Ikigabane ca 98
Abigishwa Bahazuka mu Gihe Urupfu rwa Yezu Rwegereje
YEZU n’abigishwa biwe bari hafi y’Uruzi Yorodani, aho bajabuka bavuye mu ntara y’i Pereya bagana i Yudaya. Hari n’abandi benshi bafatanije na bo urugendo baja kuri Pasika yo mu 33 G.C., iyisigaje nk’umushamvu ngo ibe.
Yezu ariko agendera imbere y’abigishwa, na bo bajorejwe n’ubwira bwinshi afise. Ibuka yuko haciye amayinga makeyi Lazaro apfuye, na Yezu akaba yari yimirije kuva i Pereya ngo aje i Yudaya, Toma akaremesha abandi ati: “Ngo tugende, dupfane na Yesu.” Ibuka kandi yuko inyuma y’aho Yezu azuriye Lazaro Ikombe ryagiye imigambi yo kumwicisha. Ntibitangaje rero kubona ubwoba bwinshi butekera abo bigishwa ubu bagira bongere kwinjira i Yudaya.
Kugira ngo abategure ku bw’ibiraririye gushika, Yezu yihereranya bamwe 12 hanyuma ababwira ati: “Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa, kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, [“amanikwe,” NW], kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.”
Muri aya mezi aherutse, iri rigize gatatu Yezu abwira abigishwa biwe ivyerekeye urupfu rwiwe n’izuka ryiwe. Kandi naho bamwumviriza, ntibatahura. Kumbure ni kubera ko bibaza ko ubwami bwa Isirayeli bugiye kugarukanwa kw’isi, bakaba biteze kuzoronka ubuninahazwa hamwe n’iteka mu bwami bwo kw’isi bari hamwe na Kirisitu.
Mu bagiye kwitaba Pasika harimwo Salome, nyina wa za ntumwa Yakobo na Yohani. Abo bagabo Yezu yabise “Abana b’inkuba,” kubera nyene bari abantu b’amaraso ashushe. Abo babiri baramaze igihe kinaka bahahamira ivy’ukuba bakuru mu Bwami bwa Kirisitu, kandi ivyipfuzo vyabo bakaba barabimenyesheje nyina wabo. Na we ubu aregera Yezu ngo abavugire, arunama imbere yiwe, hanyuma asaba ijambo.
Yezu abaza ati: “Uragomba iki?”
Nya mupfasoni arishura ati: “Bivuge, aba bahungu banje babiri ngo baze bicare umwe i buryo bgawe uwundi i bumoso mu bgami bgawe.”
Yezu aratahura iyo ico kibazo kizananye, abwira Yakobo na Yohani ati: “Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko?”
Na bo barishura bati: “Turashobora.” Naho nyene Yezu ahejeje kubabwira ko ahanganye n’uruhamo rw’agaterabwoba kandi amaherezo akazokwicwa, bisa n’uko badategera yuko ico ari co ashatse kuvuga igihe avuze ivy’ “igikombe” yimirije kunywerako.
Mugabo Yezu ababwira ati: “Igikombe canje koko muzokinywerako, ariko gutanga ivyicaro i buryo bganje n’i bumoso, s’ivyanje, atar’abo Data yabiteguriye.”
Mu nyuma za ntumwa cumi zindi ziramenya ico Yakobo na Yohani basavye, maze birazishavuza. Kumbure Yakobo na Yohani ni bo bavuze cane muri kwa guhazuka kwigera kuba mu ntumwa ngo bamenya umukuru uwo ari we. Ico kintu basavye ubu cerekana ko batakurikije impanuro Yezu yabahaye kuri ico kibazo. Ikibabaje, ni uko icipfuzo bafise c’ukuba ab’imbere kigishinze imizi.
Nuko, kugira ngo Yezu atunganye ivyo bihari bihejeje kuba hamwe n’agatima kabi vyavyuye, Yezu ahamagara bamwe 12 arabakoranya. Arabahanura n’urukundo rwinshi, ababwira ati: “Murazi yukw abaganwa b’amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ububasha. Muri mwebge si ko biri. Arik’ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu; kand’ūgomba kuba uw’imbere az’abe umuja wanyu.”
Yezu yaratanze akarorero bakwiye kwigana, nk’uko abisigura ati: “Nk’uk’Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubu[zima] bgiwe kw incungu ya benshi.” Yezu ntiyasukuriye abandi vyonyene, ariko kandi azobigira gushika ku gupfira abantu bose iyo bava bakagera! Abo bigishwa barakeneye agatima nk’ako nyene Kirisitu yari afise ko kwipfuza gukorera abandi aho gukorerwa, no kuba muto aho kuba uwo mu kibanza c’imbere. Matayo 20:17-28; Mariko 3:17; 9:33-37; 10:32-45; Luka 18:31-34; Yohana 11:16.
▪ Ni kuki ubu ubwoba butekeye abigishwa?
▪ Ni mu buryo ki Yezu ategura abigishwa biwe ku bw’ibiraririye gushika?
▪ Yezu asabwe iki, biraheza bikora iki ku zindi ntumwa?
▪ Yezu atunganya gute ingorane iri mu ntumwa ziwe?