IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO
Nuvyakire
Iyo ibiciro vyaduze n’umushahara ukaba wiyongereye, nta kintu kinini bikubwira. Mugabo iyo ibiciro vyaduze ariko umushahara ukaguma ari wa wundi, turashobora kugira amaganya, tugata umutwe, canecane igihe tubwirizwa kwitwararika umuryango.
Ntidushobora kubuza ko ibiciro biduga. Ariko igihe twemeye uko ibintu vyifashe, birashobora kutugirira akamaro.
IGITUMA BIHAMBAYE
Abantu badata umutwe kubera iduga ry’ibiciro biraborohera . . .
kuguma batekanye. Iyo dutekanye turiyumvira neza kandi tugafata ingingo nziza.
kwirinda gukora ibintu bitaranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, ntivyoba biranga ubukerebutsi kwirengagiza kuriha ivyo dusabwa kuriha canke kugura ibintu bidakenewe.
kwirinda gushwana n’umuryango kubera amahera.
kubona ingene bovyifatamwo, hakaba harimwo guhindura ivyo bashira imbere y’ibindi n’ukuntu bahora bakoresha amahera.
ICO WOKORA
Niwemere guhuza n’uko ibintu vyifashe. Igihe ibiciro biduga bukwi na bukwi, ni vyiza ko tugabanya ivyo tugura, nimba bishoboka. Hari abarondera kugumana ubuzima bari babayemwo kandi ibintu vyarahindutse. Ivyo bituma ubuzima burushiriza kubagora! Amaherezo bararuha bagasanzara kubera baca bakora biyahagura. Nimba ufise umuryango, ushobora kuba uhagarika umutima wiyumvira ukuntu ubaronsa ivyo bakeneye, kandi birumvikana. Ariko ukwiye kugumiza ku mutima iki kintu: Ico umuryango wawe ukeneye cane ni uko ubakunda, ukabaha umwanya kandi ukabitaho.
Kurondera kugumana ubuzima wari ubayemwo kandi ibintu vyarahindutse, bituma ubuzima burushiriza kukugora