Ikigabane ca 97
Abakozi mu Murima w’Imizabibu
YEZU ahejeje kuvuga ko “benshi [r]ero bazova mu bambere babe abanyuma, abandi bave mu banyuma babe abambere.” Ubu na ho ivyo abitomora neza mu kubiganira inkuru. Atangura ati: “Ubwami bw’ijuru twobugereranya na nyen’urugo yazindutse umutwenzi kurondera abamukorera mu murima w’imizabibu.”
Yezu arabandanya ati: ‘ “Bemeranya idenariyo rimwe ku musi [na nyen’urugo], aca abarungika mu mizabibu yiwe. Ngw’ahengere nko kw’isaha ya gatatu akubitira kw’irembo, abona abandi bicaye ku nama ataco bakora; araheza ababwira ati: “Ni mugende na mwebwe mu mizabibu yanje, ndabahemba impembo ibakwiye.” Nabo baca barajayo. Ngw’ahengere nko kw’isaha ya gatandatu no kw’isaha y’icenda, asubira gukubitira kw’irembo, agira nka kumwe kwa kare. Ngw’ahengere nko kw’isaha y’icumi na rimwe, asubira kw’irembo, ahasanga abandi bibereye aho. Araheza ababwira ati: “Ni kuki mwiriwe muhagaze aho ataco mukora?” Bamwishura bati: “N’uko twabuze uwutujana kumukorera.” Nawe ababwira ati: “Ni mugende na mwebwe mu mizabibu iwanje.” ’
Uwo nyen’urugo, ari we agaba umurima w’imizabibu, ni Yehova Imana, hanyuma uwo murima w’imizabibu na wo ukaba ihanga rya Isirayeli. Abakozi bo muri uwo murima w’imizabibu ni abantu bashizwe mw’isezerano ry’Ivyagezwe; na canecane ni ba Bayuda bari bahari mu misi y’intumwa. Umwumvikano w’agahembo wagiranywe gusa n’abakora umusi ukwiye. Umushahara wabo ni idenariyo ku gikorwa c’umusi umwe. Kubera ko “kw’isaha ya gatatu” ari isaha 3 zo mu gitondo, abahamagawe isaha 3, isaha 6, isaha 9 n’isaha 11 bakoze, nk’uko bakurikirana, amasaha 9, 6, 3, n’isaha 1.
Abakoze amasaha 12, ari wo musi ukwiye, bagereranya indongozi z’Abayuda bagumye bakora mu bikorwa vy’idini. Ntibameze nk’abigishwa ba Yezu bamaze igice kinini c’ubuzima bwabo bakora mu burovyi canke mu bundi buzi bwo mw’isi. Uwo “nyen’urugo” ntiyarungitse Yezu Kirisitu imbere yo mu gatasi ko mu mwaka wa 29 G.C. ngo atororokanye abo kugira babe abigishwa biwe. Gutyo babaye “ab’inyuma,” baba ba bakozi bo mu murima w’imizabibu baza kw’isaha y’11.
Amaherezo, uwo musi w’akazi w’ikigereranyo urangirana n’urupfu rwa Yezu, hanyuma igihe kigashika c’uguhemba abo bakozi. Ingingo idasanzwe y’ivy’uguhemba hatanguriwe ku wa nyuma irakurikizwa, nk’uko bisigurwa uku: ‘ “Bugorovye, nyen’imizabibu abwira umubwiriza wiwe ati: “Gotora abakozi ubagerere, utangurire ku baherutse, uhereze ku baje ubwa mbere.” Abo kw’isaha y’icumi n’imwe baje, umwe umwe bamuhereza idenariyo. Bamwe b’ubwa mbere nabo bagira ngo baza kugererwa ibiruta; ariko nabo nyene, umwe umwe aronka idenariyo rimwe. Baryakira batonganya senaka bati: “Abo baje ubwa nyuma ubagereranye natwe twishwe n’intuguta n’izuba, nabo bakoze isaha imwe.” Nawe [r]ero abwira umwe muri bo ati: “Mbega mugenzi, nakurenganije nte? None ntitwari twemeranije idenariyo rimwe? Fata [r]ero ivyawe, ugende. Ni je nashatse kugerera uwaje ubwa nyuma nkuko nakugereye nawe; none, hari ikimbuza kugenza ivyanje nkuko ndabishaka? Uheze undabe ribi kuko ngira neza?” ’ Mu gusozera, Yezu asubiramwo ikintu yari yavuze, ati: “Ukwo nikwo abanyuma bazoba abambere, abambere nabo bakaba abanyuma.”
Ukuronka nya denariyo ntigushika igihe Yezu apfiriye, ariko gushika kuri Pentekote mu 33 G.C., igihe Kirisitu ari we wa “mubwiriza,” asuka impwemu yera ku bigishwa biwe. Abo bigishwa ba Yezu bameze nk’ ‘aba nyuma,’ ari bo bakozi bo kw’isaha 11. Iyo denariyo ntigereranya ya ngabirano y’impwemu yera ubwayo. Iyo denariyo ni ikintu abigishwa bahabwa ngo bagikoreshe ngaha kw’isi. Ni ikintu gituma babaho, bakaronka ubuzima bwabo budahera. Ni agateka k’ukuba Isirayeli yo mu vy’impwemu, iyasizwe ngo yigishe hose ivy’Ubwami bw’Imana.
Mu nyuma abararitswe ubwa mbere babona ko abigishwa ba Yezu bahembwe, hanyuma bakabona bakoresha ya denariyo y’ikigereranyo. Ariko bashaka ibirenze impwemu yera be n’agateka bijana k’ivy’Ubwami. Kwidodomba no kugira amanyama kwabo kuvamwo uguhama abigishwa ba Kirisitu, ari bo bakozi ‘ba nyuma’ bo mu murima w’imizabibu.
Iryo ranguka ryavyo ryo mu kinjana ca mbere ryoba ari ryo ranguka ryonyene ry’ico kigereranirizo ca Yezu? Oya, abakuru b’amadini y’Abitwa Abakirisu bo muri iki kinjana ca 20 barabaye ‘aba mbere’ mu vy’ukurarikirwa igikorwa mu murima w’imizabibu w’ikigereranyo bivuye ku bibanza n’amabanga bari bafise. Abamamaji biyeguriye Imana bafatanije n’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society, bababona nk’ ‘aba nyuma’ mu vyo kugira ico bashingwa cemewe mu murimo w’Imana. Mugabo kukaba nkako, abo bantu bakengerwa n’abakuru b’idini ni bo nyene baronse ya denariyo, baterwa iteka ryo gukora nk’ivyariho vy’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Matayo 19:30–20:16.
▪ Umurima w’imizabibu ugereranya iki? Ni bande bagereranywa na nyene uwo murima w’imizabibu hamwe na ba bakozi bakoze amasaha 12 be n’abakoze isaha 1?
▪ Umusi w’akazi w’ikigereranyo warangiye ryari, kandi uguhembwa kwabaye ryari?
▪ Guhembwa idenariyo bigereranya iki?