ICIGWA CA 14
Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru
Abaheburayo 8:1
INCAMAKE: Nufashe abakwumviriza kugukurikira, werekane neza ingene buri ciyumviro nyamukuru gifitaniye isano n’umutwe w’ikiganiro cawe hamwe n’intumbero yawe.
UKO WOBIGIRA:
Numenye intumbero yawe. Ikiganiro cawe coba gifise intumbero yo gutanga amakuru gusa, kujijura abakwumviriza canke kubahimiriza? Nuce ugishikiriza wisunze iyo ntumbero. Nushikirize ivyiyumviro nyamukuru vyose urondera gushika kuri iyo ntumbero.
Nushimike ku mutwe w’ikiganiro cawe. Nuze uragaruka ku mutwe w’ikiganiro cawe mu kuza urasubiramwo amajambo nyamukuru awugize canke ivyitiranwa vyayo.
Nutomore ivyiyumviro nyamukuru kandi ntubiremereze. Nuhitemwo gusa ibihuye n’umutwe w’ikiganiro cawe kandi uhitemwo ivyo ushobora gushikiriza mu mwanya wahawe. Ntugire ivyiyumviro nyamukuru vyinshi; tomora kimwekimwe cose; ruhuka imbere yo gutandukira igikurikira, kandi ushireho ikiraro hagati y’iciyumviro n’ikindi.