga iti: “Kuriha nyina wa Musa ngo amwonse . . . birahuye n’ivyagirwa muri Mezopotamiya igihe haba hasinywe amasezerano yo kwakira umwana w’umurerano.”

(Kuvayo 3:1)

w04 15/3 24 ing. 4

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Kuvayo

3:1​—Yetiro yari umuherezi bwoko ki? Mu gihe ca basokuruza, umutwe w’umuryango ni we yawubera umuherezi. Biboneka ko Yetiro yari sekuruza w’umwe mu miryango y’Abamidiyani, akaba n’umutwe wawo. Kubera ko Abamidiyani bakomoka kuri Aburahamu biciye kuri Ketura, kumbure boba bari bazi ivyerekeye ugusenga Yehova.​—Itanguriro 25:1, 2.

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 2:11-25)

w02 15/6 11 ing. 1-4

Ikintu kiruta amatunga yo mu Misiri

Igihe Musa yari afise imyaka 40, akaba kumbure yari amaze kuba Umunyamisiri nyawe, yaciye “aja kwa bene wabo ngo arabe imizigo bikorera.” Ivyo yahavuye akora vyarerekanye ko atari yajanywe no kubaraba gusa, mugabo ko yari ashashaye kubafasha. Igihe yabona Umunyamisiri ariko arakubita Umuheburayo, ntiyavyihanganiye, yaciye yica uwo Munyamisiri. Ico kintu Musa yakoze carerekanye yuko umutima wiwe wari kuri benewabo. Biboneka ko uwo mugabo yishwe yari uwo mu ntwaro, akaba yishwe ari ku gikorwa yashinzwe. Mu bisanzwe Abanyamisiri babona ko Musa yari afise imvo zumvikana zo kuyobokera Farawo. Ariko kandi Musa yakoze ico kintu kubera yakunda ubutungane, bikaba ari na vyo vyatumye akarira Umuheburayo yariko akubita Umuheburayo mugenziwe ku karenganyo bukeye bwaho. Musa yashaka kurokora Abaheburayo abakuye mu buja, ariko igihe Farawo yumva ivyo yakoze maze akagerageza kumwica, Musa yabwirijwe guhungira i Midiyani.​—Kuvayo 2:11-15; Ivyakozwe 7:23-29.

Naho Musa yabona ko hageze yuko arokora abasavyi b’Imana, Yehova we yabona ko hataragera. Ariko rero ivyo yakoze vyarerekanye ko yari afise ukwizera. Mu Baheburayo 11:24-26 hagira hati: “Kubera ukwizera, Musa amaze gukura, yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo, ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato.” Uti kubera iki? “Kuko yabonye ko iceyi ca Kristu ari ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri; kuko yashinze ijisho itangwa ry’impembo.” Iyo mvugo ngo “Kristu,” ni ukuvuga “uwarobanuwe,” iraberanye na Musa kuko yahavuye aronka igikorwa kidasanzwe agihawe na Yehova ubwiwe.

Ibaze nawe! Musa yari yarezwe mu buryo bwari bugenewe gusa abanyacubahiro bo mu Misiri. Naho ikibanza yari afise catuma ashobora gukora akazi gateye iteka kandi akaronka ibihimbaye vyose bishoboka, ivyo vyose yarabihevye. Ntiyashobora kuba ku kirimba c’umunyagahahazo Farawo ngo yongere akunde Yehova n’ubutungane. Kuba Musa yari azi imihango Imana yasezeraniye ba sekuruza Aburahamu, Izahaki na Yakobo akongera akayizirikanako, vyatumye ahitamwo gutoneshwa n’Imana. Ku bw’ivyo, Yehova yaramukoresheje mu gikorwa giteye iteka co gushitsa imigambi yiwe.

Twese birashika tugakenera guhitamwo ibihambaye kuruta ibindi. Co kimwe na Musa, ushobora kuba uhanganye no gufata ingingo igoye. Woba ukeneye guheba imigenzo kanaka canke ivyokwitwa ko ari uturusho, naho vyogusaba iki? Nimba ivyawe ari ko vyifashe, niwibuke ko Musa yabona yuko ubucuti afitaniye na Yehova bwari buhambaye kuruta amatunga yose yo Misiri, kandi ntiyigeze yicuza.

29 RUHESHI–5 MUKAKARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 4-5

“Nzobana n’akanwa kawe”

(Kuvayo 4:10)

(Kuvayo 4:13)

w10 15/10 13-14

Yehova abona gute ivyo kwisigura?

“Nta vyo nshoboye.” Woshobora kwiyumvamwo yuko udakwije ibisabwa vyo kuba umusuku w’inkuru nziza. Abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abizigirwa bo mu bihe vya Bibiliya bariyumvamwo yuko batari bashoboye kurangura ibikorwa Yehova yabashinga. Nufate akarorero ka Musa. Igihe Yehova yamushinga igikorwa gitomoye, Musa yavuze ati: “Ntunga, Yehova, erega jewe sindi umuntu yoroherwa no kuvuga, kandi si ivy’ejo canke hirya y’ejo canke kuva aho uvuganiye n’umusavyi wawe, kuko ndi uw’umunwa wikwega n’ururimi rwikwega.” Naho Yehova yamusubirije umutima mu nda, Musa yishuye ati: “Ntunga, Yehova, ahubwo ndakwinginze, utume uwundi ushaka.” (Kuv. 4:10-13) None Yehova yavyakiriye gute?

(Kuvayo 4:11, 12)

w14 15/4 9 ing. 5-6

Woba ubona “Umwe ataboneka”?

5 Imbere y’uko Musa asubira mu Misiri, Imana yaramuhaye icigwa gihambaye, ico cigwa Musa akaba yahavuye acandika mu gitabu ca Yobu, ati: “Ugutinya Yehova, ubwo ni bwo bukerebutsi.” (Yobu 28:28) Kugira Yehova afashe Musa kumutinya gutyo bigatuma akorana ubukerebutsi, yaramweretse itandukaniro riri hagati y’abantu n’Imana Mushoboravyose. Yamubajije ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova?”​—Kuv. 4:11.

6 None icigwa cari ikihe? Musa ntiyari akwiye gutinya. Yari yatumwe na Yehova, akaba yomuhaye ibikenewe vyose kugira ashikirize Farawo ubutumwa bw’Imana. Vyongeye, Farawo nta co yari avuze imbere ya Yehova. Nakare, ntibwari bwo bwa mbere abasavyi b’Imana bageramirwa n’intwaro ya Misiri. Musa ashobora kuba yarazirikanye ku kuntu Yehova yakingiye Aburahamu, Yozefu, mbere na Musa ubwiwe ku ngoma z’abandi bami bigeze gutwara Misiri. (Ita. 12:17-19; 41:14, 39-41; Kuv. 1:22–2:10) Kubera ko Musa yizeye Yehova, “Umwe ataboneka,” yaraserutse imbere ya Farawo n’umutima rugabo, aratangaza amajambo yose Yehova yari yamutegetse kuvuga.

(Kuvayo 4:14, 15)

w10 15/10 14

Yehova abona gute ivyo kwisigura?

Yehova ntiyakuye kuri Musa ico gikorwa. Ariko rero, Yehova yaragenye Aroni kugira ngo afashe Musa kurangura ico gikorwa. (Kuv. 4:14-17) Vyongeye, mu myaka yakurikiye, Yehova yarabandanije gufata mu mugongo Musa yongera aramuronsa ikintu cose yari akeneye kugira ngo aroranirwe mu bijanye no kurangura ibikorwa yari yamushinze. Muri kino gihe, urashobora kwizigira yuko Yehova azovyurira abo musangiye ukwemera bazi utuntu n’utundi umutima wo kugufasha na wewe mu bijanye no kurangura ubusuku bwawe. N’ikiruta vyose, Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko Yehova azotuma dukwiza ibisabwa kugira ngo turangure igikorwa yadutegetse gukora.​—2 Kor. 3:5; raba uruzitiro ruvuga ngo “Imyaka iteye umunezero kuruta iyindi yose mu buzima bwanje.”

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 4:24-26)

w04 15/3 28 ing. 4

Ibibazo vy’abasomyi

Imvugo ya Zipora igira ngo “Umbereye umugabo avisha amaraso”, ni imvugo itamenyerewe. Iyo mvugo yerekana iki ku bimwerekeye? Mu gushitsa ibisabwa n’isezerano ryerekeye ugukebwa, Zipora yari yemeye icese kugiranira na Yehova ubucuti bushingiye kuri iryo sezerano. Isezerano ry’Ivyagezwe Yehova yagiranye n’Abisirayeli mu nyuma, ryerekanye ko mu bucuti bushingiye kw’isezerano Yehova ashobora gufatwa ko ari umunega abandi na bo bagafatwa ko ari umukenyezi (Yeremiya 31:32). Ku bw’ivyo, mu kwita Yehova (abicishije kuri uwo mumarayika yamuserukiye) “umugabo avisha amaraso”, bisa n’uko Zipora yariko yemera icese ko ubwiwe agamburuka ibisabwa muri iryo sezerano. Ni nk’aho muri iryo sezerano ryerekeye ugukebwa yari yemeye ikibanza c’ukuba umukenyezi, Yehova Imana na we akaba umunega. Ukwo biri kwose, kubera ico gikorwa gihambaye yakoze cerekana ko agamburuka ivyo Imana isaba, ubuzima bw’umuhungu wiwe ntibwari bukiri mu kaga

(Kuvayo 5:2)

it-1 1257 ing. 3

Yehova

Ku bw’ivyo rero, “kumenya” ntivyama bisobanura gusa kuba uzi ikintu canke umuntu. Ca kijuju Nabali yari azi izina rya Dawidi, mugabo nticabujije ko abaza ngo “Dawidi ni nde?” Ni nk’aho yashaka kuvuga ati: “Amaze iki?” (1Sm 25:9-11; gereranya na 2Sm 8:13.) Na Farawo yabwiye Musa ati: “Yehova ni nde, ngo ngamburukire ijwi ryiwe ndekure Isirayeli? Yehova sindamuzi namba, kandi vyongeye, sindiko ndarekura Isirayeli.” (Kv 5:1, 2) Biboneka ko mu kuvuga ivyo, Farawo yari yerekanye yuko atazi Yehova nka we Mana y’ukuri, ko adafise ububasha na bumwe ku mwami wa Misiri no ku vyo akora, kandi ko ata burenganzira afise bw’uko ivyo agomba vyokorwa nk’uko Musa na Aroni babimenyesheje. Mugabo Farawo na Misiri yose be n’Abisirayeli vuba botahuye ico iryo zina risobanura vy’ukuri, ni ukuvuga nyene ryo. Nk’uko Yehova yabibwiye Musa, yoshikije umugambi afitiye Abisirayeli, akabarokora, akabaha igihugu c’isezerano, gutyo akaba ashikije ivyo yari yarasezeraniye ba sekuruza. Ku bw’ivyo, Imana yavuze iti: “Muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu.”​—Kv 6:4-8.

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 4:1-17)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika