ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 1 rup. 12-13
  • Kugira intumbero mu buzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugira intumbero mu buzima
  • Be maso!—2018
  • Ivyo bijanye
  • Umushakashatsi mu vya fizike asigura igituma yemera Imana
    Be maso!—2014
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ibiriho vyabayeho gute?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyo wemera vyoba hari ico bitwaye?
    Vyoba vyararemwe?
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 1 rup. 12-13
Umuntu ariko arazirikana igituma ariho

IVYOTUMA UHIMBARWA

Kugira intumbero mu buzima

ABANTU TURAFISE IBINTU VYINSHI TWISANGIJE: TURANDIKA, TURASHARIZA IBINTU, TURAHINGURA IBINTU BISHASHA, KANDI TUKAZIRIKANA KU BIBAZO BIHAMBAYE NK’IBI: Kubera iki ibiriho vyabayeho? Twavuye he? Turiho kubera iki? Kazoza katubikiye iki?

Hari abiyobagiza ivyo bibazo kuko biyumvira ko inyishu zavyo zigoye cane gutahura. Abandi na bo babona ko kuvyibaza ari uguta umwanya, kuko bemera ko ibiriho vyiyadukije. Umuhinga umwe mu vya kahise be n’ibinyabuzima yitwa William Provine, yavuze ati: “Nta mana ziriho, nta n’intumbero dufise.” Yongeyeko ati: “Nta co umuntu yokwishimikiza ngo avuge ko inyifato kanaka ari nziza canke ari mbi, n’ubuzima nta ntumbero n’imwe bufise.”

Ariko rero, hari ababona ko ivyo vyiyumviro atari vyo na gato. Bitegereje ibiriho, barabona ko bigengwa n’amategeko atomoye kandi ari ku giharuro. Baratangarira ibintu vy’akumiza babona mu bidukikije, bimwebimwe mbere abantu bakaba bavyigana mu guhingura ibintu kanaka. Kandi ivyo bibonera imisi yose, bituma babona ko ivyo bintu vy’akumiza bitapfuye kwiyadukiza, ahubwo ko hari uwabitunganije afise ubwenge.

Ivyo vyatumye abahinga bamwebamwe bahindura ivyiyumviro. Raba uburorero bubiri:

UMUHINGA MU VYO KUBAGA UBWONKO YITWA ALEXEI MARNOV. Yavuze ati: “Ku mashure yose nizeko batwigisha ko ata Mana ibaho, kandi ko ibifise ubuzima bitaremwe. Uwavuga ko yemera Imana yabonwa ko atagira ubwenge.” Ariko rero mu 1990, yaratanguye guhindura ivyiyumviro.

Avuga ati: “Namye ngerageza gutahura ukuntu ibintu bikora, ushizemwo ubwonko bw’umuntu. Birabereye kubona ico gihimba gitangaje bivugwa ko ari co gihanitse kuruta ibindi bintu vyose. None ubwonko bwoba bwahinguwe kugira gusa bufashe umuntu kumenya ibintu be n’ubuhanga kanaka, hanyuma bugaca bwipfira? Wamenga ntivyumvikana na gato. Naciye rero ntagura kwibaza nti: ‘Kubera iki turiho? Ubuzima bufise intumbero iyihe?’ Maze kuzirikana cane, nahavuye nshika ku ciyumviro c’uko hategerezwa kuba hariho Umuremyi.”

Kurondera kumenya intumbero y’ubuzima vyatumye Alexei yiga Bibiliya. Umugore wiwe ni umudogiteri, kandi na we nyene yahoze atemera Imana. Mu nyuma yahavuye yiga Bibiliya, ariko mu ntango akaba yashaka guhinyuza umugabo wiwe. Mugabo ubu bose baremera Imana cane kandi baratahura umugambi ifitiye abantu uvugwa muri Bibiliya.

UMUHINGA MU VYA SIYANSI YITWA HUABI YIN. Yize fizike kandi yaramaze imyaka myinshi agira ubushakashatsi ku bijanye n’izuba.

Huabi avuga ati: “Igihe cose twebwe abahinga turiko turiga ibintu bishika mu bidukikije, twama tubisangamwo urutonde rudasanzwe, rwisunga amategeko atomoye. Naribajije rero nti: ‘Ayo mategeko yavuye he? Nimba n’ubushuhe bw’umuriro dutekako dutegerezwa kuburegera neza, ni nde none yashizeho amategeko agenga ubushuhe bw’izuba?’ Mu nyuma, nahavuye ntahura ko amajambo ya mbere yo muri Bibiliya ari yo yishura neza ico kibazo. Agira ati: ‘Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.’”​—Itanguriro 1:1.

Tuvugishije ukuri, siyansi yaratumye abantu baronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: Ubwonko bukora gute? Izuba rihingura gute ubushuhe n’umuco? Ariko nk’uko Alexei na Huabi bavyiboneye, Bibiliya yoyo irishura ibibazo bihambaye kuruta, nk’ibi: Kubera iki ibiriho vyabayeho? Kubera iki bigengwa n’amategeko? Kubera iki turiho?

Ku bijanye n’isi, Bibiliya ivuga ko ‘Imana itayiremeye ubusa gusa, mugabo ko yayiremye ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:18) Ego cane, Imana irafitiye isi umugambi, kandi nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, uwo mugambi urafitaniye isano cane n’icizigiro cacu ca kazoza.

IVYIYUMVIRO NYAMUKURU

‘Imana ntiyaremye isi ngo ibeko ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’​—Yesaya 45:18.

“Turakeneye kugira intumbero mu buzima”

Umuhinga mu vy’inyifato y’abantu yitwa William McDougall yanditse ati: “Kugira tubandanye kubaho kandi dutekanye mu bwenge, turakeneye kugira intumbero mu buzima.” Uwundi muhinga mu vy’inyifato yitwa Carol Ryff, mu kumwunganira yavuze ko “abantu bafise intumbero mu buzima bagira amagara meza, barwara gake indwara zo mu mutwe . . . , iz’umutima, bakanyaruka gukira iyo bagize isanganya ryo mu bwonko . . . ivyo rero bigatuma baramba cane.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika