-
Asambishwa hama akajanwa kwa PilatoYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 127
Asambishwa hama akajanwa kwa Pilato
MATAYO 27:1-11 MARIKO 15:1 LUKA 22:66–23:3 YOHANI 18:28-35
ASAMBISHWA NA SENTARE NKURU MU GITONDO
YUDA ISIKARIYOTI AGERAGEZA KWIYAHURA
YEZU ARUNGIKWA KWA PILATO NGO AMUCIRE URUBANZA
Petero ahejeje kwihakana Yezu irya gatatu, bukaba buri mu guca. Abagize Sentare nkuru baciye batandukana bahejeje gusambisha Yezu mu buryo buteye amakenga. Ku wa gatanu mu mutwenzi, barasubira gukoranira hamwe kumbure kugira bapfukapfuke ivyo baraye bakoze mu kwumviriza urubanza batisunze amategeko. Baca barengutsa Yezu.
Bongera kumubaza bati: “Nimba uri Kristu, bitubwire.” Yezu abishura ati: “Naho nobibabwira, ntimwogenda muvyemeye. Vyongeye, hamwe nobabaza, ntimwogenda mwishuye.” Ariko rero, Yezu ararya umutima amenyo akababwira ko ari umwe yari yaravuzwe muri Daniyeli 7:13. Agira ati: “Kuva ubu Umwana w’umuntu azoba yicaye iburyo bw’Imana h’ububasha.”—Luka 22:67-69; Matayo 26:63.
Barakovya bati: “Uri Umwana w’Imana rero?” Maze Yezu abishura ati: “Mwebwe ubwanyu muravuze ko ndi we.” Ivyo bisa n’ibihagije kugira Yezu yicwe yagirizwa kurogota. Bavuga bati: “Turacakenerera iki iyindi ntahe?” (Luka 22:70, 71; Mariko 14:64) Baca baboha Yezu bakamujana kwa buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato.
Yuda Isikariyoti ashobora kuba abona ingene Yezu ajanwa kwa Pilato. Yuda abonye urwo Yezu aciriwe, aricuza akumva yihebuye. Ariko rero, aho guhindukira ngo yigaye bivuye ku mutima, aca aja gusubiza vya biceri 30 vy’ifeza. Abwira abakuru b’abaherezi ati: “Nacumuye mu kugura amaraso y’umugororotsi.” Na bo bamusubiza inyishu ivuna umutima bati: “Bidutwaye iki? Birakuraba!”—Matayo 27:4.
Yuda aca aterera vya biceri 30 mu rusengero hama akongera ikibi mu kindi mu kugerageza kwiyahura. Igihe Yuda ariko agerageza kwimanika, biboneka ko ishami apfundikako umugozi rivunika. Aca agwa ku mabuye ari munsi maze agasanzara.—Ivyakozwe 1:17, 18.
Haracari mu gatondo ka kare igihe Yezu ajanwa ku kirimba kwa Pilato. Ariko rero, Abayuda bamujanye baranka kwinjira. Bibaza ko kwegera Abanyamahanga gutyo vyobahumanya. Ivyo vyotuma badafungura ibifungurwa vyo ku wa 15 Nisani, ni ukuvuga umusi utangura ikiringo c’Umusi mukuru w’imikate itambiwe, ukaba uharurwa mu kiringo ca Pasika.
Pilato arasohoka akababaza ati: “Ni ikirego ki murega uyu muntu?” Na bo bamwishura bati: “Uyu muntu iyo ataba ari inkozi y’ikibi, ntituba twamugushikirije.” Pilato abona umengo bariko baramuremera, akababwira ati: “Nimumujane ubwanyu mumucire urubanza nk’uko itegeko ryanyu riri.” Abayuda barahishura imigabo yabo y’ubwicanyi mu kwishura bati: “Ntitwemererwa kwica umuntu.”—Yohani 18:29-31.
Mu bisanzwe, hamwe bokwica Yezu mu gihe ca Pasika, vyotuma haba imigumuko mu bantu. Ariko rero, hamwe botuma Abaroma bamwica bitwaje imvo za politike, narirya bemerewe kubikora, vyotuma abo Bayuda batagirwa n’icaha imbere y’abantu.
Abakuru b’idini ntibabwira Pilato ko bari bamuciriye urubanza bamwagiriza kurogota. Ubu rero bararema ibindi binyoma bamwagiriza. Bavuga bati: “Uyu mugabo twamusanze [1] ariko adurumbanya ihanga ryacu [2] yongera abuza kuriha amakori Sezari, kandi [3] avuga yuko we ubwiwe ari Kristu, umwami.”—Luka 23:2.
Kubera ko Pilato aserukira Uburoma, birumvikana ko arazwa ishinga no kwumva ko Yezu yiyita umwami. Pilato aca asubira kwinjira mu kirimba, agahamagara Yezu akamubaza ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda?” Ni nk’aho amubajije ati: ‘Warenze itegeko rya Sezari mu kwigira umwami mu kibanza ciwe?’ Kumbure kugira Yezu amenye amakuru Pilato amaze kwumva ku bimwerekeye, amubaza ati: “Ivyo ubivuze uvyibwiye canke ni abandi bakubwiye ivyanje?”—Yohani 18:33, 34.
Pilato yigira nk’uwutazi na kimwe ku vyerekeye Yezu, ariko ko yipfuza kubimenya. Nuko amwishura ati: “Mbega jewe ndi Umuyuda?” Abandanya ati: “Ihanga ryawe bwite be n’abakuru b’abaherezi ni bo bakunshikirije. Wakoze iki?”—Yohani 18:35.
Yezu ntagerageza kuzibukira ico kibazo c’inkoramutima cerekeye ubwami. Inyishu atanga iratangaza cane Buramatari Pilato.
-
-
Pilato na Herodi basanga ari intunganeYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 128
Pilato na Herodi basanga ari intungane
MATAYO 27:12-14, 18, 19 MARIKO 15:2-5 LUKA 23:4-16 YOHANI 18:36-38
YEZU ASAMBISHWA NA PILATO NA HERODI
Yezu ntagerageza guhisha Pilato ko ari umwami. Ariko rero, Ubwami bwiwe nta kaga buteye ku baroma. Yezu avuga ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.” (Yohani 18:36) Emwe, Yezu arafise Ubwami, ariko si ubwo muri ino si.
Pilato ntagarukiriza aho. Amubaza ati: “None rero wewe uri umwami?” Yezu aremera ko Pilato avuze ukuri mu kumwishura ati: “Wewe ubwawe uravuze ko ndi umwami. Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uwuri ku ruhande rw’ukuri wese yumviriza ijwi ryanje.”—Yohani 18:37.
Imbere y’aho Yezu yari yabwiye Toma ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.” Ubu ho na Pilato arumvise ko icatumye Yezu aza kw’ isi kwari kugira ashingire intahe “ukuri,” ni ukuvuga ukuri kwerekeye Ubwami bwiwe. Yezu yiyemeje kuguma ari intahemuka kuri ukwo kuri naho yokuzira. Pilato amubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ariko rero ntarindira inyishu y’ico kibazo. Abona ko ivyo yumvise bihagije kugira acire urubanza uwo mugabo.—Yohani 14:6; 18:38.
Pilato aca agaruka kuri rya sinzi ririndiririye hanze. Biboneka ko Yezu ari hambavu yiwe igihe abwira abakuru b’abaherezi n’abari kumwe na bo ati: “Nta caha mbona muri uyu muntu.” Iyo ngingo irabashavuza maze bagakovya bati: “Agumura abantu mu kwigisha i Yudaya hose, kuva i Galilaya gushika n’ino hose.”—Luka 23:4, 5.
Ishaka rirenze urugero ry’abo Bayuda riratangaza Pilato. Abonye ukuntu abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye baguma basemerera, abaza Yezu ati: “Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza uko bingana?” (Matayo 27:13) Yezu aguma yinumiye. Pilato arajorerwa aravye ukuntu Yezu aguma atekanye kandi ariko yagirizwa ibintu vy’agacamutwe.
Abayuda bahejeje kuvuga ko Yezu ‘yatanguriye i Galilaya.’ Pilato arakurikirana ico ciyumviro maze akamenya ko Yezu ari Umunyagalilaya. Pilato aca abona ingene yohunga iryo banga ryo gucira urubanza Yezu. Herodi Antipa (umuhungu wa Herodi mukuru) ni we atwara Galilaya, kandi ari i Yeruzalemu muri ico kiringo ca Pasika. Pilato aca arungika Yezu kwa Herodi. Herodi Antipa ni we yacishije umutwe Yohani Umubatizi. Mu nyuma, igihe Herodi yumva ko Yezu yariko arakora ibitangaro, yarataye umutwe yibaza ko yoba ari Yohani yazutse mu bapfuye.—Luka 9:7-9.
Herodi rero araryoherwa kuko yiteze kubona Yezu. Ariko rero ntaryohewe kubera yipfuza gufasha Yezu canke kubera yipfuza kumenya ko ivyo bamwagiriza ari ukuri. Ashaka kwimara amakenga kandi “yizigiye kubona ikimenyetso [Yezu] akoze.” (Luka 23:8) Ariko rero, Yezu ntamushirira aho ashaka. Muri make, ntiyishura Herodi ijambo na rimwe. Ivyo birababaza Herodi n’abasoda biwe, bigatuma ‘bamukengera.’ (Luka 23:11) Baca bamwambika impuzu yakaka hama bakamushinyaguriza. Herodi aca asubiza Yezu kwa Pilato. Herodi na Pilato bahora ari abansi, ariko baca baba abagenzi somambike.
Yezu agarutse, Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, indongozi z’Abayuda hamwe n’abanyagihugu akababwira ati: “Namusambishirije imbere yanyu mugabo nta shingiro na rimwe nabonye muri we ry’ibirego mumurega. Nkako, na Herodi ni ukwo, kuko yamudusubije; kandi ehe nta kintu na kimwe gikwiriye kumwicisha yakoze. Ndamuhana rero hanyuma ndamurekure.”—Luka 23:14-16.
Pilato arashashaye kurekura Yezu kuko yabonye neza ko ata kindi catumye abaherezi bamumurungikira atari ishari. Igihe Pilato agomba kurekura Yezu, araronka iyindi mvo yotuma abikora. Igihe yicaye ku ntebe y’imanza, umugore wiwe amutumako ati: “Ntiwiteranye n’uyo mugororotsi, kuko nacumukuye cane mu ndoto [kumbure ivuye ku Mana] uno musi kubera we.”—Matayo 27:19.
Pilato ashobora gute kurekura uwo muntu ata co azira?
-
-
Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 129
Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”
MATAYO 27:15-17, 20-30 MARIKO 15:6-19 LUKA 23:18-25 YOHANI 18:39–19:5
PILATO AGERAGEZA KUREKURA YEZU
ABAYUDA BASABA KO HAREKURWA BARABA
YEZU ASHINYAGURIZWA AKONGERA AGAFATWA NABI
Pilato yabwiye isinzi ryashaka ko Yezu yicwa ati: “Nta shingiro na rimwe nabonye muri we ry’ibirego mumurega. Nkako, na Herodi ni ukwo.” (Luka 23:14, 15) Ubu na ho, kugira Pilato akingire Yezu, arakoresha ubundi buryo akabwira abantu ati: “Murafise umugenzo w’uko ndabarekurira umuntu kuri pasika. Mushaka none ndabarekurire umwami w’Abayuda?”—Yohani 18:39.
Pilato arazi ko hari umunyororo yitwa Baraba, bikaba bizwi ko ari umusuma, umugumutsi n’umwicanyi. Ku bw’ivyo, Pilato ababaza ati: “Mushaka ndabarekurire uyuhe, Baraba canke Yezu umwe bita Kristu?” Kubera ko bohejwe n’abakuru b’abaherezi, abantu basaba ko babarekurira Baraba ariko ntibasaba Yezu. Pilato yongera kubabaza ati: “Mushaka ndabarekurire uyuhe muri abo babiri?” Nya sinzi rirasemerera riti: “Baraba”!—Matayo 27:17, 21.
Pilato arabura ico afata n’ico areka, akabaza ati: “None Yezu umwe bita Kristu na we ndamugire nte?” Abantu basemerera bati: “Namanikwe!” (Matayo 27:22) Birateye isoni kubona basaba ko umuntu ata co azira ari we yicwa. Pilato ababaza ati: “Mbega yemwe, none ikibi uyu yakoze ni igiki? Nta kintu na kimwe namubonyemwo gikwiriye kumwicisha; ndamuhana rero hanyuma ndamurekure.”—Luka 23:22.
Pilato aguma arondera kumurekura, mugabo iryo sinzi ryose rirasemerera n’ishavu n’akantu riti: “Namanikwe!” (Matayo 27:23) Indongozi z’idini zari zaboheje ku buryo ata kindi bashaka atari amaraso! Igitangaje, ntibashaka amaraso y’inkozi y’ikibi canke umwicanyi. Bashaka amaraso y’umuntu ata co azira, umuntu yari aherutse kwakirwa nk’Umwami i Yeruzalemu mu misi itanu iheze. Nimba abigishwa ba Yezu bari ng’aho, ntibakurako umunwa kandi ntibiyerekana.
Pilato arabona ko utwigoro twiwe ata co turiko turavamwo. Uruyogoyogo ruguma rwongerekana. Nuko yakira amazi maze agakarabira imbere y’iryo sinzi. Ababwira ati: “Jewe ndacuna ku maraso y’uyu muntu. Birabaraba.” Mbere n’iryo jambo ntiritururuza abo bantu. Ahubwo bavuga bati: “Amaraso yiwe naje kuri twebwe no ku bana bacu.”—Matayo 27:24, 25.
Pilato yipfuza gushimisha abo bantu aho gukora ivyo abona ko bigororotse. Aca abashirira aho bashaka maze akabarekurira Baraba. Nuko ategeka ko Yezu yamburwa impuzu maze agatonagurwa.
Bahejeje kumutonagura, abasoda baca bamwinjiza mu kirimba kwa buramatari. Baca bakoranira hamwe bakabandanya kumukubagura. Bajisha urugori rw’amahwa hama bakarumutsindagira mu mutwe. Nya basoda baraheza bakamupfumbatisha irenga mu kuboko kw’ukuryo, bakamwambika n’igikwemu c’agahama nka kimwe cambarwa n’abami. Baca bamuramutsa bamuhema bati: “Ndabugize, Mwami w’Abayuda!” (Matayo 27:28, 29) Vyongeye, baza baramucirako amate bongera bamukubita ingumu mu maso. Baraheza bakamushikura rya renga rigumye bakaza bararimuhonda mu mutwe, bigatuma amahwa ya rwa “rugori” rwo kumutetereza yinjira mu rukoba.
Urupfasoni n’ukwigumya Yezu agaragaza kandi ariko aragirirwa nabi birajoreza Pilato ku buryo asubira kugerageza kumukiza. Avuga ati: “Raba ndamubazaniye hanze kugira mumenye ko ata kosa mbona muri we.” None Pilato yoba yiyumvira ko abantu baza guhesha nibabona ingene Yezu ariko aravirirana? Igihe Yezu ahagaze imbere y’iryo sinzi ritagira ikigongwe, Pilato avuga ati: “Ng’uyu wa mugabo!”—Yohani 19:4, 5.
Naho Yezu yasinzikaye kandi akaba yuzuye inguma, aguma ashikamye kandi atekanye ku buryo na Pilato avyemanga nk’uko amajambo avuga avyerekana.
-
-
Yezu atangwa hama akajanwa kwicwaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 130
Yezu atangwa hama akajanwa kwicwa
MATAYO 27:31, 32 MARIKO 15:20, 21 LUKA 23:24-31 YOHANI 19:6-17
PILATO AGERAGEZA KUREKURA YEZU
YEZU ACIRWA URUBANZA HAMA AKAJANWA KWICWA
Naho Yezu yatonaguwe akongera agateterezwa, utwigoro Pilato agira ngo amurekure ntitugondoza abakuru b’idini n’abo bafadikanije. Nta kindi barondera atari uko Yezu yicwa. Baguma basemerera bati: “Mumanike! Mumanike!” Pilato abishura ati: “Mutware ubwanyu mumumanike, kuko jewe ata kosa mbona muri we.”—Yohani 19:6.
Abayuda ntibashobora kwumvisha Pilato ko hari ikirego ca politike cotuma Yezu yicwa. Ariko bite hoho ku kirego cerekeye idini? Baca bagaruka ku kirego co kurogota cari cavyuwe igihe Yezu yari imbere ya Sentare nkuru y’Abayuda. Bavuga bati: “Dufise itegeko, kandi twisunze iryo tegeko, abwirizwa gupfa, kubera ko yigize umwana w’Imana.” (Yohani 19:7) Ico kirego ni gishasha kuri Pilato.
Pilato aca asubira kwinjira mu kirimba iwe akarondera ingene yorekura uwo muntu yakubaguwe ukuraho, kandi n’umugore wiwe akaba yarose ibimwerekeye. (Matayo 27:19) None tuvuge iki kuri ico kirego gishasha Abayuda badukanye c’uko Yezu ari “Umwana w’Imana”? Pilato arazi ko Yezu ava i Galilaya. (Luka 23:5-7) Naho ari ukwo, amubaza ati: “Uva hehe?” (Yohani 19:9) Pilato yoba yibaza ko Yezu yabayeho imbere y’aho, gutyo akaba akomoka ku Mana?
Yezu ubwiwe yarabwiye Pilato ko ari umwami mugabo ko Ubwami bwiwe atari ubwo muri ino si. Kubera ko Yezu atagomba kugaruka ku vyo yari yamaze kuvuga, aguma yinumiye. Pilato arababazwa n’uko Yezu yanse kumwishura, agaca amukankamira ati: “Nta co umbwira? Ntuzi yuko mfise ububasha bwo kukurekura nkagira n’ubwo kukumanika?”—Yohani 19:10.
Yezu amwishura ati: “Nta bubasha na bukeyi wari kungirako, iyo utaba wabuhawe buvuye hejuru. Ni co gituma uwantanze kuri wewe afise igicumuro kinini kuruta.” (Yohani 19:11) Aho Yezu ntashaka kuvuga umuntu umwe. Ahubwo ashaka kuvuga ko Kayifa n’abo bafatanije hamwe na Yuda Isikariyoti bagirwa n’icaha kiremereye gusumba Pilato.
Pilato arajorezwa n’inyifato ya Yezu hamwe n’amajambo yiwe. Ivyo bituma arushiriza gutinya ko Yezu yoba ava ku Mana, agaca yongera kugerageza kumurekura. Ariko rero, Abayuda baca badukana ikindi kirego Pilato ashobora kuba atinya. Bamutera ubwoba bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba uri umugenzi wa Sezari. Umuntu wese yigira umwami, avuga nabi Sezari.”—Yohani 19:12.
Pilato yongera kuzana Yezu hanze, akicara ku ntebe y’imanza maze akabwira abantu ati: “Ng’uyo umwami wanyu!” Ariko n’aho nyene Abayuda ntibagondozwa. Basemerera bati: “Mukureho! Mukureho! Mumanike!” Pilato ababaza ati: “Manike umwami wanyu?” Naho Abayuda bamaze igihe baruhijwe n’ubutegetsi bw’Abaroma, abakuru b’abaherezi baremeza bati: “Nta mwami dufise atari Sezari.”—Yohani 19:14, 15.
Abayuda bararemera Pilato ku buryo agira ubwoba agatanga Yezu ngo yicwe. Ba basoda baca bambura Yezu ca gikwemu c’agahama, bakamwambika impuzu ziwe. Yezu ubwiwe ni we yikorera igiti bagiye kumumanikako.
Ubu ni ku wa gatanu ku musase itariki 14 Nisani. Yezu ntarasinzira kuva ku wa kane mu gitondo, kandi yagumye ashikirwa n’ibintu bibabaje. Uko Yezu anigana n’ico kigiga, inguvu zirahera akumva biranse. Ba basoda baca bategeka umuntu yitwa Simoni w’i Sireni muri Afrika ngo yikorere ico kigiga gushika aho bagiye kumanika Yezu. Isinzi ry’abantu rirabakurikira, bamwe bakagenda bikubitagura ku gikiriza bongera baboroga kubera ibiriko biraba.
Yezu abwira abagore bariko bararira ati: “Bakobwa ba Yeruzalemu, nimureke kundirira. Ahubwo nimwiririre muririre n’abana banyu; kuko ehe imisi iriko iraza aho bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore b’ingumba, n’inda zitavyaye be n’amabere atonkeje!’ Ni ho bazotangura kubwira imisozi bati: ‘Nimutugweko!’, n’imirambi bati: ‘Nimudupfuke!’ Kuko nimba bakora ivyo igiti ari kibisi, bizogenda gute nicuma?”—Luka 23:28-31.
Aho Yezu ariko avuga ihanga ry’Abayuda. Rimeze nk’igiti kiriko kiruma ariko kigifise amazi makeyi, kuko Yezu akiri ng’aho hamwe n’abandi Bayuda bakeyi bamwizera. Umusi bazoba batakiriho, iryo hanga rizosigara rimeze nk’igiti cumye, ata bucuti rifitaniye n’Imana. Hazoba amarira menshi Imana niyakoresha ingabo z’Abaroma mu gutikiza iryo hanga!
-
-
Umwami w’intungane ababarizwa ku gitiYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 131
Umwami w’intungane ababarizwa ku giti
MATAYO 27:33-44 MARIKO 15:22-32 LUKA 23:32-43 YOHANI 19:17-24
YEZU AKOMERWAMWO IMISUMARI KU GITI
ICAPA KIRI HEJURU YA YEZU GITUMA BAMUTYEKEZA
YEZU ASEZERANA UBUZIMA MW’IPARADIZO NG’AHA KW’ISI
Yezu ajanwa mu kibanza kiri hafi y’igisagara aho agiye kwicirwa ari kumwe n’abambuzi babiri. Ico kibanza citwa Gologota, ni ukuvuga Ahantu h’Agahanga, kikaba ari ikibanza umuntu ashobora kubona ari kure.—Mariko 15:40.
Abo bagabo batatu bagiye kwicwa barabambura impuzu zabo. Baca babaha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira. Biboneka ko abagore b’i Yeruzalemu ari bo bateguye ico kivange, kandi Abaroma ntibanka ko abagiye kwicwa bahabwa ico kinyobwa gituma umubiri utimba. Ariko rero, Yezu ahonjeje aca yanka kunywa ico kinyobwa. Uti kubera iki? Ashaka ko ubwenge n’umubiri wiwe biguma bikora neza muri ico kigeragezo ruhasha. Ashaka kuguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu.
Yezu rero aca arambikwa ku giti. (Mariko 15:25) Abasoda baramukomera imisumari mu biganza no ku birenge, igatobekeranya inyama n’imitsi bigatuma ababara cane. Igihe bavyura ico kigiga, umubabaro uramusogota kubera yuko uburemere bw’umubiri butuma aho bateye imisumari harushiriza gutabuka. Ariko Yezu ntatukagura abo basoda. Asenga ati: “Data, bababarire, kuko batazi ico bariko barakora.”—Luka 23:34.
Abaroma bari bafise umugenzo wo kumanika icapa kiriko icaha umuntu aba yakoze. Ubu rero Pilato yashizeho icandiko kivuga ngo: “Yezu Umunyanazareti Umwami w’Abayuda.” Ico candiko kiri mu giheburayo, ikilatini n’ikigiriki kugira abantu nka bose bashobore kugisoma. Ico kintu kirerekana ko Pilato yanka abo Bayuda basavye bashimika ngo Yezu yicwe. Abakuru b’abaherezi barabura iyo bakwirwa, bakavuga bati: “Ntiwandike ngo: ‘Umwami w’Abayuda,’ ahubwo andika ko yavuze ngo: ‘Ni jewe Mwami w’Abayuda.’” Ariko kubera ko Pilato adashaka kwongera kuba igikoresho cabo, abishura ati: “Ico nanditse nanditse.”—Yohani 19:19-22.
Nya baherezi baca basubiramwo vya binyoma bagiriza Yezu mu gitondo imbere ya Sentare nkuru. Ntibitangaje rero kubona abahita baza barazunza umutwe bashinyagurira Yezu mu kuvuga bati: “Ee! Wewe ugira ngo wosenyura urusengero ukarwubaka mu misi itatu, niwikize mu kumanuka ukava ku giti co kubabarizwako.” Abakuru b’abaherezi n’abanyabwenge b’ivyanditswe na bo babwirana bati: “Kristu Umwami wa Isirayeli namanuke ubu ave kuri ico giti co kubabarizwako, tubibone duheze twemere.” (Mariko 15:29-32) Mbere na ba bambuzi bamanikanywe na we iburyo n’ibubamfu baramutuka kandi ari we wenyene ariko azira ubusa.
Ba basoda bane b’Abaroma na bo nyene baramutwenga. Bashobora kuba bariko baranywa umuvinyu w’inkarihe. Ubu rero mu kumushinyagurira, bawushira imbere ya Yezu naho biboneka ko adashobora kuwushikira ngo anyweko na dukeyi. Abo Baroma baca bakikiriza kuri ca candiko kiri hejuru yiwe, bakamuhema bati: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize.” (Luka 23:36, 37) Iyumvire nawe! Umuntu yerekanye ko ari inzira, ukuri n’ubuzima ni we ariko afatwa nabi gutyo. Ariko rero ivyo vyose aravyemera, atiriwe aratuka Abayuda bariko baramwitegereza, abasoda b’Abaroma bariko baramushinyaguriza canke abo bambuzi babiri bamanikanywe na we.
Ba basoda bane barafata impuzu za Yezu bakazigaburamwo kune. Baca bagira ubupfindo kugira umwe wese amenye izo atwara. Ariko rero, impuzu ya Yezu yo munsi ni nziza cane kuko ‘ata mubariro igira, ikaba ijishwe kuva hejuru gushika hasi.’ Nya basoda babwirana bati: “Ntituyitabure, ahubwo tumenye biciye ku bupfindo uwo ija kwegukira.” Gutyo, barashitsa icanditswe kigira giti: “Bagabanganye impuzu zanje zo hejuru, bapfindira ivyambarwa vyanje.”—Yohani 19:23, 24; Zaburi 22:18.
Mu nyuma, umwe muri za nkozi z’ikibi aratahura ko Yezu ategerezwa kuba ari umwami. Arakarira mugenzi we ati: “Mbega wewe ntutinya Imana na gatoyi, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe? Tweho koko ntiturenganijwe, kuko turiko turonka ivyo dukwiriye vyose ku bw’ivyo twakoze; mugabo uyu we nta kintu na kimwe kitabereye yakoze.” Aca yinginga Yezu ati: “Urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.”—Luka 23:40-42.
Yezu amwishura ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje,” atari mu Bwami ahubwo “muri Paradizo.” (Luka 23:43) Uwo muhango uratandukanye n’umwe Yezu yaha intumwa ziwe w’uko bokwicaye ku ntebe z’ubwami kumwe na we mu Bwami bwiwe. (Matayo 19:28; Luka 22:29, 30) Ariko rero, uwo Muyuda ashobora kuba yari amaze kwumva ibijanye n’Iparadizo yo kw’isi Yehova yari yarahaye Adamu na Eva n’uruvyaro rwabo ngo babemwo. Iyo nkozi y’ikibi rero ipfa ifise ico cizigiro.
-
-
“Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 132
“Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”
MATAYO 27:45-56 MARIKO 15:33-41 LUKA 23:44-49 YOHANI 19:25-30
APFIRA KU GITI
IBINTU BIDASANZWE BIBA YEZU ACIKANYE
Ni ku mutaga kw’“isaha igira gatandatu.” Umwijima uteye ubwoba uca ukwira “igihugu cose gushika kw’isaha y’icenda,” ku muhingamo. (Mariko 15:33) Uwo mwijima ntiwatewe n’ubwirakabiri kuko buba mu mboneko z’ukwezi. Ariko ubu ni igihe ca Pasika, ukwezi kukaba ari igisyo. Kandi uwo mwiza umara umwanya munini gusumba iminuta mikeyi ubwirakabiri bumara. Imana rero ni yo yatumye haba uwo mwiza!
Iyumvire ukuntu ivyo bitangaza bamwe bariko barashinyaguriza Yezu. Muri uwo mwiza, abagore bane baregera ca giti co kubabarizwako. Ni nyina wa Yezu, Salome, Mariya Magadalena na Mariya nyina w’intumwa Yakobo mutoyi.
Intumwa Yohani ari “hafi y’igiti co kubabarizwako,” akaba ari kumwe na nyina wa Yezu atuntuye cane. Mariya aritegereza umwana yibarutse akongera akarera ariko arasambagirika. Kuri we ni cokimwe n’ugusogotwa n’“inkota ndende.” (Yohani 19:25; Luka 2:35) Naho Yezu ababaye cane, aguma yitwararika nyina wiwe. Arinanata agahindukiza umutwe akaraba Yohani, maze akabwira nyina wiwe ati: “Mugore, ng’uyo umwana wawe!” Arongera guhindukira akaraba nyina wiwe, maze akabwira Yohani ati: “Ng’uyo nyoko wawe!”—Yohani 19:26, 27.
Yezu azeza intumwa akunda cane igikorwa co kubungabunga nyina wiwe, uwo biboneka ko asigaye ari umupfakazi. Yezu arazi ko bene wabo, ni ukuvuga abandi bana ba Mariya, bataramwizera. Ku bw’ivyo, arategekanya ingene nyina wiwe azoronka ivyo akeneye ku mubiri kandi akaguma akomeye mu kwizera. Ese ukuntu ari akarorero keza!
Wa mwiza ukimara kurangira, Yezu avuga ati: “Ndanyotewe.” Ivyo bituma ivyanditswe biranguka. (Yohani 19:28; Zaburi 22:15) Yezu abona umengo Se yaretse kumukingira kugira ugutungana kwiwe kugeragezwe gushika ku rugero rwa nyuma. Kristu arasemerera, kumbure mu giharameya c’i Yudaya, ati: “Eli, Eli, lama sabakitani?” bikaba bisobanura ngo: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye?” Bamwe mu bari ng’aho bamutahura nabi, bagaca bavuga bati: “Ehe ariko arahamagara Eliya.” Maze umwe muri bo ariruka, akajobeka ikinyuko mu muvinyu ukarishe akagishira kw’irenga maze agaha Yezu ngo anywe. Ariko abandi bavuga bati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumumanura.”—Mariko 15:34-36.
Yezu aca asemerera ati: “Birarangutse!” (Yohani 19:30) Emwe, yaranguye ivyo Se yamutumye gukora kw’isi vyose. Mu nyuma Yezu avuga ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje.” (Luka 23:46) Yezu rero ashize ubuzima bwiwe mu maboko ya Yehova yizigiye ko azobumusubiza. Araheza akajondamika umutwe maze agacikana acizigiye Imana bimwe bikomeye.
Haca haba ikinyamugigima gikaze ku buryo gisatura ibitandara. Kirakomeye ku buryo imva ziri hanze ya Yeruzalemu zuguruka, ibiziga bikaja hejuru. Abahita babonye ivyo biziga, baca binjira mu “gisagara ceranda” bakigana ivyo bahejeje kubona.—Matayo 12:11; 27:51-53.
Yezu acikanye, irido rirerire kandi riremereye ryahora ritandukanya aheranda n’aheranda rwose mu rusengero rw’Imana rica ritantamuka kuva hejuru gushika hasi. Ico kintu gitangaje ni ikimenyamenya c’ishavu Imana ifitiye abishe Umwana wayo, kikaba kandi cerekana ko inzira ija aheranda cane ari ho mw’ijuru yuguruye.—Abaheburayo 9:2, 3; 10:19, 20.
Birumvikana ko abantu batekerwa n’ubwoba. Intwazangabo yari ihagarikiye igikorwa co kwica Yezu irikugura iti: “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana.” (Mariko 15:39) Ashobora kuba ari ho yari hamwe Pilato yasambisha Yezu, igihe havyuka ikibazo c’uko yoba ari umwana w’Imana. Ubu rero arajijutse ko Yezu ari umugororotsi kandi ko ari Umwana w’Imana.
Abandi bararengerwa n’ivyo bintu vy’akataraboneka, bagataha muhira “bikubitagura ku gikiriza” mu kwerekana umubabaro mwinshi n’ibimaramare bafise. (Luka 23:48) Mu bariko baravyitegereza bari kure harimwo abagore bahora baherekeza Yezu. Na bo nyene barakorwa ku mutima cane n’ivyo bintu vy’agatangaza bibaye.
-
-
Ikiziga ca Yezu kirategurwa kigahambwaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 133
Ikiziga ca Yezu kirategurwa kigahambwa
MATAYO 27:57–28:2 MARIKO 15:42–16:4 LUKA 23:50–24:3 YOHANI 19:31–20:1
IKIZIGA CA YEZU KIMANURWA KU GITI
IKIZIGA CIWE GITEGURWA KUGIRA GIHAMBWE
ABAGORE BASANGA IMVA IGARAGARA
Turi ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Nisani ku muhingamo. Isabato yo ku wa 15 Nisani ija gutangura izuba rirenze. Yezu yamaze gucikana, ariko ba bambuzi babiri bari iruhande yiwe ntibarapfa. Ku bijanye n’umuvyimba, amategeko Imana yahaye Abisirayeli yavuga ati: “Ntuze urare ku giti” ahubwo utegerezwa guhambwa “kuri uyo musi.”—Gusubira mu vyagezwe 21:22, 23.
Vyongeye, ku wa gatanu ku muhingamo hitwa Umwiteguro kuko ari ho bategura ibifungurwa bakongera bagaheraheza ibindi bikorwa bitoshobora kurindira gushika Isabato irangiye. Izuba rirenze haca hatangura Isabato ‘ikomeye,’ ni ukuvuga Isabato irimwo zibiri. (Yohani 19:31) Ivyo ni ko biri kubera ko igenekerezo rya 15 Nisani rihurirana n’umusi wa mbere w’Umusi mukuru w’imikate itambiwe wamara imisi ndwi, uwa mbere muri yo ukaba wama ari Isabato. (Abalewi 23:5, 6) Ubu rero uwo musi wa mbere uhurirana n’Isabato yaba ku ndwi ku ndwi, ni ukuvuga umusi w’indwi.
Ku bw’ivyo, Abayuda basaba Pilato kwihutisha urupfu rwa Yezu na ba bambuzi babiri bamanikanywe. None babigenza gute? Ni mu kubavuna amaguru. Ivyo bituma badakoresha amaguru yabo mu kuduza umutumba kugira baheme. Ba basoda baraza bakavuna amaguru ya ba bambuzi bibiri. Ariko Yezu biboneka ko yamaze gucikana, bakaba rero batamuvuna amaguru. Ivyo birashitsa amajambo yo muri Zaburi 34:20 agira ati: “Arinda amagufa yiwe yose; nta na rimwe muri yo ryavunywe.”
Kugira biyemeze ko Yezu yapfuye vy’ukuri, umwe muri nya basoda amusogota icumu mu rubavu, rikinjira no mu mutima. “Buno nyene havayo amaraso n’amazi.” (Yohani 19:34) Ivyo birashitsa ikindi canditswe kigira giti: “Bazoraba koko Uwo basogōse.”—Zekariya 12:10.
Yozefu w’i Arimateya, “umugabo w’umutunzi” akaba n’umuntu yubahwa ari mu bagize ya Sentare y’Abayuda, na we nyene ni ho yari igihe Yezu yicwa. (Matayo 27:57) Avugwa ko yari “umuntu mwiza kandi w’umugororotsi yari arindiriye ubwami bw’Imana.” Kubera ko yari “umwigishwa wa Yezu mugabo wo mu mpisho kubera ugutinya Abayuda,” ntiyashigikiye urubanza iyo sentare yaciriye Yezu. (Luka 23:50; Mariko 15:43; Yohani 19:38) Yozefu rero ararya umutima amenyo agasaba Pilato ikiziga ca Yezu. Pilato aca atumako intwazangabo ibijejwe, na yo ikemeza ko Yezu yacikanye. Pilato rero aca yemera ivyo Yozefu amusavye.
Yozefu aca agura igitambara ciza c’ilino maze akamanura ikiziga ca Yezu ku giti. Mu gutegura ico kiziga, araheza akakizingira muri ca gitambara. Nikodemu, “umwe yaza ubwa mbere kuri [Yezu] mw’ijoro,” arafasha gutegura amaziko. (Yohani 19:39) Aza azanye ikizingo c’ibilo nka 33 vy’imira n’imibazibazi izimvye. Ikiziga ca Yezu gica kizingirwa mu bitambara bimota nk’uko Abayuda basanzwe bategura amaziko.
Ikiziga ca Yezu rero gica kiryamikwa mu mva nshasha ya Yozefu yimbwe mu gitandara kiri hafi yo ng’aho. Baca bugaza iyo mva ikibuye kinini. Barihuta kumufuba imbere y’uko Isabato itangura. Birashoboka ko Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo mutoyi bamye barafasha gutegura ikiziga ca Yezu. Ubu rero baca birukanga muhira “gutegura ibimota be n’amavuta amota neza” vyo gusiga neza ikiziga ca Yezu inyuma y’Isabato.—Luka 23:56.
Bukeye, hakaba ari kw’Isabato, abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo baja kwa Pilato bakamubwira bati: “Twibutse yuko wa muhumvyi yavuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozurwa.’ Tegeka rero barinde imva gushika ku musi ugira gatatu, kugira abigishwa biwe ntibahave baza ngo bamwibe, bakabwira abantu ngo: ‘Yarazuwe mu bapfuye!’, kandi ubwo buhumvyi bwa nyuma buzoba bubi kuruta ubwa mbere.” Pilato abishura ati: “Abarinzi murafise. Genda muyirinde uko muvyumva.”—Matayo 27:63-65.
Mu gitondo ca kare ku wa mungu, Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo hamwe n’abandi bagore bazana ibimota kugira basige ikiziga ca Yezu. Bavugana bati: “Ni nde aza kudutembagariza rya buye ngo rive ku muryango w’imva?” (Mariko 16:3) Ariko rero basanga habaye ikinyamugigima. Emwe, umumarayika w’Imana yari yatembagaje ca kibuye, abarinzi na bo bagiye kandi imva yari isigaye igaragara!
-