-
Yezu aba MesiyaIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 74
Yezu aba Mesiya
Yohani yari amaze igihe yamamaza ati: ‘Uwuhambaye kundusha ariko araza.’ Igihe Yezu yari afise nk’imyaka 30, yaravuye i Galilaya aza ku ruzi Yorodani, aho Yohani yariko arabatiriza. Yashaka ko Yohani amubatiza, ariko Yohani amubwira ati: ‘Simbereye kukubatiza, ahubwo ni wewe ukwiye kumbatiza.’ Yezu yamwishuye ati: ‘Yehova ashaka ko umbatiza.’ Baciye baja mu ruzi Yorodani, Yohani aca aramwibiza mu mazi.
Yezu yiburutse mu mazi, yaciye asenga. Ako kanya ijuru ryarugurutse, impwemu y’Imana ica imanuka kuri we imeze nk’inuma. Yehova yaciye avugira mw’ijuru ati: «Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye.»
Igihe impwemu ya Yehova yaza kuri Yezu, yaciye aba Kristu ari we Mesiya. Hari hageze rero ko atangura igikorwa Yehova yari yaramurungitse gukora.
Yezu agiheza kubatizwa, yaciye aja mu bugaragwa amarayo imisi 40. Avuyeyo yaciye aja kuraba Yohani. Yohani abonye Yezu ariko araza, yaciye avuga ati: ‘Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana uzokuraho igicumuro c’isi.’ Yohani yari ashatse kubwira abantu ko Yezu ari we Mesiya. None urazi ivyashikiye Yezu igihe yari mu bugaragwa? Reka tubirabe.
«Ijwi riva mw’ijuru, rivuga riti: ‘Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye.’»—Mariko 1:11
-
-
Shetani agerageza YezuIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 75
Shetani agerageza Yezu
Yezu ahejeje kubatizwa, impwemu nyeranda yaciye imujana mu bugaragwa. Kubera ko yamaze imisi 40 atarya, yarashonje cane. Shetani yaciye aza kumugerageza, amubwira ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, bwira aya mabuye ahinduke imikate.’ Yezu yamwishuye akoresheje amajambo yo muri Bibiliya ati: ‘Vyanditswe ko umuntu adakeneye indya gusa kugira abeho. Arakeneye kwumviriza ijambo ryose Yehova avuga.’
Shetani yarongeye kugerageza Yezu ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, simbira hasi uvuye hejuru ku rusengero. None ntivyanditswe ko Imana izorungika abamarayika bayo bakagusama?’ Mugabo Yezu yaciye yongera kumwishura akoresheje amajambo yo muri Bibiliya ati: «Vyanditswe ngo: ‘Ntukagerageze Yehova Imana yawe.’»
Shetani yaciye yereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi, ubutunzi bwabwo n’ubwiza bwabwo, maze amubwira ati: ‘Hamwe wonsenga rimwe gusa, noca ndaguha ubu bwami bwose n’ubwiza bwabwo.’ Ariko Yezu yamwishuye ati: «Mvako Shetani! Vyanditswe ngo: ‘Yehova wenyene ni we utegerezwa gusenga.’»
Shetani yaciye agenda, abamarayika baca barazanira Yezu ibifungurwa. Kuva ico gihe, Yezu yaciye atangura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ni co gikorwa yarungitswe gukora kw’isi. Abantu barakunda ivyo Yezu yabigisha kandi baguma bamukurikira aho yaja hose.
«Iyo [Shetani] abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma.»—Yohani 8:44
-