Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
Ni ibiki bibuze kuri iyi shusho?
Soma Itanguriro 1:21-28. Ubu naho niwihweze iyi shusho. Ni ibiki bibuze? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo. Nuhuze utwo tuburungu kugira uheraheze iyo shusho, uheze uyisige ibara.
1. ․․․․․
2. ․․․․․
[Ibicapo]
(Raba ico kinyamakuru)
IVYO KUGANIRAKO:
Imana yariko ibwira nde igihe yavuga ngo “Tureme umuntu mw’ishusho yacu, nk’uko dusa”?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Yohani 17:1, 5; Abakolosayi 1:15, 16.
Ni mu buryo ki abantu baremwe mw’ishusho y’Imana?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Abakolosayi 3:10; 1 Petero 1:16.
Ni kamere izihe Yehova Imana na Yezu bafise zigukora ku mutima kuruta izindi? Wozigana gute?
ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Abanyefeso 4:31, 32; 1 Yohani 4:7, 8.
ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:
Niwandike ibikoko bitanu ukunda kuruta ibindi. Nka kumwe kwa Adamu, nuce ubiha amazina mashasha wisunze uko bisa, ingene bivuga be n’inyifato yavyo. Nuce usoma izina rimwerimwe n’ijwi ryumvikana, urabe ko abagize umuryango boshobora guca bamenya ico gikoko.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 15 DAWIDI
IBIBAZO
A. Dawidi na Yezu bavukiye mu gisagara ikihe?
B. Dawidi akiri agahungu yari ․․․․․ akaba yishe abigiranye umutima rugabo ․․․․․ n’․․․․․.
C. Heraheza aya majambo ya Dawidi: “Nawe Salomo mwananje, umenye . . . ”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko mu Igitabu ca nyuma
1000 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yaravuye i Betelehemu aja kuba i Yeruzalemu
Betelehemu
Yeruzalemu
Yararwanye na Goliyati mu kiyaya co hasi ca Ela.—1 Samweli 17:2
Ikiyaya co hasi ca Ela
DAWIDI
IVYIWE MURI MAKE
Yari mwene Yese, akaba n’umwami agira kabiri wa Isirayeli. Yari umuryoshamvugo n’umucuraranzi w’umuhanga, akaba yaranditse amazaburi arenga 73. Yararondera ubuyobozi bwa Yehova yicishije bugufi mu buzima bwiwe. (1 Samweli 23:2; 30:8; 2 Samweli 2:1) Yehova yamwise “umuntu ahimbara umutima [wiwe].”—Ivyakozwe 13:22.
INYISHU
A. Betelehemu (i Yudaya).—Yohani 7:42.
B. umwungere, intambwe, idubu.—1 Samweli 17:34, 35; Zaburi 78:70, 71.
C. “. . . Imana ya so kandi uyikorere n’umutima ukwiye.”—1 Ngoma 28:9.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 16 TIMOTEYO
IBIBAZO
A. Uzuza ahari ibibuze. Nyina wa Timoteyo, ari we ․․․․․, na inakuru ․․․․․ baramwigishije “ivyanditswe vyeranda” guhera ․․․․․
B. Ni ubutumire budasanzwe ubuhe umusore Timoteyo yemeye?
C. Paulo yavuze ku bijanye na Timoteyo ati: “Nka kurya kw’umwana ari kumwe na se, . . .”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko mu Igitabu ca nyuma
1000 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yaba i Lusitira ariko n’abavukanyi b’i Ikoniyo baramuvuga neza
Lusitira
Ikoniyo
Jerusalemu
TIMOTEYO
IVYIWE MURI MAKE
Naho yari afise se atizera, yarabereye “akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera [no] mu kutandura.” (1 Timoteyo 4:12) Yarashize mu ngiro impanuro ya Bibiliya igira iti: “Wimenyereze, ukwihebera Imana kube yo ntumbero yawe.” (1 Timoteyo 4:7) Timoteyo yamaze imyaka nka 15 akorana n’intumwa Paulo.
INYISHU
A. Ewunise, Loyisi, mu buhinja.—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.
B. Gufatanya ingendo n’intumwa Paulo no gukorana na we.—Ivyakozwe 16:1-5.
C. “. . . yakoranye nanje nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza.”—Abafilipi 2:22.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 17 YONA
IBIBAZO
A. Yona yari yarungitswe kwamamaza i ________, ahaba abantu barenga ________.
B. Naho Yona yabanje guhunga igikorwa yashinzwe, ni ikintu kiranga umutima rugabo ikihe yakoze kugira ngo akize abandi?
C. Heraheza aya majambo yo muri Bibiliya: “Yona amara imbere muri . . . ”
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko mu Igitabu ca nyuma
1000 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yavuye i Gati-heferi ahungira i Tarushishi
Gati-heferi
TARUSHISHI
Ninewe
YONA
IVYIWE MURI MAKE
Yari umuhanuzi wa Yehova yaranguye igikorwa ciwe mu gihe c’ingoma y’Umwami Yerobowamu wa kabiri. (2 Abami 14:23-25) Yehova yarigishije Yona kudashira umutima ku vyiwe gusa mugabo akitwararika ivyo abandi bakeneye. (Yona 4:6-11) Ivyashikiye Yona biratwigisha yuko Yehova yihanganira cane abantu b’abacumuzi, akabagirira imbabazi n’ubuntu.
INYISHU
A. Ninewe, 120.000.—Yona 1:1, 2; 4:11.
B. Yabwiye abariko batwara ubwato ngo bamuterere mu kiyaga kugira giturure.—Yona 1:3, 9-16.
C. “ . . . nya rufi imisi itatu n’amajoro atatu.”—Yona 1:17.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 18 YOSIYA
IBIBAZO
A. Yosiya yabaye umwami afise imyaka ________, atwara imyaka ________.
B. Ni abahanuzi babiri abahe bagize akosho keza kuri Yosiya?
C. Igihe Yosiya yasaba abakozi ngo basanure “inzu ya Yehova,” ari rwo rusengero, ni igiki umuherezi yubuyeyo?
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko mu Igitabu ca nyuma
1000 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yarajanjaguye ibishusho bibajwe vyari mu bisagara vy’iyi miryango.—2 Ngoma 34:6, 7.
Nafutali
Manase
Efurayimu
Simeyoni
YOSIYA
IVYIWE MURI MAKE
Naho se wiwe Amoni yari mubi, yakoze “ivyari bigororotse mu maso ya Yehova.” (2 Ngoma 34:2) Yahisemwo kwumvira abakunda Yehova aho kwumvira abagenzi babi. Kuba yaricisha bugufi akongera agaha agaciro ugusenga kw’ukuri vyatumye Imana imushima.—2 Abami 22:19; 23:24, 25.
INYISHU
A. 8, 31.—2 Ngoma 34:1.
B. Yeremiya na Zefaniya.—Yeremiya 1:1, 2; Zefaniya 1:1.
C. “Igitabu c’itegeko rya Yehova” canditswe na Musa.—2 Ngoma 34:14-18.
Nimba wipfuza ayandi makopi y’ikiganiro “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe,” nuyasohore ku muhora wa Internet kuri www.pr418.com
● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEZE BARI HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 30
INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 25
1. Ikiremwa c’amababa kiguruka.
2. Igikoko c’ikinyeshamba.