ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 1 rup. 8-9
  • Ivyogufasha kurya bike ukaryama kare

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyogufasha kurya bike ukaryama kare
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nukorane umwete
  • Nube imvugakuri
  • Niwirinde gutwarwa n’amahera
  • Nuhitemwo inyigisho nziza
  • Ingene ukwiye kubona amahera
    Be maso!—2015
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Amahera
    Be maso!—2014
  • Ingene mwokoresha neza amahera
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 1 rup. 8-9

Ivyogufasha kurya bike ukaryama kare

Twaba twubatse canke tutubatse, turi bato canke dukuze, twese turipfuza kubaho duhimbawe kandi dutekanye. N’Umuremyi wacu ni vyo atwipfuriza. Ni co gituma yaduhaye impanuro nziza cane.

Nukorane umwete

“Nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno.”​—ABANYEFESO 4:28.

Umuremyi wacu aturemesha guha agaciro akazi dukora. Uti kubera iki? Umuntu akora cane arahimbarwa kubera ko aba ashoboye kwironsa ivyo akeneye n’ivyo umuryango wiwe ukeneye. Arashobora mbere no gufasha uwuri mu mukeno. Usanga n’umukoresha wiwe amukunda. Ni co gituma umukozi mwiza adapfa kwirukanwa mu kazi. Birabereye kubona Ivyanditswe bivuga ko ivyo vyiza vyose umukozi w’umunyamwete yironkera ari “ingabirano y’Imana.”​—Umusiguzi 3:13.

Nube imvugakuri

“Tu[ra]zi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—ABAHEBURAYO 13:18.

Iyo turi imvugakuri turumva twiyubashe, tukagira amahoro yo mu mutima kandi mw’ijoro tugasinzira neza. Vyongeye, abandi baratwizigira kandi bakatwubaha. Ababeshi bobo baritesha ivyo vyiza, mbere n’ijwi ryabo ryo mu mutima rikababuza amahoro, bakagumana ubwoba ko umusi uri izina bazohinyuka.

Niwirinde gutwarwa n’amahera

“Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe.”​—ABAHEBURAYO 13:5.

Turakeneye amahera kugira tugure ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa. Ariko ‘gukunda amahera’ birimwo akaga. Birashobora gutuma umuntu akoresha umwanya wiwe n’inguvu ziwe nka zose yiruka inyuma y’amahera. Ingaruka ivyo bivamwo ni uko agiranira ingorane n’uwo bubakanye, ntaronke umwanya wo kuba kumwe n’abana biwe, bikamuteza n’indwara. (1 Timoteyo 6:9, 10) N’ikindi kandi, umuntu akunda amahera yoshobora kubesha bitagoranye. Hari umugabo w’inkerebutsi yavuze ati: “Umuntu w’ibikorwa vy’ubwizigirwa azoronka imihezagiro myinshi, mugabo uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane.”​—Imigani 28:20.

Nuhitemwo inyigisho nziza

“Zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.”​—IMIGANI 3:21.

Inyigisho nziza zituma tuba abantu b’abizigirwa n’abavyeyi beza. Ariko inyigisho dukura mu mashure zonyene ntizishobora kwama zituronsa ivyo dukeneye vyose be n’agahimbare. Kugire turoranirwe vy’ukuri mu mice yose y’ubuzima, turakeneye inyigisho iva ku Mana. Ku bijanye n’umuntu yumvira Imana, Ivyanditswe bivuga biti: “Ico akora cose kizokunda.”​—Zaburi 1:1-3.

Ndahimbawe kandi ndatekanye

“Mu karere iwacu, abantu benshi barita ku rutare kugira bige amashure ahanitse bongere baronke ubutunzi n’icubahiro. Ariko n’igihe baronse ivyo bahabiye, usanga ata munezero nyakuri bafise. Jeho Bibiliya yaramfashije kumenya ibihambaye kuruta ibindi mu buzima. Naramenye ko amahera ashobora kudufasha mu bintu bimwebimwe, ariko ko adashobora kugura agahimbare n’urukundo nyakuri. Ndahimbawe kandi ndatekanye kubera ko Bibiliya imfasha gufata ingingo nziza ku vyerekeye amahera n’akazi.”​—Kishore.

Menya n’ibindi:

Wipfuza izindi mpanuro ngirakamaro Umuremyi wacu aduha ku bijanye n’akazi, amahera be n’inyigisho, nuje kuri jw.org urabe ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > AMAHORO N’AGAHIMBARE.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika