Yehova yama nantaryo akora ibigororotse
“Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose”.—ZABURI 145:17.
1. Uvyakira gute iyo hari umuntu ashitse ku ciyumviro kitari co ku bikwerekeye, kandi dushobora kuhigira iki?
HOBA hariho umuntu yigeze gushika ku ciyumviro kitari co ku bikwerekeye, kumbure agahinyura ivyo ukora canke imvo zituma ukora ibintu, adafise inkuru y’imvaho? Nimba vyarigeze gushika, bishobora kuba vyarakubabaje, kandi nta we bitobabaza. Ico kintu kirashobora kutwigisha iki cigwa gihambaye: Tuba tugize ibiranga ubukerebutsi iyo twirinze gushika ku ciyumviro gihutihuti igihe tudafise inkuru y’imvaho.
2, 3. Bamwebamwe bakira gute inkuru zo muri Bibiliya zitarimwo amakuru ahagije yishura ibibazo vyose bivyuka, yamara Bibiliya itubwira iki ku vyerekeye Yehova?
2 Vyoba vyiza tugumije ico cigwa ku muzirikanyi ku bijanye no gushika ku vyiyumviro vyerekeye Yehova Imana. Uti kubera iki? Kubera ko hariho inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya ukizisoma zishobora gusa n’izikuzazanira. Izo nkuru, kumbure izerekeye ivyo bamwebamwe mu basavyi b’Imana bakoze canke imanza Imana yaciye kera, zoshobora kuba zitarimwo amakuru ahagije yishura ibibazo vyacu vyose. Ikibabaje ni uko hari abanebagura mwene izo nkuru, eka mbere bagakekeranya nimba Imana yoba igororotse canke itunganye. Yamara, Bibiliya itubwira yuko “Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose” (Zaburi 145:17). Ijambo ryiwe ridukura amazinda kandi yuko “[a]ta ho yokora icaha” (Yobu 34:12; Zaburi 37:28). Iyumvire rero ukuntu ategerezwa kuba yiyumva igihe abandi bashitse ku vyiyumviro bitari vyo ku bimwerekeye!
3 Reka twihweze imvo zitanu zerekana igituma dukwiye kwemera imanza Yehova aca. Hanyuma, dufise izo mvo ku muzirikanyi, turaza kwihweza inkuru zibiri zo muri Bibiliya bamwebamwe bashobora kubona ko zigoye gutahura.
Ni kubera iki twokwemera imanza za Yehova?
4. Ni kubera iki dukwiye kwifata ruto igihe twihweza ivyo Imana yakoze? Bitangire akarorero.
4 Ubwa mbere, kubera ko Yehova usanga azi inkuru y’imvaho yerekeye ikintu kinaka mugabo twebwe tukaba ata yo tuzi, dukwiye kwifata ruto igihe twihweza ivyo yakoze. Tubitangire akarorero: Dufate ko umucamanza avugwa neza yuko afata ingingo zitagiramwo nkunzi yaciye urubanza muri sentare. Wobona gute umuntu yonebagura ingingo yafashwe n’uwo mucamanza kandi nya muntu atazi inkuru y’imvaho canke adategera vy’ukuri amategeko yose yisungwa? Umuntu yonebagura ikintu kinaka kandi adafise inkuru y’imvaho icerekeye, yoba agize ivy’ubupfu (Imigani 18:13). Wumva none bitorushiriza kuba ivy’ubupfu umuntu anebaguye “Umucamanza w’isi yose”?—Itanguriro 18:25.
5. Ni igiki tudakwiye kwibagira igihe dusoma inkuru zo muri Bibiliya zerekeye imanza Imana yaciriye abantu banaka?
5 Imvo igira kabiri yotuma twemera imanza z’Imana ni uko Imana itameze nk’abantu kubera yoyo ibona ibiri mu mitima (1 Samweli 16:7). Ijambo ryayo rivuga riti: “Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ibikorwa vyiwe vyeze” (Yeremiya 17:10). Kubera ico, igihe dusoma inkuru zo muri Bibiliya zerekeye imanza Imana yaciriye abantu banaka, nimuze ntitwibagire yuko, kubera ibona vyose, itirengagije ivyiyumviro, imvo, be n’intumbero bari bafise tutazi bitanditswe mw’Ijambo ryayo.—1 Ngoma 28:9.
6, 7. (a) Yehova yerekanye gute ko yumira ku ngingo mfatirwako ziwe zigenga ubutungane n’ubugororotsi mbere arinze guheba ikintu gihambaye? (b) Dukwiye kwibuka iki hagize ikintu dusoma muri Bibiliya gituma dutangura kwibaza nimba Imana yakoze mu buryo bugororotse canke butunganye?
6 Ng’iyi imvo igira gatatu ikwiye gutuma twemera imanza Yehova aca: Arumira ku ngingo mfatirwako ziwe zigenga ubugororotsi n’aho ivyo vyoba bisaba ko aheba ikintu gihambaye. Rimbura akarorero k’ivyo. Mu gutanga Umwana wiwe kw’incungu kugira akure abantu bagamburuka mu caha no mu rupfu, Yehova yarakurikije ingingo mfatirwako ziwe zigenga ubutungane n’ubugororotsi (Abaroma 5:18, 19). Yamara, kwihweza Umwana wiwe mukundwa acumukurira ku giti co kubabarizwako gushika aho agipfirako, bitegerezwa kuba vyaratumye Yehova atuntura bimwe vy’agahebuza. Ivyo none bitubwira iki ku vyerekeye Imana? Ku bijanye n’‘incungu yatanzwe na Kirisitu Yezu’, Bibiliya ivuga iti: “[Ivyo vyabaye] kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo” (Abaroma 3:24-26). Hari iyindi Bibiliya yahinduye mu Baroma 3:25 iti: “Ivyo vyerekanye ko Imana yama nantaryo ikora ibigororotse n’ibibereye” (New Century Version). Ego cane, ukuba Yehova yaremeye gushika iyo hose kugira ngo aronse abantu incungu, birerekana ko yubahiriza bimwe bihebuje “ibigororotse n’ibibereye”.
7 Ku bw’ivyo rero, hagize ikintu dusoma muri Bibiliya gituma bamwebamwe bibaza nimba Imana yarakoze mu buryo butunganye canke bugororotse, tuba dukwiye kwibuka iki kintu: Kubera ko Yehova yumira ku ngingo mfatirwako ziwe zigenga ubugororotsi n’ubutungane, ntiyimanye Umwana wiwe bwite kugira ngo apfe urupfu rubi. Wumva none yorenga kuri izo ngingo mfatirwako nyene mu bindi bibazo? Ico twomenya coco ni uko Yehova atigera arenga ku ngingo mfatirwako ziwe zigenga ubugororotsi n’ubutungane. Turafise rero imvo zihagije zotuma dushwiruka yuko yama nantaryo akora ibigororotse n’ibibereye.—Yobu 37:23.
8. Ni kubera iki vyoba ari ibintu bitajanye, hamwe abantu bokwiyumvira yuko ubutungane n’ubugororotsi bishobora kuba hari ukuntu bihaze muri Yehova?
8 Rimbura imvo igira kane yerekana igituma dukwiye kwemera imanza Yehova aca: Yehova yaremye umuntu mw’ishusho yiwe (Itanguriro 1:27). Gutyo rero abantu barahawe kamere nk’iz’Imana, harimwo n’ubushobozi bwo kumenya ibitunganye n’ibigororotse. Vyoba ari ibintu bitajanye n’ivyo, hamwe ubushobozi bwacu bwo kumenya ibitunganye n’ibigororotse bwotuma twiyumvira ko izo kamere nyene hari ukuntu zihaze muri Yehova. Bishitse tukazazanirwa n’inkuru yinaka yo muri Bibiliya, turakeneye kwibuka yuko ubushobozi dufise bwo kumenya igitunganye n’ikigororotse burimwo agasembwa kubera icaha twarazwe. Yehova Imana, uwo twaremwe mw’ishusho yiwe, ari n’ubutungane be n’ubugororotsi bitagira agasembwa (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Vyoba bitumvikana mbere kwiyumvira yuko abantu bashobora kurusha Imana ubutungane n’ubugororotsi!—Abaroma 3:4, 5; 9:14.
9, 10. Ni kubera iki Yehova atabwirizwa gusigurira abantu ivyo akora canke kubereka igituma abikora?
9 Ikintu kigira gatanu cotuma twemera imanza Yehova aca ni uko ari ‘Musumbavyose, aganza isi yose’ (Zaburi 83:18). Ku bw’ivyo, ntabwirizwa gusigurira abantu ivyo akora canke kubereka igituma abikora. Ni we Mubumvyi Mukuru, natwe tukaba ibumba ryabumbwemwo inzavya, kugira ngo azikoreshe nk’uko bimuhimbara (Abaroma 9:19-21). Twebwe ibumba riri mu minwe yiwe, turi bande aho twokwiha kunebagura ingingo afata canke ivyo akora? Igihe umwe sekuruza w’imiryango Yobu yatahura ukutari kwo ingene Imana ifata abantu, Yehova yaramukosoye mu kumubaza ati: “Mbega woshingūra urwo nashinze? Wompenurirakw ibitari vyo kugira ng’ubone urubanza?”. Kubera Yobu yabonye yuko yari yavuze ivyo atazi, yahavuye yigaya (Yobu 40:8; 42:6). Ese tutokwigera tugwa mw’ikosa ryo gutora Imana amahinyu!
10 Si agaseseshwarumuri, turafise imvo zumvikana zo kwemera ko Yehova yama nantaryo akora ibigororotse. Dufise uwo mushinge udufasha gutahura inzira za Yehova, nimuze dusuzume inkuru zibiri zo muri Bibiliya bamwebamwe bashobora gusanga zibazazanira. Iya mbere yerekeye ivyo umwe mu basavyi b’Imana yakoze, iyindi na yo ikaba yerekeye urubanza rwashikijwe n’Imana ubwayo.
Ni kubera iki Loti yasavye umugwi w’abantu bashangashiwe ngo awuhe abigeme biwe?
11, 12. (a) Niwigane ivyabaye igihe Imana yarungika i Sodomu abamarayika babiri biyambitse imibiri y’abantu. (b) Iyo nkuru yatumye abantu bamwebamwe bibaza ibihe bibazo?
11 Mw’Itanguriro 19, tuhasanga inkuru ivuga ivyabaye igihe Imana yarungika i Sodomu abamarayika babiri bari biyambitse imibiri y’abantu. Loti yarasavye ashimitse yuko nya bashitsi borara iwe. Ariko rero, muri iryo joro nyene abagabo isinzi bo muri ico gisagara barakikuje iyo nzu maze basaba yuko nya bashitsi basohorwa kugira ngo babonone. Loti yaragerageje kujijura nya bagabo, ariko biba ivy’ubusa. Mu kurondera gukingira nya bashitsi, Loti yavuze ati: “Bene data, ndabingize, ntimukore icaha kingana girtyo. Ehe rāba, mfise abigeme babiri, batazi icitwa umugabo; reka ndabasohore aho muri, namwe mubagenze uko mugomba kwose. Arikw abo bagabo mwoye kugira ico mubakorako, kuko bashitse mu nzu yanje”. Nya bagabo ntibashatse kwumviriza, kandi habuze gato ngo basavye urugi. Amaherezo, nya bashitsi b’abamarayika barateje uruhumyi iryo sinzi ry’abantu bari basaze.—Itanguriro 19:1-11.
12 Iyo nkuru yatumye abantu bamwebamwe bibaza ibibazo, kandi ivyo birumvikana. Baribaza bati: ‘Ni kubera iki Loti yarondeye gukingira abashitsi biwe mu gusaba isinzi ry’abantu bashangashiwe ngo abahe abigeme biwe? Ubwo none ntiyavyifashemwo mu buryo butabereye, eka mbere mu buryo bwerekana ko yari umunyabwoba?’. Turavye iyo nkuru, ni kubera iki Imana yahumekeye Paulo kwita Loti “umugororotsi”? Imana yoba yaremeye ukuntu Loti yavyifashemwo (2 Petero 2:7, 8)? Nimuze tuzirikane kuri iyo nkuru kugira ngo ntiduhave dushika ku ciyumviro kitari co.
13, 14. (a) Dukwiye kumenya iki ku bijanye na ya nkuru yo muri Bibiliya yerekeye ivyo Loti yakoze? (b) Ni igiki cerekana ko Loti atavyifashemwo nk’umunyabwoba?
13 Ico twobanza kumenya coco ni uko Bibiliya idashigikira ivyo Loti yakoze canke ngo ivyiyamirize. Ahubwo riho, yigana gusa ivyabaye. Bibiliya kandi ntitubwira ivyo Loti yiyumvira ico gihe canke ngo itubwire icatumye avyifatamwo kuriya. Niyagaruka mu gihe c’“ukuzuka kw’abagororotsi” kumbure azovuga ido n’ido ry’ukuntu vyagenze.—Ivyakozwe 24:15.
14 Loti ntiyari umunyabwoba. Yari mu bintu bitoroshe. Mu kuvuga yuko ba bashitsi bari “bashitse mu nzu” yiwe, Loti yerekanye yuko yumva agoberewe kubakingira no kubaronsa ubuhungiro. Mugabo ntihari aho gutuma umwana. Umutohozakahise w’Umuyuda yitwa Josèphe avuga yuko Abanyasodomu “bǎgirira abantu ivy’akarenganyo, bakaba kandi batubaha Imana. . . . Baranka abanyamahanga, bakongera bakiyononesha ingeso zarangwa i Sodomu”. Yamara, Loti ntiyatewe ubwoba na rya sinzi ry’abantu buzuye urwanko. Ahubwo, yarasohotse aragerageza kujijura abo bagabo bari bashangashiwe. Eka mbere “[yarakinze] urugi inyuma yiwe”.—Itanguriro 19:6.
15. Ni kubera iki vyovugwa yuko Loti ashobora rwose kuba yarakoranye ukwizera?
15 Hari abobaza bati: ‘Naho ari ukwo, ni kubera iki none Loti yasavye nya sinzi ry’abantu ngo abahe abigeme biwe?’. Aho gupfa kwiyumvira yuko imvo yakoranye zari mbi, ubona gute urimbuye ibintu bimwebimwe bishobora kuba vyatumye avyifatamwo kuriya? Ica mbere na mbere, Loti ashobora rwose kuba yarakoranye ukwizera. Uti gute? Nta nkeka Loti yari azi ingene Yehova yari yarakingiye Sara muka Aburahamu, uno akaba yari sewabo na Loti. Uribuka yuko kubera Sara yari mwiza cane, Aburahamu yari yamusavye kuvuga yuko ari musazawe, kubera yatinya ko abandi bohava bamwica kugira ngo batware Saraa. Ivyo vyatumye Sara ajanwa kwa Farawo. Ariko rero, Yehova yarahaserutse, abuza Farawo kwonona Sara (Itanguriro 12:11-20). Loti ashobora kuba yari yizeye yuko abigeme biwe bari gukingirwa mu buryo nk’ubwo. Biri n’ico bivuze kubona Yehova yarahaserutse koko biciye ku bamarayika biwe, gutyo nya bigeme bagashobora kuguma badora.
16, 17. (a) Ni mu buryo ubuhe Loti ashobora kuba yariko agerageza gutesha umutwe canke kuvuruga ubwenge ba bagabo b’i Sodomu? (b) Ico Loti yoba yariyumviriye cose, ni igiki dushobora kwemera tudakeka?
16 Rimbura ikindi kintu gishobora kuba caratumye Loti avyifatamwo kuriya. Loti ashobora kandi kuba yariko agerageza gutesha umutwe canke kuvuruga ubwenge nya bagabo. Ashobora kuba yari yizeye yuko abigeme biwe batoshimwe n’iryo sinzi ry’abantu bitumwe n’uko Abanyasodomu bari abantu bakunda cane kumarana inambu y’umubiri n’abo basangiye igitsina (Yuda 7). Si ivyo gusa, abo bigeme bari barehejwe n’abagabo bo muri ico gisagara, ari co gituma incuti z’abari kumubera abakwe, abagenzi babo, canke abo bafatanya ivyo kudandaza bashobora rwose kuba bari muri iryo sinzi ry’abantu (Itanguriro 19:14). Loti ashobora kuba yarizigira yuko ubwo bucuti bwotumye abagabo bamwebamwe bari muri iryo sinzi baburanira abigeme biwe. Isinzi ry’abantu biciyemwo ibice gutyo risa n’iritoteye akaga rwoseb.
17 Ico Loti yoba yariyumviriye cose canke imvo yatumye avyifatamwo kuriya yaba iyihe, turashobora kwemera tudakeka iki kintu: Kubera ko Yehova yama nantaryo akora ibigororotse, ategerezwa kuba yari afise imvo nziza yo kubona ko Loti ari “umugororotsi”. Vyongeye, twihweje ivyo rya sinzi ry’Abanyasodomu bari basaze ryakoze, ni nde yokekeranya yuko Yehova yari afise imvo yumvikana rwose yo gushitsa urubanza ku baba muri ico gisagara cari cuzuye ububisha?—Itanguriro 19:23-25.
Ni kubera iki Yehova yishe Uza?
18. (a) Vyagenze gute igihe Dawidi yagerageza kuzana Isandugu i Yeruzalemu? (b) Iyo nkuru ivyura ikihe kibazo?
18 Iyindi nkuru yohava ituma bamwebamwe bazazanirwa ni iyerekeye igihe Dawidi yagerageza kuzana isandugu ry’isezerano i Yeruzalemu. Nya Sandugu yashizwe ku mukogote wari utwawe na Uza be na mwenewabo. Bibiliya ivuga iti: “Bashitse ku mbuga ya Nakoni, Uza atuma ukuboko ngw asame isandugu y’Imana, kukw inka zari zitirimutse. Maz’uburake bg’Uhoraho buziriringira Uza, aca amutsinda aho nyene, amuhōye ico gicumuro, agwa ngah’i ruhande y’isandugu y’Imana”. Haciye amezi makeyi, vyaragenze neza igihe bagerageza gutwara nya Sandugu kubera yuko ico gihe hoho yatwawe mu buryo bwari bwarashinzwe n’Imana, itwarwa ku bitugu vy’Abalewi bo mu muryango wa Kohati (2 Samweli 6:6, 7; Guharūra 4:15; 7:9; 1 Ngoma 15:1-14). Hari abohava babaza bati: ‘Ni kubera Yehova yashavuye bigeze iyo hose? Uza yariko agerageza gukingira gusa iryo Sandugu’. Kugira ngo ntiduhave dushika ku ciyumviro kitari co, vyoba vyiza twihweje ibintu bimwebimwe vyoshobora kudufasha.
19. Ni kubera iki Yehova adashobora gukora ivy’ukugabitanya?
19 Turakeneye kwibuka yuko Yehova adashobora gukora ivy’ukugabitanya (Yobu 34:10). Kuri we gukora ivy’ukugabitanya ntivyoba biranga urukundo, tukaba tuzi yuko ‘Imana ari urukundo’ twisunze ivyo twize muri Bibiliya muri rusangi (1 Yohana 4:8). Vyongeye, Ivyanditswe bitubwira yuko “ukugororoka n’imanza zibereye [ar]i vyo ingoma [y’Imana] ihagazeko” (Zaburi 89:14). Wumva none Yehova yokwigera akora ivy’ukugabitanya? Akoze ivy’ukugabitanya, yoba ariko aratuma ishingiro nyezina ry’ubusegaba bwiwe rigoyagoya.
20. Ni ku bw’izihe mvo Uza yari akwiye kuba azi amabwirizwa yerekeye Isandugu ry’isezerano?
20 Urama wibuka yuko Uza ategerezwa kuba yari azi ivyavugwa mu Vyagezwe. Isandugu yagereranya ukuhaba kwa Yehova. Ivyagezwe vyaratomora yuko itari gukorwako n’abantu batabifitiye uburenganzira, bikagabisha bidakikiriza yuko abari kurenga kuri iryo tegeko boronse igihano co gupfa (Guharūra 4:18-20; 7:89). Gutyo rero, kwimura iyo sandugu nyeranda nticari igikorwa co gufata minenegwe. Biboneka ko Uza yari Umulewi (naho atari umuherezi), ari co gituma yari akwiye kuba azi ibivugwa mu Vyagezwe. Vyongeye, imyaka nk’ingahe imbere y’aho, iryo Sandugu ryari ryarimuriwe mu rugo kwa se kugira ngo rikingirwe (1 Samweli 6:20–7:1). Ryamazeyo imyaka nka 70, gushika igihe Dawidi yashima kuryimura. Kuva mu bwana rero, biboneka ko Uza yari azi amabwirizwa yerekeye iryo Sandugu.
21. Ku bijanye n’ivyashikiye Uza, ni kubera iki bihambaye kwibuka yuko Yehova abona imvo umutima ukorana?
21 Nk’uko twabibonye mu ntango, Yehova arabona ibiri mu mutima. Kubera ko Ijambo ryiwe ryita ivyo Uza yakoze “igicumuro” canke igikorwa c’agasuzuguro, Yehova ashobora kuba yarabonye imvo yinaka irimwo ubwikunzi idahishurwa mu buryo butomoye muri iyo nkuru. Uza yoba yari umugabo w’umunyabwibone, afise impengamiro yo kurenga uturimbi twashinzwe (Imigani 11:2)? Gutwara ku mugaragaro iryo Sandugu umuryango wiwe wari warazigamye ahadashikwa vyoba vyatumye yiyumva ko ari agakomeye (Imigani 8:13)? Uza yoba yarabuze ukwizera gushika n’aho yiyumvira yuko ukuboko kwa Yehova ari kugufi ku buryo kudashobora kubogora iyo sandugu nyeranda yagereranya ukuhaba kwiwe? Icoba carabimutumye cose, turashobora guhera amazinda yuko Yehova yakoze ibigororotse. Ashobora rwose kuba yarabonye ikintu kinaka mu mutima wa Uza catumye aca urubanza adatebaganye.—Imigani 21:2.
Imvo zikomeye zotuma twizigira Yehova
22. Ubukerebutsi bwa Yehova bugaragarira gute mu kuba rimwe na rimwe Ijambo ryiwe ritavuga amakuru amwamwe?
22 Ubukerebutsi ntangere bwa Yehova burigaragaza mu buryo bw’uko rimwe na rimwe Ijambo ryiwe ritavuga amakuru amwamwe. Gutyo, Yehova araduha akaryo ko kwerekana yuko tumwizigira. Dufatiye ku vyo duhejeje kwihweza, ntibitomoye none yuko dufise imvo zikomeye zotuma twemera imanza za Yehova? Ego cane, twize Ijambo ry’Imana n’umutima uzira uburyarya tukongera tukaba abantu bugurutse mu bwenge, turamenya ibintu vyinshi vyerekeye Yehova bituma tujijuka yuko yama nantaryo akora ibitunganye n’ibigororotse. Kubera ico, nimba hari inkuru yo muri Bibiliya ivyura ibibazo tudashobora guca turonkera inyishu zitomoye, nimuze twizigire duherejeko yuko Yehova yakoze ibigororotse.
23. Dushobora kwizigira iki ku vyerekeye ivyo Yehova azokora muri kazoza?
23 Turashobora kugira ukwizigira nk’ukwo nyene ku vyerekeye ivyo Yehova azokora muri kazoza. Kubera ico, turashobora guhera amazinda yuko niyaza guca urubanza mu gihe ca ya marushwa ahambaye araririye gushika, “[ataz]orandurana abagororotsi n’abanyavyaha” (Itanguriro 18:23). Ugukunda ubugororotsi be n’ubutungane kwiwe ntikuzokwigera kumwemerera kubigira. Turashobora kandi kwizigira tugaherezako yuko mw’isi nshasha yimirije, azoturonsa ivyo dukeneye vyose mu buryo bwiza kuruta ubundi bushoboka.—Zaburi 145:16.
[Utujambo tw’epfo]
a Ubwoba Aburahamu yagize bwari bufise ishingiro, kubera ko hari icandikano co ku nkorogoto kivuga ivy’Umufarawo umwe yatumye abagabo bitwaje ibirwanisho gufata umukenyezi mwiza umwe maze bakica umunega wiwe.
b Nimba ushaka kumenya ibindi, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1979, urupapuro rwa 31.
Woba uvyibuka?
• Ni imvo izihe zikwiye gutuma twemera imanza za Yehova?
• Ni igiki codufasha kudashika ku ciyumviro kitari co ku vyerekeye ukuba Loti yasavye yuko yoha abigeme biwe rya sinzi ry’abantu bari bashangashiwe?
• Ni ibintu ibihe bishobora kudufasha gutahura icatumye Yehova yica Uza?
• Dushobora kwizigira iki ku vyerekeye ivyo Yehova azokora muri kazoza?