ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 7 ibice 1-4
  • Ingene mwoha indero umwana wanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mwoha indero umwana wanyu
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NUTUME ABANA BAWE BOROHERWA NO KUKUYAGIRA
  • 2 NUGERAGEZE GUTAHURA IVYO BASHAKA KUVUGA VY’UKURI
  • 3 NIMUNAME RIMWE
  • 4 NIMWISHINGIRE UMUGAMBI
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bibiliya yoba ishobora kugufasha kurera abana bawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Akamaro k’Ugutoza Abana Indero mu Rukundo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 7 ibice 1-4
Umwana na se bariko barafashanya gukora ikinga

IGIHIMBA CA 7

Ingene mwoha indero umwana wanyu

“Aya majambo ndagutegetse uno musi aze abe ku mutima wawe; kandi uze uyashimangire mu mwana wawe.”​—Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7

Igihe Yehova yashiraho indinganizo y’umuryango, yajeje abavyeyi ibanga ryo kwitwararika abana babo. (Abakolosayi 3:20) Bwa muvyeyi, urafise ibanga ryo kwigisha umwana wawe gukunda Yehova no kuzoba umuntu akuze kandi yitwararika ibintu. (2 Timoteyo 1:5; 3:15) Ukwiye kandi kumenya ikiri ku mutima w’umuhungu wawe canke umukobwa wawe. Ariko ntiwumve, akarorero utanga karahambaye cane. Ushize Ijambo rya Yehova mu mutima wawe ni ho uzoshobora kuryigisha neza umwana wawe.​—Zaburi 40:8.

1 NUTUME ABANA BAWE BOROHERWA NO KUKUYAGIRA

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.” (Yakobo 1:19) Uripfuza ko abana bawe bumva ko bashobora kukuyagira bisanzuye. Barakeneye rero kumenya ko witeguriye kubatega ugutwi igihe bipfuza kukuyagira. Nutume mu rugo harangwa amahoro kugira biborohere guserura iryo bagona. (Yakobo 3:18) Hamwe bokwiyumvira ko uca ubakarira canke ukabanebagura, hari aho batokubwira vy’ukuri akari ku mutima. Niwihanganire abana bawe kandi wame ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda.​—Matayo 3:17; 1 Abakorinto 8:1.

ICO WOKORA:

  • Nuhe akanya abana bawe igihe bipfuza kukuyagira

  • Nuze uraganira kenshi n’abana bawe aho kuganira igihe gusa hari ingorane

2 NUGERAGEZE GUTAHURA IVYO BASHAKA KUVUGA VY’UKURI

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Uwerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse mu kintu, azoronka ivyiza.” (Imigani 16:20) Kugira ngo utahure ingene abana bawe biyumva vy’ukuri, hari igihe biba ngombwa ko utaraba gusa amajambo bakoresheje. Akenshi abakiri bato bararenza urugero mu vyo bavuga canke bakavuga ibintu mugabo atari vyo bashaka vy’ukuri guserura. “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu.” (Imigani 18:13) Ntiwihutire rero gushavura.​—Imigani 19:11.

Inabibondo atwawe n’agashavu kubera ivyo umukobwa wiwe amubwiye

ICO WOKORA:

  • Niwiyemeze kudaciramwo abana bawe canke ngo utwarwe n’agashavu, naho boba bavuze ibimeze gute

  • Nugerageze kwibuka ingene wahora wiyumva igihe wari mu bigero vyabo be n’ivyo wabona ko bihambaye

3 NIMUNAME RIMWE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umviriza mwananje, indero ya so wawe, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe.” (Imigani 1:8) Sebibondo na inabibondo bompi Yehova yarabahaye ubukuru ku bana babo. Mutegerezwa kwigisha abana banyu kububaha no kubagamburukira. (Abanyefeso 6:1-3) Abana barabibona igihe abavyeyi babo bataba “bunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe.” (1 Abakorinto 1:10) Bishitse ntimuhuze, nimwirinde kuvyerekana imbere y’abana banyu kubera ko bishobora gutuma bataba bakibubaha cane.

Sebibondo ariko aratoza indero umwana wiwe mu mwiherero, nyina n’uwundi mwana batari kumwe

ICO MWOKORA:

  • Nimuganire maze mwumvikane ukuntu muzotoza indero abana banyu

  • Nimba wewe n’uwo mwubakanye mutabona kumwe ukuntu mwoha indero abana banyu, nugerageze gutahura iciyumviro ciwe

4 NIMWISHINGIRE UMUGAMBI

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Rera umwana wisunze inzira imubereye.” (Imigani 22:6) Kugira abana banyu baronke indero nziza ntibizopfa kwizana. Murakeneye kuba mufise umugambi w’ingene muzobamenyereza, aho hakaba harimwo n’ukubatoza indero. (Zaburi 127:4; Imigani 29:17) Gutoza indero si uguhana gusa, ahubwo birimwo n’ugufasha abana banyu gutahura imvo ziba zatumye mushinga amategeko. (Imigani 28:7) Vyongeye, nimubigishe gukunda Ijambo rya Yehova no gutahura ingingo ngenderwako ziri muri ryo. (Zaburi 1:2) Ivyo bizofasha abana kugira ijwi ryo mu mutima rikora neza.​—Abaheburayo 5:14.

ICO MWOKORA:

  • Nimufashe abana banyu kubona ko Imana atari umugani be n’uko bashobora kuyizigira

  • Nimubafashe kubona no kwirinda ivyobagirira nabi mu nyifato runtu, nk’ibiboneka kuri Internet no kuri ya mihora yo guhanahanirako amakuru (réseaux sociaux). Nimubigishe kwirinda abarondera kubahumbisha

Umwana yigishijwe n’abavyeyi biwe gukorera Yehova, kuva akiri muto cane gushika abatijwe

“Rera umwana wisunze inzira imubereye”

YEHOVA AZOHEZAGIRA UTWIGORO TWAWE

Wewe muvyeyi, urafise ibanga ridasanzwe ryo kwigisha umwana wawe ivyiyumviro vya Yehova. (Abanyefeso 6:4) Yehova arazi ko ivyo bitoroshe, ariko ico womenya ni uko ibizovamwo bizotuma Imana ishemezwa, bitume nawe ugira umunezero mwinshi.​—Imigani 23:24.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Nokora iki kugira umwana wanje yoroherwe no kumbwira ico ari co cose?

  • Nokwigira iki ku kuntu abandi bavyeyi barera abana babo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika