Ikigabane ca 25
Yezu Agirira Imbabazi Umunyamibembe
UKO Yezu na ba bigishwa biwe bane bagendera ibisagara vy’i Galilaya, amakuru yerekeye ibintu vy’agatangaza ariko arakora akwiragira mu ntara yose. Ijambo ryerekeye ibikorwa akora rishikira igisagara kimwe kirimwo umugabo arwaye imibembe. Umuganga Luka avuga yuko yari umuntu “ajejeta imibembe.” Iyo ndwara y’agaterabwoba iyo igeze ku rugero rwo hejuru, buhorobuhoro irayoberanya ibihimba vy’umubiri bitandukanye. Urumva rero ko uwo munyamibembe ateye ikigongwe.
Yezu ashitse mu gisagara, uwo munyamibembe aramwegera. Dukurikije Ivyagezwe vy’Imana, umunyamibembe abwirizwa gusemererera aburira abantu ati: “Ndahumanye, ndahumanye!” kugira ngo akingire abandi ntibamwegere birenze ngo bahave bandukizwa. Nya munyamibembe buno nyene aca yikubita hasi yubamye, atakambira Yezu ati: “Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.”
Mbega ukwizera uwo mugabo afitiye Yezu! Yamara, ese ukuntu iyo ndwara arwaye itegerezwa kuba ituma aboneka nk’uwuteye ikigongwe yemwe! Yezu agira iki none? Ari wewe wogira iki? Yezu bimuteye imbabazi, aramvura ukuboko kwiwe, akora kuri nya mugabo, avuga ati: “Ndakunze, humanuka.” Maze buno nyene nya mibembe ica iranyika imuvako.
Woshima ko uwokubera umwami aba ari umunyembabazi nk’uwo? Ukuntu Yezu afata uwo munyamibembe biratwizeza yuko mu gihe azoba aganza ari Umwami, ubu buhanuzi bwa Bibiliya buzoranguka: “Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza.” Egome, Yezu azoshitsa rero icipfuzo umutima wiwe ufise co gufasha abarushwa bose.
N’imbere nyene y’uko uwo munyamibembe akizwa, umurimo wa Yezu wavyuye uruyego runini mu bantu. Mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yesaya, Yezu ubu ategeka nya mugabo akijijwe ati: “Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza.” Maze amubwiriza ati: “Genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibaber[a] icabona.”
Ariko nya mugabo arahimbawe rwose ku buryo adashobora kwigumizako inkuru y’ico gitangaro. Aragenda, atangura gukwiragiza iyo nkuru hose, bigasa n’uko atuma abantu bashimishwa bakanashaka cane kubimenya, gushika n’aho Yezu adashobora kwinjira mu gisagara icese. Gutyo, Yezu aguma mu gahinga, abantu bakaza bava iyo n’iyo baje kumwumviriza no gukizwa indwara zabo. Luka 5:12-16; Mariko 1:40-45; Matayo 8:2-4; Abalewi 13:45; 14:10-13; Zaburi 72:13; Yesaya 42:1, 2.
▪ Imibembe ishobora gutera ingaruka iyihe, kandi uwuyirwaye yabwirizwa gutanga imburizi iyihe?
▪ Umunyamibembe yinginga Yezu gute, kandi ni igiki dushobora kwigira ku nyishu Yezu atanga?
▪ Bigenda gute ngo nya mugabo akijijwe ananirwe kwumvira Yezu, hanyuma bigira ingaruka iyihe?