Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
Ni ibiki bibuze kuri aya mashusho?
Soma Imigani 18:10 n’ Imigani 26:17. Ubu na ho niwihweze ayo mashusho. Ni ibiki bibuze? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo. Nuhuze utwo tuburungu kugira ngo uheraheze ayo mashusho, uce uyasiga amabara.
1. ․․․․․
2. ․․․․․
[Ibicapo]
(See publication)
IVYO KUGANIRAKO:
Ni ibiki wokwigira kuri ibi vyanditswe? Kumenya izina ry’Imana vyoba bihagije kugira ngo twemerwe na yo?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Zaburi 91:2; Imigani 3:5, 6.
Kubera iki biranga ubukerebutsi kutita mu vy’abandi?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Abagalatiya 6:5-7; 1 Abatesalonika 4:11; 1 Petero 4:15.
Ubukurikira, soma Imigani 26:18, 19. Gutebura kwoba ari ugutwenza ata co gutwaye?
ICOBAFASA GUTORA INYISHU: Soma Imigani 14:13; 15:21; Matayo 7:12.
ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:
Nimusomere hamwe mu Migani 31:10-31. Umwe mu bagize umuryango nase n’uwukora ibintu bimwebimwe biranga umugore aroranye vyavuzwe muri ico canditswe, abigire adasohora ijwi. Abasigaye mu bagize umuryango nibaze baragerageza kuvuga ico ariko arakora. Nimuganire ku bikorwa mwoshobora kwiga gukora kugira ngo murushirize kuba abaroranye.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 7 PETERO
IBIBAZO
A. Ni kubera iki Petero yatanguye kunyika?
B. Iki kintu kivugwa coba ari co canke si co? Petero ntiyubatse urwiwe.
C. Igihe indongozi z’idini zabwira intumwa ngo zireke kwamamaza, Petero n’izindi ntumwa bishuye bati: “Dutegerezwa . . . ”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho mu kinjana Igitabu ca nyuma
ca mbere G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yabaye i Betsayida n’i Kaperinawumu
GALILAYA
Kaperinawumu
Betsayida
Ikiyaga ca Galilaya
PETERO
IVYIWE MURI MAKE
Yari umurovyi akora cane yabaye umwe mu bigishwa ba Yezu ba mbere na mbere. Yezu yaratoye Petero ngo abe umwe muri za ntumwa ziwe 12. Muri za Njili zine harimwo ibintu vyinshi Petero yavuze kuruta ivyavuzwe n’iyindi ntumwa iyo ari yo yose. Yehova yaramukoresheje mu buryo bukomeye mu kwamamaza inkuru nziza no mu ‘gukomeza bene wabo.’—Luka 22:32; Mariko 3:13-19.
INYISHU
A. Yaratwawe n’ugukekeranya.—Matayo 14:28-31.
B. Si co.—Mariko 1:29-31; Yohani 1:42; 1 Abakorinto 9:5.
C. “ . . . kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”—Ivyakozwe 5:18, 27-29.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 8 HEZEKIYA
IBIBAZO
A. Hezekiya yari afise imyaka ingahe igihe yaba umwami wa Yuda?
B. Biciye ku gitangaro, Yehova yongerereje Hezekiya imyaka yo kubaho ingahe?
C. Heraheza aya majambo. Kubera amasengesho ya Hezekiya n’ukudahemuka kwiwe, Yehova yararungitse umumarayika kugira asasike ingabo z’Abashuri __________.
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma
mu 700 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yaba i Yeruzalemu
ASHURI
Yeruzalemu
HEZEKIYA
IVYIWE MURI MAKE
Yari umwami w’umwizigirwa yasanuye yongera arasubira kwugurura urusengero rw’Imana, araherengeteza ibintu vyakoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma, maze ahimiriza abantu guhimbaza Pasika. (2 Abami 18:4; 2 Ngoma 29:3; 30:1-6) Naho se wiwe Umwami Ahazi yari yaramusigiye akarorero kabi, Hezekiya “[yagumye] yumiye kuri Yehova.”—2 Abami 18:6.
INYISHU
A. Yari afise imyaka 25.—2 Abami 18:1, 2.
B. Imyaka 15.—2 Abami 20:1-6.
C. 185.000.—2 Abami 19:15, 19, 35, 36.
Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet kuri www.pr418.com
● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEZE BARI HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 24
INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 30
1. Umunara ukomeye.
2. Imbwa.