Ni Nde Udakwiye Guhemukira?
“Igihugu cacu: . . . Kirama nantaryo kivuga vyo; mugabo came ari igihugu cacu, caba kivuga vyo canke kitavuga vyo.”—Stephen Decatur, umukuru yaraba ivy’amazi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, 1779-1820.
KUDAHEMUKIRA igihugu ata kugira amakenga na makeyi, benshi babona ko ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose basabwa. Abandi bosubira kwubaka amajambo ya Stephen Decatur bakavuga bati: ‘Idini yanje, irama nantaryo ivuga vyo; mugabo yame ari idini yanje, yaba ivuga vyo canke itavuga vyo.’
Ata kwibesha, kuba igihugu canke idini bisaba ko tutabihemukira kenshi biva ku hantu twavukiye, mugabo ingingo yerekeye uwo tudakwiye guhemukira yo irahambaye cane ku buryo tutopfa kuyifata gutyo gusa. Ariko rero, gusuzuma ukudahemuka umuntu yakuranye bisaba uburindutsi kandi biratera ingorane.
Ukudahemuka Kuraca mu Bigeragezo
Umugore umwe yakuriye muri Zambiya avuga ati: “Narakunda ivy’idini kuva nkiri muto. Ukuvugira igisabisho imisi yose mu cumba umuryango usengeramwo, guhimbaza imisi mikuru y’idini be no kuja mu misa ubudahorereza vyari ibintu nakuriyemwo. Idini yanje be n’ukuntu nasenga vyari bijanye rwose n’imico kama narimwo, ikibano narimwo n’umuryango narimwo.”
Yamara, mu mpera y’ubuyagaba bwiwe, yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, maze haciye igihe gito afata ingingo yo guhindura idini yarimwo. Ukwo none kwoba kwari uguhemuka?
Uwitwa Zlatko yarerewe muri Bosiniya, akaba kandi yaramaze igihe kinaka arwana mu ntambara yadutse mu gihugu ciwe c’amavukiro. Na we nyene yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ubu aranka gufata ibirwanisho ngo arwanye umuntu n’umwe. Yoba none ariko arahemuka?
Uburyo wishura ivyo bibazo buva ku kuntu ubona ibintu. Wa mugore twavuga mu ntango avuga ati: “Mu kibano cacu, umuntu ahinduye idini yaba yubahuka; vyafatwa ko ari uguhemukira umuryango wiwe be n’ikibano ciwe.” Muri ubwo buryo nyene, abahoranye na Zlatko mu gisirikare babona ko abantu abo ari bo bose banka kuja kurwana ku ruhande rwabo ari ibihemu. Mugabo uwo mugore na Zlatko bompi bumva yuko ukudahemuka kuri hejuru, ni ukuvuga ukudahemukira Imana kukaba ari kwo kubasunikira mu vyo bakora. Igihambaye kuruta, Imana ibona gute abashaka kutayihemukira?
Ukudahemuka Nyakuri Ni Uburyo bwo Guserura Urukundo
Umwami Dawidi yabwiye Yehova Imana ati: “Ku [“ntahemuka,” NW] uzokwiyerekana ur[i “intahemuka,” NW].” (2 Samweli 22:26) Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ukudahemuka” hano ritanga iciyumviro c’ukugira umutima mwiza wo kwumira ku kintu ubigiranye urukundo, gushika igihe intumbero yakwo ijanye n’ico kintu irangutse. Yehova arumira ku batamuhemukira mu buryo buranga urukundo, akabigirana agatima nka karya nyene ka inabibondo afise umwana yonka. Yehova yabwiye abasavyi biwe b’intahemuka bo muri Isirayeli ya kera ati: “Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo [bagore] boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.” (Yesaya 49:15) Abafise umutima ukunze wo gushira ukudahemukira Imana imbere y’ibindi vyose barakurwa amazinda yuko izobitwararikana urukundo.
Ukudahemukira Yehova gushingiye ku rukundo. Kuravyurira umuntu umutima wo gukunda ivyo Yehova akunda no kwanka ibintu bibi Yehova yanka. (Zaburi 97:10) Kubera kamere nyamukuru ya Yehova ari urukundo, ukudahemukira Imana kurafasha mu kubuza umuntu gukorera abandi ibintu bitaranga urukundo. (1 Yohana 4:8) Nimba rero ukudahemukira Imana ari kwo gutumye umuntu ahindura ivyo yemera mw’idini, ntibisobanura ko atagikunda umuryango wiwe.
Ukudahemukira Imana Ni Inguvu Ituma Dukora Iciza
Wa mugore twavuga mu ntango asigura ivyo yakoze muri ubu buryo: “Biciye ku kwiga Bibiliya, narashitse ku kumenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri, nongera ndunga ubucuti na we. Yehova aratandukanye n’izindi mana izo ari zo zose nahora nsenga; afise uburimbane butagira agahaze mu bijanye n’urukundo, ubutungane, ubukerebutsi be n’ububasha. Kubera yuko Yehova asaba ko tumwibandako tugaherezako, nategerejwe guheba izo zindi mana.
“Abavyeyi banje bama bambwira yuko banyanka rwose kandi yuko nabahemukiye. Nasanze ivyo bigoye cane, kubera yuko gushimwa n’abavyeyi bisobanura vyinshi kuri jewe. Mugabo uko nakura buhorobuhoro mu bumenyi bwerekeye ukuri kwa Bibiliya, ni ko vyagaragara ko nkwiye guhitamwo ikintu kimwe. Sinari gushobora gutera umugongo Yehova.
“Guhitamwo kudahemukira Yehova aho kudahemuka ku migenzo y’idini ntibisobanura yuko ndiko ndahemukira umuryango wanje. Ndihatira kubereka mu vyo mvuga no mu vyo nkora yuko ntahura ukuntu biyumva. Mugabo ndamutse mpemukiye Yehova, ico gihe noba ntangiriye umuryango wanje ngo ntushike ku kumumenya, kandi ivyo vyoba ari uguhemuka koko.”
Muri ubwo buryo nyene, umuntu ntaba ahemutse mu gihe kudahemukira Imana bisavye yuko aguma ata ho ahengamiye mu vya politike kandi akirinda gufata ibirwanisho ngo arwanye abandi. Ng’uku ukuntu Zlatko asigura ivyo yagize: “Naho narerewe mu Bakirisu bo kw’izina, nubakanye n’umuntu atarerewe muri bo. Igihe intambara yaduka, impande zompi z’abarwana zansaba kutazihemukira. Nategerejwe guhitamwo uruhande ndwaniramwo. Narwanye mu ntambara imyaka itatu n’igice. Jewe n’umugore wanje amaherezo twahungiye muri Korowasiya, aho twahuriye n’Ivyabona vya Yehova.
“Biciye ku kwiga Bibiliya, twarashitse ku gutahura yuko Yehova ari we muntu wa mbere dukwiye kudahemukira be n’uko ashaka ko dukunda abantu nkatwe, baba bari mw’idini irihe canke bari mu bwoko ubuhe. Ubu jewe n’umugore wanje turunze ubumwe mu gusenga Yehova kwacu, kandi naramenye yuko ntashobora kuba uwudahemukira Imana hanyuma ngo mpeze ndwanye mugenzanje.”
Ukudahemuka Gusenwa n’Ubumenyi Ntagakosa
Kubera Yehova ari Umuremyi wacu, birakwiriye ko ukutamuhemukira kuza imbere y’abandi bose basaba ko tutabahemukira. (Ivyahishuriwe 4:11) Ariko rero, kugira ngo ukudahemukira Imana ntiguhave guhinduka inguvu ikabije kandi yonona, gutegerezwa gusenwa n’ubumenyi ntagakosa. Bibiliya idukebura iti: “Mugahinduka basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu, mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu . . . [“kudahemuka,” “NW”] kw’ukuri.” (Abanyefeso 4:23, 24, ni twe tubihiritse.) Umuntu wa rurangiranwa yanditse ayo majambo yahumetswe yari afise uburindutsi bwo gusuzuma ukudahemuka yari yarakuranye. Ukwisuzuma yagize kwamushikanye ku kugira ihinduka ryiza.
Emwe, Sauli yarahanganye n’ikigeragezo co kudahemuka, nk’uko abatari bake bahanganye na co muri iki gihe cacu. Sauli yari yakuriye mu migenzo ikaze y’umuryango wiwe, kandi yabaye intahemuka mu buryo butangaje kw’idini yari yaravukiyemwo. Ukudahemuka ku migambi yo mu vy’idini yari afise kwaranamusunikiye ku gukorera ibintu biranga ubukazi abatahuza na we mu kuntu abona ibintu. Sauli yari rurangiranwa mu vyo gushwara mu mazu y’Abakirisu kandi akabashengeza kugira ngo bahanwe mbere no kwicwa ngo bicwe.—Ivyakozwe 22:3-5; Ab’i Filipi 3:4-6.
Yamara, Sauli amaze kuronka ubumenyi ntagakosa bwo muri Bibiliya, yaciye agira ikintu benshi mu runganwe rwiwe babona ko ari ikintu umuntu atokwiyumvira. Yarahinduye idini yarimwo. Sauli, uwahavuye yitwa intumwa Paulo, yahisemwo kuba intahemuka ku Mana aho kuba intahemuka ku migenzo. Ukudahemuka ku Mana gushingiye ku bumenyi ntagakosa kwarasunikiye Sauli ku kuba umuntu yubahiriza ivyiyumviro vy’abandi, akundana kandi aremeshanya, ivyo bikaba bihushanye n’inyifato y’ubwononyi kandi y’indenzarugero yahorana.
Ni Kuki Woba Intahemuka?
Kureka ngo ukudahemuka kwacu gusenwe n’ingingo mfatirwako z’Imana birazana ivyiza biboneka. Nk’akarorero, raporo yo mu 1999 yavuye mw’Ishirahamwe rimwe ryo muri Ostraliya Ryiga ivy’Umuryango, yavuze yuko mu bintu nyamukuru vyotuma imibano y’abubatse imara igihe kandi igashira akanyota ari “ukwizigiranira n’ukwizerana . . . [be] no kuba umuntu akomeye mu vy’impwemu.” Iryo tohoza nyene ryasanze “imibano irimwo itekane kandi ituma umuntu ashira akanyota” igira ico iterereye ku gutuma abagabo n’abagore barushiriza kugira ubuhirwe, kugira amagara meza no kuramba, kandi ko imibano irimwo itekane ironsa abana akaryo ko kwinovora ubuzima buhimbaye.
Muri iyi si itagiramwo ukwizigirwa, ukudahemuka kumeze nk’umugozi ndokorabuzima ufatanije uwuriko aroga anyinyana n’ imipfunda be n’ubwato bwo kumukiza. Igihe “nyene kwoga” atagira ivyizigiro, azosanga ubwiwe azungazungishijwe n’imipfunda be n’umuyaga. Mugabo igihe ukudahemuka kwiwe agushize ahatari ho, ni nk’aho umugozi wiwe woba ufashe ku bwato buriko buribira. Nka kumwe kwa Sauli, arashobora gusanga ubwiwe akwegewe ku gukora ibikorwa vyonona. Ariko rero, ukudahemuka kuri Yehova gushingiye ku bumenyi ntagakosa, ni umugozi ndokorabuzima uduha itekane kandi ukadushikana ku bukiriro.—Abanyefeso 4:13-15.
Yehova asezeranira abatamuhemukira uwu muhango: “Uhoraho akunda imanza ziroranye, ntaheba [“intahemuka ziwe,” NW]. Bazigamwa ibihe vyose.” (Zaburi 37:28) Vuba, abadahemukira Yehova bose bazokwinjizwa mw’isi y’iparadizo, aho bazogira umwidegemvyo bakava mu ntuntu no mu mubabaro hanyuma bakazohimbarwa n’ubucuti buramba butarimwo amacakubiri yo mu vy’idini n’ayo mu vya politike.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 21:3, 4.
Mbere no muri iki gihe, abantu amamiliyoni kuri uyu mubumbe wose barubuye yuko ubuhirwe nyakuri buturuka gusa ku kudahemukira Yehova kwabo. Ni kuki utoreka ngo Ivyabona vya Yehova bagufashe gusuzuma ivyiyumviro ufise ku vyerekeye ukudahemuka mwishimikije ukuri kwa Bibiliya? Bibiliya itubwira iti: “Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera.”—2 Ab’i Korinto 13:5.
Bisaba uburindutsi kugira ngo dusuzume ukwizera kwacu be n’igituma tutaguhemukako, mugabo ivyiza bivamwo biba bikwiriye koko, igihe bituma turushiriza kwegera Yehova Imana. Wa mugore twavuga mu ntango araserura inyiyumvo abantu benshi bafise igihe avuga ati: “Narize yuko kudahemukira Yehova be n’ingingo mfatirwako ziwe bidufasha kugira uburimbane mu vyo tugiranira n’imiryango yacu, bikadufasha no kuba abantu beza cane mu kibano. Naho ibigeragezo vyoba bigoye gute, niba turi intahemuka kuri Yehova, azokwama nantaryo agaragaza ko ataduhemukira.”
[Amafoto ku rup. 6]
Ubumenyi ntagakosa bwarasunikiye Sauli ku guhindura intumbero y’ukudahemuka kwiwe
[Ifoto ku rup. 7]
Ni kubera iki utosuzuma ukudahemuka kwawe wishimikije ukuri kwa Bibiliya?
[Abo dukesha amafoto ku rup. 4]
Churchill, hejuru ibubamfu: U.S. National Archives photo; Joseph Göbbels, hirya iburyo: Library of Congress