ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 51
  • Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nimuzigame indagano yanyu y’ukwabirana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ingene wokomeza umubano wanyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 51

Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?

Inyishu Bibiliya itanga

Egome. Ng’izi zimwezimwe mu mpanuro ziranga ubukerebutsi itanga zafashije abagabo n’abagore amamiliyoni kuronka agahimbare mu muryango:

  1. Nimwandikishe umubano wanyu. Kuragana imbere y’amategeko yuko muzobana ubuzima bwose ni co kintu nyamukuru gituma muronka agahimbare mu muryango.—Matayo 19:4-6.

  2. Nimukundane kandi mwubahane. Ivyo birimwo gufata uwo mwubakanye nk’uko woshima gufatwa.—Matayo 7:12; Abanyefeso 5:25, 33.

  3. Niwirinde amajambo ababaza. Nuvugane uburwaneza n’igihe nyene uwo mwubakanye avuze canke akoze ikintu kibabaza. (Abanyefeso 4:31, 32) Bibiliya ivuga mu Migani 15:1 iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”

  4. Ntimuhemukirane. Nugaragarize inyiyumvo z’ivy’urukundo uwo mwubakanye gusa abe ari na we gusa wipfuza mu vy’igitsina. (Matayo 5:28) Bibiliya igira iti: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana.”​—Abaheburayo 13:4.

  5. Nimurere abana banyu mu rukundo. Ntimubarekerane canke ngo mubabere umururazi.​—Imigani 29:15; Abakolosayi 3:21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika