IBIHUGU N’ABABIBAMWO
Tuje muri Panama
ABANTU benshi bashobora kuba bazi igihugu ca Panama kubera umugende w’amazi ufatanya amabahari abiri, Atlantike na Pasifike. Mugabo kubera ko ico gihugu gihuza Amerika ya Ruguru n’iy’Epfo, kirahuza kandi abantu. Kibamwo abantu b’ubwoko butandukanye n’imico kama itandukanye. Abenshi mu banyagihugu baho usanga ba sekuru babo ari imvukira zubakanye n’Abanyaburaya.
WARI UBIZI? Agakere ko muri Panama gasa n’umuhondo (Atelopus zeteki) karanyiganza utuguru n’utuboko kugira ngo kareshe akandi, no kugira ngo kigizeyo mukeba wako
Mu 1501, igihe Abanyespanye bashika muri Panama kurondera uturere tutaramenyekana, bahasanze imigwi itari mike y’imvukira zaho, imwimwe n’ubu ikaba ikiriho. Umwe muri iyo migwi ni uw’abitwa Abaguna (abahoze bitwa Abakuna). Abaguna benshi bibera mu gace kiganziwe n’imvukira kari mu kagwi k’utuzinga kitwa San Blas no ku nkengera y’Ibahari Pasifike, hafi y’aho Panama na Kolombiya bihana urubibe. Muri ako gace, bararoba bakoresheje utwato, bagahiga, bakongera bakarima ivyo bafungura.
Mu Baguna, iyo umugabo arongoye, aca aja kubana n’abo mu muryango w’umugore akabakorera. Umugore wiwe yibarutse umukobwa, uwo mugabo n’umuryango wiwe barashobora rero gutandukana n’abo mu bukwe, bakaja kwibera aho bashaka.
Muri Panama hari amashengero nka 300 y’Ivyabona vya Yehova. Uretse ururimi rw’igisupanyoli, amakoraniro aragirwa no mu gishinwa, mu congereza, mu kigujarati, mu kiguna, mu gikrewole co muri Hayiti, mu rurimi rwitwa ngabere, no mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Panama.