URURIRIMBO RWA 13
Kristu, Karorero kacu
Integuro icapuwe
1. Yehova ni mwiza
Yatanz’umukiza,
Ikinege ciwe yakunda cane.
Maze Krist’avuka
Ngw’azotang’inkuka.
Ngw’izina rya Se rimenyekane.
2. Yezu yarigisha
Kand’akifashisha
Ijambo rya Se, rikamuh’ubwenge.
No mur’ivyo rero
Yar’akarorero,
Ka kandi katagir’akanenge.
3. Dukoze nka Kristu
Mu buzima bwacu
Yehov’azoterw’itek’abereye.
Kristu tumwisunze
Kandi tubikunze
Tuzoshimwa n’Uwatwiremeye.
(Raba kandi Yoh. 8:29; Ef. 5:2; Flp. 2:5-7.)