Ikigabane ca 48
Yezu Ava kwa Yayiro Asubira Kugendera Nazareti
YEZU amaze umusi ari mu bikorwa vyinshi: yagize urugendo ku kiyaga kuva i Dekapoli, arakiza umugore yari aruhijwe n’ubutinyanka bw’urudaca, yongera arazura umukobwa wa Yayiro. Ariko umusi nturarangira. Bisa n’uko aho Yezu aviriye i muhira kwa Yayiro, abagabo babiri b’impumyi bamuja inyuma, basemerera bati: “Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi.”
Mu kwita Yezu ngo “mwana wa Dawidi,” abo bagabo bari berekanye ko bizeye yuko Yezu ari we samuragwa w’ingoma ya Dawidi, n’uko rero ari we Mesiya yasezeranywe. Ariko rero, Yezu asa n’uwica amatwi igihe basemerera barondera ko bofashwa, kumbure kugira arabe yuko bashishikara. Ariko nya bagabo ntibaheba. Barakurikira Yezu gushika aho acumbitse, yinjiye mu nzu baramukurikira, binjiranayo.
Ngaho Yezu abaza ati: “Murizeye ko nshobora kubikora?”
Bamwishura ata mazinda bati: “Ego me, Mushingantahe.”
Nuko, Yezu akora ku maso yabo, avuga ati: “Bibabere nk’uko mwizeye.” Buno nyene baca barashobora kubona! Maze Yezu arabihanikiriza ati: “Murumva, ntihagire umuntu abimenya.” Ariko kubera buzuye urweze, biyobagiza ivyo Yezu yababwirije, bagenda baramuvuga mu misozi hose.
Abo bagabo bagikura ukuguru, abantu bazana umugabo yiziziwe n’idayimoni, iyo dayimoni ikaba yaramugobeje ururimi. Yezu asenda nya dayimoni, hanyuma muri ako kanya nya mugabo atangura kuvuga. Rya shengero ry’abantu rijorezwa n’ivyo bitangaro, bavuga bati: “Mu Bisirayeli ntiharibgaboneke ibimeze birtyo.”
Abafarizayo na bo nyene ni ho bari. Ntibashobora guhakana ivyo bitangaro, ariko mu kutemera kwabo kuvanze n’ubukozi bw’ikibi, basubiramwo ikirego barementanije ku vyerekeye isoko ry’ibikorwa Yezu akora vy’ububasha, bavuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni.”
Inyuma gatoyi y’ivyo bintu, Yezu asubira mu gisagara iwabo c’i Nazareti, ubu ho akaba aherekejwe n’abigishwa biwe. Haraciye umwaka agendeye isinagogi kandi akahigishiriza. Naho abantu babanza kujorezwa n’amajambo yiwe aryoshe, mu nyuma bababazwa n’inyigisho yiwe mbere bagerageza kumwica. Ubu, Yezu arongera kugerageza gufasha abahoze ari ababanyi biwe, abitumwe n’ikigongwe.
Naho mu yindi mihingo usanga abantu basidukana n’iyonka baza kuri Yezu, ngaha bisa n’uko atari kwo bimeze. Nuko, kw’Isabato, agenda kw’isinagogi kwigisha. Benshi mu bariko baramwumviriza baratangara. Babaza bati: “Ubu bgenge n’ivyo bitangaza mbeg’uyu yabikūye hehe? Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda? Bashiki biwe ntibar’i wacu bose? Non’ivyo vyose yabikūye hehe?”
Biyumvira bati: ‘Yezu ni umuntu w’ino nkatwe. Yakuze tubona, kandi n’ab’iwabo turabazi. Bishoboka bite none ko aba Mesiya?’ Naho biboneye ibimenyamenya, nk’ubukerebutsi bwiwe buhambaye hamwe n’ibitangaro akora, baramwiyamiriza. N’incuti ziwe bwite, kubera ko zimenyeranye na we cane, ziramutsitarako, bituma Yezu avuga ati: “Umuntu avugishwa n’Imana ntabura icubahiro, atari mu ntāra y’i wabo no mu nzu y’i wabo.”
Vy’ukuri, Yezu aratangazwa n’ukuntu batagira ukwizera. Ku bw’ivyo rero, nta bitangaro aharangurira kiretse kurambika ibiganza ku bantu bakeyi barwaye no kubakiza. Matayo 9:27-34; 13:54-58; Mariko 6:1-6; Yesaya 9:7.
▪ Mu kwita Yezu ngo “mwana wa Dawidi,” ba bagabo b’impumyi berekanye ko bemera iki?
▪ Abafarizayo basigura gute ibitangaro vya Yezu?
▪ Ni kubera iki biranga ikigongwe kuba Yezu yasubiye gufasha ab’i Nazareti?
▪ Yezu yakiriwe gute i Nazareti, kandi kubera iki?