IKIGANIRO C’UKWIGA CA 23
URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova
Izina rya Yehova rihambaye ukungana iki kuri twebwe?
«Yehova avuze ati: “Muri ivyabona vyanje.”»—YES. 43:10.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona uruhara dufise mu bijanye no kweza izina ry’Imana be no mu kuriburanira.
1-2. Twemezwa n’iki ko Yezu yabona ko izina rya Yehova ryari rihambaye?
IZINA rya Yehova ni ryo Yezu yabona ko ryari rihambaye kuruta ibindi vyose. Yezu ni we yabaye imboneza mu bijanye no kurishigikira. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, Yezu yaremeye no gupfa kubera iryo zina kugira ngo akure iceyi kuri nyeneryo. (Mrk. 14:36; Heb. 10:7-9) Na ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi niyarangira, Yezu azosubiza Se wiwe ubukuru bwose kugira izina rya Yehova ryezwe. (1 Kor. 15:26-28) Vyongeye, ibintu vyose Yezu yakoze kubera izina rya Yehova vyarerekanye ko afitaniye ubucuti bwiza na Se kandi ko amukunda cane.
2 Yezu yaje kw’isi mw’izina rya Se. (Yoh. 5:43; 12:13) Yaramenyesheje abigishwa biwe izina rya Se. (Yoh. 17:6, 26) Yigisha mw’izina rya Yehova akongera agakora ibitangaro muri iryo zina. (Yoh. 10:25) Mbere n’igihe Yezu yasengera abigishwa biwe, yasavye Yehova kubarinda ‘kubera izina ryiwe.’ (Yoh. 17:11) Nimba rero Yezu yaraha agaciro izina rya Yehova ukuraho, umuntu yokwubahuka gute kuvuga ko ari umwigishwa nyakuri wa Kristu kandi atazi izina rya Se wiwe canke ngo arikoreshe?
3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
3 Kubera ko twebwe abakirisu b’ukuri twigana intambuko za Yezu, turaha agaciro cane izina rya Se. (1 Pet. 2:21) Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma abariko baramamaza «inkuru nziza y’Ubwami» bitirirwa izina rya Yehova. (Mat. 24:14) Turaza no kubona igituma izina rya Yehova rihambaye kuri umwumwe wese muri twebwe.
«UMUGWI W’ABANTU WITIRIRWA IZINA RYAYO»
4. (a) Ni igikorwa ikihe Yezu yashinze abigishwa biwe imbere y’uko asubira mw’ijuru? (b) Ni ikibazo ikihe gica kivyuka?
4 Gatoyi imbere y’uko Yezu asubira mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: «Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no mu mihingo ya kure cane y’isi.» (Ivyak. 1:8) Inkuru nziza rero yokwamamajwe n’ahandi, atari gusa muri Isirayeli. Amaherezo, abantu bo mu mahanga yose boronse akaryo ko gucika abigishwa ba Yezu. (Mat. 28:19, 20) Ariko rero Yezu yavuze ati: «Muzombera ivyabona.» None abo bigishwa bashasha vyobaye bikenewe ko bamenya izina rya Yehova, canke bobaye abigishwa ba Yezu gusa? Ibivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 15 biradufasha kuronka inyishu y’ico kibazo.
5. Intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu, berekanye gute ko abantu bose bakeneye kumenya izina rya Yehova? (Raba n’ifoto.)
5 Mu 49 inyuma ya Kristu, intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu barakoraniye hamwe kugira ngo barabire hamwe ivyo abanyamahanga batagenyerewe basabwa kugira babe abakirisu. Mu nsozero y’uwo mubonano, Yakobo mwenewabo na Yezu yavuze ati: «[Petero] yatwiganiye neza ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo umugwi w’abantu witirirwa izina ryayo.» None ng’aho Yakobo yashaka kuvuga izina irihe? Yaciye asubiramwo amajambo y’umuhanuzi Amosi agira ati: «Kugira ngo abantu basigaye barondere Yehova babigiranye umwete, bari kumwe n’abo mu mahanga yose bitirirwa izina ryanje, ni ko Yehova avuze.» (Ivyak. 15:14-18) Abo bigishwa bashasha rero ntibomenye gusa ivyerekeye Yehova ariko kandi ‘bokwitiriwe izina ryiwe.’ Ivyo bisobanura ko bomenyekanishije iryo zina kandi rikaba ari ryo ribaranga.
Mu nama yagizwe n’abagize inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, abo bagabo b’abizigirwa baratahuye ko abakirisu bakwiye kuba bagize umugwi w’abantu witirirwa izina ry’Imana (Raba ingingo ya 5)
6-7. (a) Kubera iki Yezu yaje ng’aha kw’isi? (b) Ni iyindi mvo iyihe ihambaye kuruta yatumye aza kw’isi?
6 Izina Yezu risobanura ngo «Yehova arakiza.» Nkako, ni we nyene Yehova yakoresheje kugira ngo akize abamwizera bose. Yezu yaje kw’isi kugira ngo acungure abantu. (Mat. 20:28) Iyo ncungu yatumye abantu barokorwa maze bakazoronka ubuzima budahera.—Yoh. 3:16.
7 Kubera iki none abantu bari bakeneye gucungurwa? Ni kubera ivyabaye mw’itongo ryo muri Edeni. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, abo dukomokako ari bo Adamu na Eva, baragararije Yehova bituma batakaza akaryo ko kubaho ibihe bidahera. (Ita. 3:6, 24) Ariko rero uretse kurokora abantu, hariho iyindi mvo ihambaye cane yatumye Yezu aza ng’aha kw’isi. Izina rya Yehova ryari ryaracafujwe. (Ita. 3:4, 5) Kugira ngo rero abakomoka kuri Adamu na Eva bashobore kurokorwa, vyasaba ko izina rya Yehova ribanza kwezwa, ico kikaba ari co kintu cari gihambaye kuruta. Kubera ko Yezu yaje aserukira Yehova kandi akaba yaje mw’izina ryiwe, ni we yabaye imboneza mu kweza izina rya Yehova.
Umuntu yokwubahuka gute kuvuga ko ari umwigishwa nyakuri wa Kristu kandi atazi izina rya Se wiwe canke ngo arikoreshe?
8. Abokwizeye Yezu bose botegerejwe kwemera iki?
8 Abokwizeye Yezu bose, baba Abayuda canke abanyamahanga, botegerejwe kwemera ko ubukiriro bwabo buva kuri Se wa Yezu, ari we Yehova Imana. (Yoh. 17:3) Vyongeye, cokimwe na Yezu, bokwitiriwe izina rya Yehova. Botegerejwe kandi kwemera ko kweza iryo zina bihambaye cane, kuko ari co cotumye barokoka. (Ivyak. 2:21, 22) Ni co gituma abigishwa ba Yezu bose b’intahemuka botegerejwe kwiga ivyerekeye Yehova na Yezu. Ntibitangaje rero kubona Yezu yasozereye rya sengesho ryiwe dusanga muri Yohani 17 n’aya majambo agira ati: «Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha, kugira urukundo wankunze rube muri bo, nanje nunge ubumwe na bo.»—Yoh. 17:26.
«MURI IVYABONA VYANJE»
9. Twokwerekana gute ko izina rya Yehova rihambaye kuri twebwe?
9 Abigishwa bose nyakuri ba Yezu rero barakwiye kwitaho cane ibijanye no kweza izina rya Yehova. (Mat. 6:9, 10) Bakwiye kubona ko izina rya Yehova ari ryo rihambaye kuruta ayandi yose. Ivyo birabonekera mu vyo bakora. None twokora iki kugira ngo tweze izina rya Yehova, turikureko iceyi ryasizwe na Shetani?
10. Ni urubanza uruhe rw’ikigereranyo ruvugwa muri Yesaya ikigabane ca 42 gushika ku ca 44? (Yesaya 43:9; 44:7-9) (Raba n’ifoto.)
10 Muri Yesaya ikigabane ca 42 gushika ku ca 44 harerekana ko turangura uruhara ruhambaye mu kweza izina rya Yehova. Muri ivyo bigabane, haravugwamwo urubanza rw’ikigereranyo rujanye n’uwubereye kuba Imana. Yehova arasaba ivyitwa imana vyose gutanga ivyemeza ko ari Imana nya Mana. Aranasaba n’ivyabona vyazo ngo bizane ibimenyamenya vyerekana ko ari Imana nya Mana. Ariko rero nta n’umwe yubahuka kurenguka.—Soma Yesaya 43:9; 44:7-9.
Turagira uruhara mu rubanza rw’ikigereranyo mu buryo butandukanye (Raba ingingo ya 10-11)
11. Ni ibiki Yehova abwira abasavyi biwe muri Yesaya 43:10-12?
11 Soma Yesaya 43:10-12. Yehova abwira abasavyi biwe ati: «Muri ivyabona vyanje, . . . kandi ni jewe Mana.» Yehova aca abasaba kwishura iki kibazo: «Hari iyindi Mana atari jewe?» (Yes. 44:8) Twaratewe iteka rero ryo kwishura ico kibazo. Turerekana ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri, biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora. Izina ryiwe riraruta ayandi mazina yose. Ukuntu tubayeho birerekana ko dukunda Yehova vy’ukuri be n’uko turi intahemuka kuri we, naho Shetani yoduteza ingorane zingana gute. Tugumye turi intahemuka tuba tugize uruhara mu kweza izina ry’Imana.
12. Ubuhanuzi buvugwa muri Yesaya 40:3, 5 bwarangutse gute?
12 Iyo dushigikiye izina rya Yehova, tuba turiko turigana Yezu Kristu. Yesaya yaravuze kandi ko hari uwoje ‘gutunganya inzira ya Yehova’ canke ‘kuyitegura.’ (Yes. 40:3, akajambo k’epfo.) None ivyo vyarangutse gute? Yohani Umubatizi yarateguriye inzira Yezu, ku bwa ngingo ikaba yari «inzira ya Yehova», kuko Yezu yaje mw’izina rya Yehova yongera avuga muri iryo zina. (Mat. 3:3; Mrk. 1:2-4; Luka 3:3-6) Ubwo buhanuzi nyene bwari bwavuze buti: «Ubuninahazwa bwa Yehova buzohishurwa.» (Yes. 40:5) Ivyo na vyo vyarangutse gute? Igihe Yezu yaza kw’isi, yaraserukiye Yehova neza ku buryo biba nk’aho Yehova ari we ubwiwe yari yiyiziye kw’isi.—Yoh. 12:45.
13. Twokwigana gute Yezu?
13 Cokimwe na Yezu, na twebwe turi Ivyabona vya Yehova. Twitirirwa izina ryiwe kandi turabwira uwo duhuye wese ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. Ariko rero kugira ngo dushingire intahe neza Yehova, dutegerezwa no kubwira abantu uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu kweza izina rya Yehova. (Ivyak. 1:8) Yezu ni we Cabona yashingiye intahe Yehova kuruta abandi bose, natwe tukaba tumwigana. (Ivyah. 1:5) None izina rya Yehova rihambaye ku rugero rungana gute kuri twebwe?
INGENE TWEREKANA KO IZINA RYA YEHOVA RIHAMBAYE KURI TWEBWE
14. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 105:3, tubona gute izina rya Yehova?
14 Turiratira izina rya Yehova. (Soma Zaburi 105:3.) Yehova arahimbarwa cane iyo twiratira izina ryiwe. (Yer. 9:23, 24; 1 Kor. 1:31; 2 Kor. 10:17) ‘Kwiratira Yehova’ bisobanura kumwishimira kubera ko ari Imana yacu. Kuninahaza izina ryiwe no kuriburanira tubona ko ari iteka twatewe. Ntidukwiye kwigera duterwa isoni no kubwira abo dukorana, abo twigana, ababanyi be n’abandi bantu ko turi Ivyabona vya Yehova. Shetani yipfuza ko duhagarika kubwira abandi ivyerekeye izina rya Yehova. (Yer. 11:21; Ivyah. 12:17) Nkako, Shetani n’abahanuzi biwe b’ikinyoma bipfuza kwibagiza abantu izina rya Yehova. (Yer. 23:26, 27) Ariko urukundo dukunda izina rya Yehova rutuma tuguma turihimbarirwa «bukarinda bwira.»—Zab. 5:11; 89:16.
15. Kwambaza izina rya Yehova bisobanura iki?
15 Turabandanya kwambaza izina rya Yehova. (Yow. 2:32; Rom. 10:13, 14) Kwambaza izina rya Yehova birimwo n’ibindi uretse gusa kumenya iryo zina no kurikoresha. Birimwo no kumenya ko abaho, kumwizigira, no kumwihekako kugira ngo adufashe yongere atuyobore. (Zab. 20:7; 99:6; 116:4; 145:18) Birimwo kandi no kumenyesha abandi izina ryiwe be na kamere ziwe, no kubahimiriza kwigaya bagahindura ingendo kugira ngo bashimwe na Yehova.—Yes. 12:4; Ivyak. 2:21, 38.
16. Twokwerekana gute ko Shetani ari umubeshi?
16 Turemera kubabazwa kubera izina rya Yehova. (Yak. 5:10, 11) Iyo tugumye turi intahemuka kuri Yehova igihe turi mu ngorane, tuba twerekanye ko Shetani ari umubeshi. Mu gihe ca Yobu, Shetani yagirije abantu bose bakorera Yehova ati: «Ivyo umuntu afise vyose yobitanga kugira arokore igufa.» (Yobu 2:4) Shetani yavuze ko abantu bokoreye Yehova igihe gusa bamerewe neza, ariko ko bashikiwe n’ingorane bociye bamuheba. Yobu yarabeshuje ico kinyoma ca Shetani, kubera ko yagumye ari intahemuka. Muri iki gihe, na twebwe twaratewe iteka ryo kwerekana ko naho Shetani yoduteza ingorane zimeze gute, tutazokwigera duheba Yehova. Turizigira tudakeka ko Yehova azoguma aturinda kubera izina ryiwe.—Yoh. 17:11.
17. Twisunze 1 Petero 2:12, ni mu bundi buryo ubuhe twoninahaza izina rya Yehova?
17 Turerekana ko twubaha izina rya Yehova. (Imig. 30:9; Yer. 7:8-11) Kubera ko duserukira Yehova kandi tukaba twitirirwa izina ryiwe, ivyo dukora birashobora gushemeza izina rya Yehova canke bikaritesha agaciro. (Soma 1 Petero 2:12.) Ni co gituma twipfuza gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo dushemeze Yehova, haba mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Tubigenjeje gutyo, tuzotuma izina rya Yehova rininahazwa, naho tudatunganye.
18. Ni mu bundi buryo ubuhe twokwerekana ko izina rya Yehova rihambaye kuri twebwe? (Raba n’akajambo k’epfo.)
18 Turarazwa ishinga n’uko izina rya Yehova rivugwa neza, aho kurazwa ishinga n’ukuntu abandi batubona. (Zab. 138:2) Kubera iki bihambaye? Kubera yuko urukundo dukunda Yehova n’izina ryiwe rushobora gutuma abantu batubona nabi.a Yezu yaremeye kwicwa urw’agashinyaguro nk’inkozi y’ikibi, kugira ngo atere iteka izina rya Yehova. Ivyo ‘ntivyamuteye isoni’ kuko atarajwe ishinga cane n’ukuntu abandi bamwiyumvira. (Heb. 12:2-4) Wewe yagumiza umutima ku gukora ivyo Imana igomba.—Mat. 26:39.
19. Ubona gute izina rya Yehova, kandi kubera iki?
19 Turiratira izina rya Yehova kandi tubona ko ari iteka kuba twitwa Ivyabona vya Yehova. Ivyo bituma twemera kwihanganira ibintu vyose abantu bokora barondera kudusuzugura. Izina rya Yehova rirahambaye cane mbere kuruta ukuntu abandi batubona. Nimuze rero twiyemeze kubandanya dushemeza izina rya Yehova naho Shetani yokora iki. Nitwabigira tuzoba twerekanye, cokimwe na Yezu Kristu, ko izina rya Yehova rihambaye cane kuri twebwe kuruta ibindi vyose.
URURIRIMBO RWA 10 Shemeza Yehova Imana yacu!
a Mbere na wa mugabo w’umwizigirwa Yobu vyarashitse ararazwa ishinga n’ukuntu abandi bamubona, igihe ba bagenzi biwe batatu bamwagiriza ibinyoma. Mu ntango, igihe Yobu yabura abana biwe be n’ivyo yari atunze vyose, «ntiyigeze acumura canke ngo yagirize Imana ibintu bibi.» (Yobu 1:22; 2:10) Ariko igihe yagirizwa ibinyoma, yaciye atangura ‘kuvuga atabanje kwiyumvira.’ Yaciye yitwararika cane ivyo kweza izina ryiwe aho kweza izina ry’Imana.—Yobu 6:3; 13:4, 5; 32:2; 34:5.