ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/12 rup. 28-29
  • Indimu ikora vyinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indimu ikora vyinshi
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Indimu mu Butaliyano
  • Ntibayikundira akanovera gusa
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 9/12 rup. 28-29

Indimu ikora vyinshi

IBAZE nawe icamwa gishobora kuvura, gusukura ibintu, kwica imikorobe, kikavamwo n’ibintu vyo kwisiga. Urashobora kukirya, kunywa umutobe waco canke kugikuramwo amavuta y’ingirakamaro. Kirabereye ijisho, ugisanga kw’isi yose kandi ntikizimvye. N’ubu nyene ushobora kuba ugifise mu gikoni iwawe. None ico camwa ni ikihe? Ni indimu!

Vyiyumvirwa ko indimu zakomotse mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya, zica zigenda zirakwiragira amaja mu burengero mu karere ka Mediterane. Ibiti vy’indimu birakunda ahantu hadashushe kandi hadakanye, akaba ari co gituma bigwiriye muri Arjantine, mu Butaliyano, muri Megizike, muri Espanye, mbere no mu mihingo imwimwe ya Afrika na Aziya. Bivanye n’ubwoko bwaco be n’aho giteye, igiti c’indimu gikuze kirashobora kwama buri mwaka indimu ziri hagati ya 200 na 1500. Indimu zirimwa zama mu biringo bitandukanye, bigatuma umwaka wose urinda uhera ziriko zirimburwa.

Indimu mu Butaliyano

Hari impari nyinshi ku bijanye n’uko Abaroma ba kera boba bararima indimu. Hariho inyandiko zerekana ko Abaroma bari bazi ikindi giti cama ivyamwa bisa cane n’indimu nini. Mu gitabu ciwe (Natural History), umutohozakahise w’Umuroma yitwa Pline l’Ancien aravuga ibijanye n’ico giti be n’ivyamwa vyaco. Ariko rero, abahinga karuhariwe baremera ko Abaroma na bo nyene bari bazi indimu. Uti kubera iki? Kubera yuko ibicapo vyo ku mpome no ku bindi bintu vy’ibibumbano tubisangako indimu. Akarorero kamwe ni igicapo batoye mu bisigarira vy’inyubakwa imwe ahitwa Pompéi, iyataziriwe mu buryo bubereye ngo ni Inzu y’ivyamwa, kubera ko yari isharijwe n’ibicapo biriko ibiterwa bitandukanye, harimwo n’igiti c’indimu. Birashoboka ko ico gihe cabonwa ko ari igiti cavuye mu mahanga kandi birashoboka ko cakoreshwa gusa mu vy’ubuvuzi. Nta wuzi ko vyari vyoroshe kurima indimu canke ko zari zikwiragiye hose.

Izinga rya Sisile ni irya mbere mu kwimbura ivyamwa vyo mu bwoko bw’imicungwe ushizemwo n’indimu, kubera ici ryaho rimara igihe kirekire kandi rigashuha, urushana na rwo ntirushuhe canke ngo rukanye. Mugabo hariho n’utundi turere barimamwo indimu nzizanziza, canecane ku nkengera y’ikiyaga.

Mu bumanuko bwa Naples hari igisagara ciza ca Sorrento, mu bumanuko bwaco na ho hakaba akarere kagutse cane k’inkengera ya Amalfi kareha n’ibilometero birenga 40. Mu duce tugenda turinjira mu mazi kuri iyo nkengera, hinyegeje udusagara turyoheye ijisho nka Amalfi, Positano, Vietri sul Mare n’utundi. Indimu bimbura ku nkengera ya Sorrento na Amalfi ziba ziriko ikimenyetso cerekana ko zarimwe ng’aho koko. Birabereye kubona abantu baho bishimira izo ndimu kuko bazirimana ubuhinga ku mikobeko iri ku misozi, aho zironka akazuba zigaca zama indimu zimota neza kandi z’umutobe mwinshi.

Igiti c’indimu ntigisaba ikibanza kinini. Mbere no mw’ibaraza ahantu hashika akazuba harahagije, kuko hariho ibiti vy’indimu bitobito bashobora gutera muri vya bikono vy’amashurwe bigaca biba ibisharizo. Bikunda ahantu hari akazuba, hatari umuyaga mwinshi kandi hasusurutse, nk’iruhande y’uruhome. Ariko rero, igihe ubushuhe bugabanutse cane mu rushana, biraba vyiza umuntu abipfutse canke akabishira mu nzu.

Ntibayikundira akanovera gusa

Woba ukunda gukoresha indimu? Hari abashira agapande kayo mu gikombe c’icayi, abandi na bo bagakoresha igishishwa cayo canke amama makeyi yayo mu gutegura amagato. Woshobora kuzikanya kugira uronke umutobe. Hirya no hino kw’isi, abatetsi bama bibangikanije indimu bakayikoresha vyinshi mu bijanye n’ugukinjika. Ariko none, woba umaze gukoresha umutobe wayo mu kwica imikorobe canke mu gukuraho ibirabagu?

Hari abakoresha igipande c’indimu mu kugitsirita ku kibaho bakatirako ibintu vy’ibiribwa kugira bacoze canke bice imikorobe. Hari n’abakoresha umutobe w’indimu uvanze na ka gafu kera bita bicarbonate mu gukura ibirabagu ku mpuzu canke mu kwoza lavabo, aho gukoresha wa muti (eau de javel) ukura ibirabagu ku mpuzu zera. Biranavugwa ko umuntu ashobora kurwanya akamoto kabi ashize igipande c’indimu muri firigo canke mu mashini yoza ivyombo.

Indimu irimwo aside ikoreshwa mu gukingira ibifungurwa n’ibinyobwa kugira ntibipfe ningoga no mu gutuma bigira akanovera gakāta. Agashishwa kayo kera be na kirya gishishwa c’inyuma biravamwo ico bita pectine abahingura ibifungurwa bakoresha kugira ivyo bahingura binywane canke bivure. Vyongeye, hariho amavuta ava mu gishishwa c’indimu akoreshwa mu guhingura ibifungurwa, imiti n’amavuta yo kwisiga. Uwodondagura ivyo indimu ikora yovuga ntiyoheza. Vy’ukuri, indimu ni icamwa kiryoheye ijisho, c’akanovera kandi gikora vyinshi.

Vitamine C

Vitamine C ni ntahara kugira umubiri ukure wongere wikingire. Igishimishije ni uko tuyisanga mu bifungurwa vyinshi nk’imboga mbisi, itomati, ipiripiri n’inkere. Ivyamwa vyo mu bwoko bw’imicungwe ni vyo bigwiriyemwo vitamine C, aho hakaba harimwo n’indimu. Urugero rwa vitamine C dusanga mu ndimu ruvana n’ibintu vyinshi, nk’akarere ico camwa cakuriyemwo, ingene gihiye, mbere n’aho giherereye ku giti.

Mu bihugu bimwebimwe, bisabwa ko umugabo afungura nka miligarama 100 za vitamine C ku musi. Indimu igereranye yoshobora kuba irimwo ica kabiri ca vitamine C umuntu akuze asabwa gufungura ku musi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika