ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 132 rup. 300-rup. 301 ing. 3
  • “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ni ivy’Ukuri Uyo Yari Umwana w’Imana’
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yarihanganiye intuntu isogota nk’inkota
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo twigira ku majambo ya nyuma Yezu yavuze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Yezu apfa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 132 rup. 300-rup. 301 ing. 3
Yezu ahejeje gucikana ari ku giti co kubabarizwako ari kumwe n’inkozi z’ikibi zibiri, intwazangabo imwe ivuga iti: “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”

IKIGABANE CA 132

“Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana”

MATAYO 27:45-56 MARIKO 15:33-41 LUKA 23:44-49 YOHANI 19:25-30

  • APFIRA KU GITI

  • IBINTU BIDASANZWE BIBA YEZU ACIKANYE

Ni ku mutaga kw’“isaha igira gatandatu.” Umwijima uteye ubwoba uca ukwira “igihugu cose gushika kw’isaha y’icenda,” ku muhingamo. (Mariko 15:33) Uwo mwijima ntiwatewe n’ubwirakabiri kuko buba mu mboneko z’ukwezi. Ariko ubu ni igihe ca Pasika, ukwezi kukaba ari igisyo. Kandi uwo mwiza umara umwanya munini gusumba iminuta mikeyi ubwirakabiri bumara. Imana rero ni yo yatumye haba uwo mwiza!

Iyumvire ukuntu ivyo bitangaza bamwe bariko barashinyaguriza Yezu. Muri uwo mwiza, abagore bane baregera ca giti co kubabarizwako. Ni nyina wa Yezu, Salome, Mariya Magadalena na Mariya nyina w’intumwa Yakobo mutoyi.

Intumwa Yohani ari “hafi y’igiti co kubabarizwako,” akaba ari kumwe na nyina wa Yezu atuntuye cane. Mariya aritegereza umwana yibarutse akongera akarera ariko arasambagirika. Kuri we ni cokimwe n’ugusogotwa n’“inkota ndende.” (Yohani 19:25; Luka 2:35) Naho Yezu ababaye cane, aguma yitwararika nyina wiwe. Arinanata agahindukiza umutwe akaraba Yohani, maze akabwira nyina wiwe ati: “Mugore, ng’uyo umwana wawe!” Arongera guhindukira akaraba nyina wiwe, maze akabwira Yohani ati: “Ng’uyo nyoko wawe!”​—Yohani 19:26, 27.

Yezu azeza intumwa akunda cane igikorwa co kubungabunga nyina wiwe, uwo biboneka ko asigaye ari umupfakazi. Yezu arazi ko bene wabo, ni ukuvuga abandi bana ba Mariya, bataramwizera. Ku bw’ivyo, arategekanya ingene nyina wiwe azoronka ivyo akeneye ku mubiri kandi akaguma akomeye mu kwizera. Ese ukuntu ari akarorero keza!

Wa mwiza ukimara kurangira, Yezu avuga ati: “Ndanyotewe.” Ivyo bituma ivyanditswe biranguka. (Yohani 19:28; Zaburi 22:15) Yezu abona umengo Se yaretse kumukingira kugira ugutungana kwiwe kugeragezwe gushika ku rugero rwa nyuma. Kristu arasemerera, kumbure mu giharameya c’i Yudaya, ati: “Eli, Eli, lama sabakitani?” bikaba bisobanura ngo: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye?” Bamwe mu bari ng’aho bamutahura nabi, bagaca bavuga bati: “Ehe ariko arahamagara Eliya.” Maze umwe muri bo ariruka, akajobeka ikinyuko mu muvinyu ukarishe akagishira kw’irenga maze agaha Yezu ngo anywe. Ariko abandi bavuga bati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumumanura.”​—Mariko 15:34-36.

Yezu aca asemerera ati: “Birarangutse!” (Yohani 19:30) Emwe, yaranguye ivyo Se yamutumye gukora kw’isi vyose. Mu nyuma Yezu avuga ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje.” (Luka 23:46) Yezu rero ashize ubuzima bwiwe mu maboko ya Yehova yizigiye ko azobumusubiza. Araheza akajondamika umutwe maze agacikana acizigiye Imana bimwe bikomeye.

Haca haba ikinyamugigima gikaze ku buryo gisatura ibitandara. Kirakomeye ku buryo imva ziri hanze ya Yeruzalemu zuguruka, ibiziga bikaja hejuru. Abahita babonye ivyo biziga, baca binjira mu “gisagara ceranda” bakigana ivyo bahejeje kubona.​—Matayo 12:11; 27:51-53.

Yezu acikanye, irido rirerire kandi riremereye ryahora ritandukanya aheranda n’aheranda rwose mu rusengero rw’Imana rica ritantamuka kuva hejuru gushika hasi. Ico kintu gitangaje ni ikimenyamenya c’ishavu Imana ifitiye abishe Umwana wayo, kikaba kandi cerekana ko inzira ija aheranda cane ari ho mw’ijuru yuguruye.​—Abaheburayo 9:2, 3; 10:19, 20.

Birumvikana ko abantu batekerwa n’ubwoba. Intwazangabo yari ihagarikiye igikorwa co kwica Yezu irikugura iti: “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana.” (Mariko 15:39) Ashobora kuba ari ho yari hamwe Pilato yasambisha Yezu, igihe havyuka ikibazo c’uko yoba ari umwana w’Imana. Ubu rero arajijutse ko Yezu ari umugororotsi kandi ko ari Umwana w’Imana.

Abandi bararengerwa n’ivyo bintu vy’akataraboneka, bagataha muhira “bikubitagura ku gikiriza” mu kwerekana umubabaro mwinshi n’ibimaramare bafise. (Luka 23:48) Mu bariko baravyitegereza bari kure harimwo abagore bahora baherekeza Yezu. Na bo nyene barakorwa ku mutima cane n’ivyo bintu vy’agatangaza bibaye.

“MUMANIKE” KU GITI

Abansi ba Yezu barasemereye bati: “Mumanike!” (Yohani 19:15) Ijambo “igiti” rikoreshwa mu nkuru zo mu Njili rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki stau·rosʹ. Igitabu Kahise k’umusaraba kigira giti: “Stauros risobanura ‘igiti kigororotse,’ uruti rukomeye nka rumwe abarimyi n’aborozi bashinga bariko bubaka uruzitiro, ni ivyo nta bindi.”

  • Ni kubera iki ubwirakabiri atari bwo bwatumye haba umwiza wamaze amasaha atatu?

  • Ni akarorero akahe Yezu atanga mu bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

  • Ca kinyamugigima gituma haba iki, kandi bisigura iki kubona irido ryo mu rusengero ritabukamwo kubiri?

  • Urupfu rwa Yezu n’ibintu bica bikurikira bigira ingaruka izihe ku bari ng’aho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika