URURIRIMBO RWA 39
Twiheshe izina ryiza ku Mana
Integuro icapuwe
1. Ico twipfuza n’uko turondera
Izina ryiza, tukarigendera.
Nitwakora neza Yehov’azoheza
Ahimbarwe no kudukeza.
2. Gushaka kuba barurangiranwa
Ni vy’isi yoyo yamiza mu kanwa.
Dukunz’isi twoba duhevye Yehova.
Dukunzwe n’isi tworubona.
3. Kwibukwa na we tubiharanire,
Izina ryiza turyigumanire.
Kumuburanira bizodukundira
Nta zina ribi tuzogira.
(Raba kandi Ita. 11:4; Imig. 22:1; Mal. 3:16; Ivyah. 20:15.)