Ikigabane ca 125
Ugusambagirika ku Giti
HARI abambuzi babiri bajananywe na Yezu kwicwa. Batarashika kure y’igisagara, wa murongo w’abantu uhagarara ahantu hitwa Gologota, canke Ikibanza c’Agahanga.
Izo mbohe bazambura imitamana yazo. Maze hatangwa umuvinyu uvanze n’isiki. Umenga yoba yateguwe n’abagore b’i Yeruzalemu, kandi Abaroma ntibanka ko benekumanikwa bahabwa ico kivange gitimbisha umubabaro. Ariko rero Yezu awuhonjeje, aranka kunywa. Kuki? Bigaragara ko ashaka kugumana ubushobozi bwiwe bwose bwo kwiyumvira muri ico kigeragezo kaminuza c’ukwizera kwiwe.
Ubu Yezu arambikwa ku giti, amaboko yiwe agashirwa hejuru y’umutwe wiwe. Maze ba basoda bamukomera imisumari mininiminini mu biganza no mu birenge. Arigonyonzora kubera umubabaro igihe ya misumari iriko itobekeranya inyama n’imitsi. Ca giti kimaze gushingwa umubabaro urasogota, kubera uburemere bw’umubiri bumomagura ku bisebe vy’ahakomerewe imisumari. Yamara, Yezu aho guhigira abasoda b’Abaroma, arabasabira ati: “Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora.”
Kuri ico giti Pilato yahamaditse icandiko gisomwa uku: “Yezu Umunyanazareti Umwami w’Abayuda.” Igituma yandika ivyo, bisa n’uko atari kubera gusa ko yubaha Yezu, ariko kandi ni uko asesemwa n’abaherezi b’Abayuda kubera ko bamukambije gushika aho acira Yezu urubanza rwo gupfa. Kugira bose bashobore gusoma nya candiko, Pilato yacanditse mu ndimi zitatu, ni ukuvuga mu Giheburayo, mu Kilatini cemewe, no mu Kigiriki gisanzwe.
Ba baherezi bakuru, dushizemwo Kayafa na Anasi, babura iyo bakwirwa. Iryo tangazo rivuga ibintu neza rirabanyaga intsinzi. Ni co gituma bagāra bati: “Nta co wandika ng’Umwami w’Abayuda, arik’uti Yivuze ngo Ni jewe Mwami w’Abayuda.” Kubera ko ababajwe n’uko yabaye nk’igikoresho c’abaherezi, Pilato yishurana akagama ata kwisubirako ati: “Ico nanditse, nacanditse.”
Nya baherezi, hamwe n’isinzi rinini ry’abantu, ubu bakoranira aho hantu h’iyiciro, hanyuma abaherezi baranka kwemera intahe ishingwa n’ico candiko. Baja barasubiramwo ca cagirizo c’ikinyoma cabanza gutangirwa muri rya sambishwa ryo mw’Ikombe. Ntibitangaje rero kubona abahita batangura kumutuka, bazunza umutwe bavugana agahemo bati: “Ewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize: ni waba ur’Umwana w’Imana imanure ku [“giti co kubabarizwako,” NW].”
Abaherezi bakuru n’abagenzi babo mu vy’idini bamukora mu nkovu bamucurira bati: “Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yīmanure ku [“giti co kubabarizwako,” NW] ubu nyene, duheze tumwizere. Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye; kuko yīgira ngo Nd’Umwana w’Imana.”
Ba basoda binjirwamwo n’uwo mutima, na bo bashimanga Yezu. Baramuhema mu kumuha inkarisha, kumbure bayifatira gusa imbere y’iminwa yiwe yumye. Baramushimanga bati: “Ni waba ur’Umwami w’Abayuda, ni wikize.” Na ba bambuzi—umwe ari iburyo bwa Yezu, uwundi na we ibubamfu—baramutwenga. Vyibaze nawe! Umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose, uwafatanije na Yehova Imana kurema ibintu vyose, akemera gucumukuzwa n’ayo mahano yose!
Nya basoda bafata ivyambarwa vya Yezu babigabura mu mice ine. Babipfindirako ngo barabe uwo bija kwegukira. Ariko rero icambarwa c’imbere ntikigira umushono, kikaba ari ic’ubwoko bwiza buhebuje. Nuko rero ba basoda babwirana bati: “Reka twoye kuwutabura, tuwupfindire, ugire ūwegukiye.” Gutyo bashitsa icanditswe batabizi, kivuga giti: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umwambaro wanje.”
Mu nyuma, umwe muri ba bambuzi aranyurwa n’uko Yezu vy’ukuri ategerezwa kuba ari umwami. Arakankamira rero mugenziwe ati: “No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’uyu nta kibi yakoze.” Maze atakambira Yezu ati: “Urahav’uz’unyibuke Yesu, ah’uzo[kwinjir]ira mu bgami bgawe.”
Yesu aramwishura ati: “N’ukuri ndabikubwiye uyu musi, uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo.” (NW) Uwo muhango uzoranguka igihe Yezu azoba ategeka bwa Mwami mw’ijuru hanyuma akazura iyo nkozi y’ikibi yigaye, amusubize muzima kw’isi, mw’Iparadizo abarokotse Harumagedoni hamwe na bagenzi babo bazoba batewe iteka ryo gutunganya. Matayo 27:33-44; Mariko 15:22-32; Luka 23:27, 32-43; Yohana 19:17-24.
▪ Ni kuki Yezu yanka kunywa umuvinyu uvanze n’isiki?
▪ Bisa n’uko ari kubera iki hari icandiko cometse ku giti Yezu amanitsweko, kandi gituma haba ibihari ibihe hagati ya Pilato n’abaherezi bakuru?
▪ Ni amahano yandi ayahe Yezu agirirwa ku giti, kandi bisa n’uko aterwa n’iki?
▪ Ubuhanuzi buranguka gute mu bigirwa ku vyambarwa vya Yezu?
▪ Umwe muri ba bambuzi agira ihinduka nyabaki, kandi Yezu azoshitsa gute ico amusavye?