ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 6 ibice 1-3
  • Ingene uruyoya ruhindura umubano

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene uruyoya ruhindura umubano
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NIMUTAHURE UKUNTU URUYOYA RUHINDURA UBUZIMA BWANYU
  • 2 NIMUKOMEZE UBUCUTI BWANYU
  • 3 NIMWIGISHE URUYOYA RWANYU
  • Ukuntu abana bahindura umubano
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Kuronka Abana Ni Ukuzezwa Ibanga Kandi Ni Uguhabwa Ingabire
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Ivyo abana bakenera be n’ivyo bipfuza
    Be maso!—2004
  • Uruhara Rwega Mwebwe Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 6 ibice 1-3
Umuforomakazi azaniye abavyeyi uruyoya bibarutse

IGIHIMBA CA 6

Ingene uruyoya ruhindura umubano

“Abana ni intoranwa iva kuri Yehova.”​—Zaburi 127:3

Ivuka ry’umwana rirashobora kuba ikintu giteye umunezero ariko kandi gitesha umutwe ku bubakanye. Igihe muronse umwana wa mbere, mwoshobora gutangara mubonye ukuntu igice kinini c’umwanya wanyu n’inguvu zanyu mubikoresha mu kwitwararika ikibondo canyu. Ukudasinzira be n’amahinduka aba mu kuntu mwiyumva birashobora kutorohereza umubano wanyu. Wewe n’uwo mwubakanye biraba ngombwa ko mugira ivyo muhinduye kugira ngo mwitwararike ikibondo canyu mwongere muzigame umubano wanyu. None impanuro Bibiliya itanga zobafasha gute muri urwo rugamba?

1 NIMUTAHURE UKUNTU URUYOYA RUHINDURA UBUZIMA BWANYU

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu.” Vyongeye, urukundo “ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu.” (1 Abakorinto 13:4, 5) Igihe wewe inabibondo uronse umwana wa mbere, usanga ari we witwararika cane kandi birumvikana. Ariko rero, umugabo wawe yoshobora gutangura kwumva umengo ntumwitaho. Ntiwibagire rero ko na we nyene akeneye ko umwitwararika. Ubigiranye ukwiyumanganya n’ubuntu, urashobora gutuma yumva ko umukeneye mu buzima bwawe be n’uko afise uruhara mu vyo kwitwararika ikibondo canyu.

Sebibondo ariko aragaburira umwana, akamwitwararika mw’ijoro

“Namwe bagabo . . . mubandanye kubana na bo mwisunze ubumenyi.” (1 Petero 3:7) Nutahure yuko umukenyezi wawe azokoresha igice kinini c’inguvu ziwe mu kwitwararika uruyoya rwanyu. Asigaye afise amabanga mashasha kandi yoshobora kugira imyitwarariko myinshi, akaruha rwose canke mbere akihebura cane. Vyoshika akanagushavurira, ariko gerageza kuguma utekanye kubera ko “uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.” (Imigani 16:32) Nugerageze kumutahura, umufate mu mugongo mu vyo akeneye.​—Imigani 14:29.

ICO WOKORA:

  • Sebibondo: Nufashe umukenyezi wawe kwitwararika umwana, naho hoba ari mw’ijoro. Nugabanye umwanya umara uri mu bindi kugira ngo urushirize kumarana umwanya n’umukenyezi wawe be n’ikibondo canyu

  • Inabibondo: Igihe umugabo wawe yipfuje kugufasha kwitwararika umwana, numwemerere. Bishitse ntabigire neza, aho kumutora amahinyu numwereke ingene yobigenza ubigiranye ubuntu

2 NIMUKOMEZE UBUCUTI BWANYU

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Ba[zoba] umubiri umwe.” (Itanguriro 2:24) Naho urugo rwanyu rwungutse umuntu mushasha, niwibuke ko wewe n’uwo mwubakanye mukiri “umubiri umwe.” Niwihatire kuguma ukomeza ubucuti bwanyu.

Mukenyezi, nukenguruke akigoro umugabo wawe agira ko kugufata mu mugongo. Amajambo uvuga yo gukenguruka arashobora ‘kuvūra,’ ni ukuvuga kumuremesha. (Imigani 12:18) Nawe mugabo, nubwire umukenyezi wawe ingene umukunda n’ingene afise agaciro. Numukeze ku kuntu yitwararika urugo.​—Imigani 31:10, 28.

“Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.” (1 Abakorinto 10:24) Niwame ukora icobera ciza uwo mwubakanye. Nimuze murafata umwanya wo kuyaga, gukezanya no gutegana ugutwi. Niwirinde ubwikunzi mu bijanye n’amabanga mpuzabitsina. Niwame uzirikana ivyo uwundi akeneye. Bibiliya ivuga iti: “Ntimuvyimane, kiretse mwumvikanye.” (1 Abakorinto 7:3-5) Nimuze rero murabiganira mubwirana ukuri. Ukwiyumanganya n’ugutahurana bizokomeza ubucuti bwanyu.

Umugabo n’umugore bafashe akanya ko kuganira igihe uruyoya rwabo rusinziriye

ICO WOKORA:

  • Ntiwibagire kurondera akanya ko kuyaga muri babiri gusa

  • Nukorere uwo mwubakanye utuntu dutuma yumva ko umukunda, nko kumwandikira kuri telefone canke kumuha akantu

3 NIMWIGISHE URUYOYA RWANYU

Umuvyeyi ariko arasomera igitabu uruyoya rwabo

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Guhera mu buhinja wa[ra]menye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro.” (2 Timoteyo 3:15) Nimutegekanye ingene muzokwigisha uruyoya rwanyu. Rurafise ubushobozi butangaje bwo kumenya ibintu, n’imbere y’uko ruvuka. Igihe rukiri mu nda, rurashobora kumenya ijwi ryanyu no kugira ico rukoze bivanye n’ukuntu mwiyumva. Nimumusomere akiri uruhinja. Naho yoba adatahura ivyo muriko murasoma, birashobora gutuma akunda gusoma amaze gukura.

Ntimwigere mwiyumvira ko akiri muto cane ku buryo mutomubwira ivyerekeye Imana. Nimumuhe akaryo ko kwumva ingene musenga Yehova. (Gusubira mu vyagezwe 11:19) N’igihe mwoba muriko muramukinisha, nimumubwire ivyo Imana yakoze. (Zaburi 78:3, 4) Uko umwana wanyu akura, ni ko azogenda arabona ingene mukunda Yehova, bitume na we yiga kumukunda.

ICO MWOKORA:

  • Nimusabe Imana mudomako ngo ibahe ubukerebutsi bwo kwigisha uruyoya rwanyu

  • Nimuze murasubiriramwo uruyoya rwanyu amajambo n’ivyiyumviro mwipfuza ko rumenya kugira rutangure kwiga hakiri kare

KURONKA IKIBONDO BIRASHOBORA KUGIRA INGARUKA NZIZA KU MUBANO

Wewe n’uwo mwubakanye muzoteba mwumve mutekanye kandi mworohewe mw’ibanga ry’ubuvyeyi. Kurera umwana birashobora gutuma murushiriza kuba abantu bafise urukundo, ukwiyumanganya n’ubuntu. Nimwasenyera ku mugozi umwe kandi mugafatana mu mugongo, kuronka ikibondo bizotuma ubucuti bwanyu burushiriza gukomera. Muzoheza mwibonere ko muri Zaburi 127:3 havuga ukuri. Hagira hati: “Abana ni intoranwa iva kuri Yehova.”

NIWIBAZE UTI . . .

  • Muri iyi ndwi iheze, ni igiki nakoze kugira nerekane ko nkenguruka ivyo uwo twubakanye akora ku neza y’urugo rwacu?

  • Mperuka ryari kuyaga n’uwo twubakanye ku bitwerekeye aho kumuyagira gusa ibijanye n’uruyoya rwacu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika