Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
Ni amakosa ayahe ari muri iyi shusho?
Soma Luka 17:11-19. Ni ibintu bitatu ibihe vyo kuri iyi shusho bitari vyo? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo, uce wuzuza iyo foto mu kuyisiga amabara.
IVYO KUGANIRAKO:
Ni igiki umunyamibembe umwe yakoze abandi batakoze?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Luka 17:15, 16.
Womwigana gute?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Abakolosayi 3:15; 1 Abatesalonika 5:18.
Ni nde ukwiye kwibuka gushimira imisi yose?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Zaburi 107:8; Yakobo 1:17.
ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:
Nusabe umwumwe wese mu bagize umuryango yandike imvo imwe ituma akengurukira Yehova Imana, imvo imwe ituma akengurukira umuntu kanaka wo muryango be n’imvo imwe ituma akengurukira umugenzi atari uwo muryango. Nimuce mugira urutonde rw’ibintu bishoboka mwokora kugira mwerekane ko mukengurukira abo mwanditse.
Nuze uratwegeranya maze utwige
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 21 MUSA
IBIBAZO
A. Ni ibitabu ibihe vyo muri Bibiliya Musa yanditse ahumekewe na Yehova?
B. Abavyeyi ba Musa bari ․․․․․ na ․․․․․. Yarezwe na ․․․․․ ․․․․․.
C. Heraheza aya majambo yo muri Bibiliya: Musa “yagumye ashikamye nk’aho . . .”
IVYIWE MURI MAKE
Ni we muntu wa mbere avugwa muri Bibiliya Imana yahaye ububasha bwo gukora ibitangaro. Yarabaye umuhanuzi, umucamanza, umutanzi w’amategeko araba n’indongozi muri Isirayeli ya kera. Abisirayeli babona ko ari umuntu yakoze ibikorwa vyinshi bitangaje.—Gusubira mu vyagezwe 34:10-12; Kuvayo 4:1-9.
INYISHU
A. Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharūra, Gusubira mu vyagezwe na Yobu, hamwe na Zaburi ya 90 kumbure n’iya 91.
B. Amuramu, Yokebedi, Umukobwa wa Farawo.—Kuvayo 1:15–2:10; 6:20.
C. “. . . abona Umwe ataboneka.”—Abaheburayo 11:27.
Abantu n’ibihugu babamwo
Nitwa Mampionona. Mfise imyaka umunani, nkaba mba muri Madagaskari. Muri Madagaskari hari Ivyabona vya Yehova nka bangahe? Boba ari 10.000, 24.000 canke 62.000?
Ni akaburungu akahe kerekana aho mba? Shira akaburungu aho uba, uce uraba ingene ikirere kigutandukanya na Madagaskari kingana.
Abana barondere ahari aya mafoto
Wokwerekana aho aya mafoto ari muri iki kinyamakuru? Nuvuge mu majambo yawe ivyo ubona kw’ifoto imwimwe.
INYISHU Z’IBIBAZO
Hakwiye kuba hari abanyamibembe 10, si 11.
Abanyamibembe bavugwa muri iyo nkuru bose bari abagabo.
Umugabo yagarutse “[yarubaraye] hasi imbere y’ibirenge vya Yezu, a[ra]mukengurukira.”
. 24.000.
B.