Bibiliya vy’ukuri ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe
NEZA na neza, intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga yuko Bibiliya “[y]ahumetswe n’Imana”? (2 Timoteyo 3:16) Paulo yashaka kuvuga yuko Imana ibicishije ku mpwemu yayo nyeranda yayoboye abanditsi ba Bibiliya kugira ngo bandike gusa ivyo yashaka ko bandika.
Intumwa Petero yavuze ko abo banditsi ba Bibiliya “bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Petero 1:21) Ku bw’ivyo, intumwa Paulo yarashoboye kandi kuvuga yuko ibitabu bigize Bibiliya ari “ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu.”—2 Timoteyo 3:15.
Abantu benshi barahakana bashimitse ko Bibiliya ikomoka ku Mana. Abantu bakunze kugira ico bavuze ku bintu, akenshi babigiranye ico umucukuzi w’ivya kera Umushingantahe Charles Marston yise ko ari “ukutubaha na gato ibivugwa muri Bibiliya,” bararwanije rwose ivy’uko Bibiliya ivuga ukuri. Bamwebamwe barayikengera bavuga yuko ari gusa “igitabu ca kera gikoranirijwemwo imigani n’ibitito.”
Nurimbure ibimenyamenya
None Bibiliya yoba ishobora kwizigirwa? Birahambaye ko ufata ingingo utibesha ku bijanye n’ico kibazo. Uti kubera iki? Kubera ko asangwa Bibiliya irimwo ubutumwa buva ku Mana ubwayo, kuyirengagiza vyoba biranga ubupfu, bikaba mbere vyokwega akarambaraye. Urugero ushikanako mu kuyireka ngo igire ico ikoze vy’ukuri mu kukuyobora mu vyo ukora no mu kugushingira ivyo wemera ruzogabanuka cane nimba uyibona gusa nk’iyirimwo amajambo y’abantu aho kuyibona nk’Ijambo ry’Imana.—1 Abanyatesalonika 2:13.
None ushobora gute gufata ingingo? Mbega none, ni igiki gihora kigufasha gufata ingingo nimba wokwizigira abantu muhura? Hari ikintu kimwe ntakekeranywa. Biragoye cane kwizigira vy’ukuri umuntu ata vyinshi umuziko. Igihe gusa umaze kumenya abantu neza ni ho uko igihe kihaca ugenda uramenya nimba ari inzirabugunge n’abizigirwa vy’ukuri. Muri ubwo buryo nyene, urashobora kumenya ibijanye na Bibiliya. Ntupfe kwemera ibintu bivugwa bidafise ishingiro canke mbere bityoza Bibiliya, bituma abantu bareka kuyizigira. Nufate umwanya wo kurimbura ibimenyamenya bishigikira ivyo Bibiliya ivuga yuko “[y]ahumetswe n’Imana.”
Irwanywa n’abitwa ngo barayikunda
Ntuhendwe n’ukuba mbere hari abivugisha yuko bakunda Bibiliya barwanya iciyumviro c’uko ari iy’ukuri kandi ari iyo kwizigirwa. Inyizamvugo imwe (New Dictionary of Theology) ivuga yuko muri iki gihe, abenshi mu bakunda kugira ico bavuze ku bijanye na Bibiliya, naho bivugisha ko ari abakirisu, “usanga bivugira gusa ko Ivyanditswe ari ivyo abantu biyandikiye.”
Abanyatewolojiya benshi bavuga yuko abavugwa ko banditse Bibiliya atari bo vy’ukuri bayanditse. Nk’akarorero, hari abavuga yuko umuhanuzi Yesaya atari we yanditse igitabu ca Yesaya. Bavuga ko ico gitabu co muri Bibiliya canditswe inyuma cane y’igihe ca Yesaya. Igitabu kimwe (Concise Bible Commentary) canditswe na Lowther Clarke giharira kivuga ko ico gitabu ca Yesaya “canditswe n’abantu benshi kandi mu myaka myinshi.” Ariko rero, ibintu vyemezwa nk’ivyo birirengagiza ko Yezu Kristu be n’abigishwa biwe bavuze kenshi ko ico gitabu canditswe na Yesaya.—Matayo 3:3; 15:7; Luka 4:17; Yohani 12:38-41; Abaroma 9:27, 29.
N’ikivyunyura, abantu bakunze kugira ico bavuze ku bijanye na Bibiliya, nka J. R. Dummelow, bavuga yuko ubuhanuzi buri mu gitabu ca Daniyeli “vy’ukuri ari ibintu vyari vyarabaye muri kahise uwo mwanditsi yavuze nk’aho ariko aramenyesha ivyobaye.” No ng’aho nyene, mu kuvuga ivyo, barirengagiza ikimenyamenya Yezu Kristu ubwiwe yatanze. Yezu yaragabishije ku bijanye n’ico yise “ca kintu gisesemye c’ubugesera, nk’uko cavuzwe biciye kuri Daniyeli umuhanuzi, gihagaze ahantu heranda.” (Matayo 24:15) Vyoba none vyumvikana ko umukirisu yemera yuko Yezu Kristu ubwiwe yoba yaragize uruhara mu kubesha abantu, ko yoba yarashigikiye inkuru yiswe ngo ni ubuhanuzi kandi atari vyo? Habe n’intete.
Hoba hari ico bihindura?
Woshobora kubaza uti: “Ariko none, kumenya uwanditse ibitabu vyo muri Bibiliya hoba vy’ukuri hari ico bihindura?” Ego cane, biragira ikintu kinini bihinduye. Woha agaciro kangana gute urwandiko rwiswe ko ruriko ibintu umugenzi wawe yasize yanditse imbere yuko apfa asaba ko ari vyo vyokurikizwa, hamwe womenya ko atari we vy’ukuri yavyanditse? Dufate ko abahinga bakubwiye yuko urwo rwandiko atari rwo, yuko ari abagenzi bafise intumbero nziza banditse ivyo biyumvira ko ari vyo uwo mugenzi wawe yipfuza. None ivyo ntivyotuma urwo rwandiko rutakaza agaciro? Ubwo koko wokwizigira ko rwerekana vy’ukuri ivyo uwo mugenzi wawe yipfuza?
Ivyo ni na ko biri ku vyerekeye Bibiliya. Ntibitangaje kubona abantu benshi cane, harimwo mbere n’abiyita ko ari abakirisu, bubahuka kwirengagiza ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuba inzirabugunge, ubuhumbu n’ibindi. Ni kangahe umaze kwumva abantu bavuga bihenda ibintu nk’ibi ngo “Mugabo ivyo biri mw’Isezerano rya kera!”, nk’aho womenga ivyo bisobanura ko rifise agaciro gatoya. Ivyo babivuga mu gihe intumwa Paulo yavuze ko iryo bita ngo ni Isezerano rya kera ari “ivyanditswe vyeranda,” bino bikaba “[vy]ahumetswe n’Imana.”
Woshobora guharira uvuga uti: “Nta gukeka ko umuntu atoca apfa kwirengagiza ibimenyamenya bitangwa n’abahinga bose be n’incabwenge zose.” Birumvikana ko atari ukwo bikwiye kumera! Nk’akarorero, turakengurukira cane incabwenge z’inziraburyarya zadufashije kumenya ibisomwa vyo mu ntango vya Bibiliya. Ni ivy’ukuri ko udukosa dutoduto twagiye turisobeka mu gisomwa ca Bibiliya uko yagiye irimurwa kenshi mu binjana n’ibindi vyahaciye. Yamara rero, uribuka iki kintu: Hariho itandukaniro rinini hagati yo kumenya yuko hariho udukosa dutoduto twisobetse mu bisomwa vyimuwe vya Bibiliya be no gusuzugura Bibiliya yose uko yakabaye ukayibona ko ari igitabu canditswe n’abantu.
Nugume wizeye “ivyanditswe vyeranda”
Imbere yuko Paulo avuga ko Bibiliya yahumetswe n’Imana, yarabwiye Timoteyo igituma iyo nkuru yahumetswe yari ihambaye. Yavuze ati: “Mu misi ya nyuma . . . abantu babi be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa.” (2 Timoteyo 3:1, 13) Mu gihe ca Paulo, abantu basa n’‘inkerebutsi be n’incabwenge’ bari bamaze gutangura gukoresha “ivyiyumviro biryosharyosha” kugira ngo bayovye abantu bongere batume bagoyagoya mu bijanye no kwizera Yezu Kristu. (1 Abakorinto 1:18, 19; Abakolosayi 2:4, 8) Kugira ngo intumwa Paulo akingire Timoteyo akosho k’abo bantu, yamuhimirije ‘gushishikara mu vyo yari yarize guhera mu buhinja biciye ku vyanditswe vyeranda’ vyatanzwe n’Imana.—2 Timoteyo 3:14, 15.
Na wewe nyene birahambaye ko ubigenza gutyo muri ino “misi ya nyuma.” Ntufatire mu rwara akaga kari mu kuzimizwa n’ibikunze kwitwa ngo ni “ivyiyumviro biryosharyosha” cane bishikirizwa n’abantu bafise urwenge rwinshi. Ahubwo nyabuna, nka kumwe kw’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, niwikingire mu kwiheka bimwe bishitse ku vyo wiga muri Bibiliya, yo vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe.
Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kurushiriza kwizera Bibiliya. Nk’akarorero, barashobora kukwereka ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zagiye ziragaragara muri kahise kose ko ari izo kwizigirwa bimwe vyuzuye; ukuntu Bibiliya ihuza na siyansi igihe iba iriko iravuga ibijanye na siyansi; ukuntu yose uko ingana ivuga rumwe kuva ku ntango gushika ku mpera; ukuntu ubuhanuzi buvugwa muri yo bwagiye buraranguka ata kubesha; n’ibindi vyinshi. Nimba uvyipfuza, ntiwitinye kwandikira abasohora iki kinyamakuru kugira ngo bakuronse amakuru yafashije abantu amamiliyoni bafise umutima nziraburyarya kubona ko vy’ukuri Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 5]
Ni igiki gihora kigufasha gufata ingingo nimba wokwizigira abantu muhura?
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 6]
Turakengurukira cane incabwenge z’inziraburyarya zadufashije kumenya ibisomwa vyo mu ntango vya Bibiliya