Samusoni atahukana intsinzi ku bw’inkomezi za Yehova!
BENE kumufata bari banyotewe kwihora, bamunogora amaso maze bamujana kumukoresha ibikorwa vy’umuruho. Nuko bamukura mu nzu yari abohewemwo, bamujana mu rusengero rw’abapagani kugira ngo abe aranezereza isinzi ry’abantu. Bamutembereza imbere y’abarorerezi ibihumbi maze bano bagenda baritwengera. Iyo mbohe si inkozi y’ikibi canke ngo ibe umugabisha w’ingabo z’umwansi. Ni umusavyi wa Yehova, akaba amaze imyaka 20 acira imanza Abisirayeli.
None Samusoni, uwarusha inguvu abantu babayeho bose, vyagenze gute ngo ashike mu bintu nk’ivyo vy’akamaramaza? Inkomezi zidasanzwe yari afise zoba zari kumukiza? Inkomezi Samusoni yari afise yazikura hehe? Hoba hari ikintu twokwigira ku nkuru y’ubuzima bwiwe?
Ni we “azotangura kurokora Abisirayeli”
Abisirayeli bari bagiye barata ugusenga kw’ukuri akatari gake. Igihe rero “bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; Uhoraho abatanga mu maboko y’Abafilisitiya kumara imyaka mirongwine”.—Abacamanza 13:1.
Inkuru ya Samusoni yatanguye igihe umumarayika wa Yehova yabonekera umugore umwe w’ingumba yari yabiriwe n’Umwisirayeli yitwa Manowa, akamumenyesha ko yovyaye umwana w’umuhungu. Uwo mumarayika yamubwiye ati: “Ntihaze hagire urupfuhe rumugera ku mutwe; kuk’uwo mwana azoba Umunaziri ku Mana uhereye akiva mu nda; kandi ni we azotangura kurokora Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya” (Abacamanza 13:2-5). Imbere y’uko Samusoni asamwa, Yehova yarerekanye neza ko hari igikorwa kanaka Samusoni yari gushingwa. Kuva akivuka, yari kuba Umunaziri, umuntu yatorewe kurangura umurimo mweranda udasanzwe.
Ni we “nagomwe”
Igihe Samusoni yariko arakura, “Uhoraho [yabandanije ku]muha umugisha” (Abacamanza 13:24). Umusi uri izina Samusoni yaraje kwa se na nyina, maze ababwira ati: “Nabonye umwigeme i Timuna w’Umufilisitiyakazi: none ni mumunsabire” (Abacamanza 14:2). Iyumvire ingene batangaye. Ha kugira ngo umwana wabo akure Abisirayeli mu maboko y’ababahahaza, yashaka gusaba umugeni muri bo. Kwabira umugore wo mu basenga imana z’abapagani vyari biteye kubiri n’Ivyagezwe vy’Imana (Kuvayo 34:11-16). Ni co catumye abo bavyeyi bamwankira bati: “Mbega nta mwigeme n’umwe ari mu b’i wanyu canke mu b’iki gihugu, igitumye uja gusaba umugeni mu Bafilisitiya batākebge?”. Ariko rero, ico nticabujije ko Samusoni avuga ashimitse ati: “Nsabira uyo, kukw ari we nagomwe”.—Abacamanza 14:3.
Ni mu buryo ki uwo Mufilisitiyakazi ‘yari ateye igomwe’ canke ari we yari abereye kuri Samusoni? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi ca McClintock na Strong kivuga yuko atari kubera ko yari “mwiza, w’akaranga, asa n’irirenga, ahubwo yari abereye ku bijanye no gushikira ihangiro rinaka, umugambi munaka, canke intumbero yinaka”. None hari ku bijanye n’irihe hangiro? Mu Bacamanza 14:4 hasigura yuko Samusoni “yarondera inyanduruko ku Bafilisitiya”. Samusoni yagomwe uwo mwigeme ku bw’uwo mugambi. Uko Samusoni yagenda arakura, ‘impwemu y’Uhoraho yaciye itangura kumucanira’, canke kumukaburira kugira ico akoze (Abacamanza 13:25). Impwemu ya Yehova rero ni yo yatumye Samusoni asaba umugore uko bitari bisanzwe bigirwa iwabo, ikaba ari na yo yatumye arangura igikorwa ciwe cose co kuba umucamanza wa Isirayeli. Samusoni yoba yararonse ico yariko ararondera? Reka tubanze turabe ingene Yehova yamukuye amazinda ko amufashe mu mugongo.
Samusoni yari mu nzira agiye mu gisagara citwa Timuna cabamwo uwari kumubera umugeni. Inkuru yo mu Vyanditswe yigana iti: “Ashitse mu mizabibu [y’i Timuna], ahūra n’umugunza w’intambge, iramutontomera. Maze [im]pwemu [y]’Uhoraho [i]muzako akābushungwe, arayitabagura”. Iryo garagazwa ridasanzwe ry’inkomezi ryashitse igihe Samusoni yari wenyene. Nta muntu n’umwe yabibonye. None ubwo bwoba bwari bwo buryo Yehova yakoresheje kugira ngo akure amazinda Samusoni yuko yari ashoboye kurangura igikorwa Imana yamushinze co kuba Umunaziri? Bibiliya nta co ibivugako, mugabo nta mazinda yuko Samusoni yatahuye ko izo nguvu zidasanzwe zitari rwiwe. Zitegerezwa kuba zava ku Mana. Yarashobora kwiheka kuri Yehova kugira ngo amufashe mu gikorwa cari kimurindiriye. Samusoni akomejwe n’ico kintu kijanye n’intambwe, “aramanuka, ayāga n’uwo mwigeme, yumva a[ra]muhimbaye”.—Abacamanza 14:5-7.
Mu nyuma, igihe Samusoni yasubirayo kurongora nya mwigeme, “[yaciye] akebereza ha handi kurāba wa muvyimba w’intambge; asanga ikirangara, inzuki zakiremeyemwo ziri n’ubūki”. Samusoni abibonye, yaciye asokora igisokoranyo Abafilisitiya 30 yari yahawe ngo babe baragumana na we ku bugeni bwiwe. Yavuze ati: “Mu muryi hāvuyemw’ivyo kurya, mu munyenkomezi hāvuyemw’ibisōsa”. Batoye ico gisokoranyo, Samusoni yari kubaha imikenyero yera 30 n’impuzu zo gukuranya 30 nyene. Kibananiye na ho, botegerejwe kumuha ivyo bintu nyene. Abafilisitiya bamaze imisi itatu ico gisokoranyo kibashusha umutwe. Ku musi ugira kane, baciye bafata ingingo yo gutera ubwoba nya mugore. Bamubwiye bati: “Genda uhendahende umugabo wawe, udusobanurize ico gisōkōranyo, ntiduhave tuza tukaguturirana n’urugo rwa so”. Umve yemwe ubwo bunyamaswa! Nimba Abafilisitiya barafata abantu b’iwabo muri ubwo buryo, iyumvire rero agahahazo Abisirayeli barimwo ukuntu kangana!—Abacamanza 14:8-15.
Uwo mugore yari yatekewe n’ubwoba yaciye azigiriza Samusoni ngo amuhishurire inyishu. Yaciye ubwo nyene abibwira ba bantu aba agaragaje ko adakunda Samusoni be n’uko ataguma kw’ibanga. Abo bantu barapfinduye nya gisokoranyo, mugabo Samusoni yari azi igituma babishoboye. Yababwiye ati: “Iyaba mutarimishije inka yanje, ntimuba mupfīndūye igisōkōranyo canje”. Ico gihe Samusoni yari aronse akaryo yari amaze igihe arindiriye. “[Im]pwemu [y]’Uhoraho [yaciye i]muzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya”.—Abacamanza 14:18, 19.
Ico kintu Samusoni yakoze i Ashikeloni yoba yagitumwe n’icipfuzo co kwihora? Oya. Cari igikorwa Imana ikoze ibicishije ku mucunguzi yatoranije. Biciye kuri Samusoni, Yehova yaratanguje indwano yo kurwanya abahahaza bunyamaswa abasavyi biwe. Iryo sekeza ryategerezwa kubandanya. Akaryo gakurikira kabonetse igihe Samusoni yaja kuraba umugore wiwe.
Arwana intambara ari wenyene
Samusoni asubiye i Timuna yasanze se w’umugore wiwe yahaye nya mugore uwundi mugabo, yiyumvira ko Samusoni yari yamwanse. Samusoni yarashavuye biraboneka. Yaciye afata imbwebwe 300, agenda azitumberanya imirizo zibirizibiri, muri iyo mirizo aboheramwo ivyatsi vyo gukongerezako umuriro. Zimaze kurekurwa, zaciye ziturira imirima y’ingano, iy’imizabibu, be n’iy’imyelayo, ziratongora ivyimburwa nyamukuru vy’uburyo butatu Abafilisitiya bari kwimbura muri uwo mwaka. Nya Bafilisitiya bari bashangashiwe baciye bagira ivy’ubunyamaswa. Biyumviriye yuko muka Samusoni be na se wiwe ari bo batumye ivyo biba maze barabaturira. Ukwihora kwabo kw’ubunyamaswa kwatumye Samusoni ashika ku mugambi wiwe. Na we yaciye abahindikiranya, arabatikiza bikomeye.—Abacamanza 15:1-8.
Abisirayeli boba barabonye ko Yehova Imana yariko ahezagira Samusoni bigatuma bifatanya na we kugira ngo biganzure Abafilisitiya? Eka da. Kugira birinde ingorane, abagabo b’i Buyuda baciye barungika abantu 3.000 kugira ngo bafate iyo ndongozi yatowe n’Imana baheze bamugabure mu maboko y’abansi biwe. Ariko rero, ubwo buhemu bw’Abisirayeli bwararonkeje Samusoni akaryo ko kwongera gutikiza abansi biwe. Igihe yagira agaburwe mu maboko y’Abafilisitiya, “[im]pwemu [y]’Uhoraho [yaciye i]muzako akābushūngwe, imigozi yar’imuboshe amaboko ihinduka nk’ubugwēgwe bufashwe n’umuriro; ivyari bimuboshe ku bikonjo biravutagurika”. Yaciye atuma ukuboko araha urwasaya rw’indogoba, arwicisha abansi igihumbi.—Abacamanza 15:10-15.
Mu gutakambira Yehova, Samusoni yavuze ati: “Jewe umusavyi wawe ko wampaye ukunesha gukomeye, none nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’abatākebge?”. Yehova yarumvise isengesho rya Samusoni atako araryishura. “Imana [isatura ikinogo], amazi aradudubiza; nukw amaze kunywa, udutege turagaruka, arahēmbūka”.—Abacamanza 15:18, 19.
Samusoni yari atumbereye gusa umugambi wiwe, na wo ukaba wari ukurwanya Abafilisitiya. Icatumye aja kurara ku nzu y’imaraya imwe i Gaza kwari ukugira ngo ashitse umugambi wiwe wo kurwanya abansi b’Imana. Samusoni yari akeneye aho arara mu gisagara c’umwansi, aho hantu akaba yashoboye kuharonka mu nzu y’imaraya. Samusoni nta ntumbero z’ivy’ubushegabo yari afise. Yavuye mu nzu ya nya mugore mu gicugu, afata inzugi z’irembo z’igisagara n’ibikingi vy’irembo, abidugana ku mpinga y’umusozi urabana n’i Heburoni wari nko ku bilometero 60. Ivyo yabikoze ashigikiwe n’Imana kandi afashijwe n’inkomezi zayo.—Abacamanza 16:1-3.
Uburyo impwemu yera yakoze mu vya Samusoni bwari uburyo budasanzwe kubera ko Samusoni yari mu bintu bidasanzwe. Abasavyi b’Imana b’abizigirwa muri iki gihe barashobora kwiheka kuri iyo nguvu nyene kugira ngo ibaronse inkomezi. Yezu yarakuye amazinda abayoboke biwe yuko Yehova ‘azoha impwemu yera abayimusaba’.—Luka 11:13.
Ni kubera iki Yehova ‘yaretse Samusoni’?
Harashitse aho Samusoni akunda umugore yitwa Delila. Abaganwa batanu b’Abafilisitiya bari bashashaye rwose gukuraho Samusoni gushika n’aho bajijura Delila yuko ategerezwa kubafasha. Bagiye iyo Delila ari bamubwira bati: “Genda umuhendahende, umenye ah’inkomezi ziwe nyinshi ziva, n’uburyo twomushobora”. Bari kumuha akahe gahembo? Umwe wese muri abo baganwa batanu yamwemereye ‘amafeza igihumbi n’ijana’.—Abacamanza 16:4, 5.
Nimba ivyo bingorongoro vy’amafeza vyari shekeli, kwemera kumuha shekeli 5.500 kari agahembo amahanga. Aburahamu yarishe shekeli 400 kugira ngo aronke ahantu ho guhamba umugore wiwe, umugurano na we akaba yagurwa shekeli 30 (Itanguriro 23:14-20; Kuvayo 21:32). Kuba abo baganwa canke abo batware b’ibisagara vy’Ubufilisitiya bahendahenze Delila bafatiye ku mwina wiwe ntibafatire ku bwoko bwiwe, birerekana yuko ashobora kuba yari Umwisirayelikazi. Uko biri kwose, Delila yaremeye.
Incuro zitatu, Samusoni yarahaye Delila inyishu yo kumuhenda ku kibazo Delila yari amubajije, na we aramusuka incuro zitatu arondera kumugabura mu maboko y’abansi biwe. Mugabo “akomeje kumuzigiriza imisi yose, amukubakuba, abona kw atakimucanan’uwāka”. Impera n’imperuka Samusoni yaramwibiye akabanga, amubwira ko atari bwigere yimosha umushatsi. Bamumoye, yociye acika goyigoyi maze akamera nk’abandi bose.—Abacamanza 16:6-17.
Ivya Samusoni vyari biheze. Delila abigiranye urwenge yaragize ibishoboka vyose kugira ngo Samusoni bamumwe umushatsi. Ariko rero, si ukuvuga yuko inkomezi za Samusoni zari vy’ukuri mu mushatsi wiwe. Umushatsi wiwe wagereranya gusa ubucuti budasanzwe yari afitaniye n’Imana bwa Munaziri. Igihe Samusoni yirekerana akaja mu bintu vyahinduye ubunaziri bwiwe bitumwe n’uko bamumoye umutwe, ‘Yehova yaramuretse’. Maze Abafilisitiya bafata Samusoni, bamunogora amaso, baraheza bamushira mw’ibohero.—Abacamanza 16:18-21.
Ese ukuntu ivyo bitwigisha icigwa gikomeye! Wumva none tudakwiye guha agaciro ubucuti dufitaniye na Yehova mu kubufata nk’ikintu c’agaciro kanini? Mu gihe twohirahira tugakora ibintu bihushanye n’ukwiyegura kwacu bwa bakirisu, wumva none twokwitega ko Imana ibandanya kuduhezagira?
“Reka mpfane n’Abafilisitiya”
Abafilisitiya bari batamvye baratarika, bakuriye ubwatsi imana yabo Dagoni ngo ni yo bakesha ukuneshwa kwa Samusoni. Mu kwigina intsinzi yabo, bajanye iyo mbohe mu rusengero rwa Dagoni. Mugabo Samusoni yari azi imvo nyezina yatumye aneshwa. Yari azi igituma Yehova yamukuyeko amaboko, ari co gituma Samusoni yigaye ku vy’uko atakoze ivyo yari akwiye gukora. Igihe Samusoni yari mu nzu abohewemwo, umushatsi wiwe wari watanguye gusubira kumera ari mwinshi. None ko yari imbere y’Abafilisitiya ibihumbi, yari gukora iki?
Samusoni yasenze ati: “Ewe Mwami Uhoraho, ndakwinginze nyibuka, umpe se inkomezi iri rimwe gusa, Mana, nsubirize Abafilisitiya mu nkōko aka kanya gusa, mpōre amaso yanje yompi”. Nuko afata inkingi zibiri zo hagati ziteze inzu, arazegamira, araheza “arīkōngānya n’inkomezi ziwe zose”. Havuyemwo iki? “Inzu [yaciye] ihomvokera kuri ba baganwa no ku bantu bose bari muri yo. Nukw abo yishe mu gupfa kwiwe bāruta abo yishe akiriho”.—Abacamanza 16:22-30.
Ku vyerekeye inguvu z’umubiri, Samusoni yari agaheta. Tubivuge tubisubire, ibikorwa vyiwe vy’ububasha vyari bihambaye. Mugabo igihambaye kuruta, ni uko Ijambo rya Yehova rishira Samusoni mu bantu b’ukwizera gukomeye.—Abaheburayo 11:32-34.
[Ifoto ku rup. 26]
Inkomezi Samusoni yari afise yazikura hehe?