ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/6 rup. 26
  • “Uzokwerekana ko udahemuka”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Uzokwerekana ko udahemuka”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • «Wewe wenyene uri intahemuka»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ni Nde Udakwiye Guhemukira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Dukorane n’Ishirahamwe rya Yehova Tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/6 rup. 26

Niwiyegereze Imana

“Uzokwerekana ko udahemuka”

2 SAMWELI 22:26, NW

NI IBINTU bike uzosanga bibabaza cane kuruta kuvunwa umutima canke guhemukirwa n’umuntu wari wizeye. Kuvunwa umutima canke guhemukirwa ni ibintu vyama vyadushikiye muri ino si ihemuka. (2 Timoteyo 3:1-5) Hoba hariho umuntu n’umwe dushobora kwizera ko atazokwigera aduhemukira na gato? Reka twihweze ico ivyashikiye Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera bitwigisha.

Mu buzima bwiwe, Dawidi yarahemukiwe bimwe vy’akarorero. Yaraturatujwe ata co azira yongera arahamwa na Sauli, wa mwami wa mbere wa Isirayeli yari yuzuye ishari. Mu rugo kwa Dawidi, umugore wiwe Mikali aho kuguma ari intahemuka kuri we, yahavuye “amugayira mu mutima.” (2 Samweli 6:16) Wa mujanama w’umwizigirwa wa Dawidi, ari we Ahitofeli, yarabaye igihemu yifatanya n’abagararije Dawidi. None urazi uwari ayoboye uwo mugambi ugayitse? Emwe, nta wundi atari Abusalomu, umuhungu Dawidi yivyariye! Igihe abo Dawidi yari yizigiye bamuhemukira bikurikiranya ukuraho, yoba none yaratanye n’akabando ngo ace abona ko ata muntu n’umwe yama nantaryo ari intahemuka?

Inyishu tuyisanga mu majambo Dawidi yavuze aboneka muri 2 Samweli 22:26, NW. Uwo mugabo w’ukwizera kutanyiganyiga, aravuga ivyerekeye Yehova Imana mu ruririmbo rutunganijwe mu buryo bw’indyoshamvugo ati: “Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka.” Dawidi yari yizigiye adakeka ko naho abandi bantu boshoboye kumuvuna umutima gute, Yehova we yogumye ari intahemuka kuri we.

Reka twihweze twitonze ayo majambo Dawidi yavuze. Imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo “kwerekana ko udahemuka” yoshobora kandi guhindurwa ngo “kwerekana ubuntu-mvarukundo.” Ukudahemuka nyakuri gushingiye ku rukundo. Yehova aguma yumiye ku bantu b’intahemuka kuri we abigiranye urukundo.a

Urabona kandi yuko ukudahemuka atari inyiyumvo gusa. Kubonekera mu bikorwa. Yehova arerekana ko ari intahemuka, nk’uko Dawidi yavyiboneye. Mu bihe bigoye cane Dawidi yagiye aracamwo mu buzima, Yehova yagiye aramuserukako mu gukingira no mu kuyobora adahemuka uwo mwami w’umwizigirwa. Dawidi yarakengurukiye Yehova, arabona vy’ukuri ko ari we yamurokoye “akamukūra mu maboko y’abansi biwe bose.”​—2 Samweli 22:1.

None amajambo Dawidi yavuze atwigisha iki? Yehova ntiyihindukiza mw’ijambo canke ngo ahindagurike. (Yakobo 1:17) Aguma yumiye ku ngingo ngenderwako ziwe, akama ashitsa ico yasezeranye. Dawidi yaranditse mu yindi zaburi ati: “Uhoraho . . . ntaheba abakunzi biwe,” ni ukuvuga intahemuka ziwe.​—Zaburi 37:28.

Yehova araha agaciro ukudahemuka kwacu. Arashima cane ukuntu tumugamburukira tudahemuka, kandi aduhimiriza kumwigana mu kuba intahemuka mu vyo tugiranira n’abandi. (Abanyefeso 4:24; 5:1) Igihe tugaragaje ukudahemuka muri ubwo buryo, turashobora kwizigira yuko atazokwigera aduheba. Naho abandi bantu botuvuna umutima gute, turashobora kwizigira ko Yehova azoduserukako adahemuka, adufashe gutsinda ibigeragezo ivyo ari vyo vyose vyoshobora kudushikira. Woba uvyuriwe umutima wo kurushiriza kwiyegereza Yehova, ya “Ntahemuka”?​—Ivyahishuwe 16:5.

[Akajambo k’epfo]

a Icanditswe co muri 2 Samweli 22:26 kirasa cane n’ico muri Zaburi 18:25. Bibiliya imwe ihindura iyo zaburi iti: “Ku ntahemuka werekana ko wuzuye urukundo.”​—The Psalms for Today.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika