ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/11 rup. 30-31
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki bibuze kuri aya mashusho?
  • Nuze uratwegeranya maze utwige
  • INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 30
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2012
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2012
  • Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
    Be maso!—2012
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2011
Ibindi
Be maso!—2011
g 10/11 rup. 30-31

Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Ni ibiki bibuze kuri aya mashusho?

Soma Imigani 18:10 n’ Imigani 26:17. Ubu na ho niwihweze ayo mashusho. Ni ibiki bibuze? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo. Nuhuze utwo tuburungu kugira ngo uheraheze ayo mashusho, uce uyasiga amabara.

1. ․․․․․

2. ․․․․․

[Ibicapo]

(See publication)

IVYO KUGANIRAKO:

Ni ibiki wokwigira kuri ibi vyanditswe? Kumenya izina ry’Imana vyoba bihagije kugira ngo twemerwe na yo?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Zaburi 91:2; Imigani 3:​5, 6.

Kubera iki biranga ubukerebutsi kutita mu vy’abandi?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Abagalatiya 6:​5-7; 1 Abatesalonika 4:​11; 1 Petero 4:​15.

Ubukurikira, soma Imigani 26:​18, 19. Gutebura kwoba ari ugutwenza ata co gutwaye?

ICOBAFASA GUTORA INYISHU: Soma Imigani 14:​13; 15:​21; Matayo 7:12.

ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:

Nimusomere hamwe mu Migani 31:​10-31. Umwe mu bagize umuryango nase n’uwukora ibintu bimwebimwe biranga umugore aroranye vyavuzwe muri ico canditswe, abigire adasohora ijwi. Abasigaye mu bagize umuryango nibaze baragerageza kuvuga ico ariko arakora. Nimuganire ku bikorwa mwoshobora kwiga gukora kugira ngo murushirize kuba abaroranye.

Nuze uratwegeranya maze utwige

Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 7 PETERO

IBIBAZO

A. Ni kubera iki Petero yatanguye kunyika?

B. Iki kintu kivugwa coba ari co canke si co? Petero ntiyubatse urwiwe.

C. Igihe indongozi z’idini zabwira intumwa ngo zireke kwamamaza, Petero n’izindi ntumwa bishuye bati: “Dutegerezwa . . . ”

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yabayeho mu kinjana Igitabu ca nyuma

ca mbere G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Yabaye i Betsayida n’i Kaperinawumu

GALILAYA

Kaperinawumu

Betsayida

Ikiyaga ca Galilaya

PETERO

IVYIWE MURI MAKE

Yari umurovyi akora cane yabaye umwe mu bigishwa ba Yezu ba mbere na mbere. Yezu yaratoye Petero ngo abe umwe muri za ntumwa ziwe 12. Muri za Njili zine harimwo ibintu vyinshi Petero yavuze kuruta ivyavuzwe n’iyindi ntumwa iyo ari yo yose. Yehova yaramukoresheje mu buryo bukomeye mu kwamamaza inkuru nziza no mu ‘gukomeza bene wabo.’​—⁠Luka 22:​32; Mariko 3:​13-19.

INYISHU

A. Yaratwawe n’ugukekeranya.​—⁠Matayo 14:28-31.

B. Si co.​—⁠Mariko 1:​29-31; Yohani 1:​42; 1 Abakorinto 9:⁠5.

C. “ . . . kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—⁠Ivyakozwe 5:​18, 27-29.

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 8 HEZEKIYA

IBIBAZO

A. Hezekiya yari afise imyaka ingahe igihe yaba umwami wa Yuda?

B. Biciye ku gitangaro, Yehova yongerereje Hezekiya imyaka yo kubaho ingahe?

C. Heraheza aya majambo. Kubera amasengesho ya Hezekiya n’ukudahemuka kwiwe, Yehova yararungitse umumarayika kugira asasike ingabo z’Abashuri __________.

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma

mu 700 B.G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Yaba i Yeruzalemu

ASHURI

Yeruzalemu

HEZEKIYA

IVYIWE MURI MAKE

Yari umwami w’umwizigirwa yasanuye yongera arasubira kwugurura urusengero rw’Imana, araherengeteza ibintu vyakoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma, maze ahimiriza abantu guhimbaza Pasika. (2 Abami 18:4; 2 Ngoma 29:​3; 30:​1-6) Naho se wiwe Umwami Ahazi yari yaramusigiye akarorero kabi, Hezekiya “[yagumye] yumiye kuri Yehova.”​—⁠2 Abami 18:6.

INYISHU

A. Yari afise imyaka 25.​—⁠2 Abami 18:​1, 2.

B. Imyaka 15.​—⁠2 Abami 20:​1-6.

C. 185.000.​—⁠2 Abami 19:​15, 19, 35, 36.

Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet kuri www.pr418.com

● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEZE BARI HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 24

INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 30

1. Umunara ukomeye.

2. Imbwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika