Urashobora vy’ukuri kuronka agahimbare
AGAHIMBARE nyakuri kandi karamba, rimwe na rimwe usanga kagoye kuronka. Impamvu nyamukuru ibituma ni uko abantu benshi baguma bita ku rutare barondera agahimbare usanga bakaronderera ahatari ho. Ese iyo baba bafise umugenzi w’umwizigirwa kandi abishoboye yobaronsa ubuyobozi bwobafasha kubona ahantu habereye bokaronderera!
Bibiliya ni yo ironsa umuntu ubwo buyobozi akeneye. Rimbura kimwe gusa mu bitabu biyigize citwa Zaburi. Ico gitabu ni itororokanirizo ry’indirimbo 150 zeranda zo gushemeza Yehova Imana, hafi nk’igice cazo kikaba canditswe na wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera. Mugabo, igihambaye cane si ukumenya abanditse ico gitabu abo ari bo, ahubwo ni ukumenya ko bacanditse bahumekewe na wa Mugenzi w’abantu ahambaye kuruta abandi bose, ari we Yehova. Ni co gituma dushobora kwemera tudakeka ko kirimwo ubuyobozi Imana itanga ku neza yacu kandi ko cerekana uburyo bwo kuronka agahimbare.
Abanditse Zaburi bari bazi neza yuko ubucuti bwiza umuntu afitaniye n’Imana butuma agira agahimbare. Umwe muri bo yanditse ati: “Hahirwa uwubaha Uhoraho” (Zaburi 112:1). Nta bucuti na bumwe umuntu yogiranira n’uwundi, nta butunzi na bumwe canke ivyo yoshikako na bimwe, bishobora kumuzanira agahimbare karuta ako aronka ari mu bagize “ihanga rifise [“Yehova”, NW] kw Imana yaryo” (Zaburi 144:15). Ivyabaye mu buzima bw’abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none birerekana ko ivyo ari ivy’ukuri.
Umwe muri abo ni uwitwa Susanne, akaba arengeje gatoyi imyaka 40a. Yavuze ati: “Muri iki gihe, abantu benshi barifatanya n’imigwi minaka kugira ngo barangurire hamwe imigambi canke bakorere hamwe ibintu binaka bahurizako. Ariko rero, ni gake usanga abagize iyo migwi bose ari abagenzi. Mu basavyi ba Yehova ho, si ko biri. Urukundo dukunda Yehova rutuma na twebwe dukundana. Turi kumwe n’abasavyi b’Imana, aho twoba turi hose no mu gihe ico ari co cose, twumva twisanze. Ubwo bumwe dufitaniye buratuma ubuzima bwacu burushiriza kuba ubuhimbaye. Ni abandi bantu abahe bashobora kuvuga ko bafise abagenzi bo mu migwi itandukanye cane yo mu kibano, bakuriye mu bintu bitandukanye kandi baturuka mu bihugu bitandukanye? Emwe, ndashobora kuvuga n’umutima wanje wose yuko kuba umuntu ari umusavyi wa Yehova ari vyo bizana agahimbare!”.
Uwitwa Maree, akaba yavukiye muri Écosse, na we nyene yarabonye ko kugiranira ubucuti bwiza na Yehova ari ntahara kugira ngo uronke agahimbare. Yavuze ati: “Imbere y’uko niga ukuri kwo muri Bibiliya, narakunda kuraba amasenema yerekana ibintu biteye ikinya kandi biteye ubwoba. Kandi mw’ijoro sinashobora gutora n’ak’imbwa ntararanye umusaraba mu minwe wo kunkingira imizimu be n’ibisigo, ivyo menshi muri ayo masenema naraba yerekana. Ariko aho nigiye ukuri nkongera nkareka kuza ndaraba mwene ayo masenema, ubucuti nari nsigaye mfitaniye na Yehova bwaratuma nshobora kuja kuryama ata bwoba, nkahimbarwa n’uko nkorera Imana ifise ububasha buruta ubw’amadayimoni canke ubwa nya bisigo n’ukubaho bitabaho”.
Kwizigira Yehova bituma ugira agahimbare
Nta mpamvu n’imwe dufise yotuma dukekeranya nimba Umuremyi ari Mushoboravyose canke nimba afise ubukerebutsi butagira urugero. Kubera yuko Dawidi yari azi ko yashobora kwizigira Yehova agaherezako kandi ko yashobora guhungira kuri we, yanditse ati: “Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho”.—Zaburi 40:4.
Uwitwa Maria yavuze ati: “Ivyo niboneye muri Esupanye be n’ahandi hose naciye, vyaranyeretse ko igihe dukoze ibintu mu buryo Yehova ashima, naho nyene twokwumva dushaka gukora ibihushanye n’ivyo, ari ho biheza bikatugendera neza kuruta. Ivyo bituma tugira agahimbare kubera yuko inzira ya Yehova yama nantaryo ari yo nziza kuruta izindi zose”.
Uwitwa Andreas, akaba ari umukurambere mukirisu amaze gusukurira mu bihugu bitari bike vya Buraya, na we nyene aravye ivyamushikiye, arazi yuko dushobora kwizigira Yehova. Yavuze ati: “Igihe nari nkiri umuyabaga, mukuru wanje tudasangiye ukwizera yaguma arondera kunyinjizamwo ivyo gukurikirana umwuga wotuma ndonka amahera menshi. Yarababaye bimwe bitovugwa igihe nahitamwo gukora ubusuku bw’igihe cose aho kurondera ivy’ugutekanirwa ngo umuntu aronka biciye ku vyo gutegekaniriza kazoza abakozi. Mu gihe cose maze muri uwo murimo, sindigera ngira ico nkena, kandi narironkeye imihezagiro abandi bashobora kubona mu ndoto gusa”.
Mu 1993, uwitwa Felix yaratumiwe kuja gufasha mu gikorwa co kwagura inyubakwa z’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Selters mu Budagi. Igihe ico gikorwa carangira, yaratewe agateka ko kuba uwo mu bagize umuryango wa Beteli aho nyene. None yavyakiriye gute? Avuga ati: “Navyakiranye amakenga. Ariko gushika ubu ndahamaze imyaka hafi cumi, kandi ndabona vy’ukuri yuko Yehova yishuye amasengesho yanje. Arazi ivyombera vyiza kuruta ibindi. Mu kumwizigira ngaherezako no mu kureka akaba ari we anyobora, ndamuha akaryo akanyereka ico ashaka ko nkora”.
Umwe Susanne twavuga, yaripfuje cane gukora ubusuku bw’igihe cose ari umutsimvyi, ariko ntivyamworoheye kuronka akazi k’amasaha makeyi ku musi. Amaze umwaka wose arindiriye ko yoronka mwene ako kazi, yarakoze ikintu cerekana ko yizigira Yehova. Avuga ati: “Narasavye gukora ubutsimvyi bw’igihe cose. Nari naraziganije udufaranga dukwiye two kwironsa ivya nkenerwa nko mu kiringo c’ukwezi kumwe. Ntiworaba umunezero nagize muri ukwo kwezi! Ubusuku narangura bwaratumye ngira umunezero mwinshi cane, mugabo uko naguma nja kubazwa ibibazo bibazwa abipfuza akazi, vyaguma ata co bivamwo. Yamara rero Yehova ntiyigeze ampeba, nk’uko yasezeranye. Ku musi wa nyuma w’ukwo kwezi, narashoboye gusinya kontara y’akazi. Emwe, ico gihe naratahuye yuko iyo umuntu yizigiye Yehova adataha zirayoye! Ico kintu canshikiye ngitangura umurimo w’igihe cose, kiri mu vyatumye ngira ubuzima buhimbaye cane”.
Kwemera impanuro ziva ku Mana biratuma urushiriza kugira agahimbare
Umwami Dawidi yarakoze amakosa akomakomeye. Rimwe na rimwe, vyarabaye ngombwa ko ahabwa impanuro ziranga ubukerebutsi. Twoba natwe dufise umutima ukunze nka Dawidi wo kwemera impanuro be n’ubuyobozi duhabwa?
Uwitwa Aida wo mu Bufaransa, vyarashitse arakora ikosa maze mu nyuma aratahura ko ryari rikomeye. Yigana ati: “Ikintu nyamukuru cari kindaje ishinga kuruta ibindi vyose, kwari ugusubira kugiranira ubucuti na Yehova”. Yaregereye abakurambere bakirisu kugira ngo bamufashe. Ubu, hakaba haheze imyaka 14 akora ubusuku bw’igihe cose, avuga ati: “Ntiworaba ukuntu binyeza umutima kumenya ko Yehova yampariye ikosa nakoze!”.
Kwemera impanuro Imana itanga birashobora kudukingira gukora amakosa. Uwitwa Judith asigura ati: “Igihe nari mfise imyaka 20, naragomwe cane umudandaza umwe w’Umudagi yagerageza uko ashoboye kwose kunkwegera. Yari umuntu yubahwa, akora umwuga winjiza amahera menshi, kandi n’igitangaje yari asanzwe yubatse! Nategerezwa rero guhitamwo kugamburuka amategeko ya Yehova canke na ho ngahitamwo kumutera umugongo. Narahishutse abavyeyi banje ivy’ico kintu. Dawe yaranyibukije atarya umunwa ivyo Yehova anyitezeko. Mu kubimbwira ntiyakikiriza, kandi ico ni co kintu nari nkeneye koko! Ariko ntiwumve, naragerageje kurondera kwisigura. Mawe yaramaze amayinga atari make aza arambwira mu gihe c’umugoroba ukuntu amategeko y’Imana ahambaye be n’uko arokora ubuzima. Ndakenguruka cane kubona umutima wanje bukebuke waragiye urasubira kwiyegereza Yehova. Gutozwa indero na Yehova be n’ukwigishwa na we vyaratumye mpimbarwa cane. Ehe raba ubusuku bw’igihe cose ndabumazemwo imyaka myinshi, nkaba narayironkeyemwo ivyiza vyinshi. Vyongeye ubu nubakanye n’umunega mukirisu ankunda kandi akunda Yehova n’umutima wiwe wose”.
Si agaseseshwarumuri, ivyashikiye uwo muvukanyikazi birerekana ko aya majambo Dawidi yavuze ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Hahirwa uwahariwe ugucumura kwiwe, icaha ciwe kigatwikirwa. Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ukugabitanya”.—Zaburi 32:1, 2.
Uraronka agahimbare mu kwitwararika abandi
Dawidi yanditse ati: “Hahirwa ūbabara umurushwa”. Yongeyeko ati: “Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago. Uhoraho azomuzigama amukize, kand’azogira amahirwe” (Zaburi 41:1, 2). Ukuntu Dawidi yitwararikanye urukundo Mefibosheti, wa muhungu w’ikimuga wa wa mugenzi wiwe pfampfe Yonatani, ni akarorero kerekana uburyo bubereye bwo kwitwararika umurushwa.—2 Samweli 9:1-13.
Uwitwa Marlies, uwumaze imyaka 47 akora igikorwa c’ubumisiyonari, ari n’agateka ko kwamamaza mu bantu baje bava mu mihingo imwimwe yo muri Afirika, muri Aziya no mu Buraya bwo mu Buseruko bahunze ibintu bibageramiye. Yavuze ati: “Abo bantu bafise ingorane nyinshi zitandukanye kandi nka bose usanga bumva umengo barakumiriwe, bakumva ko mu vy’ukuri abandi babinuba. Gufasha mwene abo bantu vyama bindonsa agahimbare”.
Uwitwa Marina, akaba arengeje gatoyi imyaka 40, yanditse ati: “Kubera yuko ndi umwirebange, ndazi neza ukuntu bihumuriza igihe umuntu aba azi ko hari abagenzi biteguriye kumufasha. Ivyo biramvyurira umutima wo kuremesha abantu mu kubatelefona canke mu kubandikira. Kandi benshi baraseruye ko bakenguruka ico kintu. Gufasha abandi biratuma ngira umunezero”.
Uwitwa Dimitar, akaba afise imyaka nka 25 canke irengako gatoyi, avuga ati: “Narezwe na mawe wenyene. Igihe nari nkiri umuyabaga, narahimbarwa kuba twari dufise umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero yama anjana mu busuku buri mushamvu kugira ngo amenyereze. Ndakenguruka cane kubona yaragumyeko. Ndazi ko bitama vyamworoheye kumvyurira umutima wo gukora ubwo busuku”. Kugira ngo Dimitar yerekane ko akenguruka imfashanyo yaronse, na we nyene muri iki gihe arafasha abandi. Avuga ati: “Ndagerageza ku buryo n’imiburiburi rimwe mu kwezi njana mu busuku bwo mu ndimiro n’uwukiri muto umwe be n’uwukuze”.
Igitabu ca Zaburi kiravuga n’ibindi bintu bituma umuntu agira agahimbare. Kimwe ni ikijanye n’akamaro ko kwiheka ku nkomezi zitangwa na Yehova aho kwiheka ku zacu bwite. Ico gitabu kivuga giti: “Hahirwa umuntu inkomezi ziwe zihagaze muri [Yehova]”.—Zaburi 84:5.
Uwitwa Corinna ivyo ni we abizi. Yarimukiye mu gihugu cari gikeneye cane abasuku. Yigana ati: “Nasanze muri ico gihugu bavuga ururimi ntazi, hari imico ntamenyereye kandi abantu baho babona ibintu mu bundi buryo. Numva umengo ndi ku wundi mubumbe. Narumva mpagaritse umutima niyumviriye ivy’ukwamamaza muri ako karere gashasha. Narasavye Yehova ko yomfasha, kandi inkomezi ziwe ni zo zamfashije kuza ndamamaza umusi wose mu cibare kiri kure y’ibindi. Haciye igihe, gukora ico gikorwa nari nsigaye mbona ko ari ikintu gisanzwe cane. Naratanguje inyigisho za Bibiliya nyinshi, kandi ivyo bintu vyanshikiye n’ubu biracankomeza. Narabonye ko dushobora gutsinda n’intambamyi zisa n’iziturengeye, igihe twihetse ku nkomezi zitangwa na Yehova”.
Vy’ukuri, hariho ibintu bitandukanye bifasha umuntu kuronka agahimbare, muri ivyo hakaba harimwo ukugiranira ubucuti n’Imana be n’abasavyi bayo, kwizigira Yehova tugaherezako, kwemera impanuro atanga be no kuba abantu bitwararika abandi. Tugendeye mu nzira za Yehova tukongera tukagamburuka amategeko yiwe, turashobora kunezerwa n’uko adushima.—Zaburi 89:15; 106:3; 112:1; 128:1, 2.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina amwamwe yarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 12]
Uyu ni Maria
[Ifoto ku rup. 13]
Uyu ni Maree
[Ifoto ku rup. 13]
Uyu ni Susanne ari kumwe na Andreas
[Ifoto ku rup. 15]
Uyu ni Corinna
[Ifoto ku rup. 15]
Uyu ni Dimitar