Ikigabane ca 42
Ijuru rishasha n’isi nshasha
1. Ni ibiki Yohani adondora igihe umumarayika amusubiza mu ntango ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi?
IRYO yerekwa rininahaye rirabandanya igihe uwo mumarayika asubiza Yohani mu ntango ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi. None ni ibiki Yohani adondora? Avuga ati: “Maze mbona ijuru rishasha n’isi nshasha; kuko ijuru rya kera n’isi ya kera vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.” (Ivyahishuwe 21:1) Emwe, ibintu abona ni agahore!
2. (a) Ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekeye isi nshasha bwarangukiye gute ku Bayuda basubijwe umutamana mu 537 B.G.C.? (b) Tubwirwa n’iki ko hazoba irindi ranguka ry’ubuhanuzi bwa Yesaya, kandi uwo muhango uzoranguka gute?
2 Imyaka amajana imbere y’igihe ca Yohani, Yehova yari yarabwiye Yesaya ati: “Kuko ehe ndiko ndema amajuru mashasha n’isi nshasha; kandi ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.” (Yesaya 65:17; 66:22) Ubwo buhanuzi bwari bwatanguye kuranguka igihe Abayuda b’abizigirwa basubira i Yeruzalemu mu 537 B.G.C. inyuma y’imyaka 70 bamaze mu bunyagano i Babiloni. Bamaze gusubizwa umutamana, bari bagize ikibano gityoroye, ni ukuvuga “isi nshasha” itegekwa n’intwaro nshasha ari yo “majuru mashasha.” Ariko rero intumwa Petero yarerekanye irindi ranguka ry’ubwo buhanuzi, ati: “Mugabo, nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Petero 3:13) Yohani aca yerekana ko uwo muhango uranguka mu kiringo c’umusi w’Umukama. “Ijuru rya kera n’isi ya kera,” ni ukuvuga iyi si ya Shetani hamwe n’intwaro zayo ziyobowe na Shetani n’amadayimoni yiwe, bizovaho. “Ikiyaga” kivurunganye c’abantu babi kandi b’abagarariji ntikizosubira kubaho. Kizosubirirwa n’“ijuru rishasha n’isi nshasha,” ni ukuvuga ikibano gishasha co kw’isi gitegekwa n’intwaro nshasha y’Ubwami bw’Imana.—Gereranya n’Ivyahishuwe 20:11.
3. (a) Ni ibiki Yohani atwiganira, kandi Yeruzalemu Nshasha ni iki? (b) Ni gute Yeruzalemu Nshasha ‘imanuka iva mw’ijuru’?
3 Yohani abandanya ati: “Mbona kandi ca gisagara ceranda, Yeruzalemu Nshasha, kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, giteguwe nk’umugeni asharijwe ku bw’umugabo wiwe.” (Ivyahishuwe 21:2) Yeruzalemu Nshasha ni umugeni wa Kristu, akaba agizwe n’abakirisu barobanuwe bapfa ari abizigirwa bagaca bazukira kuba abami n’abaherezi hamwe na Yezu uwaninahajwe. (Ivyahishuwe 3:12; 20:6) Nk’uko nyene Yeruzalemu yo kw’isi yari icicaro c’intwaro muri Isirayeli ya kera, Yeruzalemu Nshasha ihimbaye hamwe n’Umugabo wayo ni vyo bizotegeka iyo si nshasha. Iryo ni ryo juru rishasha. Uwo ‘mugeni ntamanuka ava mw’ijuru’ mu buryo buboneka, ahubwo ni mu buryo bw’uko yitwararika ibiba kw’isi. Umugeni wa wa Mwagazi w’intama ni we amubera umufasha w’intahemuka mu kuyobora intwaro igororotse iganza abantu bose. Mbega umuhezagiro ku bazoba bagize isi nshasha!
4. Ni umuhango uwuhe Imana itanga usa n’uwo yahaye ihanga rya Isirayeli ryari rihejeje kuvuka?
4 Yohani abandanya atwiganira ati: “Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: ‘Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo.’” (Ivyahishuwe 21:3) Igihe Yehova yagiranira isezerano ry’Itegeko n’ihanga rya Isirayeli ryari rihejeje kuvuka, yabasezeraniye ati: “Nzoshira koko itaberenakulo yanje hagati muri mwebwe, kandi sinzobazinukwa. Nzogendera koko hagati muri mwebwe, nerekane ko ndi Imana yanyu, namwe muzokwerekana ko muri abantu banje.” (Abalewi 26:11, 12) Ubu rero Yehova ahaye abantu b’abizigirwa umuhango nk’uwo nyene. Mu kiringo ca wa Musi w’urubanza w’imyaka igihumbi, bazoba igisata ciwe kidasanzwe koko.
5. (a) Ni mu buryo ki Imana izobana n’abantu mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi? (b) Ni gute izobana na bo inyuma y’iyo Ngoma y’imyaka igihumbi?
5 Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Yehova ‘azobana’ n’abantu mu gihe gito aserukiwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu, ico gihe akazoba ari Umwami. Ariko rero, Yezu niyashikiriza Ubwami Se wiwe iyo Ngoma y’imyaka igihumbi irangiye, nta Mwami canke umuhuza amuserukira azoba agikenewe. Yehova ubwiwe azobana mu buryo bw’impwemu n’‘ibisata vyiwe’ ibihe vyose. (Gereranya na Yohani 4:23, 24.) Mbega agateka ntangere ku bantu bazoba basubijwe umutamana!
6, 7. (a) Ni imihango ihambaye iyihe Yohani aduhishurira, kandi ni bande bazoronka iyo mihezagiro? (b) Yesaya adondora gute iparadizo yo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri?
6 Yohani arabandanya ati: “Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” (Ivyahishuwe 21:4) N’ubu nyene ivyo bica bitwibutsa imihango yahumetswe n’Imana kera. Yesaya na we nyene yari arindiranye umushasharo igihe urupfu n’ikigandaro vyovuyeho, intuntu na yo igasubirirwa n’umwigino. (Yesaya 25:8; 35:10; 51:11; 65:19) Ubu rero Yohani aremeza ko iyo mihango iranguka mu buryo budasanzwe mu kiringo ca wa Musi w’urubanza w’imyaka igihumbi. Abagize rya sinzi rinini ni bo bazobanza kuronka iyo mihezagiro. “Wa Mwagazi w’intama ari hagati ya ya ntebe y’ubwami” azobandanya kubaragira, “[abarongore] ku masôko y’amazi y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.” (Ivyahishuwe 7:9, 17) Ariko amaherezo, abazozuka bose bakizera intunganyo Yehova yashizeho, bazokwifatanya na bo kugira binovore iparadizo yo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri.
7 Yesaya avuga ati: “Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka.” Ego cane, “ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze.” (Yesaya 35:5, 6) Ico gihe kandi, “bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.” (Yesaya 65:21, 22) Ntibazorandurwa mw’isi rero.
8. Yehova ubwiwe yerekana gute ko iyo mihango ihambaye ari iyo kwizigirwa?
8 Mbega ibintu vy’agahore duca tubona mu bwenge iyo tuzirikanye kuri iyo mihango! Abantu b’abizigirwa babikiwe ibintu vyiza igitangaza mu gihe ca ya ntwaro yo mw’ijuru izoba irangwa urukundo. None iyo mihango yoba ari indoto nsa? Ubwo si ibintu gusa umutama Yohani yariko ararota igihe yari yangarijwe mw’izinga rya Patimo? Yehova ubwiwe arishura: “Maze Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami avuga ati: ‘Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.’ Yongera avuga ati: ‘Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.’ Araheza ambwira ati: ‘Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo.’”—Ivyahishuwe 21:5, 6a.
9. Ni kubera iki dukwiye kwemera tudakeka ko iyo mihezagiro izoranguka?
9 Ni nk’aho Yehova ubwiwe yoba asinyiye abantu b’abizigirwa urwandiko rwemeza ko bazoronka iyo mihezagiro. None ni nde yokwubahuka kumuvuguruza? Iyo mihango ni ntakekeranywa ku buryo Yehova ayivuga nk’aho yamaze kuranguka, ati: “Birakozwe!” None Yehova si “Alufa na Omega . . . , Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza, Mushoboravyose”? (Ivyahishuwe 1:8) Ego cane! Ubwiwe avuga ati: “Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma, kandi uretse jewe nta Mana iriho.” (Yesaya 44:6) Ku bw’ivyo, arashobora guhumeka ubuhanuzi no kuburangura ido n’ido. Ese ukuntu ivyo bikomeza ukwizera! Asezerana rero ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”! Aho gukekeranya ko iyo mihango myiza igitangaza izoranguka, dukwiye kwibaza duti: ‘Ni igiki jewe ubwanje nkwiye gukora kugira nzoronke iyo mihezagiro?’
Abanyotewe bararonswa “amazi”
10. Ni “amazi” ayahe Yehova atanga, kandi agereranya iki?
10 Yehova ubwiwe ni we avuga ati: “Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyahishuwe 21:6b) Kugira ngo umuntu ahere iyo nyota, abwirizwa kumenya ko akeneye ivy’impwemu maze akemera n’umutima ukunze “amazi” Yehova atanga. (Yesaya 55:1; Matayo 5:3) None ayo “mazi” agereranya iki? Yezu yarishuye ico kibazo igihe yariko abwira inkuru nziza umugore umwe iruhande y’iriba i Samariya. Yamubwiye ati: “Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.” Iryo “sôko ry’amazi y’ubuzima” ritemba riva ku Mana biciye kuri Kristu kuko ari we ikoresha kugira abantu basubire kuronka ubuzima butagira akanenge. Nka kumwe kwa wa mugore w’Umusamariyakazi, ese ukuntu na twebwe dukwiye kugira umushasharo wo kunywa amazi menshi yo muri iryo sôko! Cokimwe n’uwo mugore nyene, ese ukuntu dukwiye kugira umutima ukunze wo guheba ibintu vy’isi kugira tubwire abandi inkuru nziza!—Yohani 4:14, 15, 28, 29.
Abatsinda
11. Ni umuhango uwuhe Yehova atanga, kandi ayo majambo yerekeye canecane bande?
11 Abanywa kuri ayo “mazi” ahembura bategerezwa kandi gutsinda kuko Yehova abandanya ati: “Uwo wese atsinda azotorana ivyo bintu, kandi nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.” (Ivyahishuwe 21:7) Uwo muhango urasa n’imihango dusanga muri bwa butumwa bwarungikirwa ya mashengero indwi. Ku bw’ivyo rero, ayo majambo ategerezwa kuba yerekeye canecane abigishwa barobanuwe. (Ivyahishuwe 2:7, 11, 17, 26-28; 3:5, 12, 21) Kuva kera, bene wabo na Kristu bamye bashashaye kuronka agateka ko kuba mu bagize Yeruzalemu Nshasha. Nibatsinda nk’uko Yezu yatsinze, ivyo biteze bizoca bishika.—Yohani 16:33.
12. Umuhango Yehova atanga mu Vyahishuwe 21:7 uzoranguka gute kuri rya sinzi rinini?
12 Rya sinzi rinini riva mu mahanga yose na ryo nyene ririteze uwo muhango. Na bo nyene babwirizwa gutsinda, bagakorera Imana ari intahemuka gushika barenganye ya makuba akomeye. Bazoca rero baronka intoranwa yabo yo kw’isi, ni ukuvuga ‘ubwami bateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.’ (Matayo 25:34) Abo hamwe n’abandi bari mu ntama z’Umukama zo kw’isi nibatsinda ca kigeragezo co mu mpera ya ya myaka igihumbi, bazoca bitwa “aberanda.” (Ivyahishuwe 20:9) Bazokwunga n’Umuremyi wabo Yehova Imana ubucuti bweranda bumeze nka burya buri hagati y’umwana na se, babe mu bagize ishirahamwe ryiwe rikwiye kw’isi no mw’ijuru.—Yesaya 66:22; Yohani 20:31; Abaroma 8:21.
13, 14. Kugira dutorane imihango ihambaye y’Imana, ni ingeso izihe tubwirizwa kwamirira kure, kandi kubera iki?
13 Kubera ko Ivyabona vya Yehova bafise ico cizigiro ciza igitangaza, ese ukuntu bihambaye ko baguma birinze ibintu bihumanye vyo muri ino si ya Shetani! Turakwiye kugira umutima rugabo n’umwiyemezo ngo Shetani ntiyigere atuma tumera nk’abantu Yehova avuga ibiberekeye ati: “Nayo abanyabwoba n’abatagira ukwizera, n’abasesemye bagendera mu mucafu wabo, be n’abicanyi n’abasambanyi, n’abagira ivy’ubupfumu n’abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, umugabane wabo uzoba muri ca kiyaga cakishwa umuriro n’amazuku. Ico gisobanura urupfu rwa kabiri.” (Ivyahishuwe 21:8) Ego cane, uwipfuza kuronka iyo mihezagiro ategerezwa kwirinda ingeso zatumye ino si ishaje iba iyihumanye. Ategerezwa gutsinda mu kuguma ari umwizigirwa mu mikazo yose n’ibigeragezo vyose.—Abaroma 8:35-39.
14 Naho amadini y’abiyita abakirisu yivugisha ko ari umugeni wa Kristu, arangwa n’izo ngeso zisesemye Yohani ahejeje kuvuga. Azotikizwa buhere rero hamwe n’ayandi madini agize Babiloni Akomeye. (Ivyahishuwe 18:8, 21) Uwo ari we wese wo mu barobanuwe canke muri rya sinzi rinini yadukanye izo ngeso mbi canke atanguye kuzishigikira, na we nyene arahakwa gutikizwa buhere. Niyabandanya izo ngeso, ntazotorana ya mihango. Mw’isi nshasha na ho, uwuzokwadukana izo ngeso wese azoca akurwaho bidatevye, ahitanwe n’urupfu rwa kabiri ata n’icizigiro c’izuka afise.—Yesaya 65:20.
15. Ni bande batahukana intsinzi ikomeye, kandi igitabu c’Ivyahishuwe gisozerwa mu buryo bushimishije n’iyerekwa irihe?
15 Wa Mwagazi w’intama Yezu Kristu hamwe n’umugeni wiwe, ni ukuvuga bamwe 144.000 bagize Yeruzalemu Nshasha, baratahukana intsinzi ikomeye. Ese ukuntu rero bibereye kubona igitabu c’Ivyahishuwe gisozerwa mu buryo bushimishije n’iyerekwa ryeza umutima rijanye na Yeruzalemu Nshasha! Yohani agira atudondorere iryo yerekwa rya nyuma.
[Amafoto ku rup. 302]
Mw’isi nshasha, abantu bose bazoba bafise igikorwa gihimbaye kandi bazokora bahuza