ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/13 rup. 6-9
  • Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bajayo barondera ubuzima bwiza
  • Gushikayo no gutangura ubuzima bushasha
  • Umuryango wunze ubumwe urahambaye kuruta amahera
  • Kurondera amakosa vyanshikanye ku kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Hoba hariho uwumva amasengesho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni ibiki twigira ku bagore bavugwa muri Bibiliya?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Be maso!—2013
g 2/13 rup. 6-9

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?

Bajayo barondera ubuzima bwiza

UMUGABO umwe yitwa George yari yihebuye. Ntiyashobora kuronka ibifungurwa bihagije vyo kugaburira umuryango wiwe. Ababanyi biwe na bo baguma barwara, bamwebamwe muri bo bikaba vyaboneka ko bari mu kwicwa n’inzara. Ariko ku bilometero nk’amajana angahe mu bumanuko bw’aho yaba, hari igihugu gitunze. Yibwiye ati: ‘Nzojayo, ndondere akazi, nce ntumako umuryango unsangeyo.’

Patricia na we nyene yaripfuza kuronderera ubuzima bushasha mu mahanga. Nta kazi yari afise kandi nta cizigiro kinini yari afise co kwisununura mu vy’ubutunzi. We n’umuhungu bakundana baciye bafata ingingo yo kuva muri Nijeriya bakaja muri Espanye baciye muri Aljeriya, ariko bakaba batari bazi ukuntu urugendo rwo mu bugaragwa bwa Sahara rwobaye rutoroshe. Yavuze ati: “Nari nibungenze, kandi nashaka ko umwana wanje yogira ubuzima bwiza kuruta ubwo nari mfise.”

Uwitwa Rachel na we yipfuza gutangurira ubuzima bushasha i Buraya. Mu gihugu yabamwo ca Filipine nta kazi yari agifise, kandi incuti ziwe zamubwira yuko mu mahanga vyoroshe cane kuronka akazi ko mu nzu. Yaciye rero agurana amahera y’itike y’indege araheza asezera umugabo wiwe n’umukobwa wiwe, abasezeranira ati: “Tuzosubira vuba.”

Itohoza ryagizwe ryerekanye yuko mu myaka mirongo iheze abantu barenga imiliyoni nka 200 bimukiye mu bindi bihugu nk’ukwo kwa George, Patricia na Rachel. Naho bamwebamwe bahunze intambara, ivyago vy’ivyaduka canke uruhamo, abenshi muri bo bimukiyeyo kubera ivy’ubutunzi. Ni ingorane izihe none bahuye na zo mu bihugu bimukiyemwo? Abajayo bose boba baronka ubuzima bwiza barondera? Abana bibagendera gute iyo umuvyeyi abasize akaja kurondera akanoti kiyongereye? Rimbura inyishu zikurikira z’ivyo bibazo.

UMWIMUKIRA WA KERA

Umuhinga umwe mu vy’ubutunzi yitwa J. K. Galbraith yanditse ati: “Kuva kera na rindi abantu bamye bava mu karere kamwe bakaja kuba mu kandi bahunga ubukene.” Yakobo, umwe ihanga rya Isirayeli ryakomokako, yarimukiye mu kindi gihugu. Bivuye ku kigoyi cari cateye i Kanani, Yakobo n’umuryango wiwe munini w’abantu hafi 70 barimukiye mu Misiri, bamarayo igihe kirekire cane. (Itanguriro 42:1-5; 45:9-11; 46:26, 27) Kukaba nkako, Yakobo yapfiriye aho mu Misiri, abamukomotseko na bo bamarayo imyaka hafi 200 imbere y’uko basubira i Kanani.

Gushikayo no gutangura ubuzima bushasha

Ku bijanye no kwimukira mu mahanga, ikintu ca mbere kigoye usanga akenshi ari urugendo rwo gushikayo. Umwe George yavugwa mu kiganiro ca mbere yaragenze ibilometero amajana yitwaje udufungurwa dukeyi cane. Avuga ati: “Urwo rugendo rwarankuyemwo iyo kwotsa.” Abimukira benshi ntibigera banashika iyo baba bagiye.

Patricia yari afise icipfuzo co gushika muri Espanye. Yaciye mu bugaragwa bwa Sahara yipakije mu gikamyo gisamaye. Avuga ati: “Kuva muri Nijeriya gushika muri Aljeriya vyatwaye indwi imwe, kandi twari turundanye muri ico gikamyo turi abantu 25. Aho twaciye, twagiye turabona ibiziga vyinshi hamwe n’abantu baguma bayerera muri ubwo bugaragwa barindiriye gusa urupfu. Biboneka ko abashoferi bamwebamwe b’amakamyo bata mu nzira abo batwaye ata kagongwe.”

Rachel wewe yarashoboye gufata indege imushikana i Buraya, aho yari agiye kurondera akazi ko mu nzu. Ariko ntiyigeze yiyumvira ko yokumbuye cane agakobwa kiwe k’imyaka ibiri. Avuga ati: “Igihe cose naba mbonye umuvyeyi ariko yitwararika ikibondo ciwe, naca numva agahinda mu mutima.”

George ntivyamworoheye kumenyera igihugu gishasha yimukiyemwo. Haraciye amezi atarashobora kurungikira amahera umuryango wiwe. Yiyemerera ati: “Akatari gake naraye ndarira kubera irungu n’umubabaro.”

Patricia amaze amezi nk’angahe muri Aljeriya, yarashitse ku rubibe ico gihugu gihana na Maroke. Avuga ati: “Ngezeho naribarutse agakobwa kanje. Vyabaye ngombwa ko nza ndinyegeza abakora urudandaza rutemewe n’amategeko rwo gutwara ku nguvu abakenyezi b’abimukira bakabakoresha ubumaraya. Naratevye ndaronka amahera y’itike yo kujabuka ikiyaga ngashika muri Espanye, rukaba rwari urugendo rurimwo akaga. Ubwato twagiriyemwo bwari bumeze nabi kandi ntibwari bufise ivyangombwa bikwiye kugira bushobore gutwara abantu benshi cane ukuraho. Nk’akarorero, vyarabaye ngombwa ko dukoresha ibirato mu kuyora amazi yinjiye mu bwato. Igihe twashika ku nkengera y’ikiyaga muri Espanye, nta n’utuguvu nari mfise two gutambuka.”

Ariko ntiwumve, abiyumvira kuja kuba mu kindi gihugu ntibakwiye kuzirikana gusa ingorane zijanye n’urugendo zishobora kubashikira. Bakwiye kandi kuzirikana ingorane boshobora kugira zijanye no kumenyera ururimi be n’imico vyo muri ico gihugu bagomba kujamwo. Aho rero ntituvuze urugamba rutoroshe kandi rutwara uburyo rwo kwemererwa kuba umwenegihugu waho canke guhabwa uruhusha rwo kuba muri ico gihugu uri kavamahanga. Abo vyanse ko baronka uruhusha rwo kuba mu gihugu, usanga kenshi bibagora kuronka akazi keza, uburaro bwiza, amashure bigamwo, ntibikunde n’uko bavurwa. Birashobora kandi kubagora kuronka uruhusha rwo gutwara umuduga canke kwuguruza ikonte mw’ibanki. Vyongeye, akatari gake abimukira badafise ivyangombwa usanga babarya imitsi. Nk’akarorero, hari igihe babakoresha akazi kenshi ariko bakabahemba intica ntikize.

Ikindi kintu bakwiye kurimbura ni amahera ubwayo. Twoba vy’ukuri dukwiye kwizigira amahera? Bibiliya itanga iyi mpanuro nziza igira iti: “Nube inkerebutsi ntiwiruhishe urondera gutunga. Amahera yawe urashobora kubura aho aciye, nk’aho yoba yameze amababa maze akagaruka nka kurya kw’inkona.” (Imigani 23:4, 5, Good News Translation) Urama wibuka kandi yuko ibintu dukenera cane mu buzima kuruta ibindi ari ibintu amahera adashobora kugura, ivyo na vyo akaba ari urukundo, amahoro yo mu mutima be n’ubumwe mu rugo. Ese ukuntu bibabaje kubona abavyeyi bareka ukwipfuza amahera kugasigara ari kwo guhambaye kuruta urukundo bafitaniye be n’urwo bafitiye abana babo, bagasigara “batiyumvamwo ababo”!—2 Timoteyo 3:1-3.

Umuntu arakeneye n’ivy’Imana. (Matayo 5:3) Ku bw’ivyo, abavyeyi bitwararika ibintu barakora ukwo bashoboye kwose kugira bashitse ibanga Imana yabajeje ryo kwigisha abana babo ibiyerekeye, imigambi yayo be n’ivyo idusaba.—Abanyefeso 6:4.

“TWARI GUSHIMA KO BAGUMANA NATWE”

Uwitwa Airen wo muri Filipine avuga ati: “Nari mfise imyaka icenda igihe mawe yaja i Buraya, nkaba nari mukuru mu bakobwa batatu. Yatwemereye yuko tuzoca tuza turafungura neza, twige amashure meza, turonke n’uburaro bwiza. Ndacibuka umusi yagenda. Yarangumbiriye aca ambwira ngo nze nitwararike batoya banje Rhea na Shullamite. Naramaze umwanya muremure ndiko ndarira.

“Haciye imyaka ine, dawe na we yaciye amusangayo. Tukiri kumwe, naguma ndamukurikira aho yaja hose. Igihe yadusezera, twe na barumunanje twaramwumiyeko gushika yuriye bisi. Ico gihe narasubiye kurira umwanya muremure, ndarira n’umwosori urandenga.”

Shullamite, umuhererezi wabo, avuga ati: “Igihe Airen yari afise imyaka icenda, yarambereye mawe. Ni we nayagira ingorane zanje, kandi yaranyigishije kumesura, gusasa aho ndyama, n’ibindi n’ibindi. Abavyeyi bacu baduterefonye, hari aho nagerageza kubabwira ukuntu niyumva, mugabo bikanka ko ndabitomora neza. Nibaza ko hari igihe batatahura ingene niyumva vy’ukuri.

“Vyarashika akatari gake abantu bakambaza nimba nkumbura abavyeyi banje. Narababwira ko ndabakumbura. Ariko mvugishije ukuri, mawe sinamwibuka neza. Yagiye mfise imyaka ine, nkura ntamubona.”

Airen avuga ati: “Mfise imyaka 16, twe na barumunanje twarafashe urugendo kugira dusange abavyeyi bacu iyo bari. Ntiworaba umunezero nari mfise! Ariko dushitseyo, nasanze tutaciyumvanamwo.”

Rhea yongerako ati: “Ingorane zanje narazigumizamwo. Nari nsanzwe ndi umunyamasoni kandi vyarangora kugaragaza igishika. Muri Filipine twabana na marume na mukiwe, bakaba bari bafise abana batatu. Naho abaryango batwitwararika, ntibashobora gusubirira abavyeyi bacu.”

Mu gusozera, Airen avuga ati: “Igihe umuryango wacu wari ukenye ntitwamererwa nabi; ntitwigera tubura ico dufungura. Ariko igihe abavyeyi bacu badusiga bakagenda, twe na barumunanje twarahamererewe nabi. Ubu umurango wacu umaze imyaka itanu usubiye kuja hamwe, mugabo imyaka twamaze tutari kumwe n’abavyeyi yaradusizemwo imvune. Turazi ko abavyeyi bacu badukunda, mugabo twari gushima ko bagumana natwe.”

Umuryango wunze ubumwe urahambaye kuruta amahera

Naho abaja kuba mu mahanga bose bitabagendera cokimwe, hariho ikintu usanga kibashikira bose nk’uko bibonekera ku vyashikiye George, Rachel na Patricia, bamwe bavugwa mu biganiro vya mbere vyo muri uru rukurikirane. Igihe umuntu agiye agasiga abana biwe canke uwo bubakanye, umuryango uramererwa nabi kandi harashobora guca imyaka itari mike batarasubira kuba hamwe uko bagize umuryango. Nk’akarorero, ku muryango wa George vyasavye imyaka irenga ine.

Rachel yahavuye afata indege asubira muri Filipine gutora umukobwa wiwe hari haciye imyaka hafi itanu batandukanye. Patricia na we yarashitse muri Espanye ari kumwe n’agakobwa kiwe. Avuga ati: “Ako gakobwa kanje ni wo muryango mfise; ni co gituma ngira uko nshoboye kwose kugira ndakitwararike.”

Abimukira benshi baragwa bavyuka kugira bagume mu bihugu bagiye kubamwo naho bagira irungu, bakagira ingorane z’ubutunzi canke bakamara igihe kirekire batari kumwe n’imiryango yabo. Kubera ko kuja muri ivyo bihugu biba vyarabasavye utwigoro tudasanzwe, iyo bitabagendeye neza usanga bake ari bo barya umutima amenyo bagasubira iyo baje bava naho bishobora gutuma bamaramara bagacika akamenyo.

Umwe muri abo ni uwitwa Allan wo muri Filipine. Allan yararonse akazi keza muri Espanye, mugabo inyuma y’umwaka umwe n’inusu aca asubira iwabo. Avuga ati: “Narakumbuye cane umukenyezi wanje n’umukobwa wanje. Naciye mfata ingingo yo kutazosubira gukorera mu mahanga ntajanye n’umuryango wanje. Kandi ivyo ni vyo twahavuye tugira. Umuryango urahambaye kuruta amahera.”

Hariho ikindi kintu gihambaye kuruta amahera, nk’uko Patricia yahavuye abitahura. Yashitse muri Espanye afise akabibiliya k’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ivyo bakunze kwita “Isezerano rishasha.” Yavuze ati: “Ako kabibiliya nakabona nk’igiheko. Mu nyuma narabonanye n’Icabona ca Yehova w’umukenyezi. Kare sinashaka kuganira n’Ivyabona vya Yehova. Uwo mukenyezi naciye ndamucucagira ibibazo kugira ndamwereke ko ivyo yemera atari vyo. Ariko igitangaje yarashoboye kuburanira ivyo yemera, arishura ibibazo vyanje akoresheje Bibiliya.”

Ivyo Patricia yize vyaramufashije gutahura yuko agahimbare karamba be n’icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza bitava ku mahera canke ku gihugu umuntu abamwo, ahubwo ko biva ku kumenya Imana n’umugambi idufitiye. (Yohani 17:3) Kimwe mu vyo Patricia yize ni uko Imana ifise izina, na ryo akaba ari Yehova. (Zaburi 83:18) Yarasomye kandi muri Bibiliya yuko vuba Imana igiye gukuraho ubukene bwose biciye ku Bwami bwayo, ni ukuvuga intwaro yayo irongowe na Yezu Kristu. (Daniyeli 7:13, 14) Yezu “azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”—Zaburi 72:12, 14.

Ubona gute ufashe akanya ugasuzuma Bibiliya? Ico gitabu c’ubukerebutsi buva ku Mana kirashobora kugufasha kumenya ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo, kikongera kikagufasha gufata ingingo nziza no kwihanganira ingorane izo ari zo zose zogushikira ufise umunezero n’icizigiro.—Imigani 2:6-9, 20, 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika