ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Nyakanga rup. 15
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu kuronka ubukerebutsi buva ku Mana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu kuronka ubukerebutsi buva ku Mana
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira ufashe abana bawe kuroranirwa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • «Abafise agatima kabereye» bazokwemera inkuru nziza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ingene bonezereza Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Nyakanga rup. 15
Mushiki wacu ariko arafasha abana biwe gukurikira mw’ikoraniro no kwishura.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bavyeyi, nimufashe abana banyu kuronka ubukerebutsi buva ku Mana

Bumwe mu buryo bwiza kuruta abavyeyi bofashamwo abana babo kuronka ubukerebutsi buva ku Mana, ni mu kubafasha kwungukira ku makoraniro. Ivyo abakiri bato babona ku makoraniro, ivyo bahumvira, canke inyishu batanga birashobora kubafasha kwiga ivyerekeye Yehova kandi bakaba abagenzi biwe somambike. (Gus 31:​12, 13) Nimba uri umuvyeyi, wofasha gute umwana wawe kwungukira cane ku makoraniro?

  • Nugire akigoro ko kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami.—Zb 22:22

  • Nurondere umwanya wo kuremeshanya n’abandi ku Ngoro y’Ubwami imbere y’ikoraniro canke inyuma yaryo.—Heb 10:25

  • Nurabe ko umwe wese mu bagize umuryango afise ibitabu mukoresha kw’ikoraniro, haba mu buhinga bwa none canke mu mpapuro

  • Nufashe umwana wawe gutegura inyishu mu majambo yiwe bwite.—Mt 21:​15, 16

  • Nuvuge neza ibijanye n’amakoraniro hamwe n’inyigisho uharonkera

  • Nufashe abana bawe kuja mu bikorwa vy’ishengero, nko gukubura Ingoro y’Ubwami no kuyagisha abitereye mu myaka bo mw’ishengero

Gufasha abana bawe kwiyegereza Yehova bisaba akigoro, kandi vyoshobora gushika ukumva usa n’uwurengewe. Ariko rero, urashobora kwizigira ko Yehova azogufasha.—Yes 40:29.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BAVYEYI, NIMWIHEKE KURI YEHOVA NO KU NKOMEZI ZIWE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Uburuhe bwagize ingaruka izihe kuri Zack na Leah?

  • Kubera iki abavyeyi bakwiye gusaba Yehova ngo abakomeze?

  • Ni mu buryo ubuhe Zack na Leah bihetse kuri Yehova kugira baroranirwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika