IKIGANIRO C’UKWIGA CA 22
URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!
Izina rya Yehova rihambaye ukungana iki kuri Yezu?
«Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha.»—YOH. 17:26.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene Yezu yamenyekanishije izina rya Yehova, be n’ukuntu yaryejeje akongera akariburanira.
1-2. (a) Ni ibiki Yezu yakoze mw’ijoro imbere y’uko yicwa? (b) Ni ibibazo ibihe tuza guca irya n’ino muri iki kiganiro?
NI KU wa kane mw’ijoro, igenekerezo rya 14 Nisani 33. Yezu ahava agurishwa, arengutswe imbere ya sentare, acirwe urubanza, asinzikarizwe ubuzima maze yicwe. We n’intumwa ziwe z’intahemuka bahejeje kwihereza imfungurwa zidasanzwe mu cumba co hejuru. Inyuma y’aho, Yezu aca aha izo ntumwa ziwe indemesho za nyuma. Imbere gato y’uko bose bava muri ico cumba, Yezu abanza gutura isengesho rihambaye cane. Intumwa Yohani yaranditse iryo sengesho, tukaba turisanga muri Yohani ikigabane ca 17.
2 None iryo sengesho rya Yezu ryerekana ko ari ibiki vyari bimuraje ishinga muri uwo mwanya? Iryo sengesho ryerekana gute ivyari bihambaye kuri we igihe cose yamaze akora igikorwa Yehova yamushinze ng’aha kw’isi? Reka turabe inyishu z’ivyo bibazo.
«NARABAMENYESHEJE IZINA RYAWE»
3. Ni ibiki Yezu yavuze ku bijanye n’izina rya Yehova, kandi yashaka kuvuga iki? (Yohani 17:6, 26)
3 Mw’isengesho Yezu yatuye, yavuze ati: «Narabamenyesheje izina ryawe.» Ushima kumenyesha izina rya Yehova vyari bihambaye kuri we, yabisubiyemwo incuro zibiri. (Soma Yohani 17:6, 26.) None yashaka kuvuga iki? Yoba yabamenyesheje izina batari bazi? Kubera ko abigishwa ba Yezu bari Abayuda, bari basanzwe bazi izina ry’Imana ari ryo Yehova. Iryo zina ryaraboneka incuro ibihumbi mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Yezu rero ntiyariko yerekeza kw’izina buzina ry’Imana, ahubwo yariko yerekeza kuri nyene iryo zina. Yarafashije abigishwa biwe kumenya neza Yehova, arabamenyesha imigambi yiwe, ibikorwa vyiwe be na kamere ziwe. Emwe, nta wundi yari kumenyekanisha neza Yehova gutyo atari Yezu!
4-5. (a) Kumenya neza izina ry’umuntu bisobanura iki? Tanga akarorero. (b) Ni mu buryo ubuhe abigishwa ba Yezu bamenye neza izina rya Yehova?
4 Ehe aka karorero: Dufate ko mw’ishengero iwanyu hari umukurambere yitwa David akaba kandi ari umuganga. Haraciye imyaka myinshi umuzi. Hinge rero umusi umwe urware uce ukenera kuvugwa vyihutirwa. Baciye bakwirukankana ku bitaro uwo muvukanyi akorerako, akakuvura maze ugakira. Uwo muvukanyi usigara umubona gute? Emwe bavuze izina ryiwe, uca wibuka ivyo yagukoreye! Ntuba ukibona David nk’umukurambere muzinanye gusa, ahubwo usigara umubona kandi nk’umuganga yagukijije.
5 Muri ubwo buryo nyene, n’abigishwa ba Yezu bari basanzwe bazi izina rya Yehova. Ariko bararushirije kumenya neza ico risobanura biciye ku gikorwa ca Yezu. Kubera iki tuvuze gutyo? Kubera ko mu bintu vyose Yezu yavuze be n’ivyo yakoze, yagaragaza neza kamere nk’iza Se. Abigishwa ba Yezu rero bararushirije ‘kumenya’ Yehova neza, igihe baba bariko barumviriza ingene Yezu yigisha n’igihe baba bariko barihweza ingene yafata abantu.—Yoh. 14:9; 17:3.
«IZINA RYAWE WAMPAYE»
6. Igihe Yezu yavuga ko yahawe izina rya Yehova, yashaka kuvuga iki? (Yohani 17:11, 12)
6 Yezu yarasenze asabira abigishwa biwe ati: «Nubarinde kubera izina ryawe wampaye.» (Soma Yohani 17:11, 12.) None vyoba bisobanura ko Yezu na we yociye yitwa Yehova? Habe namba. Urabona ko muri iryo sengesho, igihe Yezu yerekeza kw’izina rya Yehova, yavuze ngo «izina ryawe.» Izina rya Yehova rero, si ryo Yezu yaciye yitwa. None igihe Yezu yavuga ko yahawe izina ry’Imana, yashaka kuvuga iki? Kimwe coco, Yezu yaje kw’isi aserukira Yehova, kandi aba Umuvugizi wiwe. Yaje mw’izina rya Se yongera akora ibikorwa bikomeye muri iryo zina nyene. (Yoh. 5:43; 10:25) Vyongeye, izina Yezu risobanura ngo «Yehova arakiza.» Mu nsobanuro y’izina rya Yezu rero, harimwo izina Yehova.
7. Tanga akarorero kerekana ingene Yezu yavuga mw’izina rya Yehova.
7 Raba aka karorero: Iyo umukuru w’igihugu agenye uwumuserukira mu kindi gihugu, uwo muserukizi arashobora kuvuga mw’izina ry’uwo mukuru w’igihugu, kandi ivyo avuga bigira uburemere nk’ibivuzwe n’uwo mukuru w’igihugu. Yezu na we nyene yaje aserukira Yehova, kandi ivyo yavuga yabivuga mw’izina ryiwe.—Mat. 21:9; Luka 13:35.
8. Ni mu buryo ubuhe Yezu yaje mw’izina rya Yehova imbere y’uko aza ng’aha kw’isi? (Kuvayo 23:20, 21)
8 Kubera ko Yezu ari Jambo, yamye akora igikorwa co kuba Umuvugizi wa Yehova, agaha ibindi biremwa vy’impwemu be n’abantu amakuru n’ubuyobozi bivuye ku Mana. (Yoh. 1:1-3) Yezu ashobora kuba ari wa mumarayika Yehova yarungika kwitwararika Abisirayeli, igihe bariko barava mu Misiri. Yehova yarabwiye Abisirayeli igituma bakwiye kugamburukira uwo mumarayika. Yavuze ati: «Kuko aje mw’izina ryanje.»a (Soma Kuvayo 23:20, 21.) Yezu ‘yaje’ mw’izina rya Yehova kubera ko ari we yari amuserukiye, akaba ari na we muntu nyamukuru yashigikira akongera akeza iryo zina rya Se.
«DATA, NINAHAZA IZINA RYAWE»
9. Ni igiki cerekana ko Yezu yaha agaciro cane izina rya Yehova? Sigura.
9 Nk’uko duhejeje kubibona, n’imbere y’uko Yezu aza ng’aha kw’isi, yaraha agaciro cane izina rya Yehova. Ntibitangaje rero kubona n’igihe yari ng’aha kw’isi, akantu kose yakora kerekana ko aha gaciro cane iryo zina. Amaja mu mpera y’igikorwa ciwe, Yezu yasavye Yehova ati: «Data, ninahaza izina ryawe.» Ubwo nyene Se wiwe yaciye amwishura n’ijwi rikomeye rivuye mw’ijuru ati: «Nararininahaje kandi nzosubira kurininahaza.»—Yoh. 12:28.
10-11. (a) Yezu yaninahaje gute izina rya Yehova? (Raba n’ifoto.) (b) Kubera iki izina rya Yehova rikwiye kwezwa no kuburanirwa?
10 Yezu na we nyene yaraninahaje izina rya Se. Uti gute? Ivyo yabigize mu guhishurira abandi ibijanye na kamere nziza za Se wiwe, be n’ibikorwa bitangaje yakoze. Ariko yarakoze n’ibindi mu kuninahaza izina rya Se. Izina rya Yehova ryari rikeneye kwezwa no kuburanirwa.b Yezu yarerekanye ko ivyo bihambaye muri rya sengesho ry’akarorero yigisha abigishwa biwe. Yavuze ati: «Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.»—Mat. 6:9.
11 Ni kubera iki none izina rya Yehova rikwiye kweza no kuburanirwa? Ni kubera yuko muri Edeni, Shetani yacafuje Yehova Imana yongera aramubeshera. Shetani yavuze ko Yehova ari umubeshi be n’uko hari ibintu vyiza yimye Adamu na Eva. (Ita. 3:1-5) Shetani kandi yerekanye ko Yehova adakora ibintu mu buryo bwiza. Ivyo binyoma vya Shetani vyaracafuje izina rya Yehova. Mu nyuma no mu gihe ca Yobu, Shetani yavuze yuko abakorera Yehova babigira gusa kubera ivyo abaha. Uwo mubesheranyi yavuze kandi ko ata muntu akunda Yehova vy’ukuri ku buryo yoguma amukorera ari mu ngorane. (Yobu 1:9-11; 2:4) Hari hakenewe rero umwanya kugira ngo umubeshi amenyekane, nimba ari Yehova canke Shetani.
Yezu yarigishije abigishwa biwe ko bihambaye kweza izina ry’Imana (Raba ingingo ya 10)
‘NDAHEBA UBUZIMA BWANJE’
12. Urukundo Yezu akunda izina rya Yehova rwatumye yemera gukora iki?
12 Urukundo Yezu yakunda Yehova rwatumye yipfuza gukora ibishoboka vyose kugira ngo yeze izina rya Yehova, yongere ariburanire. Yezu yavuze ati: ‘Ndaheba ubuzima bwanje.’ (Yoh. 10:17, 18) Ego cane, yari yiteguriye no gupfa kubera izina rya Yehova.c Abantu babiri ba mbere bari batunganye, ari bo Adamu na Eva, barateye akagere Yehova baja ku ruhande rwa Shetani. Ariko Yezu wewe, yaremeye kuza kw’isi kugira yerekane urwo akunda Yehova. Ivyo yavyerekanye mu kumugamburukira muri vyose. (Heb. 4:15; 5:7-10) Yagumye ari intahemuka mu buzima bwiwe bwose, gushika no ku rupfu. (Heb. 12:2) Muri ubwo buryo yarerekanye ko akunda Yehova n’izina ryiwe.
13. Kubera iki Yezu ari we yari abereye kubeshuza Shetani kuruta abandi bose? (Raba n’ifoto.)
13 Mu buzima bwiwe bwose, Yezu yarerekanye mu buryo budaharirizwa ko Shetani ari we mubeshi, atari Yehova. (Yoh. 8:44) Yezu yari azi neza Yehova kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Iyo mu vyo Shetani yavuze abeshera Yehova haza kuba harimwo ukuri na gukeyi, Yezu yari kuba abizi. Mugabo Yezu yagumye yumiye ku mwiyemezo wo kuburanira izina rya Yehova. N’igihe wamengo Yehova yamuhevye, Yezu yari yiteguriye gupfa aho gutera akagere Umuvyeyi wiwe.—Mat. 27:46.d
Mu buzima bwiwe bwose, Yezu yarerekanye mu buryo budaharirizwa ko Shetani ari we mubeshi, atari Yehova. (Raba ingingo ya 13)
«NDANGIJE IGIKORWA WAMPAYE»
14. Ni impera iyihe Yehova yahaye Yezu kubera yagumye ari umwizigirwa?
14 Mw’isengesho Yezu yatuye mw’ijoro imbere y’uko apfa, yavuze ati: «Ndangije igikorwa wampaye.» Yari yizigiye ko Yehova yomuhaye impera kubera ko yagumye ari intahemuka. (Yoh. 17:4, 5) Kandi ukwo kwizigira ntikwabaye ukw’impfagusa. Yehova ntiyemeye ko aguma mu kuzimu. (Ivyak. 2:23, 24) Yaramuzuye, amushira mu kibanza co hejuru cane mw’ijuru. (Flp. 2:8, 9) Mu nyuma, Yezu yaratanguye kuganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. None ubwo Bwami bwokoze iki? Yezu yaratanze inyishu y’ico kibazo muri rya sengesho ry’akarorero ati: «Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba [ni ukuvuga Yehova] nibikorwe kw’isi nko mw’ijuru.»—Mat. 6:10.
15. Ni ibindi bintu ibihe Yezu azokora?
15 Mu gihe kiri imbere, Yezu azorwana intambara n’abansi b’Imana yongere ahonye abanyakibi kuri Harumagedoni. (Ivyah. 16:14, 16; 19:11-16) Inyuma y’aho gato, azoca aterera Shetani mu «nyenga», ni ukuvuga mu mimerere nk’iy’uwapfuye. (Ivyah. 20:1-3) Yezu azoca aganza imyaka igihumbi, maze agarukane amahoro yongere afashe abantu kuba abatunganye. Azozura abapfuye, atume n’isi yose iba Iparadizo. Umugambi wa Yehova uzoba urangutse!—Ivyah. 21:1-4.
16. Ni ibiki bizoba ya Ngoma y’imyaka igihumbi niyarangira?
16 Ni ibiki twokwitega ya Ngoma y’imyaka igihumbi niyarangira? Abantu bazoba bamaze kuba abatunganye, batagicumura. Ntibizoba bigikenewe ko dusaba ikigongwe ku bw’ibicumuro vyacu twishimikije incungu. Vyongeye, nta muhuza canke umuherezi tuzoba tugikeneye. Wa ‘mwansi wa nyuma [ni ukuvuga urupfu rwakwezwe na Adamu] azoba yakuweho.’ Imva zizoba zigaragara. Abapfuye bazoba bazutse. Umuntu wese aba kw’isi azoba atunganye.—1 Kor. 15:25, 26.
17-18. (a) Ni ibiki bizoba ku mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi? (b) Yezu azokora iki ikiringo ciwe co gutegeka nicarangira? (1 Abakorinto 15:24, 28) (Raba n’ifoto.)
17 Ni ikindi kintu ikihe kizoba ku mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi? Ico gihe hazoba ikintu kidasanzwe. Izina rya Yehova rizoba rimaze kwezwa mu buryo ntaharirizwa. Uti gute? Uribuka ko muri rya tongo rya Edeni, Shetani yari yavuze ko Yehova ari umubeshi be n’uko ategeka mu buryo butaranga urukundo. Kuva ico gihe, izina ryiwe ryagiye rirezwa n’abantu bamwubaha. Ku mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi rero, izina rya Yehova rizoba rimaze kwezwa bimwe bishitse. Yehova azoba amaze kwerekana neza ko ari we Muvyeyi afise urukundo.
18 Amaherezo, ibinyoma vya Shetani bizokubitirwa ahashashe rimwe rizima. None Yezu azokora iki ikiringo ciwe co gutegeka nicarangira? Yoba azoba nka Shetani, agararize Yehova? Habe namba. (Soma 1 Abakorinto 15:24, 28.) Yezu azosubiza Ubwami Se wiwe, ace yemera kuyobokera ubutegetsi bwiwe. Emwe, mu buryo butandukanye na Shetani, Yezu wewe ariteguriye guheba ikintu ico ari co cose kubera ko akunda Yehova!
Yezu ariko arasubiza Yehova Ubwami, mu mpera ya ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi (Raba ingingo ya 18)
19. Izina rya Yehova rihambaye ukungana iki kuri Yezu?
19 Ntibitangaje kubona Yehova yaremeye kurungika Yezu mw’izina ryiwe. Yezu yaraserukiye Se wiwe mu buryo butagira agahaze. None izina rya Yehova rihambaye ukungana iki kuri Yezu? Rirahambaye ku rugero runini cane. Yari yiteguriye no gupfa kubera iryo zina, kandi ariteguriye gusubiza Yehova vyose ku mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi. None twokwigana akarorero ka Yezu gute? Ico kibazo kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.
URURIRIMBO RWA 16 Shemeza Ya ku bw’Umwana wiwe yarobanuwe
a Rimwe na rimwe hari abandi bamarayika baserukiye Yehova, bakabwira abantu ubutumwa mw’izina ryiwe. Ni co gituma hari ahantu hamwehamwe muri Bibiliya havuga yuko Yehova ubwiwe ari we yariko aravuga, ariko vy’ukuri yari umumarayika amuserukiye. (Ita. 18:1-33) Naho Ivyanditswe bivuga yuko Yehova ari we yashikirije Musa ya mategeko, hariho iyindi mirongo yerekana ko Yehova yakoresheje abamarayika, bakaba ari bo bashikiriza ayo mategeko mw’izina ryiwe.—Lew. 27:34; Ivyak. 7:38, 53; Gal. 3:19; Heb. 2:2-4.
b INSIGURO Y’AMAJAMBO: «Kweza ikintu» bisobanura kugitera iteka, kubona ko ari ceranda canke kucubaha cane. «Kuburanira umuntu» bisobanura kumukurako iceyi yasizwe canke kumushingira intahe ko yera.
c Urupfu rwa Yezu rwaratumye kandi abantu bashobora kuronka ubuzima budahera.
d Raba «Ibibazo vy’abasomyi» mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 2021, rup. 30-31.