ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g23 no. 1 rup. 3-5
  • Amazi meza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amazi meza
  • Be maso!—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibigeramiye amazi meza
  • Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka
  • Utwigoro abantu bariko baragira
  • Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?
  • Bibiliya ivuga iki ku kibazo c’ikena ry’amazi kw’isi yose?
    Ibindi biganiro
  • Amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Be maso!—2023
g23 no. 1 rup. 3-5
Umugore ayoresheje ibiganza amazi meza mw’isoko.

IYI SI YACU YOBA IZORUSIMBA?

AMAZI MEZA

KW’ISI nta buzima bwoshoboka ata mazi, na canecane amazi meza. Nkako, ikintu nyamukuru kigize ibintu vyose bifise ubuzima ni amazi. Ibiyaga, inzuzi, uturere tujaga, n’amazi yo mu kuzimu, biratuma abantu n’ibikoko bironka amazi yo kunywa kandi bigatuma dushobora kuvomera imirima.

Ibigeramiye amazi meza

Igice kinini c’isi yacu gipfutswe n’amazi. Ariko twisunze ibivugwa n’ishirahamwe rimwe riraba ivy’ihindagurika ry’ikirere kw’isi (World Meteorological Organization), «igice gitoyi gusa c’amazi ari kw’isi ni yo ashobora gukoreshwa kandi akaba n’amazi meza.» Naho ico gice gitoyi c’amazi cari gihagije kugira ubuzima bushoboke kw’isi, igice kinini muri yo kiriko kirononwa canke kikagora kuronka biturutse ku kuntu abayakenera baguma bongerekana be no kw’ihindagurika ry’ikirere. Abahinga bavuga ko mu myaka 30, abantu imiliyaridi zitanu batazoba bagishobora kuronka amazi meza akwiye.

Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka

Iyi si yacu yaremwe mu buryo amazi atokwigera akama burundu. N’ikindi kandi, ubutaka, ibinyabuzima vyo mu mazi, eka mbere n’umuco w’izuba birakorana kugira bitume amazi aguma ari meza. Raba ibimenyamenya bimwebimwe vyerekana ko iyi si yacu yaremwe ku buryo ishobora kurusimba.

  • Vyaribonekeje ko ubutaka bushobora gukura ubucafu mu mazi. Mu turere tujaga, birazwi ko ibiterwa bimwebimwe bikwega azote, phosphore, n’imiti yica udukoko.

  • Abahinga barabonye ko hari ibintu vyo mu bidukikije bituma amazi aguma ari meza. Amazi atemba aratuma ubucafu bujoboroka, utunyabuzima na two tugaca tubuyonza.

  • Hari ibinyabuzima vyo mu mazi meza bihingura ubumara bwokwononye amazi, bikabigira mu misi mikeyi gusa kandi bikaba bishobora kuba bibigira neza kuruta ibiterwa bitosora amazi.

  • Iyi si iratuma amazi agumaho biciye ku nzinguzingu y’amazi. Iyo nzinguzingu be n’ubuhinga buri mu bidukikije biratuma amazi adakama.

    WARI UBIZI?

    Ubutaka burayungurura amazi

    Ubutaka burayungurura amazi abunyikiramwo, bukayakuramwo ibicafu vyavuye mu butare, ubumara, imyanda, n’ibindi bicafu. Iyo amazi ashitse kw’isi y’urubuyebuye, aba ari meza ku buryo mbere umuntu ashobora kuyanywa.

    Ishusho yerekana ingene ubutaka buyungurura amazi yanduye. Amazi y’imvura aramiminukira mu butaka, mu bitandara no mw’ibumba gushika ashitse mu mazi meza yo mu kuzimu.

    Imisenyi n’amabuye birayungurura amazi

    Imisenyi n’amabuye birakora nk’akayungiro bigatangira ubucafu bumwebumwe buba buri mu mazi.

    Ibinyabuzima birayungurura amazi

    Utunyabuzima turi mu butaka turashobora kuyonza ibicafu vyoshobora kugirira nabi abantu. Hari mbere utunyabuzima tumwetumwe dushobora gufata ibivutavuta canke ibitoro vyonona tukabihinduramwo umwuka witwa gaze karubonike canke amazi.

    Ubuhinga bwo gusambura ivyunyunyu

    Isi irafise ububasha bwo gusambura ivyunyunyu bishobora kutugirira nabi. Nk’akarorero, irashobora gukura mu mazi icunyunyu kibi coshobora kutugirira nabi citwa ammonium.

Utwigoro abantu bariko baragira

Udufoto: 1. Umuntu ariko arazibira ahantu hava ku modoka yiwe kugira amavuta ntagume ava. Yateze agasahani kugira amavuta amiminukireko. 2. Umugabo azanye ibintu vy’ubumara yakoresheje mu kigo cegeranya ibicafu kugira bavyitwararike neza.

Dusanasanye ibintu vyotuma amavuta canke ibitoro biva kandi tukabika neza ibintu vy’ubumara, tuba dufashije kugira amasoko y’amazi ntacafure.

Abahinga baduhanura ko twokwirinda kwonona amazi. Kugira ubucafu buja mu mazi bugabanuke, baduhanura guhoma ahantu hose hotuma imiduga igenda irasesa amavuta canke igitoro, no kwirinda guta imiti mu tuzu twa surwumwe canke gusuka ibintu vy’ubumara mu mifurege.

Abahinga barubuye uburyo bushasha bwo gukura umunyu mu mazi yo mu biyaga. Bipfuza ko amazi yo kunywa yiyongera.

Ariko harakenewe n’ibindi. Gukura umunyu mu mazi yo mu biyaga basanze atari co kintu ciza bokora, kuko bizimvye cane kandi bigatwara inguvu nyinshi. Muri raporo ivuga ibijanye no gukingira amazi yo kunywa yasohotse mu 2021, ikinyamakuru kimwe ca ONU cavuze giti: «Kw’isi yose, utwigoro turiko turagirwa turakwiye kugwizwa na kabiri.»

Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?

«Imana . . . iduza utumatuma tw’amazi, igipfungu kigafatana kikavamwo imvura. Ibicu biraheza bikayirekura, maze igatonyangira ku bantu.»—Yobu 36:​26-28.

Imana yararemye inzinguzingu ziri mu bidukikije kugira ikingire amazi ari kw’isi.—Umusiguzi 1:7.

Rimbura iki kintu: Nimba umuremyi yarashizeho ubuhinga butuma amazi ari kw’isi aguma atyoroye, yonanirwa no kuyakingira imyanda abantu bayashiramwo? Raba ikiganiro kivuga ngo «Imana isezerana ko iyi si izorusimba», ku rupapuro rwa 15.

MENYA N’IBINDI

Ama molekile y’amazi yagagamishijwe.

Amazi arimwo ibintu bidasanzwe bituma ubuzima bushoboka. Nurabe kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana—Amazi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika