Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
4-10 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 36-37
“Yozefu yazize ishari”
“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”
Bibiliya yishura iti: “Bene wabo babonye ko se amukunda kuruta bene wabo bose, batangura kumwanka, kandi ntibashobora kumuvugisha mu mahoro.” (Itanguriro 37:4) Naho ishari bene wabo na Yozefu bari bamufitiye rishobora kuba ryumvikana, bagize nabi gutwarwa n’ako gatima kabi. (Imigani 14:30; 27:4) Vyoba bimaze gushika ukagira ishari igihe uwundi muntu atewe iteka canke yitwararitswe nawe wavyipfuza? Niwibuke bene wabo na Yozefu. Ishari bagize ryatumye bakora ibintu bahavuye bicuza cane. Akarorero kabo kaributsa abakirisu yuko icorushiriza kuba ciza ari ‘ukunezeranwa n’abanezerewe.’—Abaroma 12:15.
Nta gukeka ko Yozefu yabona ko bene wabo bamwanka. Yoba yaranyegeza ikanzu yiwe nziza igihe bene wabo baba bari hafi? Ashobora kuba yariyumvira kubigira. Ariko niwibuke ko Yakobo yipfuza ko iyo kanzu iba ikimenyetso c’ubutoni n’urukundo. Yozefu yipfuza kuguma ari umwizigirwa kuri se wiwe, akaba ari co gituma yama yambara iyo mpuzu. Yaradusigiye akarorero keza. Naho Data wa twese wo mw’ijuru atagira nkunzi, hari igihe atora bamwebamwe mu basavyi biwe b’intahemuka akabatonesha. Vyongeye arabasaba kuguma bitandukanije n’iyi si yononekaye kandi yataye ubuntu. Ukuntu abakirisu b’ukuri bigenza twokugereranya n’iyo kanzu idasanzwe ya Yozefu, kuko kubatandukanya n’abantu babakikuje. Rimwe na rimwe, ukwo kuntu bigenza kuratuma babagirira ishari n’urwanko. (1 Petero 4:4) Umukirisu yoba none akwiye kunyegeza akaranga kiwe nyakuri ko kuba ari umusavyi w’Imana? Nta vyo akwiye kugira, nk’uko nyene na Yozefu atari akwiye kunyegeza ya kanzu yiwe.—Luka 11:33.
“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”
Izo ndoto zari indoto zivuye kuri Yehova Imana. Zamenyesha ibizoba muri kazoza, kandi Imana yipfuza ko Yozefu avuga ibijanye n’izo ndoto zari zifise ico zisobanura. Twovuga ko Yozefu yakoze ivyo abamenyeshakazoza bose bo mu nyuma bakoze, abashikirije ubutumwa n’imanza bivuye ku Mana abasavyi bayo bigira intumva.
Yozefu yabwiye bene wabo abigiranye ubwitonzi ati: “Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto narose.” Bene wabo baratahuye iyo ndoto, ariko ntiyabaguye neza na gato. Bamwishuye bati: “Mbega ugiye koko kuba umwami wo kutuganza? Canke ugiye kutuganza koko?” Iyo nkuru yongerako iti: “Baronka rero imvo nshasha yo kumwanka kubera indoto ziwe no kubera amajambo yiwe.” Igihe Yozefu yabwira se wiwe na bene se indoto ya kabiri, na ho nyene ntivyabashimishije. Dusoma duti: “Se wiwe atangura kumuhambarira, amubwira ati: ‘Iyo ndoto warose isobanura iki? Mbega twe na nyoko wawe na bene wanyu tugiye kuza tukwunamire gushika hasi?’” Mugabo Yakobo yagumye avyiyumvira. Yaribaza ati: ‘Ubwo si Yehova yoba ariko arahishurira ivyo bintu umuhungu wanje?’—Itanguriro 37:6, 8, 10, 11.
Yozefu si we musavyi wa Yehova wa mbere canke wa nyuma yasabwe gushikiriza ubutumwa buvuye ku Mana butoguye neza abantu, bugatuma mbere ahamwa. Yezu yabaye we muntu ahambaye kuruta abandi bose bashikirije ubutumwa nk’ubwo, kandi yabwiye abayoboke biwe ati: “Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.” (Yohani 15:20) Abakirisu b’imyaka itandukanye bose barashobora kugira ibintu vyinshi bigiye ku kwizera n’umutima rugabo uwo muhungu akiri muto Yozefu yagaragaje.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 693
Edomu
(Gitukura), Abanyedomu.
Edomu ni irindi zina ryahawe Esawu, ihasa rya Yakobo. (It 36:1) Yarihawe kubera yagurishije uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isupu y’inkore itukura. (It 25:30-34) Igihe Esawu yavuka yaratukura cane (It 25:25), kandi vyarahuriranye no kuba ubutaka be n’ibitandara vyo mu bice vy’igihugu we n’abamukomotseko bahavuye babamwo na vyo nyene vyaratukura.
it-1 964
Igikorwa co gucunga
Igihe umwungere avuze ko azocunga umukuku canke ubusho, yaba yemeje mu buryo bwemewe n’amategeko yuko azokwitwararika ivyo bitungwa. Yarasezeranira nyenevyo ko azobigaburira kandi akabirinda abasuma, ahandi ho yociye ariha indishi. Ariko ivyo ntivyari ntabanduka kuko amategeko yavuzwe aho haruguru yashobora kumwambika izera igihe haba habaye ikintu kimurengeye, nk’akarorero igihe uwo mukuku watewe n’ibikoko vyo mw’ishamba. Yamara kugira ngo ntihagire icagira uwo mwungere, yategerezwa kwereka nyene uwo mukuku icemeza, nk’umuvyimba wa nya gitungwa catabaguwe. Nyeneco ahejeje gusuzuma ico kimenyamenya, yaca yemeza ko uwo mwungere yera.
Iyo ngingo nyene yarakoreshwa muri rusangi ku kintu cose umuntu yaba ajejwe, mbere no mu muryango. Nk’akarorero, imfura mu muryango yafatwa ko ari we ajejwe barumunawe. Ivyo bituma dutahura igituma Rubeni uwari imfura, yitwararitse cane ubuzima bwa Yozefu igihe abandi benewabo bavuga ivyo kumwica, nk’uko bivugwa mw’Itanguriro 37:18-30. Yavuze ati: “Twoye kumwica. . . . Ntimuvishe amaraso. . . . ntimushire ukuboko kw’inkazi kuri we.” Bibiliya ivuga ko “intumbero yiwe yari iyo kumurokora mu kuboko kwabo kugira amusubize kwa se.” Igihe na ho Rubeni yarondera Yozefu akamubura, yaciye “atantamura impuzu ziwe” maze yiha akamo ati: “Umwana nta wuhari! None ga yemwe nja hehe koko?” Yari azi ko ashobora kumubazwa. Kugira abo benewabo ntihagire ikibagira, batoye amayeri yo kurondera ivyemeza ko Yozefu yari yishwe n’igikoko. Bafashe impuzu bari bambuye Yozefu bayijobeka mu maraso y’impene. Baciye bayirungikira Yakobo, umuvyeyi wabo akaba n’umucamanza mu muryango. Yaciye abona ko Rubeni atakimwagira, kuko yatahuye yuko Yozefu yishwe n’igikoko.—It 37:31-33.
Igisomwa ca Bibiliya
11-17 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 38-39
“Yehova ntiyigeze aheba Yozefu”
“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
“Nayo Yozefu amanukanwa mu Misiri, maze Potifari umukozi wo ku kirimba ca Farawo, umukuru w’abacungera ubuzima, Umunyamisiri, amugura n’Abishimayeli bari bamumanukanye ng’aho.” (Itanguriro 39:1) Dusomye ayo majambo avuga ivyashikiye Yozefu, turashobora kwiyumvisha ingene uwo musore ategerezwa kuba yarumvise agashambara kamuvuyeko igihe basubira kumugurisha. Bamubona nk’imari gusa! Gerageza kumubona akurikiye shebuja wiwe mushasha yakorera ku kirimba c’umwami wa Misiri. Iyumvire bariko baraca mu mabarabara yo mu gisagara anyagaramwo abantu, yuzuyeko utuguriro, bagana ahari hagiye kumubera muhira.
Uti muhira? Aho hantu nta co hasa hasana n’aho Yozefu yita muhira. Yari yakuriye mu muryango wibera mu mahema kuko baza barimukanga, bakimukana n’imikuku yabo y’intama. Ariko aho mu Misiri, abantu b’abatunzi nka Potifari wasanga bibera mu mazu mezameza asize amabara. Abacukuzi b’ivya kera bavuga ko aho hambere Abanyamisiri bakunda cane imirima y’amashurwe itotahaye ikikujwe n’impome. Iyo mirima yaba irimwo ibiti bitanga igitutu, ahantu hatekanye hateze amazi ho gutera urufunzo, amashurwe yo mu mazi n’ibindi biterwa bikunda mu mazi. Inzu zimwezimwe zaba zikikujwe n’imirima y’amashurwe, zifise amabaraza yo gusamiramwo akayaga, amadirisha ari hejuru atuma akayaga kinjira mu nzu. Zaba zifise n’ivyumba vyinshi, ushizemwo n’aho gufungurira be n’uburaro bw’abakozi.
“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
Nta vyinshi tuzi ku kuntu amabohero y’Abanyamisiri yari ameze ico gihe. Ariko abacukuzi b’ivya kera barubuye ibisigarira vy’ayo mabohero. Basanze zari inyubakwa nini zikomeye cane zigizwe n’ubusho be n’ibibanza vyo mu kuzimu vyo gupfungiramwo abantu. Mu nyuma, Yozefu yavuze ko yapfungiwe mu “cobo c’ibohero,” bikaba vyumvikana ko hari ahantu hatabona imbohe zavundira. (Itanguriro 40:15) Igitabu ca Zaburi kirerekana ayandi mabi Yozefu yaboneyeyo, giti: “Bababarisha amapingu ibirenge vyiwe, ubuzima bwiwe bwinjira mu vyuma.” (Zaburi 105:17, 18) Rimwe na rimwe, Abanyamisiri barabohera i mugongo amaboko y’abanyororo. Abandi babambika ivyuma bifata mw’izosi. Iyumvire amabi Yozefu yahaboneye, n’umubabaro yagize kubona afatwa nabi ukuraho, azira ubusa!
Ikindi womenya ni uko Yozefu atapfunzwe imisi mike. Inkuru ivuga yuko yaciye “aguma ng’aho muri iyo nzu y’ibohero.” Yamaze imyaka itari mike muri ukwo kuzimu! Kandi Yozefu ntiyari azi nimba yotevye akarekurwa. Imisi iteye agahinda ya mbere yamaze mw’ibohero yavyaye amayinga, amayinga na yo avyara amezi. None muri ico gihe cose, ni igiki camufashije kutihebura?
Inkuru yo muri Bibiliya iratanga inyishu iremesha, iti: “Yehova agumana na Yozefu kandi aguma amugirira ubuntu bwuzuye urukundo.” (Itanguriro 39:21) Nta bohero, nta mapingu canke ubusho bwo mu kuzimu vyotuma ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova budashikira abasavyi biwe. (Abaroma 8:38, 39) Iyumvire Yozefu ariko ajojera Se wiwe wo mw’ijuru mw’isengesho, maze akaronka amahoro yo mu mutima atangwa gusa na ya “Mana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3, 4; Abafilipi 4:6, 7) Hoba hari ikindi Yehova yakoreye Yozefu? Inkuru ivuga ko yatumye Yozefu abandanya kugira “ubutoni mu maso y’umukozi mukuru w’inzu y’ibohero.”
“Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye?”
Inkuru yo muri Bibiliya iratanga inyishu iremesha, iti: “Yehova agumana na Yozefu kandi aguma amugirira ubuntu bwuzuye urukundo.” (Itanguriro 39:21) Nta bohero, nta mapingu canke ubusho bwo mu kuzimu vyotuma ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova budashikira abasavyi biwe. (Abaroma 8:38, 39) Iyumvire Yozefu ariko ajojera Se wiwe wo mw’ijuru mw’isengesho, maze akaronka amahoro yo mu mutima atangwa gusa na ya “Mana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3, 4; Abafilipi 4:6, 7) Hoba hari ikindi Yehova yakoreye Yozefu? Inkuru ivuga ko yatumye Yozefu abandanya kugira “ubutoni mu maso y’umukozi mukuru w’inzu y’ibohero.”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 445
Onani
(Rikomoka ku rivuga risobanura “ubushobozi bwo kurondoka, inguvu rukozi”)
Yari umuhungu agira kabiri Yuda yavyaranye n’umukobwa wa Shuwa, Umunyakanani. (It 38:2-4; 1Ng 2:3) Ere, mukuru wa Onani yarishwe na Yehova kubera yakora ivyari bibi, apfa ata kana asize. Yuda yaciye asaba Onani ngo acure Tamari umugore wa mukuruwe. Iyo Onani amuvyarako umuhungu, uwo mwana ni we yobaye samuragwa mu muryango wa Ere, kandi ni we yokwegukiye intoranwa y’umuryango. Ariko hatabonetse samuragwa, Onani ni we yociye yegukira iyo ntoranwa. Igihe rero Onani yaba ariko ararangura amabanga y’abubatse na Tamari, “yarekurira hasi intanga ziwe” aho kuzirekurira muri Tamari. Ivyo Onani yagira ntivyari bimwe vyo kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene, kubera iyo nkuru ivuga ko ‘igihe yaryamana n’umugore wa mwene wabo,’ yaca arekurira hasi intanga ziwe. Biboneka ko Onani yanka n’ibigirankana ko intanga ziwe zija mu gitereko ca Tamari. Onani na we nyene Yehova yaramwishe kandi yapfuye ata kana asize. Ntiyazize ukwimara inambu ari wenyene, ahubwo yazize ko yagambarariye se, akagaragaza umwina kandi agaca kubiri n’intunganyo Imana yashizeho ku bijanye n’umubano w’ababiranye.—It 38:6-10; 46:12; Gh 26:19.
Ibibazo vy’abasomyi
Yuda yakoze nabi mu buryo bw’uko atahaye Tamari umuhungu wiwe Shela nk’uko yari yarabimwemereye. Yararyamanye kandi n’umugore yiyumvira ko ari imaraya yo ku rusengero. Ivyo vyari binyuranye n’umugambi w’Imana, na wo ukaba wari uw’uko umugabo arangura amabanga mpuzabitsina mu ndinganizo y’umubano w’ababiranye gusa (Itanguriro 2:24). Ariko mu vy’ukuri Yuda ntiyaryamanye n’imaraya. Ahubwo yagiye mu kibanza c’umuhungu wiwe Shela atabizi mu gushitsa wa mugenzo w’uko umuntu acura muramuwe maze akavyara umwana yemewe.
Kuri Tamari, iyo nyifato ntiyari iy’ubuhumbu. Abahungu biwe b’amahasa ntibabonwa ko ari abana b’ishushu. Igihe Bowazi w’i Betelehemu yatwara Umunyamowabukazi Rusi akurikije umugenzo w’uko umuntu acura muramuwe, abashingantahe b’i Betelehemu baravuze neza Peresi umuhungu wa Tamari, mu kubwira Bowazi bati: “Inzu yawe nihwane n’iya Peresi, uwo Tamari yavyariye Yuda, bizanywe n’uruvyaro Uhoraho azoguha kuri ico gitamba” (Rusi 4:12). Peresi kandi ari mu rutonde rwa ba sekuruza ba Yezu Kirisitu.—Matayo 1:1-3; Luka 3:23-33.
Igisomwa ca Bibiliya
18-24 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 40-41
“Yehova arokora Yozefu”
“None ugusobanura si ukw’Imana?”
Wa mugabo yahereza ibinyobwa Farawo yaribagiye Yozefu, ariko Yehova we ntiyamwibagiye. Mw’ijoro rimwe, yaratumye Farawo arota indoto zibiri z’intibagirwa. Mu ya mbere, uwo mwami yabonye inka indwi zisa neza kandi zidoshe ziriko ziduga ziva mu Ruzi Nili, zikurikirwa n’inka indwi zisa nabi kandi zonze. Izo zonze zaciye zimira izidoshe. Mu nyuma, Farawo yabonye amahundo indwi y’intete meza ariko aduga ku gati kamwe. Ariko yaciye abona amahundo indwi asa nabi yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko, ano aca amira amwe meza. Bukeye, Farawo yavyutse ahagaritse umutima cane kubera izo ndoto, aca atumako abantu biwe b’inkerebutsi bose be n’abaherezi b’abanyamageza bose ngo bazimusobanurire. Ariko bose zabataye ku w’amazi. (Itanguriro 41:1-8) Nta wuzi ko barengewe barabura n’ico bavuga canke ko batanze insobanuro zidahuza. Uko biri kwose, Farawo yaravunitse umutima, mugabo yagumye ashashaye cane kumenya ico izo ndoto zasobanura.
Vyakabaye kera, wa mugabo ahereza umwami ibinyobwa yaributse Yozefu! Vyaramwanse mu nda, abwira Farawo ibijanye n’uwo musore adasanzwe ari mw’ibohero, hakaba hari haciye imyaka ibiri asobanuye neza ivyo we na mugenziwe bari barose. Farawo yaciye ubwo nyene atumako Yozefu mw’ibohero.—Itanguriro 41:9-13.
“None ugusobanura si ukw’Imana?”
Yehova akunda abantu bicisha bugufi kandi b’abizigirwa. Ntibitangaje rero kubona yarafashije Yozefu gutahura insobanuro y’indoto yari yananiye abantu b’inkerebutsi be n’abaherezi. Yozefu yabwiye Farawo ko indoto ziwe zibiri zifise insobanuro imwe. Kuba Yehova yari yatumye Farawo arota kabiri kose, vyerekana ko cari ikintu “gishimangiwe,” corangutse ata kabuza. Za nka zidoshe na ya mahundo meza vyagereranya imyaka indwi yobayemwo umusesekara mu Misiri. Za nka zonze na ya mahundo mabi na vyo vyagereranya imyaka indwi y’ikigoyi yokurikiye imyaka y’umusesekara. Ico kigoyi cobaye gikomeye cane ku buryo abantu bibagira na wa musesekara.—Itanguriro 41:25-32.
“None ugusobanura si ukw’Imana?”
Farawo ntiyayaze amasigaracicaro. Yozefu yaciye yambikwa impuzu z’ilino nziza. Farawo yaramuhaye urunigi rw’inzahabu, impeta y’ikidodo, umwe mu mikogote yiwe, amuha n’ububasha bwo kugenzura igihugu cose kugira ashire mu ngiro uwo mugambi. (Itanguriro 41:42-44) Mu kiringo c’umusi umwe gusa, Yozefu yavuye mw’ibohero aja ku kirimba. Yavyutse ari umuntu wo hasi apfunzwe, aryama ari umutegetsi agira kabiri kuri Farawo. Emwe, vyaragaragaye ko Yozefu yari afise imvo zumvikana zo kwizera Yehova Imana! Yehova yarabonye akarenganyo kose umusavyi wiwe yari yarihanganiye iyo myaka yose. Yaramurenganuye mu gihe kibereye no mu buryo bubereye. Yehova ntiyashaka gusa kurenganura Yozefu, ariko kandi yashaka kumukoresha mu kuzigama abo ihanga rya Isirayeli ryokomotseko. Ivyo tuzobibona mu kindi kiganiro nk’iki.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Wari ubizi?
Kubera iki Yozefu yimosheje imbere yo kuja kwa Farawo?
Inkuru yo mw’Itanguriro ivuga ko Farawo yatumyeko imbohe y’Umuheburayo yitwa Yozefu ngo aze ningoga kumusigurira ibintu bitesha umutwe yari yarose. Ico gihe Yozefu yari amaze imyaka itari mike mw’ibohero. Naho Farawo yamutumyeko gihutihuti, Yozefu yabanje gufata umwanya wo kwimosha. (Itanguriro 39:20-23; 41:1, 14) Kuba uwanditse iyo nkuru yaravuze ico kintu gisa n’ikidahambaye, birerekana ko yari amenyereye imigenzo y’Abanyamisiri.
Abantu benshi ba kera, harimwo n’Abaheburayo, barakunda gutereka ubwanwa. Igitabu kimwe (Cyclopedia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature) canditswe na McClintock be na Strong kivuga ko “Abanyamisiri ari bo bantu bonyene bo mu karere k’ibihugu vy’Abarabu batatereka ubwanwa.”
None kwimosha vyoba vyagarukira gusa ku kumwa ubwanwa? Ikinyamakuru kimwe (Biblical Archaeology Review) kivuga ko imigenzo imwimwe y’Abanyamisiri yasaba umuntu agomba kurenguka kwa Farawo kwitegura nk’uwugiye ku rusengero. Nimba ari ukwo rero, Yozefu yabwirijwe kwimosha umushatsi n’ubwanwa.
Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana
14 Abavyeyi batinya Imana bo mu bihe vya Bibiliya bariyemeza neza ko abana babo bigira i muhira ibintu vy’ishimikiro biranga urupfasoni. Irabire ingene Aburahamu n’umuhungu wiwe Izahaki bavugana mu rupfasoni, ivyo bikaba biboneka mw’Itanguriro 22:7. Yozefu na we nyene yaragaragaje ko yigishijwe neza n’abavyeyi biwe. Igihe yari apfunzwe, yarasonera mbere n’abanyororo bagenziwe. (Ita. 40:8, 14) Amajambo yabwiye Farawo arerekana ko yari yarize uburyo bubereye bwo kuvugana n’umukuru.—Ita. 41:16, 33, 34.
Igisomwa ca Bibiliya
25-31 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 42-43
“Yozefu agaragaza ukwigumya kudasanzwe”
“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”
Yozefu we yoba yarabamenye? Yabamenye nk’ejo! Vyongeye, bamwunamiye yaciye yibuka ivyabaye akiri agahungu gatoyi. Inkuru itubwira yuko “Yozefu [yaciye] yibuka indoto” Yehova yari yaramurotesheje akiri umwana, indoto zerekana yuko bakuruwe bomwunamiye. Ivyo nyene ni vyo bari bahejeje kugira! (Itanguriro 37:2, 5-9; 42:7, 9) None Yozefu yari gukora iki? Yari kubagumbira? Canke yari kubihora?
“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”
Hari aho utokwigera ushikirwa n’ivyashikiye Yozefu. Ariko rero, mw’isi ya kino gihe indyane n’ukutumvikana bireze mu miryango. Igihe duhanganye n’ingorane nk’izo, hari aho wosanga dukoze uko umutima wacu udatunganye utubwiye, tugapfa gukora ibitujemwo. Vyoba vyiza twiganye Yozefu tukagerageza gutahura ico Imana yoshima ko dukora. (Imigani 14:12) Birahambaye kugiranira amahoro n’abo mu muryango. Ariko wibuke yuko igihambaye kuruta ibindi ari ukugiranira amahoro na Yehova be n’Umwana wiwe.—Matayo 10:37.
“Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”
Yozefu yaciye atangura kugeza bakuruwe kugira ngo arabe imitima yabo. Yabanje kuvugana na bo abakarira biciye ku musobanuzi, abagiriza ko ari abanyamahanga baje kugira iperereza. Mu kwisigura, bamubwiye ivyerekeye umuryango wabo, bavuga n’ikintu gihambaye c’uko bafise murumuna wabo yasigaye muhira. Yozefu avyumvise, yaragize umunezero ariko arigumya. Uwo murumunawe yoba vy’ukuri yari akiriho? Yozefu yaciye abona ico yokora. Yavuze ati: “Iki ni co kizobageza,” aca ababwira ko ategerezwa kubona uyo mwene wabo. Mu nyuma, yaremeye ko bosubira muhira kuzana murumuna wabo, baramutse bemeye ko umwe muri bo asigara ari imbohe.—Itanguriro 42:9-20.
it-2 50 ing. 4
Yozefu
Ivyariko biraba vyaratumye benewabo na Yozefu batangura kubona ko Imana iriko irabahana kubera ko mu myaka y’imbere y’aho bamugurishije ngo aje kuba umuja. Igihe bari imbere y’uwo mwenewabo ariko bataramumenya, baratanguye kwiyagiriza, bitako umwikomo. Yozefu amaze kwumva ivyo bavuga biranga ko bari barigaye, vyaranse ko yigumya aca ava imbere yabo aja kurira. Agarutse yaciye aboha Simeyoni gushika igihe bogarukiye bazananye n’umuhererezi wabo.—It 42:21-24.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 835
Rubeni
Zimwe muri kamere nziza za Rubeni zarigaragaje igihe yajijura benewabo icenda ngo baterere Yozefu mu kinogo cumye aho kumwica, Rubeni akaba yashaka kugaruka yinyegeje kugira amukure muri ico kinogo. (It 37:18-30) Inyuma y’imyaka irenga 20, igihe abo benewabo na Yozefu bariko bavuga ko ingorane zabashikiye mu Misiri bari bazikwegewe n’amabi bakoreye Yozefu, Rubeni yaciye abibutsa yuko wewe atari yifatanije na bo mu kumugirira nabi. (It 42:9-14, 21, 22) Vyongeye, igihe Yakobo yanka ko Benyamini ajana na benewabo basubiye mu Misiri, Rubeni yaciye asheta abahungu biwe babiri, avuga ati: “Abahungu banje babiri uze ubice nintamukugarukanira.”—It 42:37.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—2
43:32—Ni kubera iki gusangira ibifungurwa n’Abaheburayo wari umuziro ku Banyamisiri? Ivyo bishobora kuba ahanini vyatumwa n’umwikeko ushingiye kw’idini canke n’ubwibone bushingiye ku bwoko. Abanyamisiri kandi baranka urunuka abungere (Itanguriro 46:34). Kubera iki? Abungere bashobora gusa kuba bari abantu bagayitse mu Misiri. Canke bishobora kuba vyatumwa n’uko, kubera ubwatsi bwo kurima bwari buto, Abanyamisiri barakengera abantu barondera uburagiro bw’amasho.
Igisomwa ca Bibiliya