‘Vyaranse ko akivirira’
● Umugore umwe w’i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarashimishijwe cane n’ukuntu igitabu L’humanité à la recherche de Dieu gica irya n’ino ibijanye n’amadini makurumakuru yo mw’isi. Yasiguye ati: “Ntanguye kugisoma, vyaranse ko ndakivirira! Ndabakengurukiye kuba mwaraturonkeje ico gitabu kitagira aho gihengamiye kandi cigisha.”
Uwundi musomyi yanditse ati: “Narasomye ico gitabu kuva ku ntango gushika kw’iherezo. Narasuzumye kandi menshi mu masôko y’amakuru atangwa muri ico gitabu, hakaba harimwo ayatari make! Ndaremesheje ata mazinda uwo ari we wese gusoma ico gitabu. Ni ivy’ukuri ko havugwamwo n’ivyerekeye ukwizera kw’Ivyabona vya Yehova, mugabo ni agace gatoyi gusa k’iyo nkuru ikora ku mutima ijanye na kahise k’amadini.”
Urashobora gusaba ico gitabu c’impapuro 384 mu kwuzuza mu gace kandikwamwo aderese ukakarungika kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.
□ Ndabasavye mundungikire iki gitabu cerekanywe ng’aha ata co murinze kunsaba.
□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.