ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g25 no. 1 rup. 4-5
  • Nuvyakire

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuvyakire
  • Be maso!—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene ibiciro biguma biduga kw’isi yose?
    Ibindi biganiro
  • Ibirimwo
    Be maso!—2025
  • Nugire icizigiro
    Be maso!—2025
  • Nukoreshe neza amahera yawe
    Be maso!—2025
Ibindi
Be maso!—2025
g25 no. 1 rup. 4-5
Udufoto: 1. Umugore ariko aragura itomati kw’isoko. 2. Ariko ahereza amahera umucuruza.

IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO

Nuvyakire

Iyo ibiciro vyaduze n’umushahara ukaba wiyongereye, nta kintu kinini bikubwira. Mugabo iyo ibiciro vyaduze ariko umushahara ukaguma ari wa wundi, turashobora kugira amaganya, tugata umutwe, canecane igihe tubwirizwa kwitwararika umuryango.

Ntidushobora kubuza ko ibiciro biduga. Ariko igihe twemeye uko ibintu vyifashe, birashobora kutugirira akamaro.

IGITUMA BIHAMBAYE

Abantu badata umutwe kubera iduga ry’ibiciro biraborohera . . .

  • kuguma batekanye. Iyo dutekanye turiyumvira neza kandi tugafata ingingo nziza.

  • kwirinda gukora ibintu bitaranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, ntivyoba biranga ubukerebutsi kwirengagiza kuriha ivyo dusabwa kuriha canke kugura ibintu bidakenewe.

  • kwirinda gushwana n’umuryango kubera amahera.

  • kubona ingene bovyifatamwo, hakaba harimwo guhindura ivyo bashira imbere y’ibindi n’ukuntu bahora bakoresha amahera.

ICO WOKORA

Niwemere guhuza n’uko ibintu vyifashe. Igihe ibiciro biduga bukwi na bukwi, ni vyiza ko tugabanya ivyo tugura, nimba bishoboka. Hari abarondera kugumana ubuzima bari babayemwo kandi ibintu vyarahindutse. Ivyo bituma ubuzima burushiriza kubagora! Amaherezo bararuha bagasanzara kubera baca bakora biyahagura. Nimba ufise umuryango, ushobora kuba uhagarika umutima wiyumvira ukuntu ubaronsa ivyo bakeneye, kandi birumvikana. Ariko ukwiye kugumiza ku mutima iki kintu: Ico umuryango wawe ukeneye cane ni uko ubakunda, ukabaha umwanya kandi ukabitaho.

«Mbega woshobora kwongereza akanya na gatoyi ku kiringo c’ubuzima bwawe kubera ukwiganyira? Habe namba!»—Luka 12:​25, New Living Translation.

«Ntimwigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Umusi wose urifitiye ingorane zawo.»—Matayo 6:34.

Kurondera kugumana ubuzima wari ubayemwo kandi ibintu vyarahindutse, bituma ubuzima burushiriza kukugora

Phazilya.

«Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze muri 2 Timoteyo 3:​1, tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Sintangazwa rero no kuba ibintu biduga ibiciro. Nca ngerageza guhuza n’uko ibintu vyifashe, nkirinda kugura ibintu bidakenewe.»—Phazilya wo muri Azerbayijani.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika