URURIRIMBO RWA 113
Amahoro twifitiye
Integuro icapuwe
1. Yehov’azokuraho
Ivy’intambara.
Nta kintu c’umuryano
Kizosigara.
Wa Mwana yiremeye
Ni w’azorwana
Intambar’ibereye,
Hav’ukwicana.
2. Amajamb’asogōta
Yatuvuyemwo
Kubera yukw’inkota
Twazicuzemwo
Ibintu vy’amahoro,
Tubana neza,
Maz’ibicanishamwo
Turabiheza.
3. Nya mahoro ya Data
Ni ’cemeza ko
Tumwumviye twihata
Atatuvako.
Twame tuyagendera
Ko twayaronse,
Igihe nicagera
Akwire hose.
(Raba kandi Zab. 46:9; Yes. 2:4; Yak. 3:17, 18.)