ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/4 rup. 12-17
  • Hariho urwaruka runezereza umutima wa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hariho urwaruka runezereza umutima wa Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugukingirwa “wa Mubi”
  • ‘Nezereza umutima wanje’
  • Yehova arakubabaye
  • Uraronka imihezagiro myinshi ubu
  • Gusukurira ya “Mana ihimbawe”
  • Ikibazo Gihambaye Kikwerekeye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Tubeho mu buryo buhimbara Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ingene twohimbara Imana
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ingene woba umugenzi w’Imana
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/4 rup. 12-17

Hariho urwaruka runezereza umutima wa Yehova

Ibi biganiro vy’ukwiga vyateguriwe canecane urwaruka rwo mu Vyabona vya Yehova. Ku bw’ivyo, turaremesheje abakiri bato kwiga bitonze aya mayagwa no gutanga insasanuro uko bashaka kwose, igihe yigwa mu nyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’ishengero.

“Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.”​—Imigani 27:11.

1, 2. (a) Nusigure niba ugukwegerwa n’ibintu vy’isi gusa bisobanura yuko utabereye kuba umukirisu (Abaroma 7:21). (b) Ni igiki wigira ku karorero ka Asafu? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro 13.)

NIWIHE ishusho ugira ugure impuzu. Uriko uracagura, ugiye ubona impuzu ikuryoheye. Ibara ry’iyo mpuzu be n’ukuntu ishonye, bisa neza na neza n’ivyo usanzwe ukunda, eka n’ikiguzi cayo cerekana ko izimbutse. Mugabo rero, uciye wongera kuyihweza witonze. Ugize ngo uraraba, uciye utangazwa no kubona ukuntu yatabaguritse ku misozo, kandi usanze bapfuye uko bayibaririye. Naho iyo mpuzu isa neza, yakozwe nabinabi. Mbega, wota amahera yawe ku mpuzu nk’iyo ata co imaze?

2 Ivyo nubigereranye n’ivyogushikira wewe mukirisu ukiri muto. Ibintu vyo muri iyi si ukibikubita ijisho, cokimwe na ya mpuzu, woshobora gusanga bisa n’ivyokuryohera cane. Nk’akarorero, abo mwigana kw’ishure bashobora kuja mu biteramo bibaryohera, gufata ibiyayura umutwe, kunywa, kugenderanira n’abo badasangiye igitsina bitagira aho biri bubashikane, be no kuja mu vyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka. Woba rimwe na rimwe wumva ugomwe mwene ubwo buzima? Woba ucambirwa guhonja hoho kuri uwo mwidegemvyo bitwa ko bafise? Niba ari ukwo, ntuce wihutira kwiyumvira yuko uri mubi kandi ko utabereye kuba umukirisu. Ico womenya coco, ni uko Bibiliya yemeza yuko isi ishobora gukwegakwega umuntu cane, naho yoba ari uwushaka guhimbara Imana.​—2 Timoteyo 4:10.

3. (a) Ni kubera iki ari ivy’ubusa gukurikirana ibintu vy’isi? (b) Umukirisukazi umwe yerekana gute yuko gukurikirana ibintu vy’isi ari ubusa?

3 Ubu na ho, turakwinginze wihweze witonze ibintu vy’isi, nka kurya nyene wokwihweza impuzu wipfuza kugura. Niwibaze uti: ‘Uru runkwekwe rw’ibintu rwoba rumeze gute?’ Bibiliya ivuga yuko “isi irikw irashira” (1 Yohana 2:17). Umunezero uwo ari wo wose umuntu yoyironkamwo, woba ari uw’igihe gito cane. Ikigeretseko, inyifato y’ukutibanga Imana ifise ingaruka zibabaje. Nta na kimwe yungura. Umukirisukazi umwe yategerejwe kwihanganira ico yita “imibabaro iva ku gupfisha ubuto ubusa”, avuga ati: “Isi irashobora gusa nk’aho iteye igomwe ukamenga ntawoyigisha. Kandi ishaka yuko wemera ko ushobora kwihereza ibinezereza vyayo ntihagire ico uba. Mugabo rero, ivyo ntibishoboka naho woraramwo. Isi izogukoresha, niyamara kuguhimba, ice igushibura.”a Kubera iki none wokwononera ubuto bwawe ku bintu nk’ivyo ata co bimaze?

Ugukingirwa “wa Mubi”

4, 5. (a) Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, ni igiki yasavye Yehova mw’isengesho? (b) Ni kubera iki ico yasavye cari kibereye?

4 Kubera ko abakiri bato bo mu Vyabona vya Yehova batahura yuko uru runkwekwe rw’ibintu ata kintu c’agaciro rufise rutanga, barihatira kwirinda kugiranira ubugenzi n’iyi si (Yakobo 4:4). Woba uri umwe muri abo bakiri bato b’abizerwa? Niba uri muri abo, ukwiye gukezwa. Ego ni ko, ntivyoroshe kunanira akosho k’urunganwe no kuguma werekana ko utameze nk’abandi, mugabo icogufasha kiriho.

5 Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yarasavye Yehova ko ‘yorinda’ abigishwa biwe ‘kubera wa Mubi’ (Yohana 17:15). Yezu yasavye ico kintu afise impamvu nziza. Yari azi yuko kuba intadohoka bitokworoheye abayoboke biwe, naho bobaye bafise imyaka ingahe. Uti kuki? Kimwe coco, nk’uko Yezu yavyemeje, bohanganye n’umwansi akomeye ataboneka, “wa Mubi” ari we Shetani wa Mucokoranyi. Bibiliya ivuga yuko ico kiremwa c’impwemu c’ikibisha ‘kigendagenda nk’intambwe yivuga irondera uwo irotsa’.​—1 Petero 5:8.

6. Tuzi gute ko Shetani ata mbabazi agirira urwaruka?

6 Kuva kera hose, Shetani yamye aryoherwa no guteza abantu amabi y’akaburarugero. Rimbura ivyago biteye ikinya Shetani yateje Yobu n’umuryango wiwe (Yobu 1:13-19; 2:7). Kumbure woba wibuka amakuru y’ivyabaye mu gihe c’ubuzima bwawe bigaragaza agatima k’ubukazi ka Shetani. Shetani agenda yomboka arondera uwo acakira, kandi igihe arondera uwo arotsa, nta kagongwe agirira urwaruka. Nk’akarorero, amaja mu ntango z’ikinjana ca mbere G.C., Herode yaragize umugambi wo kwicisha utwana twose tw’uduhungu tw’i Betelehemu twari tumaze imyaka ibiri canke tutarayishikana (Matayo 2:16). Bisa n’uko Shetani ari we yatumye Herode agira ivyo, aho hose akaba yarondera kwica umwana yohavuye aba Mesiya yasezeranywe n’Imana akongera agashitsa urubanza Imana yaciriye Shetani (Itanguriro 3:15). Uca ubona ko Shetani ata kibabarwe afitiye urwaruka. Ico arondera gusa ni ukurotsa abantu benshi bashoboka. Ivyo ni ko na canecane bigenda muri iki gihe, kubera ko Shetani yirukanywe mw’ijuru araririzwa kw’isi, “ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito”.​—Ivyahishuriwe 12:9, 12.

7. (a) Ni mu buhe buryo Yehova ahushanye rwose na Shetani? (b) Yehova abona gute ukuryoherwa kwawe mu buzima?

7 Mu buryo buhushanye rwose na Shetani, ‘uwuri n’inzigo nyinshi’, Yehova we afise ‘imbabazi zuzuye ikibabarwe’ (Luka 1:78). Ni we karorero ntangere k’urukundo. Kanatsinda, iyo kamere y’agahambaye iraranga cane Umuremyi wacu gushika n’aho Bibiliya ivuga iti: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yohana 4:8). Umve nawe ntuze ingene imana y’uru runkwekwe rw’ibintu itandukanye n’Imana ufise agateka ko gusenga! Mu gihe Shetani arondera kurotsa, Yehova we ‘ntagomba ko hagira abahona’ (2 Petero 3:9). Abona ko ubuzima bw’umuntu wese buri n’agaciro, n’ubwawe burimwo. Igihe Yehova mw’Ijambo ryiwe aguhimiriza kutaba uw’isi, ntaba ariko agerageza kukubuza kuryoherwa mu buzima canke kukubuza umwidegemvyo (Yohana 15:19). Ahubwo, aba ariko arakurinda kubera wa mubi. So wo mw’ijuru ashaka ko ugira ikintu ciza kiruta kure n’iyo ibihimbaro vy’iyi si vy’akanya gato. Ico yipfuza, ni uko woshikira ‘ubuzima nyakuri’, ni ukuvuga ubuzima budahera kw’isi izoba yabaye iparadizo (1 Timoteyo 6:17-19). Yehova ashaka ko uroranirwa, kandi aba ariko aguhimiriza kugenda ugana kuri iyo ntumbero (1 Timoteyo 2:4). Vyongeye, Yehova araguha ubutumire budasanzwe. Uti ni ubuhe?

‘Nezereza umutima wanje’

8, 9. (a) Ni igiki ushobora kugabira Yehova? (b) Shetani atuka Yehova gute nk’uko vyerekanwa n’akarorero ka Yobu?

8 Woba urigera ugurira akantu umugenzi agushika ku mutima hanyuma ukitegereza mu maso hiwe ingene atangaye n’akamwemwe be n’ingene akenguruka kubera ako kantu umuhaye? Ushobora kuba wamaze igihe kirekire wiyumvira cane ubwoko bw’ikintu coba kibereye ko ugabira uwo muntu. Ubu na ho, rimbura iki kibazo: ni ikintu kimeze gute ushobora kugabira Umuremyi wawe Yehova Imana? Ucumva ico ciyumviro, womenga ivyo ntibibaho. Mbega Mushoboravyose akeneye guhabwa iki n’umuntu buntu? Ni igiki woshobora kumuha adasanzwe afise? Bibiliya yishura mu Migani 27:11 iti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.”

9 Nk’uko ushobora kuba umaze kubimenya biciye ku kwiga Bibiliya kwawe, Shetani wa Mucokoranyi ni we atuka Yehova. Yirarira avuga ko umuntu wese asukurira Imana, atabigira abitumwe n’urukundo ayikunda, ariko yuko ngo ayisukurira abitumwe n’imvo z’ubwikunzi. Shetani avuga ngo reka bashikirwe n’amarushwa, ntibazoteba guheba ugusenga kw’ukuri. Fata nk’akarorero ivyo Shetani yabwiye Yehova ku vyerekeye wa mugabo Yobu w’umugororotsi. Yavuze ati: “Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu. Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.”​—Yobu 1:10, 11.

10. (a) Tuzi gute ko Shetani ataharirije gusa ukutadohoka kwa Yobu wenyene? (b) Ni mu buhe buryo ca kibazo c’ubusegaba kikwerekeye?

10 Nk’uko vyerekanwa mu nkuru ya Bibiliya, Shetani ntiyaharirije ukudahemuka kwa Yobu gusa, ariko kandi yaharirije n’ukw’abandi bose basukurira Imana, ushizemwo n’ukwawe. Kukaba nkako, yabwiye Yehova ariko avuga umuryango w’abantu muri rusangi ati: “Ivy’umuntu [si Yobu gusa, ariko umuntu uwo ari we wese] atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4). Woba ubona uruhara ufise muri ico kibazo gihambaye? Nk’uko vyerekanwa mu Migani 27:11, Yehova ariko avuga yuko hari ikintu ushobora kumuha, kikaba ari ikintu cotuma aronka ico yishura uwumutuka, ari we Shetani. Ibaze nawe, Segaba w’ijuru n’isi ariko agusaba kugira uruhara mu kwishura ico kibazo gihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho. Ese ukuntu ari ibanga be n’agateka ntangere ufise! Woba ushobora gushitsa ico Yehova ariko agusaba? Yobu yaragishikije (Yobu 2:9, 10). Na Yezu hamwe n’abandi bantu badaharurwa muri kahise kose, ushizemwo n’abakiri bato benshi, baragishikije (Ab’i Filipi 2:8; Ivyahishuriwe 6:9). Nawe urashobora kugishitsa. Mugabo aho ntiwihende, nta vyo kuba ntahompagaze kuri ico kibazo. Mu vyo ukora, uzokwerekana yuko ushigikiye ibitutsi vya Shetani canke inyishu ya Yehova. None uzoshigikiramwo ikihe?

Yehova arakubabaye

11, 12. Hari ico vyoba bitwaye kuri Yehova uhisemwo kumukorera canke kutamukorera? Sigura.

11 Ico uhitamwo cose, hoba hari ico gitwaye koko kuri Yehova? Ntihariho none abantu bahagije bamaze kuguma ari abizerwa kuri we botuma aha Shetani inyishu ibereye? Ego ni ko, Shetani yivugishije yuko ata muntu n’umwe asukurira Yehova abitumwe n’urukundo, kikaba ari ikirego kimaze kugaragara ko ari ikinyoma. Mugabo, Yehova ashaka ko uja ku ruhande rwiwe ku vyerekeye ico kibazo c’ubusegaba kubera ko akubabaye wewe. Yezu yavuze ati: “[Ntibi]kundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’abo bato apfa rubi.”​—Matayo 18:14.

12 Urabona rero yuko Yehova ashima kumenya ingendo uhitamwo. N’ikiruta ivyo, iragira ico imukozeko. Bibiliya iratomora yuko Yehova afise inyiyumvo zigera kure, zikaba zikaburwa n’ibikorwa vyiza canke bibi abantu bakora. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bagarariza bisubiriza, Yehova ‘vyaramutuntuje’ (Zaburi 78:40, 41). Imbere y’uko umwuzure wo mu misi ya Nowa ushika, igihe ‘ibibi vy’abantu vyari vyinshi’, Yehova ‘yaratuntuye mu mutima’ (Itanguriro 6:5, 6). Iyumvire ico ivyo bisobanura. Hamwe wofata ingendo itari yo, woshobora gutuma Umuremyi wawe yumva atuntuye. Ivyo ntibisobanura yuko Imana igoyagoya canke ko itwarwa n’akanyengetera. Ahubwo, iragukunda kandi irababaye ukumererwa neza kwawe. Ariko rero, igihe ukoze ibigororotse, umutima wa Yehova uranezerwa. Ikimuhimbara, si uko gusa aba aronse iyindi nyishu aha Shetani, ariko kandi ni kubera yuko ico gihe aba ashoboye kuba uwuguha impera. Kandi, ico ni co yipfuza kuba (Abaheburayo 11:6). Urumva ga ntuze ingene Yehova Imana ari Umuvyeyi ufise w’umunyarukundo!

Uraronka imihezagiro myinshi ubu

13. Gusukurira Yehova bizana imihezagiro gute no muri iki gihe?

13 Imihezagiro iva ku gusukurira Yehova, si iyo muri kazoza gusa. Abakiri bato benshi bo mu Vyabona vya Yehova barahezagirwa mu kugira umunezero no mu gushira akanyota mbere no muri iki gihe nyene, kandi ivyo biri n’impamvu nziza. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima.” (Zaburi 19:8). Yehova arazi icotubera ciza kurusha uwundi muntu uwo ari we wese. Abicishije ku mumenyeshakazoza Yesaya, Yehova yavuze ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo. Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga.”​—Yesaya 48:17, 18.

14. Ingingo ngenderwako za Bibiliya zishobora gute kugufasha kwirinda umubabaro uterwa n’ukurya ideni?

14 Guhuza n’ingingo ngenderwako za Bibiliya bizogufasha kwirinda umubabaro mwinshi be n’intuntu nyinshi yo mu mutima. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga yuko abatsimbataje agatima ko gukunda amahera “bītobekeranisha imibabaro myinshi” (1 Timoteyo 6:9, 10). Hoba hariho uwo mu runganwe rwawe yashikiwe n’ibivuzwe muri ico canditswe? Imisore n’inkumi bamwebamwe bari mu madeni maninimanini kubera gusa yuko barondera kugira impuzu be n’ivyuma vy’umuderi ugezweko. Kwirirwa uracumukura uriha amadeni y’igihe kirekire kandi asaba inyungu nini ku bintu udashobora kwironsa koko, ni ubwoko bw’ubuja buteye umubabaro!​—Imigani 22:7.

15. Ni mu buryo butandukanye ubuhe ingingo ngenderwako za Bibiliya zigukingira umubabaro uva ku bushegabo?

15 Rimbura kandi ivyerekeye ubushegabo. Kw’isi yose, uko umwaka utashe, imiyabaga itubatse idaharurwa iratwara inda. Bamwebamwe usanga bavyara abana batabashaka kandi badashoboye no kubarera. Abandi baja mu vyo gukorora inda hanyuma bakadogombwa n’ijwi ryo mu mutima. Hari imisore n’inkumi bandura indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, nka SIDA. Birumvikana ko ku wuzi Yehova, inkurikizi ihambaye kuruta izindi zose yoba ari ukwonona ubucuti afitaniye na Yehovab (Ab’i Galatiya 5:19-21). Bibiliya ivuga bikwiriye iti: “Muhunge ubushakanyi.”​—1 Ab’i Korinto 6:18.

Gusukurira ya “Mana ihimbawe”

16. (a) Tuzi gute ko Yehova ashaka ko unezerererwa ubuto bwawe? (b) Ni kubera iki Yehova agushingira inyobozo wokurikiza?

16 Bibiliya ivuga ko Yehova ari “Imana ihimbawe” (1 Timoteyo 1:11, UB). Ashaka ko nawe nyene uhimbarwa. Nkako, Ijambo ryiwe ubwaryo rivuga riti: “Nezererwa ubusore bgawe, kand’umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe.” (Umusiguzi 11:9). Ariko Yehova ntabona gusa kino gihe, arashobora kubona ingaruka z’igihe kirekire zivuye ku nyifato nziza canke mbi. Ni co gituma agukebura ati: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’uzovuga uti Nta kikinnezereza.”​—Umusiguzi 12:1.

17, 18. Umukirisukazi umwe akiri muto yaseruye gute agahimbare afise mu gusukurira Yehova, kandi ushobora gute kugira umunezero nk’uwo?

17 Muri iki gihe, abakiri bato benshi bararonkeye agahimbare kenshi mu gusukurira Yehova. Nk’akarorero, Lina, umwigeme w’imyaka 15, avuga ati: “Ndashobora kurarika agatwe. Mfise amagara meza kubera nirinda kunywa itabi no gufata ibiyayura umutwe. Ndafise ubuyobozi bw’agaciro mpabwa biciye kw’ishengero bumfasha kurwanya imikazo mibi ya Shetani. Mu maso hanje hakayangana akamwemwe kubera ukwifatanya n’abandi kwubaka, kuboneka ku Ngoro y’Ubwami. N’iciza kirushirije, ni uko mfise icizigiro ntangere c’ubuzima buhoraho kw’isi.”

18 Nk’ukwo kwa Lina, abakiri bato benshi b’abakirisu bariko bararwana urugamba rukomeye rw’ukwizera, kandi ivyo birabazanira umunezero. Baratahura yuko ubuzima bwabo bufise intumbero nyayo be na kazoza nyako, n’aho rimwe na rimwe butaborohera. Bandanya rero gusukurira Imana, yo irajwe ishinga n’ineza yawe. Nezereza umutima wayo, na yo izotuma unezerwa ubu no mu bihe bidahera!​—Zaburi 5:11.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “La vérité m’a rendue à la vie”, kiboneka mu nomero ya Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1996.

b Birahumuriza kumenya yuko igihe umuntu yigaye, akareka gukora nabi, maze akatura ivyaha vyiwe, Yehova ‘azomuharira rwose’.​—Yesaya 55:7.

Woba uvyibuka?

• Ni ingeramizi iyihe muhanganye ituruka kuri “wa Mubi” Shetani?

• Ushobora gute kunezereza umutima wa Yehova?

• Bibiliya yerekana gute ko Yehova akubabaye?

• Ni imihezagiro imwimwe iyihe iva ku gusukurira Yehova?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 13]

Umugororotsi umwe yari asigaje gato ngo agwe

Asafu yari umucuraranzi karuhariwe w’Umulewi ku rusengero rwa Yehova muri Isirayeli ya kera. Yaranatunganije indirimbo zakoreshwa mu bihe vy’ugusengera ku mugaragaro. Mugabo naho yari afise uduteka ntangere, yaramaze igihe anohokera inyifato y’ukutubaha Imana y’abo mu runganwe rwiwe, basa n’abarenga ku mategeko y’Imana ntibahanwe. Mu nyuma Asafu yiyemereye ati: “Ibirenge vyanje kāri gato bigatirimuka, intambuko zanje zari zisigaje gatoya zikanyerera. Kuko nagirira ishari abībone, aho nabona abanyakibi baguwe neza.”​—Zaburi 73:2, 3.

Mu nyuma yaragiye ku rusengero rw’Imana hanyuma arasenga ku bw’iyo ngorane. Aho aronkeye ukubona ibintu vy’impwemu gushasha, yaratahuye yuko Yehova yanka ikibi be n’uko, amaherezo umunyakibi n’umugororotsi bazokwimbura ivyo babivye (Zaburi 73:17-20; Ab’i Galatiya 6:7, 8). Mu vy’ukuri, abanyakibi bari ahanyerera. Impera n’imperuka, bazotemba Yehova niyasangangura iyi si itamwibanga.​—Ivyahishuriwe 21:8.

[Amafoto ku rup. 15]

Yehova arajwe ishinga n’ineza yawe, mu gihe intumbero ya Shetani yo ari ukukurotsa

[Ifoto ku rup. 16]

Abakiri bato benshi bariko barironkera agahimbare ntangere mu gusukurira Yehova bari kumwe n’abakirisu bagenzi babo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika