Ikigabane ca 43
Ca gisagara gikayangana
Iyerekwa rya 16—Ivyahishuwe 21:9–22:5
Ibivugwamwo: Yeruzalemu Nshasha iradondorwa
Igihe birangukirako: Inyuma ya ya makuba akomeye gushika Shetani aterewe mu nyenga
1, 2. (a) Umumarayika ajana he Yohani kugira amwereke Yeruzalemu Nshasha, kandi ni ubudasa ubuhe tubona? (b) Ni kubera iki iyo ari insozero ininahaye y’Ivyahishuwe?
UMUMARAYIKA yari yajanye Yohani mu gahinga kugira amwereke Babiloni Akomeye. Ubu na ho umumarayika wo muri uwo mugwi nyene ajana Yohani ku musozi muremure. Ese ukuntu abona ibintu bitandukanye n’ivyo yabonye ubwa mbere! Ntabona igisagara gihumanye kandi cuzuye ubuhumbu nka wa mumaraya Babiloni, ahubwo abona Yeruzalemu Nshasha ityoroye, yo mu buryo bw’impwemu kandi nyeranda, imanuka iva mw’ijuru ubwaho.—Ivyahishuwe 17:1, 5.
2 Na Yeruzalemu yo kw’isi ntiyigeze igira ubwiza nk’ubwo. Yohani atwiganira ati: “Maze haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma, avugana nanje ati: ‘Ingo hano, nkwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.’ Nuko arantwara mu bubasha bw’impwemu anjana ku musozi munini kandi muremure, anyereka ca gisagara ceranda Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana gifise ubuninahazwa bw’Imana.” (Ivyahishuwe 21:9-11a) Ari kuri uwo musozi muremure, Yohani aritegereza ubwiza bwose bw’ico gisagara. Abantu bafise ukwizera bamye biteganye umushasharo ico gisagara kuva umuryango w’abantu wikwegeye igicumuro n’urupfu. None ng’ico kigiye cashika! (Abaroma 8:19; 1 Abakorinto 15:22, 23; Abaheburayo 11:39, 40) Ni ca gisagara ciza cane co mu buryo bw’impwemu kigizwe na bamwe 144.000 bagumanye ugutungana kwabo, gikayangana kubera ubweranda kandi kikagaragaza ubuninahazwa bwa Yehova ubwiwe. Iyo ni yo nsozero ininahaye y’Ivyahishuwe!
3. Yohani adondora gute ubwiza bwa Yeruzalemu Nshasha?
3 Yeruzalemu Nshasha ifise ubwiza bw’akumiza. Yohani yigana ati: “Uguca ibibatsi kwaco kwari kumeze nk’ibuye ry’agaciro kuruta ayandi yose, nk’ibuye rya yasipi rikayangana nk’ibuye ryitwa kirisitalo. Cari gifise uruhome runini rurerure kikagira n’amarembo cumi n’abiri, kuri nya marembo hakaba abamarayika cumi na babiri, kandi hari handitswe amazina ya ya miryango cumi n’ibiri ya bene Isirayeli. Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko amarembo atatu, mu bumanuko amarembo atatu, mu burengero na ho amarembo atatu. Uruhome rw’ico gisagara na rwo nyene rwari rufise amabuye y’umushinge cumi n’abiri, kandi kuri yo hari amazina cumi n’abiri ya za ntumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 21:11b-14) Ese ukuntu bibereye kubona ikintu ca mbere Yohani yandika ari ugukayangana kw’ico gisagara! Nka kurya kw’umugeni mushasha yakaka, Yeruzalemu Nshasha irabereye kuba umugore wa Kristu. Emwe, iraca ibibatsi, nk’uko nyene bibereye ikintu caremwe na “Se w’imico yo mw’ijuru.”—Yakobo 1:17.
4. Ni igiki cerekana ko Yeruzalemu Nshasha atari rya hanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri?
4 Ku marembo 12 y’ico gisagara, handitswe amazina ya ya miryango 12 ya Isirayeli. Ico gisagara c’ikigereranyo rero kigizwe na bamwe 144.000 badomweko ikidodo “mu miryango yose ya bene Isirayeli.” (Ivyahishuwe 7:4-8) Amabuye y’umushinge waco na yo nyene ariko amazina y’intumwa 12 za wa Mwagazi w’intama. Ego cane, Yeruzalemu Nshasha si rya hanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ryari rishingiye ku bahungu 12 ba Yakobo. Ni Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ishingiye ku “ntumwa n’abahanuzi.”—Abanyefeso 2:20.
5. Vyerekana iki kuba Yeruzalemu Nshasha ifise “uruhome runini rurerure” no kubona amarembo yayo yose ashirwako abamarayika?
5 Ico gisagara c’ikigereranyo gifise uruhome rurerure cane. Mu bihe vya kera, ibisagara vyarubakirwa impome kugira bikingirwe abansi. “Uruhome runini rurerure” rwa Yeruzalemu Nshasha rwerekana ko ikingiwe mu vy’impwemu. Nta mwansi w’ubugororotsi, nta muntu ahumanye canke w’indyadya azokwigera yemererwa kwinjirayo. (Ivyahishuwe 21:27) Ariko ku bazoronka ako karyo, kwinjira muri ico gisagara ciza cane kuzoba ari nko kwinjira mw’Iparadizo. (Ivyahishuwe 2:7) Adamu amaze kwirukanwa muri ya Paradizo yo mu ntango, abakerubi baciye bashirwa ku bwinjiriro bwayo kugira abantu bahumanye ntibayinjiremwo. (Itanguriro 3:24) Ku marembo yose y’ico gisagara ceranda Yeruzalemu na ho nyene harashirwa abamarayika kugira bagikingire mu vy’impwemu. Nkako, muri ino misi ya nyuma, abamarayika barakingiye ishengero ry’abakirisu barobanuwe ngo ntiryanduzwe na Babiloni, rino rikaba ari ryo ricika Yeruzalemu Nshasha.—Matayo 13:41.
Ico gisagara kigerwa
6. (a) Yohani adondora gute ingene ca gisagara kigerwa, kandi ivyo vyerekana iki? (b) Ni igiki codufasha gusigura igituma ingero yakoreshejwe yari “nk’uko ingero y’umuntu iri, ikaba n’iy’umumarayika”? (Raba akajambo k’epfo.)
6 Yohani abandanya yigana ati: “Uwariko avugana nanje yari afise irenga ry’inzahabu ry’ikigeresho, kugira ngo agere ico gisagara n’amarembo yaco n’uruhome rwaco. Kandi ico gisagara ni ikwadarato, kandi uburebure bwaco bungana n’ubwaguke bwaco. Maze agera ico gisagara akoresheje rya renga, atora sitadiyo ibihumbi cumi na bibiri; uburebure n’ubwaguke n’amahagarara vyaco birangana. Agera n’uruhome rwaco, atora amatambwe ijana na mirongo ine n’ane, nk’uko ingero y’umuntu iri, ikaba n’iy’umumarayika.” (Ivyahishuwe 21:15-17) Igihe urusengero rwagerwa, cari ikimenyamenya c’uko imigambi Yehova yari afitiye urwo rusengero izoranguka. (Ivyahishuwe 11:1) Kubona umumarayika ariko aragera Yeruzalemu Nshasha vyerekana ko imigambi Yehova afitiye ico gisagara kininahaye itazohinduka.a
7. Ni igiki gitangaje uravye ibipimo vy’ico gisagara?
7 Mbega igisagara gitangaje! Kimeze nk’inyaburiba ndinganire (cube) itagira agahaze ifise inkikuro ya sitadiyo 12.000 (nk’ibilometero 2.220), kikagira n’uruhome rw’amatambwe 144 (imetero 64) y’uburebure bw’amahagarara. Nta gisagara gisanzwe cogira ibipimo nk’ivyo. Coba kingana n’igihugu ca Israyeli c’ubu ukigwije incuro 14, kikagira uburebure bw’amahagarara bungana n’ibilometero 560! None ko ibivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe vyashikirijwe mu bimenyetso, ivyo bipimo biduhishurira iki ku bijanye na Yeruzalemu Nshasha yo mw’ijuru?
8. Bisobanura iki (a) kuba ico gisagara gifise impome z’amatambwe 144 y’amahagarara? (b) kuba kingana na sitadiyo 12.000? (c) kuba kimeze nk’inyaburiba ndinganire?
8 Urwo ruhome rw’amatambwe 144 y’amahagarara ruca rutwibutsa ko ico gisagara kigizwe n’abantu 144.000 Imana yagize abana bayo bo mu buryo bw’impwemu. Igitigiri 12 kiboneka muri sitadiyo 12.000 zigize ibipimo vy’ico gisagara c’uburebure bw’amakika, ubwaguke be n’uburebure bw’amahagarara bingana, kirakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu buhanuzi bwo muri Bibiliya bujanye n’ugutunganya ibintu. Ku bw’ivyo, Yeruzalemu Nshasha ni ishirahamwe ritunganijwe mu buryo bw’igitangaza kugira rishitse umugambi w’Imana w’ibihe bidahera. Yeruzalemu Nshasha, iri kumwe n’Umwami Yezu Kristu, igize indinganizo y’Ubwami bwa Yehova. Haca hakurikira rero imero y’ico gisagara: inyaburiba ndinganire itagira agahaze. Muri rwa rusengero rwa Salomo, Aheranda Rwose ari na ho hari ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yehova, hari hameze nk’inyaburiba ndinganire. (1 Abami 6:19, 20) Ese ukuntu bibereye rero kubona Yeruzalemu Nshasha, iyimurikirwa n’ubuninahazwa bwa Yehova ubwiwe iboneka nk’inyaburiba ndinganire amahanga itagira agahaze! Ibipimo vyayo vyose ntibigira agahonzi. Ni igisagara kitagira akanenge namba.—Ivyahishuwe 21:22.
Ibikoresho vy’ubwubatsi vy’agaciro
9. Yohani adondora gute ibikoresho vyubatse ico gisagara?
9 Yohani abandanya adondora ico gisagara ati: “Kandi urwo ruhome rwari yasipi, nya gisagara na co kikaba cari inzahabu itavanze nk’ikiyo kibona. Imishinge y’uruhome rw’ico gisagara yari isharijwe n’ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro: umushinge wa mbere wari yasipi, uwa kabiri safiro, uwa gatatu kalikedoni, uwa kane emerode, uwa gatanu saridonigisi, uwa gatandatu saridiyo, uw’indwi kirisolito, uw’umunani berilo, uw’icenda topazi, uw’icumi kirisopuraso, uw’icumi na rimwe yasenti, uw’icumi na kabiri ametisito. Vyongeye, ya marembo cumi n’abiri yari imaragarita cumi na zibiri; rimwe ryose muri ayo marembo ryari rigizwe n’imaragarita imwe. Inzira yagutse ya nya gisagara na yo yari inzahabu itavanze, nk’ikiyo kibonerana.”—Ivyahishuwe 21:18-21.
10. Vyerekana iki kuba ico gisagara cubakishijwe yasipi, inzahabu n’“ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro”?
10 Ico gisagara cubatse ku buryo gikayangana vy’ukuri. Aho kwubakishwa ibikoresho bisanzwe vyo kw’isi nk’ibumba canke amabuye, tubwirwa ko cubakishijwe yasipi, inzahabu iramuye n’“ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro.” Ese ukuntu ivyo ari ibikoresho bibereye inyubakwa yo mw’ijuru! Nta kindi coza kibirusha ubwiza. Ya sandugu y’isezerano ya kera yari ihometseko inzahabu itavanze, kandi muri Bibiliya inzahabu ikunze kugereranya ibintu vyiza kandi vy’agaciro. (Kuvayo 25:11; Imigani 25:11; Yesaya 60:6, 17) Ariko Yeruzalemu Nshasha yose, mbere n’inzira yaho yagutse, vyose vyubakishijwe “inzahabu itavanze nk’ikiyo kibona,” ivyo bikaba vyerekana ubwiza bw’akame burengeye ivyo umuntu yokwiyumvira.
11. Twemezwa n’iki ko abagize Yeruzalemu Nshasha bazokayangana ubwiza bwo mu vy’impwemu butagira urugero?
11 Nta muntu n’umwe atyorora ubutare yoshobora guhingura inzahabu ityoroye gutyo. Ariko Yehova ni Karuhariwe mu gutyorora. Yicara “ari nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza,” kandi aratyorora umwe wese mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu b’intahemuka “nk’inzahabu n’ifeza,” akabakuramwo imicafu yose. Abantu batyorowe vy’ukuri kandi bahumanuwe ni bo gusa bazoba mu bagize Yeruzalemu Nshasha. Gutyo rero, Yehova yubaka ico gisagara akoresheje ibikoresho bizima bikayangana ubwiza bwo mu vy’impwemu butagira urugero.—Malaki 3:3, 4.
12. Bisobanura iki (a) kuba imishinge y’ico gisagara itatseko amabuye y’agaciro 12? (b) kuba amarembo yaco agizwe n’imaragarita?
12 Mbere n’imishinge y’ico gisagara ni myiza, ikaba isharijwe n’amabuye y’agaciro 12. Ivyo bica bitwibutsa umuherezi mukuru muri Isirayeli ya kera, uwaba yambaye mu kiringo c’imisi mikuru efodi itatseko amabuye y’agaciro 12 y’ubwoko butandukanye agomba gusa n’ayadondowe ng’aha. (Kuvayo 28:15-21) Ukwo si ugupfa guhurirana gusa! Ahubwo bishimika kw’ibanga ry’ubuherezi burangurwa muri Yeruzalemu Nshasha, iyo Yezu abereye “itara” bwa Muherezi mukuru ahambaye. (Ivyahishuwe 20:6; 21:23; Abaheburayo 8:1) Vyongeye, biciye kuri Yeruzalemu Nshasha ni ho abantu baronka ivyiza bivuye ku gikorwa Yezu arangura bwa Muherezi mukuru. (Ivyahishuwe 22:1, 2) Amarembo 12 y’ico gisagara, rimwe ryose rikaba rigizwe n’imaragarita y’ubwiza buhebuje, aca atwibutsa ikigereranyo Yezu yatanze aho yasanishije Ubwami n’imaragarita y’agaciro kanini. Abinjira muri ayo marembo bose bazoba barerekanye ko baha agaciro vy’ukuri ibintu vy’impwemu.—Matayo 13:45, 46; gereranya na Yobu 28:12, 17, 18.
Igisagara c’umuco
13. Yohani aca avuga iki ku bijanye na Yeruzalemu Nshasha, kandi ni kubera iki ico gisagara kidakeneye kwubakwamwo urusengero?
13 Mu gihe ca Salomo, Yeruzalemu yarangwa n’urusengero rwari rwubatse ahantu hakirurutse cane ku Musozi Moriya amaja mu buraruko. Tuvuge iki none ku bijanye na Yeruzalemu Nshasha? Yohani avuga ati: “Kandi sinabonye urusengero muri co, kuko Yehova Imana Mushoboravyose ari we rusengero rwaco, na wa Mwagazi w’intama nyene. Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 21:22, 23) Mu vy’ukuri, ntibikenewe kwubaka urusengero muri ico gisagara. Urusengero rwa kera rw’Abayuda cari ikigereranyo gusa, kandi ico rwagereranya, ni ukuvuga rwa rusengero ruhambaye rwo mu vy’impwemu, caratanguye kubaho kuva Yehova arobanuye Yezu akaba Umuherezi Mukuru mu 29 G.C. (Matayo 3:16, 17; Abaheburayo 9:11, 12, 23, 24) Ku rusengero kandi haba hariho umugwi w’abaherezi bashikanira ibimazi Yehova ku bw’ineza y’abantu. Yeruzalemu Nshasha yoyo abayigize bose ni abaherezi. (Ivyahishuwe 20:6) Vyongeye, ikimazi gihambaye, ni ukuvuga ubuzima bwa Yezu butagira akanenge, caratanzwe rimwe rizima. (Abaheburayo 9:27, 28) N’ikindi kandi, umuntu wese aba muri ico gisagara arashobora kwishikirira Yehova.
14. (a) Ni kubera iki Yeruzalemu Nshasha idakeneye kumurikirwa n’izuba n’ukwezi? (b) Ubuhanuzi bwa Yesaya bwavuze iki ku bijanye n’ishirahamwe rya Yehova, kandi ivyo vyerekeye gute Yeruzalemu Nshasha?
14 Igihe Yehova yereka Musa ubuninahazwa bwiwe ku Musozi Sinayi, mu maso ha Musa haciye hakayangana cane ku buryo yabwirizwa kwitwikira ngo Abisirayeli bagenziwe ntibamubone. (Kuvayo 34:4-7, 29, 30, 33) Ibaze na we rero ugukayangana kw’igisagara cama kimurikiwe n’ubuninahazwa bwa Yehova! Nta joro ryobaho muri ico gisagara. Nticoba gikeneye izuba canke ukwezi. Cokwama cakaka ibihe bidahera. (Gereranya na 1 Timoteyo 6:16.) Yeruzalemu Nshasha yisakaye ubwiza bwakaka nk’ubwo. Nkako, uwo mugeni n’Umwami azoba umugabo wiwe ni bo bagize umurwa mukuru w’ishirahamwe rya Yehova, ni ukuvuga “umugore” wiwe ari yo “Yeruzalemu yo hejuru,”—iyo Yesaya yari yaravuze ibiyerekeye ati: “Izuba ntirizosubira kukubera umuco ku murango, n’ukwezi ntikuzosubira kuguha umuco ngo ukubere umwakaka. Mugabo Yehova azokubera koko umuco wamaho igihe kitagira urugero, Imana yawe ikubere ubwiza. Izuba ryawe ntirizosubira kurenga, eka n’ukwezi kwawe ntikuzoyama; kuko Yehova ubwiwe azokubera umuco wamaho igihe kitagira urugero, kandi imisi y’ukugandara kwawe izoba yarangiye.”—Yesaya 60:1, 19, 20; Abagalatiya 4:26.
Umuco w’amahanga
15. Ni amajambo ayahe yo mu Vyahishuwe yerekeye Yeruzalemu Nshasha asa n’ubuhanuzi bwa Yesaya?
15 Ubwo buhanuzi nyene bwari bwaravuze buti: “Amahanga azogenda koko agana umuco wawe, abami na bo bagende bagana ubukayangane bw’ukwaka kwawe.” (Yesaya 60:3) Igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ko ayo majambo yobaye yerekeye na Yeruzalemu Nshasha, giti: “Kandi amahanga azogenda amurikiwe n’umuco waco, kandi abami b’isi bazozana muri co ubuninahazwa bwabo. Kandi amarembo yaco ntazogenda yugawe ku murango, kuko ata joro rizohaba. Kandi bazozana muri co ubuninahazwa n’iteka vy’amahanga.”—Ivyahishuwe 21:24-26.
16. Ayo “mahanga” azogenda amurikiwe n’umuco wa Yeruzalemu Nshasha ni ayahe?
16 Ayo “mahanga” agenda amurikiwe n’umuco wa Yeruzalemu Nshasha ni ayahe? Ni abantu bahoze bari mu mahanga y’ino si mbi bemera kumurikirwa n’umuco utangwa biciye kuri ico gisagara co mw’ijuru kininahaye. Aba mbere muri bo ni abagize rya sinzi rinini bamaze kuza bavuye mu “mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose,” bakaba basenga Imana umurango n’ijoro bari kumwe n’abagize umugwi wa Yohani. (Ivyahishuwe 7:9, 15) Yeruzalemu Nshasha niyamara kumanuka ivuye mw’ijuru, Yezu na we agakoresha za mfunguruzo z’urupfu n’ukuzimu kugira azure abapfuye, abantu amamiliyoni bahoze bari mu “mahanga” bazoca babiyungako. Bano bazoba barize gukunda Yehova n’Umwana wiwe ari na we Mugabo wa Yeruzalemu Nshasha ameze nk’Umwagazi w’intama.—Ivyahishuwe 1:18.
17. Abo “bami b’isi” bazana “ubuninahazwa bwabo” muri Yeruzalemu Nshasha ni bande?
17 None abo “bami b’isi [bazana] muri co ubuninahazwa bwabo” bobo ni bande? Si abami b’ino si uko bagize umugwi, kuko bazotikizwa bariko barwanya Ubwami bw’Imana kuri Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:17, 18) Abo bami boba ari abantu bakomakomeye bo mu mahanga bazoba mu bagize rya sinzi rinini, canke boba ari abami bazoba bazutse bazoyobokera Ubwami bw’Imana mw’isi nshasha? (Matayo 12:42) Ivyo ntibishoboka kuko ahanini ubuninahazwa bw’abo bami bwari ubwo kw’isi kandi buzoba bwarakamanganye kuva kera. Abo “bami b’isi” bazana ubuninahazwa bwabo muri Yeruzalemu Nshasha rero bategerezwa kuba ari bamwe 144.000 ‘baguzwe’ bakuwe “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose” kugira baganze hamwe na wa Mwagazi w’intama Yezu Kristu. (Ivyahishuwe 5:9, 10; 22:5) Bazana muri ico gisagara ubuninahazwa bahawe n’Imana kugira kirushirize gukayangana.
18. (a) Ni bande batazokwinjira muri Yeruzalemu Nshasha? (b) Ni bande gusa bazokwinjirayo?
18 Yohani abandanya ati: “Mugabo ikintu cose kitari ceranda n’umuntu wese aguma akora ibintu bisesemye be n’ibinyoma ntazogenda acinjiyemwo; abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo gusa bazocinjiramwo.” (Ivyahishuwe 21:27) Nta kintu na kimwe candujwe n’isi ya Shetani gishobora kuba mu bigize Yeruzalemu Nshasha. Naho amarembo yayo yama yuguruye, nta muntu “aguma akora ibintu bisesemye be n’ibinyoma” azokwinjirayo. Nta bahuni canke umuntu uwo ari we wese wo muri Babiloni Akomeye azoba ariyo. Vyongeye, nihagira uwugerageza kwanduza ico gisagara mu guhumanya abazoba bakigize igihe bakiri kw’isi, utwigoro twiwe tuzoba impfagusa. (Matayo 13:41-43) “Abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama” bonyene, ni ukuvuga bamwe 144.000, ni bo amaherezo bazokwinjira muri Yeruzalemu Nshasha.b—Ivyahishuwe 13:8; Daniyeli 12:3.
Uruzi rw’amazi y’ubuzima
19. (a) Yohani adondora gute ingene Yeruzalemu Nshasha izanira abantu imihezagiro? (b) “Uruzi rw’amazi y’ubuzima” rutemba ryari, kandi tubibwirwa n’iki?
19 Ca gisagara gikayangana Yeruzalemu Nshasha kizozanira abantu bo kw’isi imihezagiro ihambaye. Ibi ni vyo Yohani aca yerekwa: “Maze anyereka uruzi rw’amazi y’ubuzima, rurongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama rumanuka hagati mu nzira yagutse ya nya gisagara.” (Ivyahishuwe 22:1, 2a) Urwo “ruzi” rutemba ryari? Kubera ko rutemba “ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama,” hategerezwa kuba ari inyuma y’aho umusi w’Umukama utanguriye mu 1914. Ico gihe ni ho habaye ivyamenyeshejwe igihe urumbete rugira indwi rwavuzwa hagashikirizwa n’itangazo rikomeye rigira riti: “Ubu rero harashitse ubukiriro n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristu wayo.” (Ivyahishuwe 11:15; 12:10) Mu gihe c’iherezo, impwemu na wa mugeni bagumye batumira abantu b’umutima ukunze ngo baze kunywa ku mazi y’ubuzima ku buntu. Abo bantu bazoguma baronka amazi y’urwo ruzi gushika ku muhero w’ivy’iyi si n’inyuma yaho mw’isi nshasha, igihe Yeruzalemu Nshasha ‘izomanuka iva mw’ijuru ku Mana.’—Ivyahishuwe 21:2.
20. Ni igiki cerekana ko hari amazi y’ubuzima amaze kuboneka?
20 Iryo si irya mbere abantu bahabwa amazi atanga ubuzima. Igihe Yezu yari kw’isi, yaravuze ibijanye n’amazi atanga ubuzima budahera. (Yohani 4:10-14; 7:37, 38) Vyongeye, Yohani agira yumve ubutumire buranga urukundo bugira buti: “Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese yumva navuge ati: ‘Ingo!’ Kandi uwo wese anyotewe naze; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyahishuwe 22:17) Ubwo butumire buriko buratangwa n’ubu, ivyo bikaba vyerekana ko hari amazi y’ubuzima amaze kuboneka. Ariko mw’isi nshasha, ayo mazi azotemba muri Yeruzalemu Nshasha ava ku ntebe y’ubwami y’Imana ameze nk’uruzi nyarwo.
21. Urwo “ruzi rw’amazi y’ubuzima” rugereranya iki, kandi ivyo Ezekiyeli yeretswe bidufasha gute kubimenya?
21 None urwo “ruzi rw’amazi y’ubuzima” ni iki? Amazi nyamazi ni ntahara mu buzima. Umuntu arashobora kumara indwi nka zingahe adafunguye, mugabo atanyoye amazi ntiyorenza indwi imwe adapfuye. Amazi aranafasha mw’isuku kandi ni ntahara ku magara. Ku bw’ivyo, ayo mazi y’ubuzima ategerezwa kuba agereranya ikintu ntahara ku buzima no ku magara y’abantu. Umuhanuzi Ezekiyeli na we nyene yareretswe urwo “ruzi rw’amazi y’ubuzima,” kandi uruzi yeretswe rwatemba mu rusengero ruja mu Kiyaga c’Umunyu. Ehe igitangaza rero! Ico kiyaga kitagiramwo ubuzima cuzuye amazi y’ubumara caciye gihinduka amazi meza anyagaramwo amafi! (Ezekiyeli 47:1-12) Ego cane, urwo ruzi Ezekiyeli yeretswe ruratuma ikintu cari carapfuye gisubira kuba kizima, bikaba vyemeza ko rwa ruzi rw’amazi y’ubuzima rugereranya intunganyo Imana yashizeho biciye kuri Yezu Kristu yo gusubiza ubuzima butagira akanenge umuryango w’abantu ‘wapfuye.’ Urwo ruzi “ru[ra]rongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo,” bikaba vyerekana ko indinganizo Imana yagize zityoroye kandi ari nyeranda. Ruratandukanye na ya “mazi” yandujwe n’amaraso kandi ateza urupfu atangwa n’amadini y’abiyita abakirisu.—Ivyahishuwe 8:10, 11.
22. (a) Urwo ruzi rutemba ruva he, kandi ni kubera iki bibereye? (b) Ayo mazi y’ubuzima ni iki, kandi urwo ruzi rw’ikigereranyo rurimwo ibiki?
22 Urwo ruzi rutemba ruva “ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama.” Ivyo birabereye kubera ko incungu ari wo mushinge w’intunganyo Yehova yashizeho kugira aronse abantu ubuzima, akaba yayitanze kubera “yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana [wiwe] w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Muri ayo mazi y’ubuzima harimwo n’Ijambo ry’Imana, Bibiliya ikaba iryita amazi. (Abanyefeso 5:26) Ariko rero, urwo ruzi rw’amazi y’ubuzima ntirugizwe n’ukuri gusa. Rurimwo n’izindi ntunganyo zose Yehova yashizeho biciye ku ncungu ya Yezu zo gukiza igicumuro n’urupfu abantu bagamburuka maze akabaronsa ubuzima budahera.—Yohani 1:29; 1 Yohani 2:1, 2.
23. (a) Ni kubera iki bibereye kubona rwa ruzi rw’amazi y’ubuzima rutemba ruca hagati mu nzira yagutse ya Yeruzalemu Nshasha? (b) Ni umuhango uwuhe Imana yahaye Aburahamu uzoba urangutse amazi y’ubuzima niyatemba ari menshi?
23 Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, abantu bazoronswa ivyiza vyose biva ku ncungu biciye ku buherezi bwa Yezu na ba baherezi batobato 144.000. Birabereye rero kubona urwo ruzi rw’amazi y’ubuzima rutemba ruca hagati y’inzira yagutse ya Yeruzalemu Nshasha. Iyo Yeruzalemu igizwe na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, iri kumwe na Yezu ikaba igize uruvyaro nyakuri rwa Aburahamu. (Abagalatiya 3:16, 29) Ku bw’ivyo, ya mazi y’ubuzima niyatemba ari menshi aciye hagati mu nzira yagutse y’ico gisagara c’ikigereranyo, “amahanga yose yo kw’isi” azoronka akaryo gakwiye ko kwihesha umuhezagiro biciye ku ruvyaro rwa Aburahamu. Umuhango Yehova yahaye Aburahamu uzoba urangutse bimwe vyuzuye.—Itanguriro 22:17, 18.
Ibiti vy’ubuzima
24. Ni ibiki Yohani abona ku nkengera zompi z’urwo ruzi rw’amazi y’ubuzima, kandi bigereranya iki?
24 Mu vyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe, urwo ruzi rwahavuye mbere rucika uruzi rw’isumo, kandi yarabonye ku nkengera zarwo zompi hamera ibiti vy’ivyamwa. (Ezekiyeli 47:12) None Yohani wewe abona iki? Avuga ati: “Kandi hakuno y’urwo ruzi no hakurya hari ibiti vy’ubuzima vyera incuro cumi na zibiri mu mwaka, bikama ivyamwa vyavyo buri kwezi. Amababi ya nya biti na yo yari ayo kuvūra amahanga.” (Ivyahishuwe 22:2b) Ivyo “biti vy’ubuzima” na vyo nyene bitegerezwa kuba bigereranya umuce w’intunganyo Yehova yashizeho kugira aronse ubuzima budahera abantu bagamburuka.
25. Ni intunganyo nyinshi izihe Yehova azoshiriraho abamwumvira mw’Iparadizo ikwiye kw’isi yose?
25 Mbega intunganyo nyinshi Yehova ashiriraho abamwumvira! Ntibanywa gusa kuri ayo mazi apfutse, ariko kandi barashobora no kuguma bamura kuri ivyo biti ivyamwa vy’ubwoko bwinshi bitunga ubuzima. Ese iyo abavyeyi bacu ba mbere babumbwa n’intunganyo ‘iryoshe’ mwene iyo bari barashiriweho mw’Iparadizo yo muri Edeni! (Itanguriro 2:9) Ubu hoho Iparadizo ikwiye kw’isi yose, kandi biciye ku mababi y’ivyo biti vy’ikigereranyo Yehova aragira intunganyo yo “kuvūra amahanga.”c Ayo mababi y’ikigereranyo aravura kuruta imiti yose itangwa muri iki gihe, yaba iy’ivyatsi canke iyindi, akaba azotuma abantu bizera baba abatagira akanenge mu vy’impwemu no ku mubiri.
26. Ivyo biti vy’ubuzima bishobora no kugereranya bande, kandi kubera iki?
26 Ivyo biti bivomerwa neza n’urwo ruzi vyoshobora no kugereranya bamwe 144.000 bagize umugeni wa wa Mwagazi w’intama. Igihe bakiri kw’isi, na bo nyene baranywa ku ntunganyo Imana yashizeho yo kuronsa abantu ubuzima biciye kuri Yezu Kristu. Birashimishije kubona abo bene wabo na Yezu bavyawe n’impwemu bitwa “ibiti bininibinini vy’ubugororotsi.” (Yesaya 61:1-3; Ivyahishuwe 21:6) Baramaze kwama ivyamwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu kugira Yehova ashemezwe. (Matayo 21:43) Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi na ho, bazogira uruhara mu kuronsa abantu ivyiza biva ku ncungu bizofasha mu “kuvūra amahanga” igicumuro n’urupfu.—Gereranya na 1 Yohani 1:7.
Ijoro ntirizokwongera kubaho
27. Ni iyindi mihezagiro iyihe Yohani avuga ko abaterwa agateka ko kwinjira muri Yeruzalemu Nshasha bironkera, kandi ni kubera iki bivugwa ko “[hata]zokwongera kubaho umuvumo n’umwe”?
27 Emwe, nta gateka koza gasumba kwinjira muri Yeruzalemu Nshasha! Ibaze na we: abantu bahoze baciye bugufi kandi b’abanyagasembwa bazosanga Yezu mw’ijuru, babe mu bagize iyo ntunganyo nziza igitangaza! (Yohani 14:2) Yohani araducira ku mayange imihezagiro bazokwironkera, ati: “Kandi ntihazokwongera kubaho umuvumo n’umwe. Mugabo ya ntebe y’ubwami y’Imana be n’iya wa Mwagazi w’intama bizoba muri nya gisagara, kandi abashumba bayo bazoyikorera igikorwa ceranda; bazobona mu maso hayo, kandi izina ryayo rizoba ku ruhanga rwabo.” (Ivyahishuwe 22:3, 4) Igihe abaherezi bo muri Isirayeli bihumanya, Yehova yarabavumye. (Malaki 2:2) Yezu yavuze ko “inzu” ya Yeruzalemu yatawe kubera yari yahemutse. (Matayo 23:37-39) Ariko muri Yeruzalemu Nshasha “ntihazokwongera kubaho umuvumo n’umwe.” (Gereranya na Zekariya 14:11.) Abahaba bose baragejejwe mu muriro w’ibigeragezo ng’aha kw’isi, kandi kubera ko batahukanye intsinzi bazoba bamaze ‘kwambara ukutabora n’ukudapfa.’ Nk’uko Yehova yari abizi ku bijanye na Yezu, arazi ko batazokwigera bahemuka. (1 Abakorinto 15:53, 57) Vyongeye, “ya ntebe y’ubwami y’Imana be n’iya wa Mwagazi w’intama” ni ho izoba iri, itume ico gisagara kitanyiganyiga ibihe bidahera.
28. Ni kubera iki abagize Yeruzalemu Nshasha bafise izina ry’Imana ryanditswe mu ruhanga rwabo, kandi ni umuhango uwuhe bahawe weza umutima?
28 Cokimwe na Yohani ubwiwe, abazoba bagize ico gisagara co mw’ijuru bose ni “abashumba” b’Imana. Ku bw’ivyo, bafise izina ry’Imana ryanditswe mu buryo buboneka mu ruhanga rwabo, bikaba vyerekana ko bayegukira. (Ivyahishuwe 1:1; 3:12) Bazobona ko ari agateka ntangere kuyikorera igikorwa ceranda bari mu bagize Yeruzalemu Nshasha. Igihe Yezu yari kw’isi, yarahaye abo bobaye abategetsi umuhango weza umutima, ati: “Hahiriwe abatyoroye mu mutima, kuko bazobona Imana.” (Matayo 5:8) Ese ukuntu abo bashumba bazohimbarwa no kwibonera Yehova be no kumusenga!
29. Kubera iki Yohani avuga ko muri Yeruzalemu Nshasha yo mw’ijuru ata ‘joro rizokwongera kubaho’?
29 Yohani abandanya ati: “Vyongeye, ijoro ntirizokwongera kubaho, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke ngo bagire umuco w’izuba, kuko Yehova Imana azorasira umuco kuri bo.” (Ivyahishuwe 22:5a) Nka kurya kw’ibindi bisagara vyose vyo kw’isi, Yeruzalemu ya kera yamurikirwa n’izuba ku murango, mw’ijoro na ho ikamurikirwa n’ukwezi n’amatara yahinguwe n’abantu. Ariko muri Yeruzalemu Nshasha yo mw’ijuru, umuco mwene uwo ntuzoba ukenewe. Ico gisagara kizomurikirwa na Yehova ubwiwe. Ijambo “ijoro” ryoshobora kandi gukoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekeza ku vyago canke ugutandukanywa na Yehova. (Mika 3:6; Yohani 9:4; Abaroma 13:11, 12) Nta joro nk’iryo ryoshobora kuba ahantu haninahaye kandi hakaka Imana Mushoboravyose iri.
30. Yohani asozera gute iryo yerekwa ry’agahore, kandi igitabu c’Ivyahishuwe kidukura amazinda ku biki?
30 Yohani asozera iryo yerekwa ry’agahore mu kuvuga ivy’abo bashumba b’Imana, ati: “Kandi bazoganza ibihe bitazoshira.” (Ivyahishuwe 22:5b) Ego ni ko, mu mpera za ya myaka igihumbi, abantu bazoba bamaze kuronswa ivyiza vyose biva ku ncungu, kandi Yezu azoca ashikiriza Se umuryango w’abantu utunganye. (1 Abakorinto 15:25-28) Ntituzi ico Yehova abikiye Yezu na bamwe 144.000 inyuma y’iyo myaka. Ariko igitabu c’Ivyahishuwe kiradukura amazinda ko umurimo mweranda udasanzwe barangurira Yehova uzobandanya ibihe vyose.
Insozero ihimbaye y’Ivyahishuwe
31. (a) Iyerekwa rijanye na Yeruzalemu Nshasha rishikana ku nsozero ihimbaye iyihe? (b) Yeruzalemu Nshasha ikorera iki abandi bantu b’abizigirwa?
31 Iranguka ry’iryo yerekwa rijanye na Yeruzalemu Nshasha, ari yo mugeni wa wa Mwagazi w’intama, ni yo nsozero ihimbaye ivugwa mu Vyahishuwe, kandi ivyo birabereye. Abakirisu bagenzi ba Yohani bose bo mu kinjana ca mbere, ari na bo canecane ico gitabu candikiwe, bari biteganye umushasharo kwinjira muri ico gisagara ari ibiremwa vy’impwemu bidapfa bizofadikanya na Yezu Kristu kuganza. Amasigarira y’abakirisu barobanuwe akiri kw’isi, na yo nyene afise ico cizigiro. Ivyahishuwe rero biriko bitera bigana ku nsozero yavyo ininahaye, igihe abagize umugeni bose bazohamvya wa Mwagazi w’intama. Maze rero, biciye kuri Yeruzalemu Nshasha, abantu bazoronswa ivyiza biva ku ncungu ya Yezu, ku buryo abizigirwa bose bazoronka ubuzima budahera. Muri ubwo buryo, uwo mugeni ari we Yeruzalemu Nshasha akaba n’umufasha adahemuka wa wa Mugabo wiwe w’Umwami, azogira uruhara mu gutunganya isi nshasha izoba iyigororotse ibihe bidahera, ivyo vyose bitume Umukama Segaba Yehova aninahazwa.—Matayo 20:28; Yohani 10:10, 16; Abaroma 16:27.
32, 33. Ni ibiki twize mu gitabu c’Ivyahishuwe, kandi bikwiye kutuvyurira umutima wo gukora iki?
32 Ese rero umunezero tugira uko twegereza insozero y’uwu mwihwezo w’igitabu c’Ivyahishuwe! Twabonye ingene akigoro ka nyuma Shetani n’uruvyaro rwiwe bazogira kazohindurwa ubusa n’ingene imanza zigororotse za Yehova zizoshitswa bimwe vyuzuye. Babiloni Akomeye ategerezwa gukurwaho buhere, hace hakurikira iyindi mice yose yononekaye ubutakivayo igize isi ya Shetani. Shetani ubwiwe n’amadayimoni yiwe bazotererwa mu nyenga, mu nyuma bakurweho. Yeruzalemu Nshasha izofadikanya na Kristu gutegeka iri mw’ijuru mu gihe izuka n’urubanza bizoba biriko biraba, maze amaherezo abantu bamaze kugirwa abatunganye bace biberaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Ese ukuntu igitabu c’Ivyahishuwe kidondora ivyo bintu mu buryo bukora ku mutima! Ese ingene bikomeza umwiyemezo wacu wo ‘gutangaza iyo nkuru nziza y’ibihe bidahera nk’amakuru y’akamwemwe kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose’ biri kw’isi muri iki gihe! (Ivyahishuwe 14:6, 7) Woba uriko uritanga utiziganya muri ico gikorwa gihambaye?
33 Imitima yacu yuzuye ugukenguruka, nimuze twihweze amajambo asozera igitabu c’Ivyahishuwe.
[Utujambo tw’epfo]
a Kuba ingero yakoreshejwe yari “nk’uko ingero y’umuntu iri, ikaba n’iy’umumarayika” vyoshobora kuba bifitaniye isano n’uko ico gisagara kigizwe na bamwe 144.000 bahoze ari abantu mugabo bakaba bacika ibiremwa vy’impwemu nk’abamarayika.
b Urabona ko “umuzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama” urimwo gusa amazina ya bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Uratandukanye rero na wa “muzingo w’ubuzima” urimwo abazoronka ubuzima kw’isi.—Ivyahishuwe 20:12.
c Imvugo “amahanga” ikunze gukoreshwa mu kwerekeza ku batari abo muri Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuwe 7:9; 15:4; 20:3; 21:24, 26) Kuba ikoreshwa ng’aho ntivyerekana ko abantu bazoguma batunganijwe mu mahanga atandukanye mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi.