ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/7 rup. 13-15
  • Baruzilayi yari umuntu azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baruzilayi yari umuntu azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Haba ukugarariza umwami
  • Ibintu bihinduka
  • Ukwifata ruto n’ukubona ibintu nk’uko biri koko
  • Turakeneye kugira uburimbane
  • Bakirisu mwitereye mu myaka​—Yehova arashima ukudahemuka kwanyu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Baruzilayi ni intangakarorero mu kwifata ruto
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Barama mu buryo bw’impwemu mu busaza bwabo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Turashobora kuguma twifata ruto mu bihe bitoroshe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/7 rup. 13-15

Baruzilayi yari umuntu azi aho ubushobozi bwiwe bugarukira

‘NI IGIKI cotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora?’ Baruzilayi, uwari amaze imyaka 80 ni we yabwiye Umwami Dawidi wa Isirayeli ayo majambo. Bibiliya ivuga yuko yari “umuntu w’umutunzi cane” (2 Samweli 19:32, 35). Baruzilayi yaba mu gihugu c’i Gileyadi, akarere k’imisozi ko mu Buseruko bw’Uruzi Yorodani.​—2 Samweli 17:27; 19:31.

Ibintu vyari vyifashe gute igihe Baruzilayi yabwira Dawidi ayo majambo? Kandi ni kubera iki uwo mutama yavuze muri ubwo buryo?

Haba ukugarariza umwami

Dawidi yari ageramiwe. Umuhungu wiwe Abusalomu yari yarigaruriye ingoma inyuma y’aho ‘atwariye imitima y’Abisirayeli’. Vyarumvikana ko Abusalomu ata n’uwakirazira yari yosigaje mu bogumye ari intahemuka kuri se. Ni co gituma Dawidi be n’abasuku biwe bahunze bakava i Yeruzalemu (2 Samweli 15:6, 13, 14). Igihe Dawidi yashika i Mahanayimu, akarere ko mu Buseruko bwa Yorodani, Baruzilayi yaramufashije.

Baruzilayi n’abandi bagabo babiri baragaragarije umutima mwiza Dawidi baramuronsa ivyo yari akeneye. Abo bagabo batatu b’intahemuka barerekanye ko batahura ibihe bigoye cane Dawidi be n’abantu biwe barimwo igihe bavuga ibiberekeye bati: “Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa”. Baruzilayi, Shobi na Makiri barakoze ivyo bashoboye vyose kugira ngo baronse Dawidi n’abantu biwe ivyo bari bakeneye, barabaha uburiri, ingano, sayiri, ifu, impeke zikaranze, ibiharage bikaranze, inkore, ubuki, urubu, intama, n’ibindi n’ibindi.​—2 Samweli 17:27-29.

Gufasha Dawidi kwari ugushira ubuzima mu kaga. Vyaboneka ko Abusalomu atobuze guhasha uwo ari we wese yoshigikiye uwo mwami yari yemewe n’amategeko. Ku bw’ivyo rero, mu kuguma ari intahemuka kuri Dawidi, Baruzilayi yariko agaragaza ko ari n’umutima rugabo.

Ibintu bihinduka

Budakeye na kabiri ingabo za Abusalomu, izamushigikiye mu bugarariji, zaratanye mu mitwe n’ingabo za Dawidi. Iyo ntambara yabereye mu kibira co muri Efurayimu, mu micungararo y’i Mahanayimu. Ingabo za Abusalomu zaraneshejwe, “uwo musi haba agatikizo gakomeye”. Naho Abusalomu yagerageje kuyanyaga, yahavuye yicwa.​—2 Samweli 18:7-15.

Dawidi yarasubiye kuba umwami wa Isirayeli atawumurwanya. Abari bamushigikiye ntibasubiye kurara rubunda. Vyongeye, ukuba bagumye ari intahemuka kuri Dawidi vyatumye abaha icubahiro yongera arabakengurukira.

Igihe Dawidi yari yimirije gusubira i Yeruzalemu, “Baruzilayi Umunyagileyadi ava i Rogelimu aramanuka, ngw aje kujabukana n’umwami [Uruzi] Yorodani, ngw amugeze hakurya”. Ico gihe, Dawidi yarasavye uwo mutama Baruzilayi ati: “Ngwino tujabukane, nanje nzokumarira vyose dushitse i wanje i Yerusalemu”.​—2 Samweli 19:15, 31, 33.

Nta gukeka ko Dawidi yari yarakengurutse cane kuba Baruzilayi yaramufashije. Bisa n’uko uwo mwami atashaka gusa kumusubiriza mu ndumane mu kumuronsa ibintu vy’umubiri. Uwo mutunzi Baruzilayi ntiyari akeneye imfashanyo mwene iyo. Dawidi ashobora kuba yashaka kubana n’uwo mutama ku kirimba kubera kamere z’igikundiro yari afise. Kuronka ikibanza ntayegayezwa aho i bwami kobaye ari agateka kotumye Baruzilayi yungukira ku bugenzi yari afitaniye n’umwami.

Ukwifata ruto n’ukubona ibintu nk’uko biri koko

Baruzilayi yishuye Umwami Dawidi ati: “Mbeg’ugira ngo nshigaje imyaka ingana iki, yotuma ndūgana nawe i Yerusalemu ga mugenzi? Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore?” (2 Samweli 19:34, 35). Gutyo, Baruzilayi abigiranye urupfasoni, yari yanse ivyo umwami yari amusavye be n’agateka ntangere yari atewe. Ariko none yankiye iki?

Imvo imwe yatumye Baruzilayi afata iyo ngingo ishobora kuba ari iy’uko yari yitereye mu myaka be n’uko ivyo vyatuma ubushobozi bwiwe bugira aho bugarukira. Baruzilayi ashobora kuba yabona ko atobandanije kubaho igihe kirekire (Zaburi 90:10). Yari yarakoze ivyo ashoboye vyose kugira ngo ashigikire Dawidi, mugabo yari azi neza kandi ko hari ivyo atagishoboye kubera ko yari yitereye mu myaka. Baruzilayi ntiyaretse ngo iciyumviro co kwidibamira no kuba rurangiranwa kimubuze gusuzuma atibesha ubushobozi yari afise. Baruzilayi ntiyari ameze nka Abusalomu uwahahamira ubukuru, wewe yaragaragaje ukwifata ruto abigiranye ubukerebutsi.​—Imigani 11:2.

Iyindi mvo yatumye Baruzilayi afata iyo ngingo ishobora kuba ari iy’uko yipfuza ko ukwo kuba ubushobozi bwiwe bwari n’aho bugarukira, bitabuza na gato yuko igikorwa c’umwami yari yagenywe n’Imana kiroranirwa. Baruzilayi yabajije ati: “Icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ingoma?” (2 Samweli 19:35). Naho Baruzilayi yagumye ashigikira Dawidi, bigaragara ko yabona yuko umuntu akiri muto yoshoboye gushitsa neza kuruta ivyo yoshinzwe gukora. Birashoboka rwose ko Baruzilayi yariko yerekeza ku muhungu wiwe, igihe yavuga ati: “Nguyo Kimuhamu umusavyi wawe; abe ari we ajabukana nawe, mwami wanje nyen’ingoma; uz’umukoreshe ico ugomba”. Dawidi, aho kubabara, yaremeye ico ciyumviro. Kanatsinda, imbere y’uko Dawidi ajabuka Yorodani, ‘yaragumbiriye Baruzilayi yongera aramuhezagira’.​—2 Samweli 19:37-39.

Turakeneye kugira uburimbane

Iyo nkuru yerekeye Baruzilayi irashimika ku vy’uko dukeneye kugira uburimbane. Ku ruhande rumwe, ntidukwiye kwanka agateka k’umurimo twoba dutewe canke kwirinda kurondera kugashikira ngo n’uko dushaka kwiberaho atakitugora canke ngo n’uko twumva tudashoboye kurangura ibanga rinaka. Twihetse ku Mana tukayisaba inkomezi n’ubukerebutsi, irashobora kudukomeza mu ntege nke zacu.​—Ab’i Filipi 4:13; Yakobo 4:17; 1 Petero 4:11.

Ku rundi ruhande, turakeneye kwemera aho ubushobozi bwacu bugarukira. Dufate ko hari umukirisu asanzwe afise ibikorwa vyinshi cane vyo mu vy’impwemu arangura. Arabonye yuko mu gihe yokwemera guterwa uduteka twiyongereye yohava ahakwa gufata minenegwe amabanga asabwa n’Ivyanditswe, nko kuronsa urugo rwiwe ivyo rukeneye. Igihe ibintu vyifashe gutyo, uwo mukirisu ntiyoba none agaragaje ukwifata ruto n’ukugira ibitegereka yanse muri ico gihe guterwa utwo duteka twiyongereye?​—Ab’i Filipi 4:5; 1 Timoteyo 5:8.

Baruzilayi aratanga akarorero keza, kandi vyoba vyiza tukazirikanyeko. Yari intahemuka, yari n’umutima rugabo, yaratanga atitangiriye itama kandi akifata ruto. Ikiruta vyose, Baruzilayi yari yiyemeje gushira imbere ivy’Imana aho gushira imbere ivyiwe.​—Matayo 6:33.

[Ikarata ku rup. 15]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Baruzilayi, uwari amaze imyaka 80 yaragize urugendo ruruhisha kugira ngo ashigikire Dawidi

GILEYADI

Rogelimu

Sukoti

Mahanayimu

Uruzi Yorodani

Gilugali

Yeriko

Yeruzalemu

EFURAYIMU

[Ifoto ku rup. 13]

Ni kubera iki Baruzilayi yanse ivyo Dawidi yamusavye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika