ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu yoza ibirenge intumwa ziwe kugira abigishe kwicisha bugufi

      IKIGABANE CA 116

      Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma

      MATAYO 26:20 MARIKO 14:17 LUKA 22:14-18 YOHANI 13:1-17

      • YEZU ASANGIRA PASIKA YA NYUMA N’INTUMWA ZIWE

      • ATANGA ICIGWA MU KWOZA IBIRENGE INTUMWA

      Petero na Yohani baramaze gushika i Yeruzalemu gutegura Pasika nk’uko Yezu yabibasavye. Mu nyuma Yezu n’izindi ntumwa cumi barabakurikira. Ni ku muhingamo, kandi izuba ririko rirarenga igihe Yezu n’intumwa ziwe bamanuka Umusozi w’imyelayo. Ni ryo rya nyuma Yezu yitegereza Yeruzalemu ari aho hantu imbere y’uko azuka.

      Bidatevye, Yezu n’intumwa ziwe barashika mu gisagara maze bakaja kuri ya nzu bahava bahimbarizamwo Pasika. Baraduga ingazi baja mu cumba cagutse co hejuru. Basanga ibintu vyose vyateguwe ku buryo bashobora guhimbaza Pasika ari bonyene. Yezu si we abonye ico kiringo kirashitse. Avuga ati: “Naripfuje cane kurya iyi pasika ndi kumwe namwe imbere y’uko mbabazwa.”​—Luka 22:15.

      Umugenzo wo guhanahana ibikombe vy’umuvinyu mu gihe co guhimbaza Pasika uramaze imyaka myinshi utanguye. Ubu rero Yezu yakira kimwe muri ivyo bikombe, agashimira Imana hama akavuga ati: “Akire iki mugihanahane hagati yanyu; kuko ndabibabwiye: Kuva ubu sinzokwongera kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu kugeza ubwami bw’Imana bushitse.” (Luka 22:17, 18) Biraboneka ko urupfu rwiwe rwegereje.

      Mu gihe bariko barihereza imfungurwa za Pasika, hari ikintu kidasanzwe kiba. Yezu arahaguruka, agashira ku ruhande umutamana wiwe, agatora igitambara. Araheza agashira amazi mw’ibesani iri iruhande yiwe. Mu bisanzwe, nyene kwakira abashitsi ni we yitwararika ko abashitsi biwe bozwa ibirenge, kumbure bikagirwa n’umushumba. (Luka 7:44) Ubu hoho abari ng’aho bose ni abashitsi. Ku bw’ivyo, Yezu ni we aca yibwiriza gukora ico gikorwa. Uwo ari we wese mu ntumwa yari kwibwiriza kubikora, ariko nta n’umwe abigira. Vyoba vyatumwe n’agatima ko guhiganirwa ubukuru kakiri muri bo? Uko biri kwose, bararya ivyatsi kubona Yezu ari we aboza ibirenge.

      Yezu ashikiriye Petero, uno aranka akagira ati: “Oya ntuzogenda unyogeje ibirenge.” Yezu asubizayo ati: “Ntakwogeje, nta co uzoba usangiye nanje.” Petero arakorwa ku mutima maze akishura ati: “Mukama, ntibibe ibirenge vyanje gusa ahubwo n’amaboko be n’umutwe.” Ese ukuntu atangara igihe Yezu amwishuye ati: “Uwiyuhagiye nta kindi aba akeneye kwozwa atari ibirenge, mugabo aba atyoroye wese. Kandi mwebwe muratyoroye, ariko si mwese.”​—Yohani 13:8-10.

      Yezu araboza ibirenge bose uko ari 12, ushizemwo na Yuda Isikariyoti. Arasubira akambara wa mutamana, agasubira ku meza maze akababaza ati: “Murazi ico ndabagiriye? Mwebwe munyita ‘Mwigisha’ na ‘Mukama,’ kandi muvuga vyo, kuko ari ko ndi. Nimba rero jewe, naho ndi Umukama n’Umwigisha, ndabogeje ibirenge, na mwebwe mubwirizwa kwozanya ibirenge. Kuko ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira. Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Umushumba ntaruta shebuja, eka n’uwatumwe ntaruta uwamurungitse. Nimba muzi ivyo bintu, muzoba muhiriwe mubikoze.”​—Yohani 13:12-17.

      Mbega icigwa ciza igitangaza cerekeye ukwicisha bugufi! Abayoboke ba Yezu ntibakwiye kurondera ibibanza vy’imbere, bibaza ko bahambaye ku buryo abandi babakorera. Ahubwo bakwiye kwigana akarorero ka Yezu, atari mu kwoza abandi ibirenge, ahubwo mu kwemera gukorera abandi bicishije bugufi kandi batagira nkunzi.

      • Mu gihe bihereza imfungurwa za Pasika, ni igiki Yezu abwira intumwa ziwe cerekana ko urupfu rwiwe rwegereje?

      • Ni kubera iki ari ikintu kidasanzwe kubona Yezu yoza ibirenge intumwa ziwe?

      • Ni icigwa ikihe Yezu atanga mu gukora igikorwa giciye bugufi co kwoza ibirenge intumwa ziwe?

  • Icibutso c’urupfu rwa Yezu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu atanguza Icibutso c’urupfu rwiwe ari kumwe n’intumwa ziwe cumi n’imwe z’intahemuka

      IKIGABANE CA 117

      Icibutso c’urupfu rwa Yezu

      MATAYO 26:21-29 MARIKO 14:18-25 LUKA 22:19-23 YOHANI 13:18-30

      • YUDA AMENYEKANA KO ARI UMUGURANYI

      • YEZU ATANGUZA ICIBUTSO C’URUPFU RWIWE

      Yezu yahaye intumwa ziwe icigwa co kwicisha bugufi mu kuboza ibirenge. Ubu na ho, kumbure barangije kwihereza imfungurwa za Pasika, arasubiramwo amajambo yavuzwe na Dawidi agira ati: “Umuntu yabana amahoro nanje, uwo nari nizigiye, uwarya ku mukate wanje, andugirije igitsintsiri.” Aca asigura ati: “Umwe muri mwebwe arangura.”​—Zaburi 41:9; Yohani 13:18, 21.

      Intumwa zirarabana, umwe wese akabaza ati: “Mukama, ni jewe?” Mbere na Yuda Isikariyoti abigenza gutyo. Kubera yuko Yohani yicaye iruhande ya Yezu, Petero aramusaba ngo amubaze uwo ari we. Yohani aca yegera Yezu akamubaza ati: “Mukama, ni nde?”​—Matayo 26:22; Yohani 13:25.

      Yezu yishura ati: “Ni uwo nza guha ikimanyu ndumvye.” Nuko adumba ikimanyu c’umukate mw’ibakure akagiha Yuda, akavuga ati: “Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye, mugabo aragowe uwo muntu bicako ngo Umwana w’umuntu agurwe! Uwo muntu vyorushirije kumubera vyiza iyo ataba yaravutse.” (Yohani 13:26; Matayo 26:24) Shetani aca yinjira muri Yuda. Kubera ko uwo mugabo amaze kwononekara, arihebera gukora ivyo Shetani agomba, bigatuma acika “umwana wo kuranduka.”​—Yohani 6:64, 70; 12:4; 17:12.

      Yezu abwira Yuda ati: “Ico uriko urakora gikore ningoga.” Kubera yuko Yuda ari we afise isandugu y’amahera, izindi ntumwa ziyumvira yuko amubwiye ati: “‘Gura ivyo dukeneye ku bw’umusi mukuru,’ canke yuko akwiye kugira ico ahaye aboro.” (Yohani 13:27-30) Yuda aca agenda kurondera ingene yogabura Yezu.

      Kuri uwo mugoroba nyene, Yezu aratanguza ikintu gishasha. Atora umukate, agasenga ashimira Imana, akawumanyura hama akawuhereza intumwa ngo ziwurye. Avuga ati: “Iki gisobanura umubiri wanje ugiye gutangwa ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Intumwa zirafungura uwo mukate, zikaza zirawuhanahana.

      Ubu na ho Yezu atora igikombe c’umuvinyu, agasenga ashimira Imana hama akakibahereza. Umwe wese aranywa kuri ico gikombe. Ku bicerekeye, Yezu avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje, ayagiye guseswa ku bwanyu.”​—Luka 22:20.

      Gutyo, Yezu aratanguje icibutso c’urupfu rwiwe, abayoboke biwe bakaba bakwiye kurwibuka uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 14 Nisani. Ivyo vyobibukije ico Yezu na Se wiwe bakoze kugira ngo abantu bizera bakurweko icaha n’urupfu. Urupfu rwa Yezu ruratuma abantu bizera baronka ubukiriro buhambaye kuruta ubwo Abayuda baronse biciye kuri Pasika.

      Yezu avuga ko amaraso yiwe “agiye guseswa ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.” Aho harimwo intumwa ziwe n’abandi bantu b’intahemuka. Ni bo bazofadikanya na we kuganza mu Bwami bwa Se.​—Matayo 26:28, 29.

      • Ni amajambo ayahe yari yaravuzwe muri Bibiliya Yezu asubiramwo, kandi ayasigura gute?

      • Yezu asaba Yuda gukora iki? Izindi ntumwa zibaza ko amubwiye iki?

      • Ni ikintu gishasha ikihe Yezu atanguza, kandi gifise intumbero iyihe?

  • Havyuka ibihari vyo kumenya umukuru uwo ari we
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Intumwa za Yezu ziharira ku vyerekeye umukuru muri bo uwo ari we

      IKIGABANE CA 118

      Havyuka ibihari vyo kumenya umukuru uwo ari we

      MATAYO 26:31-35 MARIKO 14:27-31 LUKA 22:24-38 YOHANI 13:31-38

      • IMPANURO KU VYEREKEYE IBIBANZA

      • AMENYESHA KO PETERO AHAVA AMWIHAKANA

      • ABAYOBOKE BA YEZU BARANGWA N’URUKUNDO

      Ku mugoroba wa nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yarabogeje ibirenge aba abahaye akarorero keza ko gukorera abandi bicishije bugufi. Ni kubera iki ivyo bibereye? Ni kubera ubugoyagoye bari berekanye. Naho bakunda Imana cane, baracarajwe ishinga no kumenya umukuru muri bo. (Mariko 9:33, 34; 10:35-37) Ubwo bugoyagoye burasubira kwibonekeza kuri uwo mugoroba.

      Abo bigishwa baraja mu “bihari bikomeye hagati yabo vyo kumenya uwoba yasa na mukuru muri bo.” (Luka 22:24) Ese ingene Yezu ategerezwa kuba ababazwa no kubona basubiye kuryana! None aca akora iki?

      Aho kubaryagagura kubera iyo nyifato, Yezu arabafasha kuzirikana yihanganye, ati: “Abami b’amahanga barayakandamiza, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza. Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo. . . . Kuko, uwuruta abandi ni nde, ni uwuri ku meza canke ni uwuriko arakora?” Aca abibutsa akarorero yamye abereka, akavuga ati: “Mugabo jewe ndi hagati yanyu nk’uwukora.”​—Luka 22:25-27.

      Naho izo ntumwa zidatunganye, zarumiye kuri Yezu mu ngorane nyinshi yaciyemwo. Ni co gituma azibwira ati: “Ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami.” (Luka 22:29) Abo bagabo ni abayoboke b’intahemuka ba Yezu. Arabakura amazinda ko biciye kw’isezerano agiraniye na bo, bazokwinjira mu Bwami bagafadikanya na we kuganza.

      Naho intumwa zifise ico cizigiro c’agahore, ziracambaye umubiri kandi ntizitunganye. Yezu ababwira ati: “Shetani yabasavye ngo abagosore nk’ingano,” zino zikaba zishwiragira igihe zigosowe. (Luka 22:31) Abagabisha kandi ati: “Mwese ivyanje birabatsitaza muri iri joro, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisabagire.’”​—Matayo 26:31; Zekariya 13:7.

      Kubera ukwiyizigira, Petero arabihakana ati: “Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jeho sinzokwigera ntsitara!” (Matayo 26:33) Yezu abwira Petero ko aza kumwihakana imbere y’uko isake ibika kabiri muri iryo joro. Ariko rero, Yezu yongerako ati: “Natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze bene wanyu.” (Luka 22:32) Yamara Petero yemeza ashimitse ati: “Naho noba ntegerezwa gupfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.” (Matayo 26:35) N’izindi ntumwa zivuga gutyo nyene.

      Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Ndacari kumwe namwe kandi gatoyi. Muzondondera; kandi nk’uko nabwiye Abayuda nti: ‘Iyo nja ntimushobora kuhaza,’ na mwebwe ndabibabwiye ubu.” Aca yongerako ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yohani 13:33-35.

      Petero yumvise Yezu avuga ko akiri kumwe na bo kandi gato, amubaza ati: “Mukama, uriko uja hehe?” Yezu amwishura ati: “Iyo ndiko ndaja ntushobora kunkurikira ubu, mugabo uzonkurikira mu nyuma.” Petero arazazanirwa, akavuga ati: “Mukama, kubera iki ntashobora kugukurikira ubu? Nzokwigura.”​—Yohani 13:36, 37.

      Yezu aca abibutsa igihe yabarungika mw’isekeza ryo kwigisha i Galilaya batitwaje amahera canke impamba. (Matayo 10:5, 9, 10) Ababaza ati: “Hari ico mwakenye?” Na bo bati: “Oya!” None bakwiye kubigenza gute mu gihe kiri imbere? Yezu ababwira ati: “Uwufise isaho nayitore, n’uwufise umupfuko w’ibifungurwa agire ukwo nyene; kandi uwudafise inkota nagurishe impuzu yiwe yo hejuru agure imwe. Kuko ndababwiye yuko ibi bintu vyanditswe bitegerezwa kurangukira muri jewe, ari vyo vy’ibi: ‘Kandi yaharuranywe n’abagarariji.’ Kuko ikinyerekeye kiriko kiraranguka.”​—Luka 22:35-37.

      Yezu ariko avuga igihe azomanikwa ku giti ari kumwe n’inkozi z’ikibi, ari bo bagarariji. Inyuma y’aho, abayoboke biwe bohamwe bimwe bikomeye. Biyumvira ko biteguye maze bakavuga bati: “Mukama, ehe ng’izi inkota zibiri.” Asubizayo ati: “Birahagije.” (Luka 22:38) Yezu araza kubigisha ikindi cigwa gihambaye afatiye kuri izo nkota zibiri.

      • Ni kubera iki intumwa ziharira, kandi Yezu aca akora iki?

      • Isezerano Yezu agiranira n’abigishwa biwe b’intahemuka rishika ku ki?

      • Yezu yishura gute Petero igihe agaragaje ko yiyizigira?

  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka cumi n’imwe bari mu cumba co hejuru

      IKIGABANE CA 119

      Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima

      YOHANI 14:1-31

      • YEZU AGIYE GUTEGURA IKIBANZA

      • ASEZERANIRA ABAYOBOKE BIWE UMUFASHA

      • YEZU NA SE NTIBANGANA

      Igihe Yezu akiri kumwe n’intumwa ziwe mu cumba co hejuru bahejeje gufungura, abaremesha ati: “Imitima yanyu ntihagarare. Mwizere Imana, na jewe munyizere.”​—Yohani 13:36; 14:1.

      Yezu arasigurira intumwa ziwe z’intahemuka igituma zidakwiye kubabazwa n’uko agira agende. Ababwira ati: “Mu nzu ya Dawe hariho aho kuba henshi. . . . Nimba ngiye nkabategurira ikibanza, ndiko ndagaruka kandi nzobakira i muhira iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba.” Ariko rero, intumwa ntizitahura ko ariko avuga ibijanye no kuja mw’ijuru. Toma amubaza ati: “Mukama, ntituzi iyo uriko uraja. Tumenya gute inzira?”​—Yohani 14:2-5.

      Yezu amwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.” Kugira umuntu yinjire muri iyo nzu ya Se wiwe yo mw’ijuru, ategerezwa kwemera Yezu n’inyigisho ziwe akongera akigana ukuntu yabayeho. Yezu avuga ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”​—Yohani 14:6.

      Filipo ariko aramwumviriza yitonze. Nuko amubwira ati: “Mukama, twereke Data, bizoba bihagije.” Bisa n’uko Filipo ashaka ko Imana ibiyereka kumwe yiyereka Musa, Eliya na Yesaya. Ariko rero, intumwa zirafise ikintu kiruta ivyo abo bahanuzi beretswe. Ivyo Yezu aravyerekana mu kwishura ati: “Mbega nabanye namwe igihe kirekire gutya, ukaba utaramenya ga Filipo? Uwubonye jewe aba abonye na Data.” Yezu ameze neza na neza nka Se wiwe, ku buryo kubana na we no kumwitegereza ari cokimwe no kubona Se wiwe. Ariko ntiwumve, Se wiwe aramuruta kuko Yezu avuga ati: “Ibintu ndababwira sindabivuga ndavyibwiye.” (Yohani 14:8-10) Intumwa ziratahura ko Imana ari yo ibereye kuninahazwa kubera inyigisho za Yezu.

      Intumwa za Yezu zaramubonye akora ibitangaro zongera zirumva ingene yamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ubu rero ababwira ati: “Uwunyizera, uyo na we azokora ibikorwa nkora; kandi azokora ibikorwa biruta ibi.” (Yohani 14:12) Yezu ntashaka kuvuga ko bazokora ibitangaro biruta ivyo yakoze. Ahubwo bomaze umwanya munini kuruta uwo yamaze ariko aramamaza, bakigisha mu karere kanini gusumba kandi boshikiriye abantu benshi kumurusha.

      Yezu ntazobasiga bonyene, kuko abasezeranira ati: “Nimwagira ikintu musaba mw’izina ryanje, nzogikora.” Yongerako ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi mufasha wo kubana namwe ibihe vyose, ya mpwemu y’ukuri.” (Yohani 14:14, 16, 17) Arabakura amazinda ko bazoronka impwemu nyeranda, akaba ari uwundi mufasha. Ivyo biba kuri Pentekoti.

      Yezu avuga ati: “Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, mugabo mwebwe muzombona, kuko ndiho namwe mukazobaho.” (Yohani 14:19) Uretse ko Yezu azobiyereka amaso mu yandi amaze kuzuka, mu nyuma azobazura kugira babane na we mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu.

      Ubu na ho Yezu ababwira ukuri kworoshe gutahura ati: “Uwufise amabwirizwa yanje kandi akayubahiriza, uwo ni we ankunda. Uwunkunda na we azokundwa na Dawe, nanje nzomukunda, kandi nzomwiyereka bimwe bitomoye.” Ku bw’ivyo, intumwa Yuda ari we bita Tadeyo amubaza ati: “Mukama, bigenze bite ko ugomba kutwiyereka bimwe bitomoye ntiwiyereke isi?” Yezu amwishura ati: “Nimba umuntu ankunda, azokwubahiriza ijambo ryanje, kandi Dawe azomukunda . . . Uwutankunda ntiyubahiriza amajambo yanje.” (Yohani 14:21-24) Mu buryo butandukanye n’abayoboke ba Yezu, isi ntiyemera ko Yezu ari we nzira n’ukuri n’ubuzima.

      None ko Yezu agira agende, abigishwa biwe bokwibutse gute ibintu vyose yabigishije? Yezu asigura ati: “Wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo ni we azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye.” Ayo majambo ategerezwa kuba ahumuriza intumwa kuko zimaze kwibonera ingene impwemu nyeranda ikora ibintu bikomeye. Yezu yongerako ati: “Ndabasigiye amahoro, ndabahaye amahoro yanje. . . . Imitima yanyu ntihagarare canke ngo itekerwe n’ubwoba.” (Yohani 14:26, 27) Intumwa rero ntizikwiye guhagarika imitima: Se wa Yezu azobayobora yongere abakingire.

      Ntibotevye kubona ko Imana ishoboye gukingira abasavyi bayo. Yezu avuga ati: “Umutware w’isi ariko araza. Kandi nta bubasha amfiseko.” (Yohani 14:30) Shetani yarashoboye kwinjira muri Yuda kandi iramwigarurira. Ariko ntaronka aho amenera kugira yonkore Yezu ku Mana. Eka mbere ntashoboye no kumugumiza mu kuzimu. Uti kubera iki? Yezu avuga ati: “Nk’uko Data yantegetse gukora, ni ko nkora.” Arazi neza ko Se wiwe azomuzura.​—Yohani 14:31.

      • Yezu ariko aja he, kandi abwira iki Toma ku bijanye n’iyo nzira?

      • Bisa n’uko Filipo ashaka iki?

      • Ni mu buryo ki abayoboke ba Yezu bokoze ibikorwa biruta ivyo yakoze?

      • Ni kubera iki bihumuriza kumenya ko Data aruta Yezu?

  • Kwama ivyamwa no kuba abagenzi ba Yezu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu ariko aravugana n’intumwa ziwe bavuye muri ca cumba co hejuru

      IKIGABANE CA 120

      Kwama ivyamwa no kuba abagenzi ba Yezu

      YOHANI 15:1-27

      • UMUZABIBU W’UKURI N’AMASHAMI YAWO

      • INGENE TWOGUMA MU RUKUNDO RWA YEZU

      Yezu yamye aremesha intumwa ziwe mu kiyago bagize badahishanya. Ijoro riritereye, kumbure sasita y’ijoro ikaba imaze kurenga. Ubu Yezu rero arabaha akarorero gakora ku mutima.

      Atangura ati: “Ni jewe muzabibu w’ukuri, Dawe akaba ari we murimyi.” (Yohani 15:1) Akarorero atanga karasa n’ivyigeze kuvugwa kw’ihanga rya Isirayeli, rino rikaba ryitwa umuzabibu wa Yehova. (Yeremiya 2:21; Hoseya 10:1, 2) Ariko rero, Yehova agiye gushibura iryo hanga. (Matayo 23:37, 38) Yezu rero ariko yerekeza ku kintu gishasha. Ni we muzabibu Se wiwe amaze igihe arima kuva arobanujwe impwemu nyeranda mu 29. Ariko rero, Yezu arerekana ko atari we wenyene agereranywa n’uwo muzabibu.

      Agira ati: “Ishami ryose ryo muri jewe ritama [Data] ararikura, iryama ryose na ryo akarityorora kugira ngo rirushirize kwama. . . . Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwa ryonyene kiretse rigumye ku muzabibu, na mwebwe nyene ntimushobora kwama, kiretse mugumye mwunze ubumwe nanje. Ni jewe muzabibu, namwe mukaba amashami.”​—Yohani 15:2-5.

      Yezu yasezeraniye abigishwa biwe b’intahemuka ko amaze kugenda azobarungikira umufasha, ari yo mpwemu nyeranda. Inyuma y’imisi 51, intumwa hamwe n’abandi bararonka iyo mpwemu, bagaca baba amashami y’uyo muzabibu. Kandi ayo “mashami” yose ategerezwa kuguma yunze ubumwe na Yezu. Uti kubera iki?

      Asigura ati: “Uwuguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we, uwo arama cane; kubera ko mutari kumwe nanje ata na kimwe mushobora gukora.” Ayo “mashami” ari bo bayoboke biwe b’intahemuka, bwokwamye cane mu kwigana kamere za Yezu, mu kubwira abandi ivy’Ubwami bw’Imana bivuye inyuma no mu kubafasha kugira babe abigishwa. Bite none mu gihe umuntu atagumye yunze ubumwe na Yezu maze ntiyame? Yezu asigura ati: “Iyo umuntu atagumye yunze ubumwe nanje, aratabwa hanze.” Ku rundi ruhande, Yezu avuga ati: “Nimwaguma mwunze ubumwe nanje n’amajambo yanje akaguma muri mwebwe, murasabe ico mushaka cose kandi kizobabera kuno.”​—Yohani 15:5-7.

      Yezu aca agaruka ku kintu yari amaze kuvuga incuro zibiri, kikaba ari ukwubahiriza amabwirizwa yiwe. (Yohani 14:15, 21) Aramenyesha abigishwa ikintu cobafasha kumenya ko bariko barayakurikiza. Agira ati: “Nimwubahiriza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nubahirije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.” Ariko rero, ivyo ntibisaba gusa kugunda Yehova Imana n’Umwana wiwe. Yezu avuga ati: “Iri ni ryo bwirizwa ryanje: ko mukundana nk’uko nabakunze. Nta wufise urukundo ruruta uru: ko umuntu yigura abagenzi biwe. Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse.”​—Yohani 15:10-14.

      Mu masaha makeyi, Yezu araja kwerekana urukundo rwiwe mu kwigura abo bose bamwizera. Akarorero kiwe gakwiye gutuma abayoboke biwe na bo nyene bemera kwigura bagenzi babo. Urwo rukundo ni rwo rwobaranze nk’uko Yezu yari yabivuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yohani 13:35.

      Intumwa zirakwiye gutahura ko ari agateka kubona Yezu abita “abagenzi” biwe. Arasigura igituma ati: “Nabise abagenzi, kuko ibintu vyose numvise kuri Dawe nabibamenyesheje.” Ese ingene ari agateka gahambaye kuba abagenzi somambike ba Yezu no kumenya ivyo Se wiwe yamubwiye! Ariko rero, kugira ngo ubwo bucuti bushoboke, abigishwa biwe bategerezwa ‘kuguma bama.’ Nibabandanya kwama, Yezu abasezeranira ati: “Ico musaba Data cose mw’izina ryanje a[zokibaha].”​—Yohani 15:15, 16.

      Urukundo abo bigishwa bafitaniye rwobafashije kwihanganira ibiri imbere. Yezu arababurira ko isi izobanka, ariko agaca abahumuriza ati: “Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka. Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo. Ariko kubera ko mutari ab’isi, . . . ni co gituma isi ibanka.”​—Yohani 15:18, 19.

      Arabandanya abasigurira igituma isi izobanka, ati: “Ivyo vyose bazobibagirira kubera izina ryanje, kuko batazi uwandungitse.” Nkako, Yezu avuga ko ibitangaro yakoze bitsindisha abansi biwe. Agira ati: “Iyo ntaba narakoreye muri bo ibikorwa ata wundi n’umwe yakoze, nta gicumuro bobaye bafise; mugabo ubu jewe na Dawe baratubonye bongera baratwanka.” Mu vy’ukuri, kubona bamwanka birashitsa ivyari vyaravuzwe mu buhanuzi.​—Yohani 15:21, 24, 25; Zaburi 35:19; 69:4.

      Yezu arongera kubemerera ko azobarungikira umufasha, ari yo mpwemu nyeranda. Abayoboke biwe bose barashobora kuronka iyo nguvu ikomeye kandi irashobora kubafasha kwama ivyamwa, ni ukuvuga “gushinga intahe.”​—Yohani 15:27.

      • Umurimyi, umuzabibu hamwe n’amashami bivugwa mu karorero ka Yezu bigereranya ba nde?

      • Ni ivyamwa ibihe Imana ishaka ko amashami yama?

      • Abigishwa ba Yezu bashobora gute kuba abagenzi biwe, kandi ni igiki kizobafasha kwihanganira urwanko rw’isi?

  • “Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Intumwa zisa n’izihagaritse umutima igihe Yezu ariko araziburira

      IKIGABANE CA 121

      “Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi”

      YOHANI 16:1-33

      • VUBA INTUMWA NTIZIZOSUBIRA KUBONA YEZU

      • UMUBABARO W’INTUMWA UZOHINDUKA UMUNEZERO

      Yezu n’intumwa ziwe bagira bave muri ca cumba co hejuru bahimbarijemwo Pasika. Inyuma y’aho amariye kubakebura ku bintu vyinshi, yongerako ati: “Ndababwiye ivyo bintu ngo ntimutsitare.” Kubera iki iyo mburi ije hageze? Ababwira ati: “Abantu bazobaca mw’isinagogi. Nkako, isaha iriko iragera aho umuntu wese azobica azokwiyumvira ko akoreye Imana igikorwa ceranda.”​—Yohani 16:1, 2.

      Ayo makuru ashobora kuba ahagarika umutima izo ntumwa. Naho Yezu yari amaze kubabwira ko isi yobanse, ntiyari bwabatomorere ko bokwishwe. Kubera iki? Avuga ati: “Ivyo sinabibabwiye mu ntango, kubera ko nari kumwe namwe.” (Yohani 16:4) Ubu ariko arababurira imbere y’uko agenda. Ivyo vyotumye badatsitara mu nyuma.

      Yezu arabandanya ati: “Ndiko ndagenda ku wandungitse, yamara nta n’umwe muri mwebwe ambaza ati: ‘Uriko uja hehe?’” Imbere y’aho bari bamubajije iyo ariko araja. (Yohani 13:36; 14:5; 16:5) Ariko ubu, kubera ababwiye ko bohamwe, amaganya aciye abuzura inda. Ni co gituma batamubaza ibijanye n’ubuninahazwa yimirije kuronka canke ingaruka ivyo vyogize ku bayoboke biwe b’ukuri. Yezu avuga ati: “Kubera ko ndababwiye ivyo bintu, intuntu iciye yuzura imitima yanyu.”​—Yohani 16:6.

      Yezu aca asigura ati: “Ndiko ndagenda ku neza yanyu. Kuko ntagiye, wa mufasha ntazogenda aje kuri mwebwe; mugabo ngiye, nzomubarungikira.” (Yohani 16:7) Yezu adapfuye hama ngo aje mw’ijuru, abigishwa biwe ntibashobora kuronka ya mpwemu nyeranda, iyo azorungika ngo ibafashe aho boba bari hose kw’isi.

      Impwemu nyeranda “[i]zoha isi ikimenyamenya kijijura ku vyerekeye igicumuro no ku vyerekeye ubugororotsi no ku vyerekeye urubanza.” (Yohani 16:8) Ego cane, vyogaragaye ko isi yanse kwizera Umwana w’Imana. Iyurizwa mw’ijuru rya Yezu ryotanze ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko ari umugororotsi kandi ryokwerekanye neza ko Shetani wa “mutware w’iyi si” akwiye gucirwa rubi.​—Yohani 16:11.

      Yezu abandanya ati: “Ndacafise ibintu vyinshi vyo kubabwira, mugabo ntimushobora kuvyihanganira ubu.” Niyamara kubasukako impwemu nyeranda, izobafasha gutahura “ukuri kwose” kandi bazoshobora kubaho bisunga ukwo kuri.​—Yohani 16:12, 13.

      Intumwa zirazazanirwa n’amajambo Yezu aca yongerako ati: “Mu kanya gatoyi ntimuzoba mukimbona, kandi mu kanya gatoyi muzokwongera kumbona.” Batangura kubazanya ico ashatse kuvuga. Yezu arabona ko bashaka kumubaza ibibazo. Nuko abasigurira ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Muzorira muboroge, mugabo isi izonezerwa; muzogira intuntu, mugabo intuntu yanyu izohinduka akanyamuneza.” (Yohani 16:16, 20) Yezu niyicwa ku mugoroba ukurikira, abakuru b’idini bazonezerwa ariko abigishwa biwe bazotuntura. Ariko rero, intuntu yabo izohinduka umunezero Yezu niyazuka! Kandi uwo munezero urabandanya abasutseko impwemu nyeranda y’Imana.

      Yezu aca agereranya ibihe intumwa ziwe zirimwo n’umugore ari ku gise. Agira ati: “Umugore iyo ariko aribaruka aragira intuntu, kubera ko isaha yiwe iba igeze; mugabo iyo yibarutse nya mwana, ntasubira kwibuka ya makuba kubera akanyamuneza k’uko umuntu yavutse mw’isi.” Yezu abaremesha ati: “Na mwebwe rero, ubu koko muri n’intuntu; mugabo nzokwongera kubabona kandi imitima yanyu izonezerwa, kandi akanyamuneza kanyu nta n’umwe azokabaka.”​—Yohani 16:21, 22.

      Gushika ubu, intumwa nta kintu zari bwigere zisaba mw’izina rya Yezu. Avuga ati: “Kuri uwo musi muzosaba mw’izina ryanje.” Kubera iki bakwiye kubigenza gutyo? Si ukubera yuko Se wiwe atipfuza kubumviriza. Nkako, Yezu avuga ati: “Data ubwiwe a[ra]biyumvamwo, kubera ko mwanyiyumvisemwo mukaba kandi mwaremeye ko naje nserukira Data.”​—Yohani 16:26, 27.

      Intumwa ziranyurwa n’indemesho Yezu aziha ku buryo zivugana umutima rugabo ziti: “Ivyo bituma twemera ko wavuye ku Mana.” Uwo mutima rugabo ntiwotevye gusuzumwa. Nkako, Yezu aradondora ivyimirije kubashikira ati: “Ehe isaha iriko iragera, kandi koko irageze, aho muzosanzara umwe wese akaja ku muhana iwe, nanje mukansiga jenyene.” Ariko rero arabahumuriza ati: “Ndababwiye ivyo bintu ngo biciye kuri jewe mugire amahoro. Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.” (Yohani 16:30-33) Emwe, Yezu ntabataye. Arazi neza ko na bo nyene bashobora gutsinda isi nk’uko yayitsinze, bakire gusa kuguma bakora ivyo Imana igomba badahemuka naho Shetani n’isi yiwe baguma babagerageza.

      • Ni imburi iyihe Yezu atanga igatuma intumwa zihagarika umutima?

      • Ni kubera iki intumwa zitubahuka kubaza Yezu ibindi bibazo?

      • Ni akarorero akahe Yezu atanga mu kwerekana ingene umubabaro w’intumwa uhinduka umunezero?

  • Isengesho rya nyuma bari mu cumba co hejuru
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu arangamije mw’ijuru ariko arasenga ari kumwe n’intumwa ziwe

      IKIGABANE CA 122

      Isengesho rya nyuma bari mu cumba co hejuru

      YOHANI 17:1-26

      • IVYIZA VYO KUMENYA IMANA N’UMWANA WAYO

      • UBUMWE BURI HAGATI YA YEHOVA, YEZU N’ABIGISHWA

      Abitumwe n’urukundo rwinshi afitiye intumwa ziwe, Yezu yamye abategura kubera yuko yimirije gutandukana na bo. Ubu na ho araramurira amaso mw’ijuru agasaba Se wiwe ati: “Ninahaza umwana wawe, kugira ngo umwana wawe akuninahaze, nk’uko wamuhaye ububasha ku kiri n’umubiri cose, kugira ngo ku vyerekeye igitigiri cose c’abo wamuhaye, abahe ubuzima budahera.”​—Yohani 17:1, 2.

      Emwe, Yezu arazi ko kuninahaza Imana ari co kintu nyamukuru. Mugabo rero, icizigiro c’ubuzima budahera aca atanga kirahumuriza cane! Kubera yuko yahawe “ububasha ku kiri n’umubiri cose,” arashobora kuronsa abantu bose ivyiza biva mu ncungu yimirije gutanga. Yamara rero si bose bazobironka. Kubera iki? Kubera yuko ivyo vyiza Yezu abironsa gusa abemera gukora ivyo aca avuga, ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

      Umuntu ategerezwa kumenya neza Imana n’Umwana wayo ku buryo agiranira na bo ubucuti bwa hafi kandi akabona ibintu nk’uko babibona. Vyongeye, ategerezwa kwihatira kubigana mu migenderanire agiranira n’abandi. Ategerezwa kandi gutahura ko kuronka ubuzima budahera atari vyo biza imbere yo kuninahaza Imana.

      Yezu aca agaruka kuri ico ciyumviro, ati: “Narakuninahaje kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore. Ubu rero ga Data, nuninaharize hamwe nawe, uninaharishije bwa buninahazwa nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.” (Yohani 17:4, 5) Ego cane, Yezu asaba Se wiwe ko yomuzura agasubira kugira ubuninahazwa nk’ubwo yari afise mw’ijuru.

      Ariko rero, Yezu ntiyibagira ivyo yaranguye biciye ku gikorwa ciwe. Asenga ati: “Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe, urabampa, kandi barubahirije ijambo ryawe.” (Yohani 17:6) Mu gikorwa ciwe, Yezu yarakoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova. Ariko ntiyagarukirije aho, yarafashije intumwa ziwe kumenya ico risobanura, ni ukuvuga ukuntu Imana imeze be n’ukuntu ifata abantu.

      Intumwa zaramenye Yehova, ziramenya uruhara Umwana wiwe afise hamwe n’ibintu Yezu yigishije. Yezu aremera yicishije bugufi ati: “Amajambo wampaye na[ra]yabahaye, kandi barayakiriye baramenya vy’ukuri yuko naje nguserukira, kandi baremeye yuko wantumye.”​—Yohani 17:8.

      Yezu aca yerekana itandukaniro riri hagati y’abayoboke biwe n’abandi bantu muri rusangi ati: “Sinsabira isi, ahubwo nsabira abo wampaye; kubera ko ari abawe . . . Data mweranda, ubarinde ku bw’izina ryawe wampaye, kugira ngo babe umwe nk’uko turi. . . . Narabazigamye, kandi nta n’umwe muri bo yarandutse atari wa mwana wo kuranduka,” ni ukuvuga Yuda Isikariyoti, ubu akaba yagiye kurondera ingene yomugura.​—Yohani 17:9-12.

      Yezu abandanya gusenga ati: “Isi yarabanse. Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubisha. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:14-16) Intumwa hamwe n’abandi bigishwa bari mw’isi, ni ukuvuga ikibano c’abantu kiganzwa na Shetani, ariko bategerezwa kuguma bitandukanije na yo hamwe n’ibikorwa vyayo bibi. Uti gute?

      Bategerezwa kuguma ari beranda mu kugendera ukuri dusanga mu Vyanditswe vy’igiheburayo hamwe n’ukwo Yezu ubwiwe yabigishije. Yezu asaba Imana ati: “Ubeze biciye ku kuri; ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Mu nyuma, bamwe mu ntumwa bokwanditse ibitabu bahumekewe n’Imana, na vyo nyene bikaba vyohavuye biba mu bigize “ukuri” gushobora kweza umuntu.

      Ariko rero, mu nyuma hobonetse n’abandi bakira “ukuri.” Yezu rero ntasabira ‘abo bonyene bari ng’aho, arasabira n’abazomwizera biciye kw’ijambo ryabo.’ None abo bose Yezu abasabira iki? Abwira Se wiwe ati: “Kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe.” (Yohani 17:20, 21) Ntibisobanura ko Yezu na Se wiwe ari umuntu umwe. Bisobanura yuko bahuza muri vyose. Yezu asaba yuko abayoboke biwe na bo nyene bogira ubumwe nk’ubwo nyene.

      Gatoyi imbere y’aho, Yezu yari yabwiye Petero n’abandi yuko agiye kubategurira ikibanza mw’ijuru. (Yohani 14:2, 3) Yezu aragaruka kuri ico ciyumviro mw’isengesho, ati: “Data, ku co wampaye, nshaka yuko aho ndi, na bo haba ari ho baba kumwe nanje, kugira ngo babone ubuninahazwa bwanje wampaye, kubera ko wankunze imbere y’ishingwa ry’isi.” (Yohani 17:24) Gutyo rero, aremeje ko kuva kera na rindi, n’imbere y’uko Adamu na Eva bibaruka, Imana yamye ikunda Umwana wayo w’ikinege, ari we yahavuye aba Yezu Kristu.

      Mu gusozera isengesho ryiwe, Yezu yongera gushimika kw’izina rya Se hamwe n’urukundo Imana ikunda intumwa ziwe n’abandi bohavuye bemera “ukuri,” ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha, kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”​—Yohani 17:26.

      • Kumenya Imana n’Umwana wayo bisobanura iki?

      • Ni mu buryo ki Yezu yamenyekanishije izina ry’Imana?

      • Ni mu buryo ki Imana, Umwana wayo hamwe n’abasavyi bayo bose ari umwe?

  • Asenga ari mu mubabaro mwinshi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu ariko arasenga mw’itongo ry’i Getsemani magingo Petero, Yakobo na Yohani basinziriye

      IKIGABANE CA 123

      Asenga ari mu mubabaro mwinshi

      MATAYO 26:30, 36-46 MARIKO 14:26, 32-42 LUKA 22:39-46 YOHANI 18:1

      • YEZU MW’ITONGO RY’I GETSEMANI

      • ICUYA CIWE GIHINDUKA NK’AMAMA Y’AMARASO

      Yezu ahejeje gusenga ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka. Maze “bahejeje kuririmba amashemezo, barasohoka ba[ka]ja ku musozi w’Imyelayo.” (Mariko 14:26) Bafata inzira igana mu buseruko bakaja mw’itongo ryitwa Getsemani, ahantu Yezu akunda kuja.

      Bashitse aho hantu hateye igomwe mu biti vy’imyelayo, Yezu asiga ng’aho umunani mu ntumwa ziwe. Birashoboka ko basigara hafi y’irembo ry’iryo tongo, kuko ababwira ati: “Icare ng’aha umwanya ngiye harya hirya gusenga.” Nuko ahitana batatu muri bo ari bo Petero, Yakobo na Yohani, akigira imbere muri iryo tongo. Arahagarika umutima cane, akababwira ati: “Umutima wanje uri n’intuntu nyinshi cane, imwe yo kunyica. Sigare ng’aha, mugumane maso nanje.”​—Matayo 26:36-38.

      Yezu yigira hirya yabo gatoyi, ‘akagwa hasi hanyuma agatangura gusenga.’ None asaba Imana iki muri ico gihe kitoroshe? Avuga ati: “Data, vyose birashoboka kuri wewe; igizayo iki gikombe kimveko. Yamara ntibibe ivyo jewe nshaka, ahubwo bibe ivyo wewe ushaka.” (Mariko 14:35, 36) None ashaka kuvuga iki? Yoba agomba gukuramwo akarenge ntashitse ibanga yajejwe ryo kuducungura? Habe namba!

      Igihe Yezu yari mw’ijuru, yarabonye umubabaro ukomeye abandi bagira igihe bariko baricwa n’Abaroma. Naho ari umuntu afise impuhwe kandi ashobora kubabara, ivyimirije kumushikira si vyo bimuraje ishinga. Ahubwo riho, ababajwe n’uko yimirije kwicwa nk’inkozi y’ikibi katwa, ivyo bikaba bishobora gusiga iceyi izina rya Se. Mu masaha makeyi araza kumanikwa nk’aho yoba yarogose ku Mana.

      Inyuma y’iryo sengesho rirerire, Yezu aragaruka agasanga za ntumwa zitatu zirasinziriye. Abwira Petero ati: “Mbega ntimwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe? Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimuje mu kigeragezo.” Yezu aratahura ko na bo nyene barushe, kandi n’ijoro rigeze kure. Yongerako ati: “Umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.”​—Matayo 26:40, 41.

      Yezu aragenda ubugira kabiri agasaba Imana ngo yigize kure yiwe ‘ico gikombe.’ Agarutse yongera gusanga za ntumwa zitatu zisinziriye, kandi bari bakwiye kuba bariko barasenga kugira ntibatwarwe n’inyosha mbi. Yezu abavugishije, ‘ntibamenya ico bari bumwishure.’ (Mariko 14:40) Yezu aragenda ubugira gatatu hama agapfukama kugira asenge.

      Yezu ararajwe ishinga cane n’iceyi urupfu rwiwe ruza gusiga izina rya Se kubera aza kwicwa nk’inkozi y’ikibi. Ariko rero, Yehova arumva ugutakamba kw’Umwana wiwe, ari co gituma amurungikira umumarayika kugira amukomeze. Naho ari ukwo, Yezu ntaca areka gutakambira Se wiwe, ahubwo “arushirizaho gusengana ubwira.” Amaganya Yezu afise mu mutima ararenze. Mbega ibanga rikomeye yikoreye! Ubuzima budahera bwiwe bwite n’ubw’abantu bose bamwizera buri ku manga. Aragera n’aho ‘icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi.’​—Luka 22:44.

      Igihe Yezu agarutse ku ntumwa ziwe ubugira gatatu, yongera gusanga basinziriye. Avuga ati: “Mbega mu gihe nk’iki muriko murisinzirira mwongera mwiruhukira! Ehe isaha iregereje y’uko Umwana w’umuntu agaburwa mu maboko y’abacumuzi. Haguruke, tugende. Ehe nyene kungura aregereje.”​—Matayo 26:45, 46.

      ICUYA CIWE KIMEZE NK’AMAMA Y’AMARASO

      Muganga Luka ntasigura ingene icuya ca Yezu “[cacitse] nk’amama y’amaraso.” (Luka 22:44) Luka ashobora kuba yakoresheje imvugo ngereranyo ashaka kwerekana ko icuya ciwe casa n’amaraso ariko ava mu gikomere. Muganga William D. Edwards arashikiriza ikindi ciyumviro mu kinyamakuru kimwe c’ivy’ubuvuzi ati: “Naho ari ikintu gishika gake cane, icuya c’amaraso. . . . kirashobora kubira iyo umuntu aremerewe cane n’amaganya . . . Udusaho tw’icuya turavirirana bigatuma urukoba rworoha cane.”​—The Journal of the American Medical Association (JAMA).

      • Bavuye muri ca cumba co hejuru, Yezu aca ajana hehe intumwa ziwe?

      • Intumwa zitatu zikora iki mu gihe Yezu ariko arasenga?

      • Kubona icuya ca Yezu gicika nk’amama y’amaraso, vyerekana ko yari amerewe gute?

  • Kristu agaburwa akongera agafatwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu ahambarira Petero kubera yaciye ugutwi kwa Malikusi akoresheje inkota; abasoda bameze magabo ngo bafate Yezu

      IKIGABANE CA 124

      Kristu agaburwa akongera agafatwa

      MATAYO 26:47-56 MARIKO 14:43-52 LUKA 22:47-53 YOHANI 18:2-12

      • YUDA AGABURA YEZU MW’ITONGO

      • PETERO ACA UMUNTU UGUTWI

      • YEZU AFATWA

      Sasita y’ijoro iramaze kurenga. Abaherezi bumvikanye na Yuda kumuhemba ibiceri 30 vy’ifeza kugira agabure Yezu kuri bo. Yuda rero ari imbere y’isinzi ry’abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo ririko rirondera Yezu. Baherekejwe n’umugwi w’abasoda b’Abaroma uyobowe n’umukomanda.

      Biboneka ko Yuda yaciye aja ku bakuru b’abaherezi igihe Yezu yamutaramura ku mfungurwa za Pasika. (Yohani 13:27) Bano baciye bakoranya abarinzi babo hamwe n’umugwi w’abasoda. Yuda ashobora kuba yabanje kubatwara muri ca cumba Yezu n’intumwa bahimbarizamwo Pasika. Ariko rero ubu uwo mugwi warenganye Umwonga Kidironi, ukaba uriko uja mw’itongo ry’i Getsemani. Bitwaje ibirwanisho, amatara n’ibimuri, kandi biyemeje kurondera Yezu gushika bamutoye.

      Uko Yuda abayobora baduga Umusozi w’imyelayo, bisa n’uko azi neza aho aza gusanga Yezu. Mu ndwi iheze, igihe Yezu n’intumwa baza baraja i Yeruzalemu bongera bagaruka i Betaniya, akenshi barahagarara aho mw’itongo ry’i Getsemani. Ariko ubu ni mw’ijoro, bikaba bishoboka ko Yezu akingiriwe n’ibitutu vy’ibiti vy’imyelayo vyo muri iryo tongo. None abo basoda, abo bishoboka ko batarigera bakubita ijisho Yezu, baza kumumenya gute? Kugira ngo Yuda aborohereze, abaha ikimenyetso. Ababwira ati: “Uwo nja gusoma, azoba ari we; muce mumufata, mumutware mumucunze.”​—Mariko 14:44.

      Yuda arinjira muri iryo tongo ayoboye iryo sinzi, akabona Yezu ari kumwe n’intumwa ziwe agaca agenda amutumbereye. Amubwira ati “Ndabugize, Rabi!” agaca amusoma n’ikibabarwe. Yezu amwishura ati “Mugenzi, uzanywe n’iki ng’aha?” (Matayo 26:49, 50) Yezu aca yiha inyishu ati: “Yuda, mbega uragabura Umwana w’umuntu mu kumusoma?” (Luka 22:48) Emwe, Yezu yari yamukuyeko amaboko!

      Yezu aca yagera imbere ku muco w’ibimuri n’amatara, akabaza ati: “Murondera nde?” Nya sinzi rimwishura riti: “Yezu Umunyanazareti.” Yezu avugana umutima rugabo ati: “Ni jewe.” (Yohani 18:4, 5) Nya bagabo barakanguka, maze bakagwa hasi.

      Aho guca aboneraho akaryo ko guhunga muri iryo joro, Yezu yongera kubabaza uwo barondera. Basubira kwishura bati: “Yezu Umunyanazareti.” Yezu aca asubizayo atekanye ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba rero ari jewe murondera, nimureke aba bagende.” No muri ico gihe kitoroshe, Yezu aribuka ivyo yari yavuze yuko atazotakaza n’umwe mu bo Se wiwe yamuhaye. (Yohani 6:39; 17:12) Yezu yarakingiye intumwa ziwe z’intahemuka kandi nta n’umwe yatakaye “atari wa mwana wo kuranduka,” ni ukuvuga Yuda. (Yohani 18:7-9) Ni co gituma asaba ko boreka abigishwa biwe b’intahemuka bakigira.

      Igihe nya basoda bahagurutse bakagenda bagana Yezu, intumwa zirabona ko ibintu bikomeye. Nuko babaza Yezu bati: “Mukama, dukubite n’inkota?” (Luka 22:49) Yezu ataranishura, Petero aca abangura imwe mu nkota zibiri intumwa zifise. Araheza akayikubita Malikusi, umushumba w’umuherezi mukuru, akamuca ugutwi kw’iburyo.

      Nuko Yezu akora ku gutwi kwa Malikusi, akamukiza. Aca yigisha icigwa gihambaye mu gutegeka Petero ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” Yezu ntatinya gufatwa, kubera yuko asigura ati: “None Ivyanditswe vyoranguka gute, ibivuga yuko bitegerezwa kuba gutya?” (Matayo 26:52, 54) Yongerako ati: “Igikombe Data yampaye, mbega sinkwiye kukinywa?” (Yohani 18:11) Yezu arashigikiye ivyo Imana igomba ku bimwerekeye vyose, naho vyosaba ko apfa.

      Yezu abaza iryo sinzi ati: “Mbega muje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi? Imisi yose nama nicaye mu rusengero nigisha, yamara ntimwamfashe. Mugabo ivyo vyose bibaye kugira ngo ivyanditswe n’abahanuzi biranguke.”​—Matayo 26:55, 56.

      Nuko wa mugwi w’abasoda, komanda hamwe n’abarinzi b’Abayuda bafata Yezu bakamuboha. Intumwa zirabibona zigaca zitungwa n’ayo zameze. Mugabo “umusore umwe,” bikaba bishoboka ko ari umwigishwa Mariko, aguma muri iryo sinzi agakurikira Yezu. (Mariko 14:51) Mu nyuma, abari muri iryo sinzi baramumenya bagaca bagerageza kumufata. Aca yiruka agasiga impuzu yiwe ng’aho.

      • Ni kubera iki Yuda aja kurondera Yezu mw’itongo ry’i Getsemani?

      • Petero akora iki mu kugerageza kurwanira Yezu, ariko Yezu abivugako iki?

      • Yezu yerekana gute ko ashigikiye ivyo Imana igomba ku bimwerekeye?

      • Igihe intumwa zitaye Yezu, ni nde asigara, kandi biraheza bikagenda gute?

  • Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Kayifa ariko yitaburirako impuzu; abandi bariko bakubita Yezu amakofe, bamushinyagurira bongera bamukubita ingumu

      IKIGABANE CA 125

      Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa

      MATAYO 26:57-68 MARIKO 14:53-65 LUKA 22:54, 63-65 YOHANI 18:13, 14, 19-24

      • AJANWA KWA ANASI UWAHOZE ARI UMUHEREZI MUKURU

      • SENTARE NKURU Y’ABAYUDA IMUCIRA URWA NGONDAGONDE

      Bamaze kuboha Yezu nk’inkozi y’ikibi katwa, baca bamujana kwa Anasi, uwari umuherezi mukuru igihe Yezu yatangaza abigisha ku rusengero ari agahungu gatoyi. (Luka 2:42, 47) Bamwe mu bahungu ba Anasi bahavuye baba abaherezi bakuru, ubu na ho umukwe wiwe Kayifa akaba ari we ari muri iryo banga.

      Igihe Anasi ariko arasambisha Yezu, Kayifa aca aba arakoranya abagize Sentare nkuru y’Abayuda. Iyo sentare igizwe n’abantu 71, ushizemwo umuherezi mukuru n’abandi bigeze kurangura iryo banga.

      Anasi arabaza Yezu ‘ivyerekeye abigishwa biwe n’inyigisho ziwe.’ Yezu asubizayo ati: “Nabwira isi ku mugaragaro. Nama nigisha mw’isinagogi no mu rusengero, aho Abayuda bose bakoranira; kandi nta kintu na kimwe navugiye mu mpisho. Umbariza iki? Baza abumvise ivyo nababwiye.”​—Yohani 18:19-21.

      Umwe mu barinzi ahagaze iruhande ya Yezu aca amukubita ikofe, akamukankamira ati: “Ukwo ni ko wishura umukuru w’abaherezi?” Ariko rero, kubera Yezu azi ko ata kosa na rimwe yakoze, amwishura ati: “Nimba mvuze nabi, erekana ico kibi; ariko nimba mvuze neza, unkubitiye iki?” (Yohani 18:22, 23) Anasi aca arungika Yezu ku mukwe wiwe Kayifa.

      Ubu rero, abagize Sentare nkuru bose, ni ukuvuga umuherezi mukuru, abagabo b’inararibonye n’abanyabwenge b’ivyanditswe, bakoraniye hamwe. Bahuriye mu rugo kwa Kayifa. Amategeko ntabemerera guca urubanza mwene urwo mw’ijoro buca ari Pasika, ariko ntikibuza ko barangura uwo mugambi wabo ugayitse.

      Iyo sentare nta wovuga ko idahengamye. Inyuma y’aho Yezu azuriye Lazaro, iyo sentare yaciye ifata ingingo yo kwica Yezu. (Yohani 11:47-53) Vyongeye, nta misi myinshi ihaciye abakuru b’idini bagiye umugambi wo gufata Yezu ngo bamwice. (Matayo 26:3, 4) Emwe, bisa n’uko Yezu yamaze gucirwa urwo gupfa n’imbere y’uko urubanza rwiwe rutangura!

      Uretse ko iyo sentare yakoranye mu buryo budahuye n’amategeko, abakuru b’abaherezi hamwe n’abandi bo muri iyo sentare bariko barondera ivyabona vy’ibinyoma kugira baronke ico bagiriza Yezu. Baronka ivyabona vyinshi ariko ntibahuza mu vyo bavuga. Vyakabaye kera, haza babiri bakavuga bati: “Twaramwumvise avuga ngo: ‘Nzosenyura uru rusengero rwakozwe n’amaboko hanyuma mu misi itatu nubake urundi rudakozwe n’amaboko.’” (Mariko 14:58) Yamara rero, n’abo nyene ntibahuza neza mu vyo bavuga.

      Kayifa abaza Yezu ati: “Nta co wishura? Ivyo aba bariko bakwagiriza ni ibiki?” (Mariko 14:60) Yezu nta na kimwe asubizayo kuri ico kirego c’ikinyoma gishikirijwe n’ivyabona bidahuza mu vyo bivuga. Umuherezi mukuru Kayifa rero aca ahindura umukenyuro.

      Kayifa arazi ko Abayuda baterekwa umuntu wese avuga ko ari Umwana w’Imana. Imbere y’aho, igihe Yezu yavuga ko Imana ari Se wiwe, Abayuda baciye barondera kumwica bamwagiriza ngo “[y]igira uwungana n’Imana.” (Yohani 5:17, 18; 10:31-39) Kubera yuko Kayifa azi ico kintu, abaza Yezu ku rwenge ati: “Ndakurahije Imana nzima utubwire ko woba uri Kristu Umwana w’Imana!” (Matayo 26:63) Yezu aramaze kwemera icese ko ari Umwana w’Imana. (Yohani 3:18; 5:25; 11:4) Hamwe yokwihindukiza mw’ijambo, abantu bohava biyumvira ko ahakanye ko ari Umwana w’Imana be n’uko ari Kristu. Yezu rero yishura ati: “Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye iburyo bw’ububasha azanana n’ibicu vyo kw’ijuru.”​—Mariko 14:62.

      Avuze gutyo, Kayifa aca atantamura impuzu, akavuga ati: “Ararogose! Turacakenerera iki ibindi vyabona? Raba! Ubu ho muriyumviye ingene arogose. Muvyibazako iki?” Abagize sentare baca bamucira urwa ngondagonde bati: “Akwiriye gupfa.”​—Matayo 26:65, 66.

      Baca batangura gushinyagurira Yezu bongera bamukubita ibipfunsi. Abandi na bo baramukubita amakofe kandi bakamucira mu maso. Ivyo biheze, baca bamupfuka mu maso maze bakamukubita, bakamubwira bamutwengera mw’ijigo bati: “Pfindura. Ni nde agukubise?” (Luka 22:64) Ukwo ni ko bakubagura Umwana w’Imana igihe bariko bamucira urubanza rwa ngondagonde mw’ijoro!

      • Yezu babanza kumujana hehe, kandi ni ibiki bimushikira ng’aho?

      • Mu nyuma bamujana hehe, kandi Kayifa abigenza gute kugira atume Sentare yemeza ko Yezu akwiye gupfa?

      • Ni amabi ayahe Yezu akorerwa mu gihe c’urubanza?

  • Petero amwihakana mu rugo kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu ari kw’ibaraza ariko aritegereza Petero, uno akaba ahejeje kumwihakana; inyuma hari isake

      IKIGABANE CA 126

      Petero amwihakana mu rugo kwa Kayifa

      MATAYO 26:69-75 MARIKO 14:66-72 LUKA 22:54-62 YOHANI 18:15-18, 25-27

      • PETERO YIHAKANA YEZU

      Yezu akimara gufatwa mw’itongo ry’i Getsemani, abigishwa biwe barahunga bakamuta kubera ubwoba. Ariko rero, babiri muri bo barahindukira. Ni Petero “hamwe n’uwundi mwigishwa,” bikaba bigaragara ko ari Yohani. (Yohani 18:15; 19:35; 21:24) Kumbure bashikira Yezu igihe ariko ajanwa kwa Anasi. Aho Anasi arungikiye Yezu ku Muherezi mukuru Kayifa, Petero na Yohani baramukurikira ariko bari kure. Baratinyira amagara yabo mugabo kandi bararajwe ishinga n’ibija gushikira Shebuja wabo.

      Yohani arinjira mu rugo kwa Kayifa kuko azinanyi n’umuherezi mukuru. Petero asigara hanze gushika Yohani agarutse akamuvugira ku musukukazi yari acunze irembo. Petero rero aca yemererwa kwinjira.

      Kubera ko muri iryo joro hakanye, abari ku mbuga baracana umuriro. Petero aricarana na bo akaba arota kugira ‘arabe ikiva’ mw’isambishwa rya Yezu. (Matayo 26:58) Ubu rero kubera umuco w’umuriro, wa murinzi w’irembo yinjiza Petero aca amumenya. Amubaza ati: “Mbega nawe uri uwo mu bigishwa b’uyu muntu?” (Yohani 18:17) Kandi si we wenyene amenya Petero akongera akamwagiriza ko agendana na Yezu.​—Matayo 26:69, 71-73; Mariko 14:70.

      Petero arabura iyo akwirwa. Aragerageza kwihisha, mbere agasohoka agashika no mu bwinjiriro. Petero arahakana ko atari kumwe na Yezu, akavuga ati: “Eka sindamuzi mbere sintegera n’ivyo uriko uravuga.” (Mariko 14:67, 68) Maze atangura “kurahira yisiba,” ni ukuvuga ko yemeza ko ivyo avuga ari ukuri be n’uko yoshikirwa n’ingorane hamwe yoba abeshe.​—Matayo 26:74.

      Muri ako kanya, Yezu arabandanya gusambishwa kumbure mu gice c’inzu ya Kayifa kiri hejuru y’aho mu rugo. Petero n’abandi barindiriye hasi bashobora kuba babona uruja n’uruza rw’amasura aguma yinjira gusura.

      Ariko rero, ukuntu Petero avuga nk’Abanyagalilaya biramuhinyuza. Vyongeye, muri abo bantu harimwo incuti ya Malikusi, umwe Petero yaca ugutwi. Nuko yagiriza Petero ati: “Sinakubonye mu murima kumwe na we?” Petero arabihakana ubugira gatatu, isake igaca ibika nk’uko Yezu yari yabivuze.​—Yohani 13:38; 18:26, 27.

      Muri uwo mwanya, biboneka ko Yezu ari kw’ibaraza rirabana n’imbuga. Umukama arahindukira akaraba Petero, ivyo bikaba bituntuza cane Petero. Aca yibuka ivyo Yezu yavuze amasaha makeyi imbere y’aho, igihe bari mu cumba co hejuru. Iyumvire ingene Petero ababara abonye ivyo yakoze! Petero aca asohoka hanze maze akarira akabogoza.​—Luka 22:61, 62.

      Umuntu nka Petero yari yizigiye ko afise ukwizera gukomeye akaba n’intahemuka, bishoboka gute ngo yihakane Shebuja? Ukuri kuriko kuragorekwa, Yezu na we ariko yagirizwa ko ari inkozi y’ikibi katwa. Petero yari gushobora kuvugira uwo muntu ata co azira, none ehe raba arigaramye wa wundi nyene afise “amajambo y’ubuzima budahera.”​—Yohani 6:68.

      Ibintu bibabaje vyashikiye Petero birerekana ko n’umuntu afise ukwizera kandi yihebeye Imana, ashobora guhungabana igihe ashikiwe n’uruhamo canke ibigeragezo atari avyiteguriye. Ese ivyashikiye Petero vyobera imburi abasavyi b’Imana bose!

      • Bigenda gute ngo Petero na Yohani binjire mu rugo kwa Kayifa?

      • Ni ibiki bibera mu nzu igihe Petero na Yohani bari mu rugo?

      • Kuba Petero yararahiye yisiba bisobanura iki?

      • Ni icigwa gihambaye ikihe dukura mu vyashikiye Petero?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika