URURIRIMBO RWA 150
Rondera Imana urokorwe
Integuro icapuwe
1. Ubu amahanga
Yezu Krist’aramwanka.
Igihe c’intwaro zabo
Iman’iti: “Caheze.”
Bari baryimaze,
Non’ub’Ubwami bwaje.
Yez’agiye guhash’abansi.
Nta gihe basigaje.
(ICITABIRIZO)
Ronder’Iman’urokorwe,
Ereg’iri n’ikigongwe.
Nuyizigire,
Yishigikire,
Uvyerekan’utomora.
Maze wiboner’ingene
Ikurokora.
2. Iki gih’abantu
Barabwirwa ya nkuru,
Bose bagahabw’akaryo,
Bakihitiramw’ubu.
Turageragezwa,
Ntibiduter’ubwoba.
Yehov’ararind’abizerwa;
Dutabaj’azotwumva.
(ICITABIRIZO)
Ronder’Iman’urokorwe,
Ereg’iri n’ikigongwe.
Nuyizigire,
Yishigikire,
Uvyerekan’utomora.
Maze wiboner’ingene
Ikurokora.
(Raba kandi 1 Sam. 2:9; Zab. 2:2, 3, 9; Imig. 2:8; Mat. 6:33.)