ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/4 rup. 8-12
  • Ubuhemu ni kimwe mu biranga imisi ya nyuma!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhemu ni kimwe mu biranga imisi ya nyuma!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBURORERO BWO KUTUBURIRA BW’ABANTU BA KERA
  • TWIGANE ABAGUMYE ARI INTAHEMUKA
  • NUGUME URI INTAHEMUKA KU WO MWUBAKANYE
  • NUGUME URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA
  • Nube intahemuka kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • “Uzokwerekana ko udahemuka”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • «Wewe wenyene uri intahemuka»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/4 rup. 8-12

Ubuhemu ni kimwe mu biranga imisi ya nyuma!

“Twabonetse ko turi intahemuka n’abagororotsi n’abatagirako umugayo.”​—1 TES. 2:10.

NURONDERE IBI VYIYUMVIRO NYAMUKURU:

Ni ivyigwa vyo kutuburira ibihe twokwigira ku buhemu bwagizwe na Delila, Abusalomu be na Yuda Isikariyoti?

Twokwigana gute ukudahemuka kwagaragajwe na Yonatani hamwe na Petero?

Dushobora gute kurushiriza kuba intahemuka ku wo twubakanye no kuri Yehova?

1-3. (a) Ni ikimenyetso ikihe cerekana ko tubayeho mu misi ya nyuma, kandi kirimwo ibiki? (b) Ni ibibazo bitatu ibihe tugira twishure?

DELILA, Abusalomu na Yuda Isikariyoti bahuriye ku ki? Bose barahemutse: Delila yahemukiye umugabo yamukunda, Umucamanza Samusoni; Abusalomu yahemukiye se wiwe, Umwami Dawidi; Yuda yahemukiye Shebuja, Kristu Yezu. Ibintu vy’agahomerabunwa umwe wese muri abo bantu yakoze, vyatumye abandi bahabonera! Ariko none kubera iki dukwiye kwitwararika ivyo bintu?

2 Umwanditsi umwe wo mu gihe ca none, ashira uguhemuka mu rutonde rw’ibintu bibi kuruta ibindi vyose abantu bakunda gukora muri iki gihe. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Igihe Yezu yariko aratanga ikimenyetso c’“insozero y’ivy’isi,” yavuze ati: ‘Benshi bazogurana.’ (Mat. 24:3, 10) “Kugura” umuntu bisobanura ‘kumutanga mu maboko y’umwansi biciye ku buhemu.’ Bene ukwo guhemuka kuremeza ko tubayeho mu “misi ya nyuma,” aho Paulo yari yaravuze yuko abantu bobaye “ibihemu, . . . abaguranyi.” (2 Tim. 3:1, 2, 4) Naho abanditsi b’ibitabu be n’abategura amasinema batuma ibikorwa vy’ubuhemu biboneka yuko bikwegera, guhemukira abandi canke kubagura biratuma bagira intuntu n’umubabaro. Mu vy’ukuri, ibintu nk’ivyo ni ikimenyetso c’uko tubayeho mu misi ya nyuma!

3 Ni ivyigwa ibihe twokwigira ku bantu bahemutse muri kahise bavugwa muri Bibiliya? Ni uburorero ubuhe twokwigana bw’abantu bagumye ari intahemuka ku bandi? Kandi ni nde dutegerezwa kwiyemeza kutigera duhemukira? Reka tubirabe.

UBURORERO BWO KUTUBURIRA BW’ABANTU BA KERA

4. Delila yaguze Samusoni gute, kandi ni kubera iki ico kintu yakoze cari kigayitse cane?

4 Ubwa mbere, rimbura ivyerekeye Delila wa munyaruyeri, uwari yarakunzwe na wa Mucamanza Samusoni. Samusoni yari afise intumbero yo kuyobora urugamba rwo kurwanya Abafilisitiya, arwanira abasavyi b’Imana. Kubera ko ba batware batanu b’Abafilisitiya bashobora kuba bari bazi ko Delila atakunda Samusoni urukundo rudahemuka, baramwemereye kumuha igipfukamunwa c’amahera menshi kugira ngo abibire akabanga k’aho Samusoni yakura inkomezi zidasanzwe yari afise maze bashobore kumwica. Uwo munyamwina Delila yaremeye, mugabo utwigoro yagize two kumenya akabanga ka Samusoni twarananiwe incuro zitatu. Yagumye rero amuremera ‘n’amajambo yiwe yongera aguma amugobera.’ Amaherezo, Samusoni “ntiyaba[ye] agishobora kwihangana gato.” Yaramubariye rero yuko umushatsi wiwe utari bwigere umobwa be n’uko uramutse umowe, yociye atakaza ububasha bwiwe.a Kubera ko Delila yari amaze kumenya ako kabanga, yaramoye umushatsi wa Samusoni igihe yari asinziririye ku bibero vyiwe, maze amutanga ku bansi biwe ngo bamugire ico bashaka. (Abac. 16:4, 5, 15-21) Mbega ikintu kigayitse yakoze! Delila yaraguze umuntu yamukunda abitumwe gusa n’umwina.

5. (a) Abusalomu yahemukiye gute Dawidi, kandi ivyo vyerekanye iki ku bimwerekeye? (b) Dawidi yumvise amerewe gute ku bijanye n’ubuhemu bwa Ahitofeli?

5 Ubukurikira, rimbura ibijanye na ca gihemu Abusalomu. Kubera ko yahahamira ubukuru bimwe bikomeye, yariyemeje kwigarurira intebe y’ubwami ya se wiwe, Umwami Dawidi. Abusalomu yabanje “[kwiba] imitima y’abagabo ba Isirayeli” mu kubitoneshako, ivyo abigira mu kubasezeranira ibintu vy’uruhendo no mu kubabwira ko abakunda kandi atari vyo. Yarabagumbira maze akabasoma, nk’aho umenga arabitwararika vy’ukuri akongera akitwararika ivyo bakeneye. (2 Sam. 15:2-6) Abusalomu yarigaruriye mbere umugabo Dawidi yizigira ari we Ahitofeli, uno akaba yahavuye ahemukira Dawidi maze yifatanya n’abarondera kwigarurira ingoma. (2 Sam. 15:31) Muri Zaburi ya 3 n’iya 55, Dawidi aradondora ukuntu ubwo buhemu bwagize ico bumukozeko. (Zab. 3:1-8; soma Zaburi 55:12-14.) Abusalomu yarerekanye ko atubaha na gato uburenganzira Imana ifise bwo kuba Segaba mu kugīra umugambi mubi umwami yagenywe na Yehova no mu kumugarariza bene umurango babona. (1 Ngo. 28:5) Amaherezo, ubwo bugarariji bwarananiwe, maze Dawidi abandanya kuganza ari uwarobanuwe wa Yehova.

6. Yuda yaguze Yezu gute, kandi izina Yuda rikoreshwa gute muri iki gihe?

6 Ubu na ho, zirikana ivyo wa muguranyi Yuda Isikariyoti yakoreye Kristu. Kuri Pasika ya nyuma Yezu yahimbaje ari kumwe n’intumwa ziwe 12, yazibwiye ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Umwe muri mwebwe arangura.” (Mat. 26:21) Kuri uwo musi nyene mw’ijoro, Yezu yaramenyesheje Petero, Yakobo na Yohani muri rya tongo ry’i Getsemani, ati: “Ehe nyene kungura aregereje.” Yuda yaciye aseruka muri iryo tongo ari kumwe n’abo bari bafadikanije umugambi, “agenda atumbereye Yezu, avuga ati: ‘Ndabugize, Rabi!’, aca aramusoma n’ikibabarwe cinshi.” (Mat. 26:46-50; Luka 22:47, 52) Yuda “[yaraguze] amaraso y’umugororotsi,” agabura Yezu Kristu mu maboko y’abansi biwe. None iyo nkunzi y’amahera Yuda yakoze ico kintu ku mahera angahe? Ku biceri 30 gusa vy’ifeza ntuze! (Mat. 27:3-5) Kuva ico gihe, izina Yuda rikoreshwa mu kuvuga umuntu w’“umuhemu,” na canecane uwuguze umugenzi wiwe.b

7. Ni ibiki twigiye ku buzima bwa (a) Abusalomu na Yuda na (b) Delila?

7 Ni ibiki twigiye kuri ubwo burorero bwo kutuburira? Abusalomu na Yuda bompi bagize iherezo ry’akamaramaza kubera ko bahemukiye abo Yehova yari yararobanuye. (2 Sam. 18:9, 14-17; Ivyak. 1:18-20) Igihe cose abantu bazokwumva izina Delila bazoca bibuka ubuhemu bwiwe n’urukundo rwiwe rw’uburyarya. (Zab. 119:158) Birahambaye cane ko turwanya agatima ako ari ko kose twoba dufise ko guhahamira ubukuru canke k’umwina, akotuma Yehova atabandanya kudutonesha. Ivyo ni ivyigwa bikomeye vyodufasha kwamirira kure ikintu ico ari co cose cotuma duhemuka.

TWIGANE ABAGUMYE ARI INTAHEMUKA

8, 9. (a) Ni kubera iki Yonatani yasezeraniye Dawidi ko atazomuhemukira? (b) Twokwigana Yonatani gute?

8 Bibiliya iravuga kandi abantu benshi babaye intahemuka. Nimuze twihweze babiri muri bo maze turabe ico twobigirako, duhereye ku muntu yabaye intahemuka kuri Dawidi. Yonatani, umuhungu w’imfura w’Umwami Sauli, birashoboka ko yari kuragwa intebe y’ubwami ya Isirayeli. Mugabo Yehova yacaguye Dawidi ngo abe ari we azoba umwami wa Isirayeli akurikira. Yonatani yarubahirije iyo ngingo Imana yari yafashe. Ntiyagiriye ishari Dawidi ngo amubone nk’umukeba. Ahubwo, “umutima wa Yonatani [warafatanye] n’uwa Dawidi” igihe yamusezeranira ko atazomuhemukira. Mbere yarahaye Dawidi impuzu ziwe, inkota yiwe, umuheto wiwe be n’umukaba wiwe, gutyo aba amuhaye icubahiro nk’igihabwa umwami. (1 Sam. 18:1-4) Yonatani yarakoze uko ashoboye kwose kugira ‘akomeze ukuboko kwa Dawidi,’ gushika n’aho ahakwa kuhasiga ubuzima arondera kuvugira Dawidi kuri Sauli. Yonatani abigiranye ukudahemuka, yabwiye Dawidi ati: “Wewe ubwawe uzoba umwami wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe.” (1 Sam. 20:30-34; 23:16, 17) Ntibitangaje kubona igihe Yonatani yapfa, Dawidi yaraseruye mu ruririmbo rwo kugandara intuntu yari afise be n’urukundo yamukunda.​—2 Sam. 1:17, 26.

9 Yonatani yari azi uwo yabwirizwa kugamburukira. Yarayobokeye bimwe bishitse Segaba Yehova yongera arashigikira bimwe vyuzuye Dawidi nka we Imana yarobanuye. No muri iki gihe nyene, naho tutoba twaratewe agateka kadasanzwe mw’ishengero, turakwiye gushigikira n’umutima ukunze abavukanyi bagenywe ngo batuje imbere.​—1 Tes. 5:12, 13; Heb. 13:17, 24.

10, 11. (a) Ni kubera iki Petero yagumanye na Yezu adahemuka? (b) Twokwigana Petero gute, kandi dukwiye kuvyurirwa umutima wo gukora iki?

10 Akandi karorero keza tugira twihweze ni ak’intumwa Petero, uwavuze izuba riva yuko azoguma ari intahemuka kuri Yezu. Igihe Kristu yakoresha imvugo y’ikigereranyo kugira ngo ashimike ku vy’uko bihambaye kwizera umubiri n’amaraso vyiwe vyagira bitangweko inkuka, benshi mu bigishwa biwe babonye yuko ayo majambo avuze ababaza, baca baramuta. (Yoh. 6:53-60, 66) Yezu yaciye ahindukira araba intumwa ziwe 12 maze azibaza ati: “Mbega murashaka kugenda namwe?” Petero ni we yishuye ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera; kandi twaremeye, turamenya yuko uri Umweranda w’Imana.” (Yoh. 6:67-69) Ivyo vyoba vyasobanura ko Petero yatahura bimwe bishitse ibintu vyose Yezu yari ahejeje kuvuga ku bijanye n’inkuka yari mu gutanga? Nta gukeka ko atabitahura. Naho vyari ukwo, Petero yari yiyemeje kuguma ari intahemuka ku Mwana w’Imana yarobanuwe.

11 Petero ntiyiyumviriye ko Yezu ategerezwa kuba abona ibintu mu buryo butari bwo be n’uko Yezu aramutse ahawe igihe, yohinduye ivyo yari yavuze. Ahubwo Petero yaremeye yicishije bugufi yuko Yezu yari afise “amajambo y’ubuzima budahera.” Ivyo ni ko biri no muri iki gihe. Tuvyakira gute igihe tubonye iciyumviro mu bisohokayandikiro vya gikirisu vya wa “mubwiriza w’umwizigirwa” kigoye gutahura canke gitandukanye n’ukuntu tubona ibintu? Turakwiye kwihata kugira ngo tugitahure aho kwitega gusa yuko kizohindurwa kugira ngo gihure n’ukuntu tubona ibintu.​—Soma Luka 12:42.

NUGUME URI INTAHEMUKA KU WO MWUBAKANYE

12, 13. Ni igiki coshobora kuba intandaro y’uguhemuka mu mubano w’ababiranye, kandi ni kubera iki imyaka umuntu afise idakwiye kuba icitwazo?

12 Uguhemuka ukwo ari ko kwose ni ikintu kibi tudakwiye kureka ngo gihungabanye amahoro n’ubumwe birangwa mu miryango y’abakirisu no mw’ishengero rya gikirisu. Dufise ivyo mu muzirikanyi, nimuze twihweze ukuntu tworushiriza kuba intahemuka ku wo twubakanye no ku Mana yacu.

13 Kurenga ibigo ni kimwe mu bintu bibabaza kuruta ibindi biranga ubuhemu. Uwurenze ibigo aba ahemukiye uwo bubakanye kandi aba yitwararitse uwundi muntu. Uwahemukiwe asanga ari wenyene atari avyiteze, ubuzima bwiwe bwahindutse rwose. Bigenda gute ngo ikintu nk’ico gishike hagati y’abantu babiri bahora bakundana? Akenshi, bitangura igihe abubakanye baretse kwitwararikana mu vy’inyiyumvo. Umwigisha umwe mu vy’imibano yitwa Gabriella Turnaturi asigura yuko “kuba abubakanye baza baracishamwo ntibitwararikane bimwe bishitse ari yo ntandaro y’uguhemuka.” Ivyo birashikira mbere n’abubakanye bamwebamwe bafise imyaka iri hagati ya 40 na 60. Nk’akarorero, umugabo umwe w’imyaka 50 yari amaze imyaka 25 yubatse, yarahukanye n’umugore wiwe w’umwizigirwa kugira ngo aje kubana n’uwundi mugore yari yamukwegereye. Hari abitwaza yuko iyo nyifato ari ikintu kibwirizwa gushika muri iyo myaka. Ariko rero, aho kuvuga yuko ari ikintu gitegerezwa gushika, nimuze tubivuge uko biri koko: ni uguhemuka ukuze.c

14. (a) Yehova abona gute uwuhemukira uwo bubakanye? (b) Yezu yavuze iki ku bijanye n’uguhemuka mu mubano w’ababiranye?

14 Yehova abona gute abantu bata abo bubakanye ata mvo ishingiye ku Vyanditswe bafise? Imana yacu ‘iranka ukwahukana,’ kandi yaravuze amajambo akomeye yo kwiyamiriza abafata nabi abo bubakanye hanyuma bakabata. (Soma Malaki 2:13-16.) Cokimwe na Se, Yezu yigishije yuko umuntu adashobora kwirukana uwo bubakanye amuhora ubusa ngo ace yifata nk’aho umengo ntacabaye.​—Soma Matayo 19:3-6, 9.

15. Abubatse bashobora gute kurushiriza kuba intahemuka ku bo bubakanye?

15 Abubatse bashobora gute kuba intahemuka ku bo bubakanye? Ijambo ry’Imana rigira riti: “Unezeranwe n’umugore [canke umugabo] wo mu buto bwawe” kandi, “[ubone] ubuzima uri kumwe n’umugore [canke umugabo] ukunda.” (Imig. 5:18; Umus. 9:9) Uko abubakanye biterera mu myaka, bategerezwa kwitwararikana “bimwe bishitse,” mu vy’umubiri no mu vy’inyiyumvo. Ivyo bisaba ko bategana yompi, bakamarana umwanya, bakongera bakarushiriza kwiyegerezanya. Bategerezwa kwihatira kuzigama umubano wabo w’ababiranye n’ubucuti bafitaniye na Yehova. Kugira ngo babishikeko, barakeneye kwiga Bibiliya bari kumwe, kuza barakorana mu busuku no gusenga bari kumwe basaba ko Yehova yobahezagira.

NUGUME URI INTAHEMUKA KURI YEHOVA

16, 17. (a) Ukudahemuka ku Mana kwacu kwoshobora gute kugeragezwa mu muryango no mw’ishengero? (b) Ni akarorero akahe kerekana yuko kugamburuka itegeko Imana yatanze ryo kureka kwifatanya n’incuti zaciwe bishobora kuvamwo ivyiza?

16 Hariho abantu bo mw’ishengero bakoze ibicumuro bikomeye hanyuma barakangirwa “[bahambarirwa], kugira ngo bagire amagara meza mu kwizera.” (Tito 1:13) Kuri bamwe, vyarabaye ngombwa ko bacibwa kubera inyifato yabo. Ku “bamenyerejwe [n’ukwo gutozwa indero],” kwarabafashije gusubirana mu vy’impwemu. (Heb. 12:11) Tuvuge iki mu gihe incuti yacu canke umugenzi wacu somambike aciwe? Ico gihe tuba duhanganye n’ikigeragezo kijanye no kuba intahemuka kuri uwo muntu canke kuba intahemuka ku Mana; mugabo tubwirizwa kuba intahemuka ku Mana. Yehova aba ariko aratwihweza kugira ngo arabe nimba tuzokwisunga itegeko ryiwe ritubuza kwifatanya n’umuntu yaciwe.​—Soma 1 Abakorinto 5:11-13.

17 Rimbura akarorero kamwe gusa kerekana ivyiza bishobora kuvamwo igihe abagize umuryango bashigikiye badahemuka itegeko Yehova yatanze ryo kutifatanya n’incuti zaciwe. Hari umusore yari amaze imyaka irenga cumi aciwe, muri ico kiringo se na nyina hamwe na bene wabo bane bakaba ‘bararetse kwivanga’ na we. Vyarashika akarondera kugira uruhara mu vyo bakora, mugabo umwe wese mu bagize uwo muryango yari yiyemeje kutifatanya na gato na we, bakaba rero bakwiye gukezwa. Aho amariye kugarukanwa, yavuze ko imisi yose yahora yumva akumbuye kwifatanya n’abo mu muryango, na canecane mw’ijoro igihe yaba ari wenyene. Yiyemereye yuko iyo abo mu muryango bifatanya na we na gatoya, ivyo vyari gutuma yumva inkumbu ziheze. Ariko rero, kubera yuko ata muntu n’umwe wo mu muryango yigeze aganira na gato na we, icipfuzo gikomeye yari afise co kwifatanya na bo cabaye kimwe mu vyatumye asubira kugiranira ubucuti na Yehova. Uribuka ico kintu nivyashika ukumva ushatse kurenga itegeko ry’Imana rigusaba kutifatanya n’incuti zawe zaciwe.

18. Ko umaze kwihweza ivyiza vyo kuba intahemuka be n’ingaruka z’uguhemuka, wiyemeje iki?

18 Tuba mw’isi irangwamwo ubuhemu. Yamara, mw’ishengero rya gikirisu turashobora kuhasanga uburorero bw’abantu b’intahemuka twokwigana. Ukuntu babayeho kurabashingira intahe, nk’aho kwoba kuvuga guti: “Muri ivyabona, n’Imana ni ukwo, vy’ingene twabonetse ko turi intahemuka n’abagororotsi n’abatagirako umugayo kuri mwebwe abemera.” (1 Tes. 2:10) Ese twese tworushiriza kuba intahemuka ku Mana no kuri bagenzi bacu!

[Utujambo tw’epfo]

a Uwo mushatsi ubwawo si wo watuma Samusoni agira inkomezi, ahubwo ico wagereranya ni co catuma agira inkomezi, ico na co kikaba cari ubucuti budasanzwe yari afitaniye na Yehova ari Umunaziri.

b Mu ndimi zimwezimwe, imvugo ngo ‘gusomwa na Yuda’ isobanura “guhemukirwa.”

c Nimba wipfuza kumenya icofasha umuntu kwihangana igihe ahemukiwe n’uwo bubakanye, raba ikiganiro kivuga ngo “Kwihanganira uguhemukirwa n’uwo mwubakanye,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2010, urupapuro rwa 29-32.

[Ifoto ku rup. 10]

Petero yagumye ari intahemuka ku Mwana w’Imana yarobanuwe naho abandi bamutaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika