ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w21 Ruheshi rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ico Ivyagezwe vya Musa Bivuze Kuri Wewe
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Iteka rya Kirisitu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Niwumvirize inyishu z’ibi bibazo
    Programa y’iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu 2017-2018 ririmwo uwuserukira ishami
  • Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyagezwe vya Musa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
w21 Ruheshi rup. 31

Ibibazo Vy’abasomyi

Intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Biciye kw’itegeko narapfuye ku vyerekeye itegeko”?​—Gal. 2:19.

Intumwa Paulo.

Paulo yanditse ati: “Biciye kw’itegeko narapfuye ku vyerekeye itegeko, kugira ngo mbe muzima ku Mana.”​—Gal. 2:19.

Ivyo bintu Paulo yanditse, vyari bifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru yariko arasigurira amashengero yo mu ntara y’Uburoma yitwa Galatiya. Abakirisu bamwebamwe baho bariko barahendwa n’abigisha b’ikinyoma. Abo bantu bariko bigisha ko kugira ngo umuntu arokoke, yategerezwa kwubahiriza ivyasabwa n’Itegeko rya Musa, na canecane ukugenyerwa. Ariko Paulo wewe yari azi ko Imana itari igisaba abayisenga kugenyerwa. Akoresheje ivyiyumviro bijijura, yarerekanye ko izo nyigisho zari ikinyoma, gutyo arafasha abavukanyi kurushiriza kwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kristu.​—Gal. 2:4; 5:2.

Bibiliya iratomora yuko iyo umuntu apfuye, ata kintu na kimwe aba akizi, canke ngo hagire ikintu na kimwe cogira ico kimukozeko. (Umus. 9:5) Igihe Paulo yavuga ngo: “Narapfuye ku vyerekeye itegeko,” yashaka kuvuga ko Itegeko rya Musa ritari rikimufiseko ububasha namba. Ahubwo yari azi neza ko kuba yarizeye incungu, vyatumye “[aba] muzima ku Mana.”

Iryo hinduka ryabaye mu buzima bwa Paulo ryashobotse “biciye kw’itegeko.” Uti gute? Yari ahejeje gusigura yuko “umuntu yitwa umugororotsi bitavuye ku bikorwa vy’itegeko ahubwo bivuye gusa ku kwizera kwerekeye Kristu Yezu.” (Gal. 2:16) Mu vy’ukuri, Itegeko ryari ryararanguye uruhara ruhambaye. Paulo yasiguriye Abagalatiya ati: “Ryongeweko kugira ngo ibigabitanyo bije ahabona, kugeza hashitse uruvyaro rwari rwarahawe umuhango.” (Gal. 3:19) Ego cane, Itegeko ryarerekanye neza ko abantu badatunganye kandi b’abacumuzi batari gushobora kuryubahiriza ijana kw’ijana, ko rero bari bakeneye ikimazi kimwe rudende gitunganye. Itegeko rero ryarajanye abantu ku “ruvyaro,” ari rwo Kristu. Uwizera Yezu Kristu rero, Imana yari kumwita umugororotsi. (Gal. 3:24) Paulo rero yiswe umugororotsi kubera ko biciye kw’Itegeko yari yaremeye Yezu akongera akamwizera. Ku bw’ivyo, Paulo yari “[ya]rapfuye ku vyerekeye itegeko,” mugabo aca aba “muzima ku Mana.” Itegeko ntiryari rikimufiseko ububasha, ariko Imana ni yo yari ibumufiseko.

Paulo yaravuze iciyumviro gisa n’ico nyene mw’ikete yandikiye Abaroma. Yavuze ati: “Bavukanyi banje, na mwebwe nyene mwaragizwe abapfuye kw’Itegeko biciye ku mubiri wa Kristu . . . Twarabohowe Itegeko, kubera ko twapfuye kuri kirya twari twarafatishijwe.” (Rom. 7:4, 6) Ibivugwa muri ico canditswe be no mu Bagalatiya 2:19, birerekana ko Paulo atariko avuga ivyo gupfa nk’umucumuzi yaba yaciriwe urubanza hisunzwe rya Tegeko. Ahubwo yariko avuga ibijanye n’ukubohorwa. We hamwe n’abandi bari bameze nka we, Itegeko ntiryari rikibafiseko ububasha. Bari barabohowe biciye ku kwizera incungu ya Kristu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika