ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/11 rup. 21-29
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki bibuze kuri iyi shusho?
  • INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 21
  • Nuze uratwegeranya maze utwige
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2012
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2012
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2011
  • Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
    Be maso!—2012
Ibindi
Be maso!—2011
g 7/11 rup. 21-29

Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Ni ibiki bibuze kuri iyi shusho?

Soma Itanguriro 13:5-17. Ubu naho niwihweze iyo shusho. Ni ibiki bibuze? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo. Nuhuze utwo tuburungu kugira ngo uheraheze iyo shusho, uheze uyisige amabara.

1. ․․․․․

2. ․․․․․

[Igicapo]

(See publication)

IVYO KUGANIRAKO:

Ni ukutumvikana ukuhe kwabaye hagati ya Loti na Aburahamu no hagati y’abungere b’ibitungwa vyabo? Naho Aburahamu ari we yari afise uburenganzira bwo kubanza guhitamwo, ni gute yaremesheje amahoro?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Itanguriro 13:7-9.

Aburahamu yoba yaragiriye inzika Loti?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Itanguriro 14:12-16.

Aburahamu yahezagiwe gute kubera ko yari afise kamere zishimwa n’Imana?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Itanguriro 13:14-17.

Wokwerekana gute ko uri indemeshamahoro?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Soma Abakorinto 13:4, 5; Yakobo 3:13-18.

ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:

Umwe muri bo niyigane umuntu avugwa mu nkuru ya Bibiliya iri aho haruguru, abigire adasohora ijwi. Abasigaye bagerageze gutora uwo muntu uwo ari we.

● Inyishu z’ikiganiro “ABAGIZE UMURYANGO BAVYIHWEZE BARI HAMWE” ziri ku rupapuro rwa 29

INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 21

1. Inka.

2. Intama.

Nuze uratwegeranya maze utwige

Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 3 RUSI

IBIBAZO

A. Heraheza aya majambo Rusi yabwiye Nawomi, ati: “Abantu bawe bazoba . . . ”

B. Ni mu buryo ki Rusi ari akarorero keza ku bantu babungabunga abarwayi n’abageze mu zabukuru?

C. Uzuza ahari ibibuze. Rusi yubakanye na ․․․․․ maze aba inakuruza wa ․․․․․ na ․․․․․.

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma

mu 1200 B.G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Yaravuye i Mowabu aja kuba i Betelehemu

MOWABU

Betelehemu

RUSI

IVYIWE MURI MAKE

Yari umupfakazi w’umwizigirwa w’Umunyamowabukazi yashigikiye inabukwe yari ageze mu zabukuru ari we Nawomi. Urukundo rudahemuka Rusi yagaragarije Nawomi be n’umwiyemezo yari afise wo gusenga Yehova, vyatumye aronka inkomezi zo guheba igihugu ciwe c’amavukiro maze aja kuba i Betelehemu. Abandi bantu babwiye Nawomi bati: ‘Umukazana wawe akurutira abahungu indwi.’—Rusi 4:14, 15.

INYISHU

A. “. . . abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.”—Rusi 1:16.

B. Rusi yaragaragaje agatima ko kwitanga no kutarera amaboko.—Rusi 2:7, 10-12, 17; 3:11.

C. Bowazi, Umwami Dawidi, Yezu Kristu.—Matayo 1:5, 6, 16.

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 4 ESITERI

IBIBAZO

A. Esiteri yasubiriye umwamikazi uwuhe?

B. Heraheza aya majambo yo muri Bibiliya agira ati: “Esiteri yaguma agira . . . ”

C. Uzuza ahari ibibuze. Izina rya Esiteri ry’igiheburayo ryari ․․․․․, kandi musazabo yamuruta ari we ․․․․․ yarabaye umurezi wiwe.

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma

mu 400 B.G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Esiteri yaba i Shushani, kino kikaba cari igisagara co mu Nganji y’Ubumedi n’Ubuperesi

UBUMEDI

Shushani

UBUPERESI

ESITERI

IVYIWE MURI MAKE

Yari impfuvyi yabaye umwamikazi w’umwami w’Umuperesi yitwa Ahasuwerusi. Esiteri yaremeye guhakwa kuhasiga ubuzima mu kumenyesha umwami umugambi wari wagizwe wo guhonya Abayuda. (Esiteri 4:11, 15, 16) Umutima rugabo yari afise, ukwiyubara kwiwe n’agatima ko kuyoboka ni vyo vyari bihambaye kuruta ubwiza bwiwe.—Esiteri 2:7; 1 Petero 3:1-5.

INYISHU

A. Vashiti.—Esiteri 1:12; 2:16, 17.

B. “. . . ubutoni mu maso y’umuntu wese amubonye.”—Esiteri 2:15.

C. Hadasa (bisobanura ngo igiti c’umuhadasi), Morudekayi—Esiteri 2:7.

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 5 ABURAHAMU

IBIBAZO

A. Aburahamu yari afise imyaka ingahe igihe umuhungu wiwe Izahaki yavuka?

B. Ni igiki Yehova yasezeraniye Aburahamu?

C. Uzuza ahari ibibuze. Kubera ukwizera gukomeye Aburahamu yari afise be n’ibikorwa bihambaye yakora yiswe ․․․․․.

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma

mu 1900 B.G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Yaravuye i Uri aja kuba i Kanani

Uri

Harani

KANANI

ABURAHAMU

IVYIWE MURI MAKE

Yari umugabo w’umwizigirwa yemeye guheba igisagara cari gitunze cane ca Uri kugira ngo akore ivyo Yehova agomba, naho atari azi aho yobaye. (Abaheburayo 11:8-10) Yama yigisha abo mu rugo rwiwe “[ku]gumya inzira ya Yehova kugira bashitse ubugororotsi.” (Itanguriro 18:19) Bibiliya imwita “se w’abari n’ukwizera bose.”—Abaroma 4:11.

INYISHU

A. Yari afise imyaka ijana.—Itanguriro 21:5.

B. Biciye ku ruvyaro rwiwe amahanga yose azokwihesha koko umuhezagiro.—Itanguriro 22:16-18.

C. “Umugenzi wa Yehova.”—Yakobo 2:21-24.

AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 6 ABELI

IBIBAZO

A. Ni nde yishe Abeli?

B. Yehova yaravye gute Abeli n’ikimazi ciwe?

C. Uzuza ahari ibibuze. Abeli yakora igikorwa ________.

[Igicapo]

4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.

Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma

mu 3900 B.G.C. ca Bibiliya candikwa

[Ikarata]

Umurima wa Edeni?

Ntiyaba mu murima wa Edeni

ABELI

IVYIWE MURI MAKE

Yari umuhungu agira kabiri wa Adamu na Eva akaba na we muntu wa mbere yari afise ukwizera avugwa muri Bibiliya. Abeli yarerekanye ko yipfuza kurabwa ryiza n’Imana mu gushikana ikimazi cemerwa. Naho ata kintu na kimwe Abeli yavuze canditse muri Bibiliya, turigira ku karorero kiwe n’ukwizera kwiwe.—Itanguriro 4:1-11; Abaheburayo 11:4.

INYISHU

A. Ni mwene wabo Kayini.—1 Yohani 3:11, 12.

B. Yabiravye “ryiza.”—Itanguriro 4:4.

C. Umwungere.—Itanguriro 4:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika