ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 78
  • Nimwame Mwiteguye!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimwame Mwiteguye!
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umubwiriza w’umwizigirwa akwiye kwama yiteguye
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Nukoreshe ubwenge mu gutegekanya kazoza
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Icigwa cerekeye ugukorana umwete
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Umubwiriza w’umwizigirwa be n’Inama Nyobozi imuserukira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 78

Ikigabane ca 78

Nimwame Mwiteguye!

YEZU ahejeje kuburira ya masinzi y’abantu ku vyerekeye ukwipfuza, akanagabisha abigishwa biwe ku vyerekeye ukwitwararika ibintu vy’umubiri kurenza urugero, Yezu atanga iyi ndemesho: “Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.” Ngaho ahishura yuko igitigiri gitoyi gusa ugereranije, (mu nyuma kikaba camenyekanye ko ari 144.000) ari bo bazoja mu Bwami bw’ijuru. Abenshi mu bazoronka ubuzima budahera bazoba abatwarwa bo kw’isi b’ubwo Bwami.

Mbega ingabirano y’akaroruhore: “ubgami”! Mu kudondora inyifato nziza abo bigishwa bakwiye kugira bayironse, Yezu abahimiriza ati: “Gurishe ibintu bibegukira hanyuma mutange ingabirano z’ikigongwe.” (NW) Egome, bakwiye gukoresha amatungo yabo kugira bungure abandi mu buryo bw’impwemu hanyuma bakabona kurundanya ‘mw’ijuru ubutunzi budashira.’

Mu nyuma Yezu akebura abigishwa biwe ngo bagume biteguriye ukugaruka kwiwe. Avuga ati: “Mwame mukenyeye, kand’amatara yanyu yame yaka: namwe muse n’abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe, ngo ni yaza, akaramutsa, bace bamwugururira. Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.”

Muri ico kigereranirizo, ukuba abo bashumba biteguye igihe c’ukugaruka kwa shebuja, kurangwa n’ugukutsa amakanzu yabo bakayatubikisha imikenyezo, bikarangwa kandi n’uko babandanya gukora ibikorwa bashinzwe gushika mw’ijoro ku muco w’amatara yashizwemwo ibitoro bikwiye. Yezu asigura ati: ‘Shebuja ashitse mw’iterama rya kabiri [guhera nk’isaha zitatu gushika mu gicugu], mbere naho yoshika mu rya gatatu [kuva mu gicugu gushika nk’isaha icenda z’ubuca], hanyuma akabasanga biteguye, bazoba abahirwe!’​—NW.

Shebuja arahemba abo bashumba biwe mu buryo budasanzwe. Abahamagara ngo bagandagaze ku meza hanyuma agatangura kubagaburira. Uko abafata si nk’abaja, ariko ni nk’abagenzi b’intahemuka. Ese impembo nziza bahabwa kubera babandanije gukorera shebuja wabo ijoro ryose barindiriye ukugaruka kwiwe! Yezu asozera ati: “Namwe mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.”​—Ni twe tubihiritse.

Petero ubu na ho abaza ati: “Mbega mugenzi, uwo mugani ni twebge twenyene uwuciriye, canke n’abandi bose?”

Yezu aho guca yishura, atanga ikindi kigereranirizo. Abaza ati: “Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana [“abasuku biwe,” UB], ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’afise vyose.”

Uwo “shebuja” vyibonekeza ko ari Yezu Kirisitu. Uwo “mubgiriza” agereranya bwa “busho buto” bw’abigishwa uko bagize umugwi ufatiwe hamwe, hanyuma “abasuku biwe” bakaba uwo mugwi nyene w’144.000 baronka Ubwami bw’ijuru, ariko iyo mvugo ikerekana igikorwa cabo bafashwe umwumwe ukwiwe. “Ivy’afise” yashinze uwo mubwiriza w’umwizigirwa ngo abibungabunge ni inyungu z’Ubwami za shebuja ziri kw’isi, bikaba birimwo n’abatwarwa b’Ubwami bo kw’isi.

Mu kubandanya ico kigereranirizo, Yezu arerekana ko abahurikiye bose mu mugwi w’uwo mubwiriza, ari we mushumba, batazoguma ari abizigirwa, agasigura ati: “Arik’uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’agatangura gukubita abashumba n’incoreke no kurya no kunywa no kuborerwa, shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze . . . azomucamwo kubiri.”

Yezu aravuga yuko ukuza kwiwe ari nk’aho kwakije umuriro mu Bayuda, kuko bamwe bemera inyigisho ziwe abandi bakazizibukira. Haciye imyaka irenga itatu abatijwe mu mazi, ariko ubu ukubatizwa kwiwe mu rupfu kuregereje cane rwose. Ni co gituma ababwira ati: ‘Ndababazwa kugeza aho kuzoherera.’

Yezu ahejeje kubwira ivyo abigishwa biwe, asubira kuvuga abwira ya masinzi y’abantu. Arababazwa n’uko banse n’ubukomantare n’akantu kwemera ikimenyamenya gitomotse cerekana uwo ari we, hamwe n’ico kivuze. Avuga uku: “Iyo mubonye igicu kivuye i burengerazuba, muca mugira ngw imvura iraguye; kandi ni ko biba. Iyo mubonye umuyaga uturutse i bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba. Mwa ndyarya mwe, murazi [kwihweza] isi n’ijuru, n’iki kibabuza [kwihweza] iki gihe?” Luka 12:32-59.

▪ Ni bangahe bagize bwa “busho buto,” kandi baronka iki?

▪ Yezu ashimika gute ku vy’uko bikenewe ko abasuku biwe bama biteguye?

▪ Mu kigereranirizo ca Yezu, “shebuja” ni nde, wa “mubgiriza” ni nde, “abasuku biwe” ni bande, hanyuma “ivy’afise” bikaba ibiki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika